ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/8 rup. 19-23
  • Twabayeho ku nkomezi za Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twabayeho ku nkomezi za Yehova
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Hari uwoba afise inyishu?
  • Mponja uruhamo ari bwo bwa mbere
  • Uruhamo rurushiriza gukomera
  • Nkurikira umugabo wanje
  • Tuva mw’ibohero tukaja mu rindi
  • Umuryango wacu usubira kuja hamwe
  • Twarafashe ingingo ntabanduka yo gushigikira ubutegetsi bw’imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Akarorero k’abavyeyi banje karankomeje
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/8 rup. 19-23

Inkuru y’ubuzima

Twabayeho ku nkomezi za Yehova

NK’UKO VYAVUZWE NA ERZSÉBET HAFFNER

“Sinzokwemera ko bakwirukana”. Ukwo ni ko Tibor Haffner yavuze igihe yamenya yuko nari nategetswe kuva muri Cekosolovakiya. Yaciye yongerako ati: “Niba uvyemeye, nzokurongora uce ugumana nanje ibihe vyose”.

KU WA 29 Nzero 1938, hashize gusa amayinga makeyi Tibor ansavye ico kintu ntari niteze, narubakanye na we, akaba ari we muvukanyi mukirisu yabwiye inkuru nziza umuryango wanje ari bwo bwa mbere. Ntiyari ingingo yoroshe. Ni ho nari ngishikana imyaka 18, kandi kubera yuko nari umusuku w’igihe cose wo mu Vyabona vya Yehova, nashaka guhebera imyaka yanje y’ubuto umurimo w’Imana. Naraturikishije ndarira. Narasenze. Maze guturura ni ho gusa naca ntahura yuko ico Tibor yari yansavye cari ikintu kirengeye ukugira umutima mwiza, maze nca numva nshatse kubana n’uwo mugabo yankunda vy’ukuri.

Ni kubera iki nari ngeramiwe n’ukwirukanwa kandi naba mu gihugu ciyemera ko kiri mu ntwaro ya demokarasi kandi cubahiriza umwidegemvyo mu vy’ugusenga? Ubu nibaza ko hageze ko nobabwira vyinshi ku bijanye n’ingene narutse.

Navutse ku wa 26 Kigarama 1919 ku bavyeyi bo mw’idini y’abagatolika yo mu Bugiriki, mvukira mu kagari ka Sajószentpéter muri Hongiriya, nko ku bilometero 160 mu Buseruko bw’igisagara ca Budapest. Ikibabaje, dawe yapfuye ntaranavuka. Bidatevye, mawe yarubakanye n’umupfakare yari afise abana bane, duca twimukira i Lučenec, igisagara ciza c’ahitwa ico gihe Cekosolovakiya. Muri iyo myaka, kuba mu rugo rurimwo abana badasangiye abavyeyi ntivyari vyoroshe. Kubera ko ari jewe nari mutoyi mu bana batanu, numva umenga ndi nk’ikurudumu igira gatanu ku mukogote. Ivy’ubutunzi ntivyari vyoroshe, kandi ivy’umubiri si vyo vyonyene nari mbuze kuko ntitwararikwa canke ngo nkundwe nka kurya abavyeyi basanzwe babigirira abana babo.

Hari uwoba afise inyishu?

Igihe nari mfise imyaka 16, narashuhijwe umutwe n’ibibazo bikomeye. Narasomana umushasharo inkuru za kahise zavuga ivy’Intambara ya Mbere y’isi yose, kandi naratangazwa cane n’ubwicanyi bwose bwabaye hagati y’amahanga ateye imbere yavuga ngo ni aya gikirisu. Vyongeye, narabona agatima ko gushigikira ivya gisirikare hirya no hino. Nta na kimwe kuri ivyo cari gihuye n’ivyo nari narize mw’idini ku vyerekeye gukunda umuntu nkatwe.

Ku bw’ivyo, naragiye kuraba umupatiri wo muri Ekeleziya gatolika ya Roma hanyuma ndamubaza nti: “Ni itegeko irihe rikwiye kutugenga twebwe abakirisu: kuja mu ntambara kwica bagenzi bacu canke kubakunda?”. Yarababajwe n’ico kibazo, aca anyishura yuko we yigishije ivyo yabwiwe n’abategetsi bo mu nzego zo hejuru. Vyagenze gutyo nyene n’igihe naja kuraba umukuru wo mw’ishengero ry’abakalivinisite, eka mbere no mu nyuma igihe naja kuraba umurabi w’Umuyuda. Nta nyishu n’imwe naronse atari uko gusa batangazwa n’ikibazo canje batari bamenyereye. Amaherezo, naragiye kuraba umukuru w’idini wo mu baluteri. Yarashavuye, ariko imbere y’uko tuvana, ambwira ati: “Niba koko ushaka kugira ico umenya ku bijanye n’ikibazo cawe, urabaza Ivyabona vya Yehova”.

Naragerageje kurondera Ivyabona ariko sinabaronka. Hashize imisi mikeyi, igihe nari ntashe mvuye gukora, nabonye urugi rukinguruye. Hari umusore w’akaranga yariko asomera mawe amajambo yo muri Bibiliya. Naciye buno nyene nibwira nti: ‘Urya ategerezwa kuba ari we, ategerezwa kuba ari Icabona ca Yehova!’. Twaciye dusaba uwo musore yitwa Tibor Haffner ngo yinjire, nca ndamubaza ibibazo vyanje. Aho kwishura mu majambo yiwe bwite, yanyeretse ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’ikiranga abakirisu b’ukuri yongera aranyereka ivyerekeye ibihe twari tubayemwo.—Yohana 13:34, 35; 2 Timoteyo 3:1-5.

Mu mezi makeyi, imbere y’uko nshikana imyaka 17, narabatijwe. Nabona ko umuntu wese ategerezwa kwumva ukwo kuri kw’agaciro nari narubuye bigoranye cane. Naratanguye kwamamaza ndi umusuku w’igihe cose, ivyo bikaba bitari vyoroshe muri Cekosolovakiya mu mpera z’imyaka ya 1930. Naho igikorwa cacu cari cemewe n’amategeko, twararwanijwe bimwe bikomeye bivuye ku bakuru b’amadini.

Mponja uruhamo ari bwo bwa mbere

Umusi umwe, amaja mu mpera z’umwaka wa 1937, nariko namamaza n’uwundi muvukanyikazi mukirisu mu kagari ko hafi ya Lučenec. Hataraca n’akanya, twarafashwe hanyuma tujanwa mw’ibohero. “Aha ni ho muzopfira”. Ukwo ni ko umucunzi w’ibohero yavuze, aca ahindirako urugi n’inguvu nyinshi ararubabira.

Ku mugoroba, twararonse bandi bane dupfunganwa mu kumba twari dupfungiwemwo. Twaciye dutangura kubahumuriza no kubabwira inkuru nziza. Barasubije umutima mu nda, hanyuma tumara ijoro ryose tubabwira ukuri kwo muri Bibiliya.

Isaha cumi na zibiri zo mu gitondo zigeze, umucunzi w’ibohero yaransohoye muri ako kumba. Naciye mbwira mugenzanje nti: “Tuzoba dusubira mu Bwami bw’Imana”. Naciye ndamusaba kubwira umuryango wanje ivyabaye hamwe yoramuka arusimvye. Naratuye isengesho ryo mu gacerere hanyuma nca njana n’uwo mucunzi w’ibohero. Yanjanye aho aba ngaho nyene kw’ibohero. Yambwiye ati: “Ndafise ibibazo bimwebimwe nshaka kukubaza, mukobwa. Mw’ijoro wavuze yuko izina ry’Imana ari Yehova. Worinyereka muri Bibiliya?”. Iyumvire ukuntu naguye mu gahundwe kandi nkumva umutima usubiye mu nda! Yarazanye Bibiliya yiwe hanyuma ndamwereka we n’umukenyezi wiwe nya zina Yehova. Yari afise ibindi bibazo vyinshi ku bijanye n’ivyo twari twaganiriye na ba bakenyezi bane mw’ijoro. Amaze kunyurwa n’inyishu ndamuhaye, yaciye asaba umugore wiwe kudutegurira akayi twe na mugenzanje.

Hashize imisi mikeyi, twararekuwe, mugabo umucamanza aca afata ingingo yuko ntegerezwa kuva muri Cekosolovakiya kubera ko nari Umunyahongiriya. Inyuma y’ivyo ni ho Tibor Haffner yambaza ko noba umugore wiwe. Twarubakanye hanyuma nca nimukira mu nzu y’abavyeyi biwe.

Uruhamo rurushiriza gukomera

Twarabandanije igikorwa co kwamamaza turi umugabo n’umugore, naho Tibor yari afise kandi igikorwa cerekeye ishirahamwe yategerezwa gukora. Imisi mikeyi gusa imbere y’uko abasoda b’Abanyahongiriya binjira mu gisagara twabamwo muri Munyonyo 1938, agahungu kacu kitiranwa na se ari ko Tibor, karavutse. I Buraya, Intambara ya Kabiri y’isi yose yari hafi kwaduka. Igice kinini ca Cekosolovakiya carigaruriwe na Hongiriya, bituma haba uruhamo rwiyongereye ku Vyabona vya Yehova baba mu turere twigaruriwe.

Ku wa 10 Gitugutu 1942, Tibor yarafashe urugendo aja mu gisagara ca Debrecen kugira abonane n’abavukanyi bamwebamwe. Ariko rero, ico gihe ntiyagarutse. Mu nyuma yarambwiye ivyabaye. Aho kubonana n’abavukanyi, abapolisi nka bangahe bari bambaye impuzu z’abanyakazi ni bo bari ku kiraro, aho yategerezwa kubonanira n’abavukanyi. Bari barindiriye umugabo wanje na Pál Nagypál, ari na bo bari basigaje gushika. Nya bapolisi baciye babajana ku gituro c’abapolisi, barabakubita ibihiri ku birenge bigaragara gushika aho bata ubwenge ntibaba bacumva ububabare.

Mu nyuma baciye bategekwa kwambara ibirato vyabo no guhaguruka. Naho bari bafise ububabare bwinshi cane, bategetswe kugenda ku gituro c’amagariyamoshi. Abapolisi barazanye uwundi mugabo atekewe ibitambara mu mutwe ku buryo yabona bigoranye. Uwo mugabo yari umuvukanyi András Pilling, akaba na we nyene yari yaje muri nya mubonano. Umugabo wanje yarashizwe mw’igariyamoshi ajanwa gupfungirwa mu kagari ka Alag, hafi y’igisagara ca Budapest. Umwe mu barinzi b’ibohero yabonye ibirenge vya Tibor vyari vyatabagaye yavuganye agashinyaguro ati: “Mbega ukuntu abantu bamwebamwe bashobora kuba imburakigongwe! Ntuhagarike umutima, tuzokuvura”. Abandi barinzi babiri baciye batangura gukubita Tibor ku birenge, amaraso akaza aratarukira irya n’ino. Hashize iminuta mikeyi, yarataye ubwenge.

Mu kwezi gukurikira, Tibor n’abandi bavukanyi be n’abavukanyikazi barenga 60 bararengukijwe imbere y’intahe. Abavukanyi András Bartha, Dénes Faluvégi, be na János Konrád baciriwe igihano co kunyongwa. Umuvukanyi András Pilling yaciriwe gupfungwa ubuzima bwiwe bwose, umugabo wanje na we acirwa umunyororo w’imyaka 12. Bahowe iki? Umucamanza yabagirije uguhemukira igihugu, ukwanka kuja mu bikorwa vya gisirikare, ugutata igihugu be n’ugusiga iceyi ishengero ryeranda kurusha ayandi yose. Abari baciriwe urwo gupfa mu nyuma barabahinduriye babacira gupfungwa ubuzima bwose.

Nkurikira umugabo wanje

Hashize imisi ibiri Tibor agiye kubonana n’abavukanyi i Debrecen, imbere y’uko isaha cumi na zibiri zo mu gitondo zigera nari namaze kuvyuka, nkaba nariko ngorora impuzu zacu. Bukwi na bukwi, nagiye numva umuntu akubita cane ku rugi. Niyumviriye nti: ‘Barashitse!’. Abapolisi batandatu barinjiye hanyuma bambwira ko bafise uruhusha rwo gusaka. Twese abo mu nzu twarafashwe hanyuma tujanwa ku gituro c’abapolisi, ushizemwo n’agahungu kacu k’imyaka itatu. Uwo musi nyene, twarimuwe tujanwa mw’ibohero ry’i Pétervására muri Hongiriya.

Tumaze gushikayo, nararwaye inyonko maze baca banshira ukwa jenyene. Maze gukira, hari abasoda babiri bari mu kumba nari mpfungiwemwo bariko baharira ku binyerekeye. Umwe yavuze ati: “Dutegerezwa kumurasa! Ndamurasa!”. Mugabo mugenziwe yashaka kubanza gusuzuma uko amagara yanje yifashe imbere y’uko bandasa. Narabatakambiye ndabasaba kundeka. Amaherezo baravuye muri ako kumba, nca ndashimira Yehova kubona yamfashije.

Abarinzi bari bafise ubuhinga budasanzwe bwo gusambisha. Bantegetse kuryama hasi nubamye, banshira amashesheti mu kanwa, baramboha amaboko n’amaguru, hanyuma baranshishagura inkoni gushika aho mvirirana. Bahagaritse kunkubita ari uko umwe muri nya basoda avuze yuko arushe. Barambajije abari kubonana n’umugabo wanje ku musi yafatwa. Nta co nababwiye, nca rero mbandanya gukubitwa imisi itatu. Ku musi ugira kane, nararekuriwe kujana umwana wanje kwa mawe. Mu gikonyozi kiri aho, narashize umwana mu mugongo wariko inguma hanyuma ngenda n’amaguru ibilometero nka 13 nja ku gituro c’amagariyamoshi. Naciye mfata igariyamoshi ndabandanya n’i muhira, mugabo nategerezwa guca ngaruka mw’ikambi uwo musi nyene.

Naciriwe umunyororo w’imyaka itandatu mu gisagara ca Budapest. Maze gushika muri iryo bohero, naramenye yuko Tibor na we nyene ari ho yari apfungiwe. Iyumvire ukuntu twahimbawe igihe twaronka uruhusha rwo kuvugana, naho twavuganye mu minuta mikeyi gusa ducishije mu ruzitiro rw’ivyuma! Twempi twariyumvisemwo ko Yehova adukunda twongera turakomezwa n’ivyo biringo bihambaye cane. Imbere y’uko dusubira kubonana, twese twategerezwa guca mu bigeragezo biteye ikinya, akenshi tukagarukira ku munwa w’icobo.

Tuva mw’ibohero tukaja mu rindi

Hari abavukanyikazi bashika nka 80 muri twebwe bari bapoperanirijwe mu kumba kamwe. Twaripfuza cane imfungurwa z’ivy’impwemu, mugabo kwinjiza ikintu na kimwe mw’ibohero vyasa n’ibidashoboka. Hoba hari ico twari gushobora kuronka kivuye imbere mw’ibohero? Hinge ndababwire ico twakoze. Naritanze ngo nze ndasanasana amashesheti y’abakarani b’ibohero. Muri rimwe mu mashesheti, narashizemwo agapapuro gatoyi nari nanditseko mbaza urutonde ruriko amanomero ya Bibiliya zari mu bubiko bw’ibitabu bw’ibohero. Kugira ngo ntibahave bagira ico bicura, naciye nongerako amazina abiri y’ibindi bitabu.

Umusi ukurikira, nararonse ayandi mashesheti abiri avuye ku bakarani b’ibohero. Muri rimwe muri ayo mashesheti harimwo inyishu. Naciye rero mpa umurinzi w’ibohero ayo manomero hanyuma ndamusaba kundabira nya bitabu. Ese umunezero twagize igihe twaronka ivyo bitabu, harimwo na Bibiliya! Ibindi bitabu twarabitanga uko indwi itashe bakaduha ibindi, mugabo Bibiliya yoyo ntitwayisubiza. Igihe cose umucunzi w’ibohero abajije ivyayo, twaguma tumubwira duti: “Erega ni igitabu kininiya, kandi umwe wese ashaka kugisoma”. Gutyo, twarashoboye gusoma Bibiliya.

Umusi umwe, umukuru w’abapolisi yarampamagaye mu biro iwe. Wamenga ni umuntu w’urupfasoni rudasanzwe.

Yavuze ati: “Mupfasoni Haffner, ndagufitiye agakuru keza. Urashobora gutaha, kumbure ejo. Niba hari igariyamoshi igenda, n’uno musi urashobora kwitahira”.

Nishuye nti: “Ivyo vyoba ari vyiza”.

Yaciye asubizayo ati: “Cane nyene, vyoba ari vyiza. Urafise umwana kandi ndazi yuko ushaka kumurera”. Maze yaciye yongerako ati: “Pfa gutera umukono kuri iri kete”.

Naciye ndamubaza nti: “Ni ikete nyabaki?”.

Yashimitse ambwira ngo: “Nta ngorane. Pfa kuriterako umukono gusa hanyuma uce witahira”. Maze yaciye ambwira ati: “Niwashika i muhira, urikorera ivyo ugomba. Mugabo ubu utegerezwa gutera igikumu wemeza yuko uretse kuba Icabona ca Yehova”.

Naciye nsubira inyuma, nca ndanka nshikamye.

Yaciye atontomwa n’ishavu n’akantu ati: “Uzoca rero upfira ngaha!”, aca arandungika.

Muri Rusama 1943, narimuriwe mu rindi bohero ryo mu gisagara ca Budapest, mu nyuma na ho nimurirwa mu kagari ka Márianosztra, aho twabana n’ababikira bashika nka 70 mu kigo c’abihebeye Imana. Naho twishwe n’inzara tukongera tukabona n’ayandi marushwa, twari dushashaye kubabwira ivyo twizera. Umwe muri nya babikira yarashimishijwe vy’ukuri n’ubutumwa tumubwiye maze avuga ati: “Ibi ni ibintu vyiza utoraba. Sinari bwumve ibintu nk’ivyo. Ndabinginze, mbwira n’ibindi”. Twaramubwiye ivyerekeye isi nshasha be n’ubuzima bwiza igitangaza buzoba buyibereyemwo. Tukiriko turaganira, uwo bita ngo ni mama mukuru yaciye ashika. Nya mubikira yari yagaragaje ugushimishwa baciye ubwo nyene bamujana, baramwambura impuzu, baramuhuragura n’ikimoko. Dusubiye kubonana na we, yatwinginze ati: “Ndabinginze munsabire kuri Yehova kugira azonkize yongere ankure hano. Nshaka kuba umwe muri mwebwe”.

Aho twategerezwa gushikira ubukurikira hari mw’ibohero rishaje ry’i Komárom, igisagara kiri ku Ruzi Danube, nko ku bilometero 80 mu Burengero bwa Budapest. Ubuzima bwaho bwari bugoye bimwe utoraba. Nk’uko vyagendeye n’abandi bavukanyikazi batari bake, nararwaye rwose indwara ya tifusi, nkadahwa amaraso, ngacika goyigoyi. Nta muti twari dufise, nkaba rero niyumvira ko ubwanje bwari buheze. Mugabo rero, ico gihe abakuru b’ibohero bariko barondera umuntu yoshobora gukora igikorwa co mu biro. Abavukanyikazi baciye bamvuga. Naciye rero mpabwa imiti hanyuma mbona gutora mitende.

Umuryango wacu usubira kuja hamwe

Kubera yuko ingabo z’Abasoviyeti zariko zegereza zizananye mu Buseruko, twabwirijwe kwimukira mu Burengero. Kudondora amabi yose twaciyemwo yoba inkuru ndende. Naragarukiye ku munwa w’icobo incuro zitari nke, mugabo ndabikesheje ukuboko gukingizi kwa Yehova nararusimvye. Igihe intambara yarangira, twari mu gisagara Tábor ca Cekosolovakiya, nko ku bilometero 80 uvuye i Prague. Twe na muramukazanje Magdalena vyadusavye indwi zirenga zitatu kugira dushike i muhira i Lučenec ku wa 30 Rusama 1945.

Ndi kure, narashoboye kubona mabukwe be n’umuhungu wanje mukundwa Tibor ku mbuga. Amaso yanje yaciye yuzura amosozi maze nca nsemerera nti: “Tibike!”. Yaje yirukanga hanyuma ansimbira mu maboko. “Ma, ubu ho ntuzosubira kugenda?”. Ayo yari yo majambo ya mbere yari ambwiye, kandi sinzokwigera ndayibagira.

Yehova yaragiriye kandi akagongwe umugabo wanje Tibor. Avuye kw’ibohero ry’i Budapest, yarungitswe mw’ikambi ry’ibikorwa vy’umuruho i Bor kumwe n’abandi bavukanyi nka 160. Incuro zitari nke, baragarukiye ku munwa w’icobo, mugabo uko bari bagize umugwi bararokotse. Tibor yagarutse i muhira ku wa 8 Ndamukiza 1945, nk’ukwezi kumwe imbere y’uko nshika.

N’inyuma y’intambara, twagumye dukeneye inkomezi za Yehova kugira turokoke ibigeragezo vyose twaciyemwo mu myaka 40 yakurikiye turi mu ntwaro y’Abakomunisita muri Cekosolovakiya. Tibor yarasubiye gucirwa umunyororo w’igihe kirekire, bica biba ngombwa ko nsigarana umuhungu wacu jenyene. Tibor amaze kurekurwa, yarabaye umucungezi w’ingenzi. Mu kiringo c’imyaka 40 twamaze dutwarwa n’Abakomunisita, twarakoresha akaryo kose kabonetse kugira tubwire abandi ukwizera kwacu. Twarashoboye gufasha benshi kumenya ukuri. Baciye batubera abana bacu bo mu vy’impwemu.

Ese ukuntu wabaye umunezero igihe twaronka umwidegemvyo mu vy’ugusenga mu 1989! Umwaka wakurikiye, twaritavye ihwaniro ry’intara rya mbere ryabereye mu gihugu iwacu inyuma y’ikiringo kirekire nk’ico. Igihe twabona abavukanyi n’abavukanyikazi bacu ibihumbi bagumije ukutadohoka kwabo mu myaka mirongo, twaramenye yuko Yehova yabaye isôko rihambaye ry’inkomezi kuri abo bavukanyi n’abavukanyikazi bose.

Umugabo wanje nakunda Tibor yapfuye ari umwizerwa ku Mana ku wa 14 Gitugutu 1993, nanje ubu nkaba mba hafi y’umuhungu wanje i Žilina muri Solovakiya. Nta nguvu nyinshi z’umubiri ngifise, mugabo ndakomeye mu vy’impwemu bivuye ku bubasha bwa Yehova. Ndemera ntakekeranya na gato yuko bivuye ku nkomezi ziwe, nshobora kwihanganira ibigeragezo ivyo ari vyo vyose nohura na vyo muri iyi si ishaje. Vyongeye, ndarindiranye umushasharo igihe, bivuye ku buntu ntabereye bwa Yehova, nzoshobora kubaho ibihe bidahera.

[Ifoto ku rup. 20]

Umuhungu wanje Tibor, yitiranwa na se, (afise imyaka 4) uwo nabwirijwe gusiga

[Ifoto ku rup. 21]

Tibor, umunega wanje, ari kumwe n’abandi bavukanyi mu gisagara ca Bor

[Ifoto ku rup. 22]

Aha nari kumwe na Tibor be na muramukazanje Magdalena mu 1947 i Brno

[Amafoto ku rup. 23]

Akatari gake naragarukiye ku munwa w’icobo, mugabo bivuye ku kuboko gukingizi kwa Yehova, nararokotse

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika