Liberiya—Ivy’Ubwami biratera imbere naho hari indwano
MURI Liberiya, intambara y’abanyagihugu imaze imyaka irenga cumi ibica bigacika. Hagati mu mwaka wa 2003, abaroberi barwanye berekeza ku murwa mukuru Monrovia. Benshi mu Vyabona vya Yehova babwirijwe guta izabo, rimwe na rimwe bigashika kenshi. Akatari gake, amatungo yarasahuwe.
Ikibabaje, mu ndwano yabereye ku murwa mukuru, abantu ibihumbi n’ibihumbi barahasize ubuzima. Muri abo bahasize ubuzima harimwo Ivyabona babiri, umuvukanyi be n’umuvukanyikazi. None abandi bavukanyi bavyifashemwo gute muri ayo magume, kandi hakozwe iki kugira ngo bafashwe?
Gufasha abari mu nkenero
Mu gihe c’amagume, ibiro vy’ishami ry’Ivyabona vya Yehova ryo muri Liberiya ryaratunganije ivy’ugutabara abari mu nkenero. Haratanzwe imfungurwa, ibikoresho vya nkenerwa vyo mu nzu be n’imiti. Mu gihe abo baroberi bari bigaruriye akarere karimwo ikivuko, ibifungurwa vyarakenye. Ishami ryari ryarabonye ko ibintu vyogenze gutyo, ari co gituma ryari ryaraziganije ibifungurwa vyo guha Ivyabona ibihumbi bibiri bari bahungiye ku Ngoro z’Ubwami ziri hirya no hino muri ico gisagara. Abavukanyi baratanze ivyo bifungurwa ku rugero, ku buryo bw’uko vyaramvye gushika nya kivuko gisubiye kwugururwa. Ishami ryo mu Bubiligi n’iryo muri Siyera Lewone yompi yararungitse imiti akoresheje indege, ishami ryo mu Bwongereza be n’iryo mu Bufaransa na yo arungika ivyambarwa.
Naho ibintu vyari vyifashe nabi, abavukanyi bacu bagumye babona ibintu mu buryo bwiza kandi bafise umunezero. Ivyavuzwe n’umuvukanyi umwe yateshejwe urwiwe gatatu kose, birerekana agatima benshi bari bafise. Yavuze ati: “Ibi ni vya bintu duhora twamamaza; tubayeho mu misi y’iherezo”.
Abantu barakira inkuru nziza
Naho mu gihugu cose hari uruhagarara, Ivyabona barabandanya kwererwa rwose mu ndimiro. Muri Nzero 2003, habonetse igitigiri c’agaheta kiruta ivyigeze kuboneka vyose c’abamamaji b’Ubwami 3.879, muri Ruhuhuma na ho harongorwa inyigisho za Bibiliya zo ku muhana zishika ku 15.227.
Abantu ntibateba kwemera inkuru nziza. Akarorero tukabonera ku vyabereye mu gasagara kamwe ko mu Bumanuko bushira Ubuseruko bw’ico gihugu. Ishengero rimwe ryaratunganije ivyo guhimbariza Icibutso c’urupfu rwa Kirisitu mu gasagara ka Bewahn kari nko ku rugendo rw’amaguru rw’amasaha atanu uvuye aho basanzwe bakoranira. Imbere y’uko abo bavukanyi baja muri ako gasagara kugira ngo batumire abantu ku Cibutso, babanje guha ubutumire umukuru w’ako gasagara. Amaze kuronka ubwo butumire, yaciye afata Bibiliya yiwe aja ku banyagihugu bo muri ako gasagara, maze abasomera icanditswe cari kuri ubwo butumire, abaremesha kwitaba ico Cibutso. Igihe rero abo bamamaji bashikayo, basanze igikorwa cari kibazanye baramaze kukibakorera! Uwo mukuru w’agasagara n’abana biwe be n’abagore biwe babiri baraje ku Cibutso. Abaje bose hamwe babaye 27. Kuva ico gihe, nya mukuru w’ako gasagara yarahevye idini yarimwo y’abametodisite, atangura kwigana n’Ivyabona vya Yehova, eka mbere aratanga n’ikibanza co kwubakamwo Ingoro y’Ubwami.
Umuntu umwe ahindura inyifato
Inyifato y’abavukanyi bacu na yo nyene yaragize ico imara mu vy’ugutuma bamwebamwe mu babarwanya bahindura ukuntu babona ukuri. Rimbura ivy’umugabo umwe yitwa Opoku. Hari umusuku w’umutsimvyi adasanzwe yahuye na Opoku mu murimo wo mu ndimiro hanyuma amuha ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi. Opoku yarashimishijwe n’ikiganiro kimwe cari muri ico kinyamakuru mugabo nta mahera yari afise. Nya mutsimvyi amaze kumusigurira yuko ico kinyamakuru kitagurishwa, yaciye akimusigira hanyuma aringaniza ivy’uko azogaruka kumugendera. Nya mutsimvyi agarutse, Opoku yamubajije ati: “None uranzi? Benshi mu bantu banyu bo mu gisagara ca Harper baranzi. Nahora nirukana abana banyu kw’ishure!”. Yaciye amubwira yuko yari umuyobozi w’ishure ryisumbuye muri ico gisagara, kandi ko yahama abana b’Ivyabona vya Yehova abahora kutaramutsa ibendera.
Ariko rero, uturorero dutatu twerekana urukundo rwa gikirisu rwagaragajwe n’Ivyabona vya Yehova twatumye Opoku asubira gusuzuma inyifato yiwe. Ubwa mbere, yarabonye Ivyabona bitwararika umuvukanyi wabo wo mu vy’impwemu yari aremvye. Baranaringanije ivy’uko aja kuvurirwa mu gihugu kibanyi. Opoku yiyumvira yuko uwo muvukanyi yari arwaye yari umuntu ahambaye rwose mu Vyabona vya Yehova, mugabo asanga ni Icabona asanzwe. Ubugira kabiri, mu myaka ya 1990, Opoku yari yarahungiye muri Côte d’Ivoire. Umusi umwe yari anyotewe, aja kugura amazi ku musore umwe. Opoku yari afise inoti nini gusa, uwo musore akaba ata mahera yo kumusubiza yari afise, aca rero arareka kumurihisha. Igihe uwo musore yariko aha Opoku nya mazi, yamubajije ati: “Wibaza yuko bizoshika tukabona aho abantu nka wewe nanje bahana ibintu batarinze gusabana amahera?”. Opoku yaciye abaza nya musore nimba ari Icabona ca Yehova, na we aca aremeza ko ari we. Agatima k’ugutanga be n’umutima mwiza vy’uwo muvukanyi vyarakoze ku mutima Opoku. Ubwa nyuma, ukuba nya mutsimvyi adasanzwe yaremeye n’umutima ukunze kumuha ikinyamakuru ata mahera amusavye vyarajijuye Opoku yuko yabona Ivyabona ukutari kwo kandi ko akwiye guhindura inyifato. Yaragize iterambere mu vy’impwemu, ubu akaba ari umwamamaji atarabatizwa.
Naho abavukanyi bo muri Liberiya babandanya guhangana n’ibintu bigoye cane, barizigira Imana bakongera bakamamaza badahemuka inkuru nziza ivuga ivy’igihe ciza kizohaba igihe Ubwami bw’Imana bugororotse buzoba buganza. Yehova ntazokwigera yibagira ubutame bwabo be n’urukundo berekana ko bakunda izina ryiwe.—Abaheburayo 6:10.
[Amakarata ku rup. 30]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
MONROVIA
[Amafoto ku rup. 31]
Mu gihe c’amagume, abasavyi ba Yehova bararonkeje abari mu nkenero imfashanyo yo mu buryo bw’impwemu n’iyo mu buryo bw’umubiri