Abantu bararondera intwaro nziza
“Ukuba ibihugu vyo kw’isi birushiriza gukenerana vyatumye havyuka urukurikirane rw’ingorane ziraba isi yose igihugu kimwekimwe kitagishoboye gutorera umuti. Biciye ku gufashanya kw’ibihugu vyose vyo kw’isi ni ho gusa dushobora guhangana n’akaga be n’ingorane bitera vyongerekana bihanze umuryango w’abantu”.—Ghulam Umar, umuhinga mu gutohoza ivya politike w’Umunyapakisitani.
ISI ya kino gihe yuzuyemwo ibintu umuyoro bitumvikana. Abenshi usanga bakikijwe n’ibihinda bitagira uko bingana, mugabo kuronka ikibabeshaho bikabagora. Abantu babayeho muri iki gihe kirangwa n’iterambere mu vy’ubuhinga bwa orodinateri bashobora vy’ukuri kuba ari bo bize kandi bazi ibintu kuruta abigeze kubaho bose, yamara abantu barushiriza kuba benshi usanga bibagora kuronka akazi karamba. Naho abantu basa n’abafise umwidegemvyo mwinshi kuruta ikindi gihe cigeze kubaho, abantu amamiliyoni n’amamiliyoni usanga babayeho mu bwoba, mu mutekano muke kandi bakarara ntibuca. Twoshobora kuba dukikujwe n’uturyo twizatwiza tw’ukwiteza imbere, mugabo ibiturire be n’ukutubaha amategeko mu bibanza bikomakomeye no mu bibayabaye vyatumye abantu benshi bihebura.
Ingorane zihanze umuryango w’abantu ni nyinshi rwose ku buryo ziruta kure n’iyo izishobora gutorerwa umuti n’igihugu ico ari co cose canke mbere umugwi w’ibihugu uwo ari wo wose. Ku bw’ivyo, abantu bihweza utuntu n’utundi barashitse ku ciyumviro c’uko kugira ngo amahoro n’umutekano bishoboke kw’isi, ibihugu vyose bitegerezwa guhurikira mu ntwaro imwe. Nk’akarorero, haraciye igihe kirekire uwitwa Albert Einstein ashigikiye ico ciyumviro. Mu 1946, yemeje ibi: “Ndemera ata gukeka yuko benshi mu bantu bo mu mahanga yo kw’isi boshima kwiberaho mu mahoro n’umutekano . . . Icipfuzo abantu bafise co kuronka amahoro gishobora gushitswa biciye gusa ku gushinga intwaro y’isi”.
Ubu haciye imyaka irenga 50, ico cipfuzo gihambaye ntikirashitswa. Mu kudondora ingorane zo mu kinjana ca 21, hari amajambo yo mu kinyamakuru kimwe (Le Monde) c’i Paris mu Bufaransa avuga uku: “Birakenewe ko hashirwaho ishingiro ry’ubutungane, iry’ugutwara be n’iry’ibwirizwa shingiro ry’intwaro mpuzamakungu ifise ubushobozi bwo kuhaseruka mu maguru masha, ahantu hose kw’isi, mu bihe habaye ubwicanyi bushingiye ku moko. Birakenewe kandi kwemera iciyumviro c’uko kuva ubu Isi ari igihugu kimwe”. Ni nde canke ni igiki gifise ububasha n’ubushobozi bwo gushitsa ivyo, kugira ngo umuryango w’abantu ushobore kuzogira kazoza karangwa amahoro?
Ishirahamwe Mpuzamakungu ryoba ari wo muti?
Benshi bizigira yuko Ishirahamwe mpuzamakungu ari ryo rizozana amahoro kw’isi. Ishirahamwe mpuzamakungu ryoba ari intwaro ishobora kuzana amahoro n’umutekano nyakuri kw’isi? Nta gukeka yuko hatabuze ivyivugo vyinshi cane vya politike vyizigiza. Nk’akarorero, Inama nkuru y’Ishirahamwe mpuzamakungu, mw’“Itangazo [ryayo] ryerekeye imyaka igihumbi” ryo mu 2000, yarafashe uyu mwiyemezo ntabanduka: “Nta co tutazokora kugira ngo abantu bacu tubakurireho intambara zibacumukuza, zaba izo mu gihugu hagati canke izihuza ibihugu, zikaba zimaze guhitana ubuzima bw’abantu barenga imiliyoni zitanu muri iyi myaka nka cumi iheze”. Ayo majambo yatumye Ishirahamwe mpuzamakungu rihayagizwa ryongera riremerwa n’abantu benshi, yongera atuma rironka agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobeli ko mu 2001. Igihe Komite ijejwe ivy’agashimwe kitiriwe Nobeli yo mu gihugu ca Noroveje yariko irahayagiza muri ubwo buryo Ishirahamwe mpuzamakungu, yavuze yuko “inzira imwe rudende yo gushobora gushika ku mahoro be no ku gusenyera ku mugozi umwe mw’isi, ari uguca kw’Ishirahamwe mpuzamakungu”.
Naho havuzwe ivyo vyose, ubwo Ishirahamwe mpuzamakungu, iryashinzwe mu 1945, ryoba ryaragaragaje yuko ari intwaro ishobora gutuma isi igira amahoro nyakuri kandi aramba? Oya, kubera yuko ukwikwegerako be n’ivyipfuzo bishingiye ku vyo kwiratira igihugu vy’ibihugu bigize iryo shirahamwe vyatangiriye twinshi mu twigoro twaryo. Iciyumviro abantu bafise, kikaba giserukira mu majambo y’umwanditsi wo mu kinyamakuru kimwe, ni ic’uko Ishirahamwe mpuzamakungu ata kindi riri atari “ikintu c’igipimo cerekana ivyiyumviro abantu baba kw’isi bafise” be n’uko “urutonde rw’ivyo ryihweza rwuzuyemwo ibibazo bimaze imyaka n’iyindi vyihwezwa mugabo bitera imbere gatoya mu bijanye no gutorerwa umuti, nimba n’ako gatoya kabaho”. Ikibazo kiracari iki: Ibihugu vyo mw’isi vyoba vy’ukuri bizokwunga ubumwe umusi uri izina?
Bibiliya irahishura yuko ubumwe nk’ubwo vuba bugiye kubaho. Ivyo bizoshika gute? Kandi ni intwaro iyihe izobishitsa? Turakwinginze usome ikiganiro gikurikira kugira ngo uronke inyishu z’ivyo bibazo.
[Ifoto ku rup. 3]
Einstein yarashigikiye ivy’uko hakenewe intwaro y’isi
[Abo dukesha ifoto]
Einstein: U.S. National Archives photo