ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/12 rup. 8-11
  • Abakunzi b’Imana mu “mazinga akundana”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abakunzi b’Imana mu “mazinga akundana”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Babayeho mu buryo busanzwe
  • Inkuru nziza nta ho idashobora gushika
  • Ubwato bwitwa Quest bwarakoreshejwe mu kurondera
  • Amazinga yuzuyemwo ivyizigiro
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/12 rup. 8-11

Abakunzi b’Imana mu “mazinga akundana”

Mu 1932, hari ubwato bwazanye mu mazinga ya Tonga imbuto z’agaciro ntangere. Uwari ajejwe ubwo bwato yarahaye Charles Vete agatabu kavuga ngo “Où sont les morts?” (Abapfuye bari hehe?). Charles yari azi neza ko yubuye ukuri. Hashize igihe, icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova caremereye Charles guhindura ako gatabu mu rurimi rwiwe rw’amavukiro. Inyuma y’aho amariye kurangiza kugahindura, yararungikiwe amakopi 1.000 y’ako gatabu maze atangura kudutanga mu bantu. Ukwo ni ko imbuto z’ukuri zerekeye Ubwami bwa Yehova zatanguye gukwiragizwa mubwami bwa Tonga.

KW’IKARATA y’intara ya Pasifike yo mu Bumanuko, amazinga ya Tonga ushobora kuyasanga neza na neza mu Burengero bw’aho wa murongo w’ikigereranyo bafatirako mu guharura amatariki uhurira n’umwe bita tropique du Capricorne. Izinga rirusha ayandi yose ubunini ari ryo Tongatapu riri nko ku bilometero 2.000 amaja mu Buraruko bushira Ubuseruko bw’igisagara ca Auckland co muri Nouvelle-Zélande. Intara ya Tonga igizwe n’amazinga ashika ku 171, ayashika 45 muri yo akaba abako abantu. Wa mugenzuzi w’uturere wa rurangiranwa w’Umwongereza wo mu kinjana ca 18 yitwa James Cook ayo mazinga ari ukwa yonyene yayise amazinga akundana.

Muri Tonga haba abantu nka 106.000. Tonga igizwe n’imigwi itatu y’amazinga, mikurumikuru ikaba ari Tongatapu, Ha’apai na Vava’u. Mu mashengero y’Ivyabona vya Yehova atanu ari muri ayo mazinga, atatu ari mu mugwi w’amazinga ubamwo abantu benshi kuruta iyindi ari wo Tongatapu, irindi shengero rikaba riri muri Ha’apai, irisigaye na ryo rikaba riri muri Vava’u. Kugira ngo Ivyabona vya Yehova bafashe abantu gucika abakunzi b’Imana, barafise inzu y’abamisiyonari be n’ibiro vy’ubuhinduzi hafi y’umurwa mukuru Nuku’alofa.—Yesaya 41:8.

Kuva mu myaka ya 1930, uwitwa Charles Vete yari azwi cane ko ari Icabona ca Yehova naho gushika mu 1964 atari bwabatizwe. Abandi barifatanije na we mu gikorwa co gushinga intahe, maze mu 1966 Ingoro y’Ubwami ishobora kwakira abantu 30 irubakwa. Ishengero ry’abamamaji b’Ubwami 20 ryarashinzwe iNuku’alofa mu 1970.

Kuva ico gihe, umuntu arashobora kwibonera neza yuko amajambo y’umuhanuzi Yesaya ariko araranguka mu mazinga ya Tonga, na yo akaba agira ati: “Nibahe ubuninahazwa Yehova, kandi mu mazinga nibamenyekanishe ishemezo ryiwe” (Yesaya 42:12, NW). Igikorwa c’Ubwami carabandanije gusagamba, kirafasha abantu benshi kugiriranira ubucuti na Yehova. Ihwaniro ry’intara ryabereye iNuku’alofa mu 2003 ryitabwe n’igitigiri c’agaheta c’abantu 407, habatizwa abantu 5.Icerekana ko hashobora kuzobaho iterambere ni uko abantu 621 bitavye Icibutso mu 2004.

Babayeho mu buryo busanzwe

Ariko rero, mu turere turi kure y’umurwa mukuru, biribonekeza ko hagikenewe abamamaji b’Ubwami. Nk’akarorero, abantu 8.500 baba mu mazinga 16 yo mu mugwi wa Ha’apai barakeneye kwumva vyinshi ku vyerekeye ukuri kwo muri Bibiliya. Ha’apai igizwe ahanini n’amazinga magufimafugi yuzuyeko ibigazi, akagira inkengera z’ikiyaga ndende kandi ziriko umusenyi mwinshi wera. Amazi y’ibahari usanga ari umusarara bimwe bitangaje, abonerana gushika aho ushobora kubona ku metero zirenga 30 uja hasi. Kwoga uca hagati y’ibitandara bigizwe n’ibisigarira vy’udukoko two mu mazi twapfuye kera cane no hagati y’ubwoko burenga ijana bw’amafi yo mu ntara zishushe afise amabara atandukanye, usanga ari ikintu kidasanzwe. Utugwati twaho mu bisanzwe ni dutoduto. Inzu zaho, naho zibayabaye, usanga zubatswe ku buryo zishobora kurinda ibivumbuzi vyo mu ntara zishushe.

Ibiti birebire (vyitwa arbres à pain) be n’ibiti vy’imyembe biratanga agatutu be n’imfungurwa. Gukorakoranya ivyo gufungura no kubitegura bitwara igice kinini c’ubuzima bwa misi yose. Uretse inyama z’ingurube, ababa muri ayo mazinga barafungura kandi n’amafi menshi arobwa mw’ibahari. Uturima tw’umuryango usanga twimburwamwo ivyimburwa vyerera mu kuzimu be n’imboga. Ibiti vy’indimu n’imicungwe n’ubundi bwoko bwavyo butandukanye biramera mw’ishamba. Inazi n’ibitoke biragwiriyeyo. Ubumenyi abantu baho bafise mu bijanye n’ivyatsi, amababi y’ibiti, ibishishwa be n’imizi bikoreshwa mu kuvura, usanga buhererekanwa kw’iyaruka no ku rindi.

Ariko ntiwumve, ubutunzi bw’i Ha’apai bwiza kuruta ubundi bwose ni abantu baho bakundana, baberanye koko n’aho hantu hatekanye bibera. Abantu baho bibereyeho mu buryo busanzwe. Abenshi mu bagore baho usanga bariko bakora utuntu tw’utugenegene, nk’ukujisha uduseke, ugukora impuzu z’igiti zitwa tapa, bakanajisha imikeka. Iyo abagore bo ngaho mu mazinga ya Tonga bariko barakora, baba bicaye, batera rya renga, baririmba, kandi batwengera hamwe, bari mu gitutu munsi y’igiti, akenshi abana n’utuyoya bakaba bariko barakina canke baryamye iruhande. Abagore mu bisanzwe ni bo usanga bari ahantu amazi ari make, bariko barondera mu musenyi udukoko bakurako ibiruka n’utundi turemwa two mu mazi turibwa, be n’ibimera vyo mu mazi bikunjagurika bakoramwo ikivange c’imboga kiryoshe.

Abagabo benshi usanga bamara umwanya wabo bariko bakora mu mirima, baroba, babaza utugenegene, bakora ubwato, canke basanasana insenga. Abagabo, abagore n’abana usanga bava mw’izinga rimwe baja mu rindi bari mu twato dutoduto dusakaye two kuroba, bagiye kuramutsa incuti, kwivuza, no gucuruza canke kugurisha ivyo bimbuye.

Inkuru nziza nta ho idashobora gushika

Ivyo bintu biteye igomwe duhejeje kuvuga ni vyo abamisiyonari babiri bubakanye be n’abasuku babiri b’abatsimvyi bashikiyemwo igihe bashika mu kiringo c’Icibutso co mu 2002. Rimwe na rimwe abantu baho bahora bagenderwa, kandi abantu b’i Ha’apai bari bararonse ibitabu vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova, mbere barigana Bibiliya n’Ivyabona.

Abo bigisha ba Bibiliya bane baje ngaho, bari bafise amahangiro atatu: gushikiriza ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya, gutanguza inyigisho za Bibiliya zigirirwa ku muhana, no gutumira abashimishijwe kw’ihimbaza ry’Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba. Ayo mahangiro yose uko ari atatu yarashitsweko. Abantu 97 baritavye ubutumire baraza ku Cibutso c’urupfu rwa Yezu. Bamwebamwe muri bo baje mu bwato budasakaye naho hariko haragwa imvura nyinshi kandi hakaba hari imiyaga ikaze. Kubera yuko ikirere kitari cifashe neza, abenshi baraye ahagiriwe Icibutso, bataha bukeye.

Umushikirizansiguro na wene ntiyari yorohewe na gato. Umumisiyonari yashikirije insiguro yibuka ibi: “Sinokwirirwa ndababwira ukuntu atari icoroshe gushikiriza ku mugoroba umwe insiguro z’Icibutso zibiri mu rurimi runyamahanga. Urashobora kwiha ishusho y’ukuntu umutima wanje wari mu kirere. Urazi ukuntu isengesho ryamfashije cane! Naributse amajambo be n’inyubako y’amungane ntibaza ko nari nzi”.

Kubera yuko abo bamamaji b’inkuru nziza batsimbataje ugushimishwa kwari gusanzwe kuri mu mazinga ya Ha’apai, abagabo babiri bo muri ako karere be n’abagore babo barabatijwe. Umwe muri abo bagabo yashimishijwe n’ibitabu vy’Ivyabona igihe yariko amenyerezwa kugira azobe uwo bita “umukozi w’Imana” mw’idini rimwe ryo ngaho.

Naho yari akenye, we n’umugore wiwe bahora bikokora mu gutanga amahera menshi cane igihe amazina yabo yaba ahamagawe mu rusengero mu gihe c’ivy’ugutanga amahera yo ku mwaka ku mwaka yo kuzamura ikigega. Icabona umwe yari yarabagendeye ubuheruka yarasavye uwo mugabo kuzingurura Bibiliya yiwe ngo asome muri 1 Timoteyo 5:8. Intumwa Paulo yanditse ati: “Umuntu n’atātunga abo mu nzu y’i wabo, cane-cane abiwe, azoba yihakanye ukwizera, kand’azoba abaye hanyuma y’ūtizera”. Iyo ngingo ngenderwako yo muri Bibiliya yarakoze ku mutima uwo munega. Yaratahuye yuko mu guha idini amafaranga y’umurengera ryasaba, yariko ananirwa kuronsa umuryango wiwe ivya nkenerwa ukeneye. Mu gihe co gutororokanya amahera yo mu mwaka ukurikira, naho yari afise nya mafaranga mu mufuko, ntiyashoboye kwibagira 1 Timoteyo 5:8. Igihe yahamagarwa, yamenyesheje nya mupatiri abigiranye uburindutsi yuko umuryango wiwe ari wo ukwiye kuza imbere y’ibindi. Ico vyavuyemwo ni uko abakuru b’iryo dini babwiye uwo mugabo n’umugore imbere y’abantu amajambo yo kubashira hasi no kubatukagura.

Uwo mugabo n’umugore wiwe bamaze kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, baracitse abamamaji b’inkuru nziza. Umunega avuga ati: “Ukuri kwo muri Bibiliya kwarampinduye. Singifata umuryango wanje bunyamaswa canke ngo ndawuryagagure. Sinkinywa inzoga zirenze urugero. Abantu bo mu kagwati mbamwo barashobora kwibonera ingene ukuri kwahinduye ubuzima bwanje. Nizigiye yuko na bo bazohava bagakunda ukuri nkanje”.

Ubwato bwitwa Quest bwarakoreshejwe mu kurondera

Amezi makeyi inyuma y’Icibutso co mu 2002, hari ubundi bwato bwaje buzanye ibintu vy’agaciro mw’izinga rya Ha’apai riri ahantu ha kure. Ubwato bwitwa Quest bw’imetero nka 18 bwo muri Nouvelle-Zélande bwari busanzwe bugira ingendo mu mazinga ya Tonga. Mu bari muri ubwo bwato harimwo Gary na Hetty, be n’umukobwa wabo Katie. Abavukanyi n’abavukanyikazi icenda bo mu mazinga ya Tonga be n’abamisiyonari babiri barabaherekeje mu ngendo zibiri bagize. Ivyabona bo ng’aho barafashije mu gusoza ubwato mu buryo burimwo ubuhanga, rimwe na rimwe bakagenda baca mu bitandara bitaramenyekana. Izo ngendo bagize ntizari zoroshe. Abari muri ubwo bwato bari bagiye kwigisha ukuri kwo muri Bibiliya. Barahetuye igice kinini c’ibahari, bagendera amazinga 14. Inkuru nziza y’Ubwami ntiyari bwigere yamamazwa mu mazinga amwamwe muri ayo.

None abantu bavyakiriye gute? Mu bisanzwe, abo bamamaji b’inkuru nziza bari baje muri ayo mazinga basanze abantu bashaka kumenya abo ari bo, bakiranwa igishika, kandi bakirwa mu buryo busanzwe bukoreshwa muri ayo mazinga mu kwakira abashitsi. Abantu bo ng’aho bamaze gutahura icatumye bagenderwa, barakengurutse bigera ibwina. Ivyabona bari bagendeye ayo mazinga bariboneye neza yuko abantu baho bubaha Ijambo ry’Imana be n’uko batahura ko bakeneye ivy’impwemu.—Matayo 5:3,NW.

Kenshi na kenshi, ivyo Vyabona wasanga bicaye munsi y’ibiti vyo muri izo ntara zishushe, bakikujwe n’abantu baba bafise ibibazo vyinshi bishingiye ku Vyanditswe. Bumaze guhwibira, ibiyago bishingiye kuri Bibiliya vyabandaniriza mu mazu. Abantu bo kw’izinga rimwe binginze Ivyabona bagira bagende bati: “Ntimugende! Ni nde none azokwishura ibibazo vyacu nimwagenda?”. Icabona umwe yavuze ati: “Wasanga vyama bigoye gusiga inyuma abantu benshi gutyo bameze nk’intama banyotewe ukuri. Imbuto z’ukuri nyinshi zarabibwe”. Igihe bwa bwato Quest bwashika kw’izinga rimwe, Ivyabona basanze abantu baho bose bambaye impuzu z’ikigandaro. Umugore w’umukuru w’igisagara yari yapfuye. Uwo mukuru w’igisagara ubwiwe yarakengurukiye nya bavukanyi kubona bari bazanye ubutumwa bwo muri Bibiliya buhumuriza.

Amwamwe muri ayo mazinga ntivyari vyoroshe kuyashikira. Hetty asigura ati: “Izinga rimwe ntiryari rifise aho kwururukira hameze neza, hari gusa ibitandara bireha n’imetero imwe canke irenga uvuye kw’ibahari. Nta bundi buryo twari gushikayo tudakoresheje akato kacu gatoya gakozwe mu mupira. Ubwa mbere, vyabaye ngombwa ko duterera imizigo yacu abantu bari ku nkengera bataritse amaboko bipfuza kudufasha. Maze, ako kato kegereye ku ntango z’igitandara, twategerezwa gusimba katarasubira inyuma ngo gatibukire mw’ibahari”.

Ariko rero, abari mu bwato si bose bari abasozabwato b’intatinya. Inyuma y’urugendo rwo mu bwato rwamaze amayinga abiri, uwujejwe ubwato yanditse ku bijanye n’urugendo bagize bagaruka kw’izinga rikuru Tongatapu ati: “Turacasigaje urugendo rw’amasaha 18. Ntidushobora kurugirira rimwe kubera abantu bakunda kumererwa nabi bari mu bwato. Turahimbawe no kubona turiko tuja imuhira, mugabo kandi turababajwe no kubona twasize inyuma abantu benshi cane bumvise ubutumwa bw’Ubwami. Tubashize mu maboko ya Yehova, impwemu yera yiwe n’abamarayika biwe baze babafashe gukura mu vy’impwemu”.

Amazinga yuzuyemwo ivyizigiro

Hashize nk’amezi atandatu bwa bwato Quest bugiye, abamamaji b’inkuru nziza babiri b’abatsimvyi badasanzwe ari bo Stephen na Malaki bararungitswe kwamamaza mu mugwi w’amazinga ya Ha’apai. Ng’aho barifatanije na ba bagabo babiri be n’abagore babo bari baherutse kubatizwa mu gikorwa co kwigisha Bibiliya. Ubu hariko haragirwa ibiganiro bishwangamura vyerekeye inyigisho, kandi abamamaji bariko barakoresha neza Bibiliya.

Ku wa 1Kigarama 2003, harashinzwe ishengero iHaʹapai, rikaba ryabaye ishengero rigira gatanu mu mazinga ya Tonga. Mu bitaba amakoraniro harimwo abana benshi. Barize gutega yompi. Iyo bicaye baba batekereje kandi baba bashashaye kugira uruhara mu bigabu vy’uguhana ijambo n’abumviriza. Umucungezi w’umuzunguruko yavuze yuko “ubumenyi bafise ku bijanye n’Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya bwerekana yuko abavyeyi bariko bafatana uburemere ibanga bajejwe ryo kwinjiza ukuri kwo muri Bibiliya mu bana babo”. Biribonekeza ko ayo mazinga yuzuyemwo ivyizigiro vy’uko hazoba iyimbura ryiyongereye ry’abandi bakunzi ba Yehova.

Mu myaka irenga 70 iheze, igihe Charles Vete yahindura ka gatabu Où sont les morts ? mu rurimi rwiwe rw’amavukiro rw’igitonga, ntiyari azi urugero imbuto z’Ubwami zogejejeko mu gushinga imizi mu mitima y’abanyagihugu bagenziwe. Guhera kuri izo ntango zidashemeye, Yehova yarabandanije guhezagira igikorwa kibandanya caguka co kwamamaza inkuru nziza muri ako gace ka kure k’uyu mubumbe tubako. Muri iki gihe, birashobora vy’ukuri kuvugwa yuko amazinga ya Tonga ari mu mazinga yo mu kiyaga ari ahantu ha kure ariko ahindukirira Yehova tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo (Zaburi 97:1; Yesaya 51:5). Ubu ayo “mazinga akundana” arimwo abakunzi ba Yehova benshi.

[Ifoto ku rup. 8]

Charles Vete mu 1983

[Ifoto ku rup. 9]

Uyu ariko arakora impuzu y’igiti yitwa “tapa”

[Ifoto ku rup. 10]

Bwa bwato bwitwa “Quest” bwarakoreshejwe mu gukwiragiza inkuru nziza mu mazinga ya Tonga

[Ifoto ku rup. 11]

Umugwi w’abahinduzi wo muri Nukuʹalofa

[Abo dukesha amafoto ku rup. 9]

Ugukora impuzu y’igiti yitwa tapa: © Jack Fields/CORBIS; ishusho iri inyuma y’igisomwa ku rupapuro rwa 8 n’urwa 9, be n’ukuroba:© Fred J. Eckert

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika