Amasezerano y’amahoro y’i Westphalie yabaye ihinduka rikomeye i Buraya
“NI IKINTU c’imbonekarimwe kubona abakuru b’ibihugu benshi gutya b’i Buraya bakoraniye hamwe kuri uyu musi uri hejuru”. Roman Herzog, uwahoze ari Umukuru w’igihugu ca Repubulika y’Ubudagi Bwunze Ubumwe, yavuze ayo majambo muri Gitugutu 1998. Igihe yavuga ayo majambo, mu bamwumviriza harimwo n’abami bane, abamikazi bane, abaganwa babiri, umutware umwe be n’abaperezida batari bake. Urwo rubanza, urwari rwatunganijwe n’Inama mpanuzwajambo y’Abanyaburaya, rwari ruhambaye kuruta izindi zabaye mu myaka 50 ya kahise k’igihugu c’Ubudagi ca none. Urwo rubanza rwari rwerekeye iki?
Muri Gitugutu 1998, ni ho bibuka imyaka 350 yari iheze habaye amasezerano y’amahoro y’i Westphalie. Kenshi amasezerano y’amahoro ni intango y’ihinduka rihambaye muri kahise, kandi muri ubwo buryo Amasezerano y’i Westphalie yarabaye ikintu kidasanzwe. Ugutera igikumu kuri ayo Masezerano mu 1648 kwatumye ya Ntambara y’imyaka mirongo itatu irangira, kandi ni ho Uburaya bwatangura kuba bugizwe n’ibihugu vyigenga nk’uko biri muri kino gihe.
Ivyahahora bihungabana
Kuva mu kinjana ca 6 gushika mu ca 16, inzego zikomakomeye kuruta izindi i Buraya zari Ekeleziya Gatolika ya Roma be n’Inganji nganzabami nyeranda y’Uburoma. Iyo nganji nganzabami yari igizwe n’intara amajana zitanganya uburinganire kandi yari ikwiye mu karere muri iki gihe kagizwe na Otirishe, Repubulika y’Abaceke, Ubudagi, Ubuseruko bw’Ubufaransa, Ubusuwisi, igice kigizwe n’Ubuholande, Ububiligi be na Luxembourg, hamwe n’ibice vy’Ubutaliyano. Kubera ko intara z’Ubudagi ari zo zari zigize igice kinini c’Inganji nganzabami nyeranda y’Uburoma, iyo nganji nganzabami yahavuye yitwa Inganji nyeranda y’Uburoma y’igihugu c’Ubudagi. Intara iyo ari yo yose yarigenga mu bintu bimwebimwe, igatwarwa n’umuganwa. Umwami w’abami ubwiwe yari uwo muri Ekeleziya Gatolika ya Roma agakomoka mu muryango w’aba Habsburg bo muri Otirishe. Ku bw’ivyo, kubera intwaro ya Papa be n’iyo nganji nganzabami vyatwara, Uburaya bwari mu minwe ya Ekeleziya Gatolika ya Roma.
Ariko rero, mu kinjana ca 16 n’ica 17 urwo rutonde rwari ruhari rwarahungabanye. Hirya no hino i Buraya, abantu benshi ntibanezerezwa n’inyifato zirenze urugero za Ekeleziya Gatolika ya Roma. Bamwe muri bene guhindura ibintu mu vy’idini ari bo Martin Luther be na Jean Calvin barigisha ivyo gusubira kwisunga ingingo mfatirwako za Bibiliya. Luther na Calvin bararonse ababashigikira benshi, ivyo bica bivyara kwa Gutunganya ivy’idini bushasha be n’amadini y’abaporotisanti. Ukwo Gutunganya ivy’idini bushasha kwatumye inganji nganzabami yigaburamwo amadini atatu, ari yo Ekeleziya Gatolika, idini y’abaluteri be n’idini y’abakaluvinisite.
Abagatolika babona ko abaporotisanti ari abahemu, abaporotisanti na bo bagakengera abakeba babo ari bo bagatolika. Ico cuka catumye havuka Ubumwe bw’abaporotisanti be n’Urunani rw’abagatolika mu ntango z’ikinjana ca 17. Bamwe mu baganwa bo muri iyo nganji nganzabami bagiye ku ruhande rw’ubwo Bumwe bw’abaporotisanti, abandi na bo baja ku ruhande rw’urwo Runani rw’abagatolika. Uburaya na canecane ahatwarwa na ya nganji nganzabami, bwacitse icicaro c’umwikeko hakaba rero hari habuze gusa agasase kodomeka maze ibintu vyose bikayogera. Igihe amaherezo ako gasase kadomeka, kaciye gatuma haba intambara yamaze imyaka 30.
Agasase kadomeka, Uburaya bukaka
Abategetsi b’abaporotisanti baragerageje kwosha abagatolika bo mu muryango wa Habsburg ngo barushirize gutanga umwidegemvyo mu vy’idini. Yamara bavyemera bagonanwa, bituma mu kiringo co mu mwaka wa 1617 no mu mwaka wa 1618, amasengero abiri y’abaluteri y’i Boheme (muri Repubulika y’Abaceke) yugarwa ku nguvu. Ivyo vyarababaje abanyacubahiro b’abaporotisanti, baca bashwara ingoro imwe y’i Purage, bafata abakuru b’abagatolika babajugunyira hanze babacishije mw’idirisha rimwe ryo mw’igorofa. Ivyo ni vyo vyabaye agasase kadometse, Uburaya bukaka.
Naho abanywanyi b’ayo mashengero adahuza bivugisha yuko ari abayoboke ba wa Muganwa w’amahoro Yezu Kirisitu, baciye bafatana mu kanigo (Yesaya 9:6). Mu ntambara yiswe Intambara yo ku musozi witwa Mont Blanc, rwa Runani rw’abagatolika rwaranesheje bimwe bibi bwa Bumwe bw’abaporotisanti, ubwaciye bwigabagura. Abagabo b’abanyacubahiro b’abaporotisanti bariciwe kw’isoko y’i Purage. I Boheme hose, amatongo y’abaporotisanti banse kwihakana ukwemera kwabo yaranyazwe hanyuma abagatolika barayagabangana. Igitabu citwa 1648—Intambara be n’amahoro i Buraya (mu kidagi) kidondora ko ukwo kunyaga ari “rimwe mu mahinduka akomeye kuruta ayandi yo mu vyo gutunga amatongo, yigeze kuba mu Buraya bwo hagati”.
Ivyatanguye ari intambara y’amadini i Boheme, vyarayangaye gushika n’aho bicika indyane zo kurwanira gutegeka amahanga. Mu myaka 30 yakurikiye, Danemarike, Esupanye, Suwede, Ubufaransa, Ubuholande, vyarakwezwe muri izo ndyane. Abategetsi b’abagatolika be n’ab’abaporotisanti, kenshi babitewe n’umwina be n’uguhahamira ubukuru, barakoze uko bashoboye kwose kugira ngo baganze mu vya politike bongere baronke inyungu zo mu vy’ubudandaji. Ya Ntambara y’imyaka mirongo itatu yagabuwe mu biringo bitandukanye, kimwekimwe cose kikitirirwa ibihugu bikurubikuru vyarwanya umwami w’abami. Ibitabu bitari bimwe biravuga bine muri ivyo biringo: Hari Intambara ya Boheme na Palatino, Intambara ya Danemarike na Basse Saxe, Intambara ya Suwede be n’Intambara hagati y’Ubufaransa na Suwede. Kenshi barwanira mu karere gatwarwa n’Inganji nganzabami nyeranda y’Uburoma.
Mu birwanisho vy’ico gihe harimwo inkoho zitwa pisitole, izitwa mousquets, morotiye, za muzinga, vyinshi ahanini bikaba vyava muri Suwede. Abagatolika n’abaporotisanti basanze barisutse muri iyo ntambara. Abasirikare bagenda ku rugamba bamwe baririmba ngo “Mariya Mweranda” abandi ngo “Imana iri kumwe natwe”. Ingabo zagenda zirasahura ziriko zirajabuka intara z’Ubudagi, zigafata bunyamaswa abo birwana be n’abanyagihugu. Muri iyo ntambara ibintu vyarayangaye gushika n’aho hakorwa ubunyamaswa butagira uko bwovugwa. Ese ukuntu ivyo bitandukanye n’ubuhanuzi bwa Bibiliya buvuga buti: “Nta hanga rizobangurira irindi hanga inkota, kandi ntibazokwiga kurwana ukundi”.—Mika 4:3.
Hari iyaruka ry’Abadagi ryakuze ata kindi rizi atari intambara kandi abanyagihugu barushe bari bashashaye amahoro. Bisa n’uko amahoro yari gushoboka iyo abategetsi batari kuba barondera inyungu zidahuza mu vya politike. Ivya politike ni vyo vyarushiriza kuja imbere uko iyo ntambara yagenda ireka kuba iyishingiye ku madini, gutyo ikarushiriza kuba iyishingiye kuri politike. Aho bitwengereje ni uko umugabo umwe yatumye iyo ntambara icika iya politike ari umukuru wo mu rwego rwo hejuru muri Ekeleziya Gatolika.
Karidinali Richelieu akoresha ubutegetsi bwiwe
Karidinali de Richelieu ryari ryo zina ry’icubahiro ry’uwitwa Armand-Jean du Plessis. Vyongeye, yari umushikiranganji wa mbere w’Ubufaransa kuva mu 1624 gushika mu 1642. Intumbero Richelieu yari afise yari iyo gutuma Ubufaransa buba igihugu gikomeye kurusha ibindi i Buraya. Kugira ngo ashike kuri iyo ntumbero, yagerageje kugabanya ububasha bw’abagatolika nka we bo mu muryango w’aba Habsburg. Ivyo yabigira gute? Yabigira mu guterera amahera ingabo z’abaporotisanti bo mu ntara z’Ubudagi, muri Danemarike, mu Buholande be n’abo muri Suwede, abo bose bakaba bari basanzwe barwanya wa muryango w’aba Habsburg.
Mu 1635, Richelieu yararungitse ingabo z’Abafaransa ku rugamba ari bwo bwa mbere. Igitabu kimwe (vivat pax—Es lebe der Friede!) gisigura yuko mu kiringo cayo ca nyuma, “ya Ntambara y’imyaka mirongo itatu yaretse kuba ishingiye ku gutata kw’amadini. . . . Iyo ntambara yacitse iyo guharanira ubukuru mu vya politike i Buraya”. Ivyari vyatanguye ari amatati y’ivy’amadini hagati y’abagatolika be n’abaporotisanti, vyarangiye abagatolika basigaye bafadikanya n’abaporotisanti mu kurwanya abandi bagatolika. Rwa Runani rw’abagatolika urwari rumaze kugoyagoya mu ntango z’imyaka ya 1630, rwasenyutse mu 1635.
Inama y’ukurondera amahoro yabereye i Westphalie
Uburaya bwari businzikajwe n’ubusahuzi, ubwicanyi, ugufata abagore ku nguvu be n’indwara. Bukebuke, abantu bararushirije kunyoterwa amahoro uko batahura yuko iyo ntambara ata n’umwe yoyitsinze. Ca gitabu (vivat pax—Es lebe der Friede!) kivuga yuko “amaja mu mpera y’imyaka ya 1630, abaganwa batwara ico gihe batahuye yuko inguvu za gisirikare zitobafashije gushikira intumbero yabo”. Ariko nimba amahoro ari co kintu umuntu wese yipfuza, boyashikiriye gute?
Umwami w’abami Ferdinand wa gatatu yatwara ya Nganji nganzabami nyeranda y’Uburoma, Umwami Louis wa 13 w’Ubufaransa be n’Umwamikazi Christina wo muri Suwede, baremeranije yuko hakwiye kuba inama, aho abarwana bose bakwiye kugira ibiganiro vyo kurondera amahoro. Ibibanza bibiri vyaracaguwe kugira ngo biberemwo ivyo biganiro, ivyo bibanza bikaba ari igisagara ca Osnabrück be n’igisagara ca Münster vyo mu ntara ya Westphalie mu Budagi. Ivyo bibanza vyacaguwe kubera ko vyari hagati na hagati y’umugwa mukuru wa Suwede be n’uw’Ubufaransa. Ivyo biganiro vyatanguye mu 1643, kandi imigwi y’intumwa ishika 150, imwimwe muri yo ikaba yari yazananye n’abahanuzwajambo benshi, yarashitse muri ivyo bisagara bibiri, intumwa z’abagatolika zihurira i Münster, iz’abaporotisanti na zo zihurira i Osnabrück.
Ubwa mbere, icegeranyo c’amategeko bogendeyeko carashizweho kugira ngo hashingwe ibintu bimwebimwe; nk’akarorero, ibiti intumwa zobaye zifise be n’inzego zobaye zirimwo, urutonde rwokurikijwe mu bijanye n’ivyicaro vyazo hamwe n’ukuntu ivyo biganiro vyogenze. Hanyuma rero, ibiganiro vy’amahoro biratangura, ivyiyumviro bikaza birahanahanwa hagati y’intumwa biciye ku bahuza. Haciye nk’imyaka itanu, muri ico gihe cose intambara ikaba yari ikibandanya, baremeranije amasezerano y’amahoro. Ayo masezerano y’i Westphalie ntiyari agizwe n’urwandiko rumwe gusa. Urwandiko rumwe rwayo rwashizweko umukono n’Umwami w’abami Ferdinand wa gatatu be na Suwede, urundi na rwo rushirwako umukono n’uwo mwami w’abami be n’Ubufaransa.
Igihe inkuru yerekeye ayo masezerano yakwira hose, abantu baciye batangura kuyigina. Mu bisagara vyinshi wasanga abantu baterera mu kirere ibintu vyaka umucanwa, bigashwara ikirere. Inkengeri z’amasengero zarasiranye, bararasa vya muzinga bigina ayo masezerano, abantu na bo bararirimbira mu mabarabara. Ico gihe none Uburaya bwoba bwari bukwiye kwitega amahoro aramba?
Amahoro aramba yoba ashoboka?
Amasezerano y’i Westphalie yaremeje ingingo ngenderwako yerekeye ukwishira n’ukwizana. Ivyo vyasobanura yuko abagiraniye ayo masezerano bose bemeranije kwubahiriza imbibe z’abandi no kutisuka mu vyabo. Ukwo ni ko Uburaya bwatanguye kuba bugizwe n’ibihugu vyigenga nk’uko biri muri kino gihe. Bimwebimwe muri ivyo bihugu vyarungukiye kuri ayo masezerano kuruta ibindi.
Ubufaransa bwacitse igihugu gikomeye kuruta ibindi, Ubuholande n’Ubusuwisi bironka intahe y’ukwikukira. Intara z’Ubudagi, nyinshi muri zo zikaba zari zarasinzikajwe n’iyo ntambara, ayo masezerano yatumye haba ivyo zihomba. Hari ukuntu ivy’Ubudagi vyashinzwe n’ayandi mahanga. Inkoranyabumenyi imwe (The New Encyclopædia Britannica) ivuga iti: “Ivyo abaganwa b’Ubudagi bunguka canke bahomba vyavana n’ivyipfuzo vy’ibihugu bikomakomeye ari vyo Ubufaransa, Suwede na Otirishe”. Intara z’Ubudagi, aho gushirwa hamwe ngo zibe igihugu kimwe, zaragabaguwe nk’uko vyari bimeze ubwa mbere. Vyongeye uturere tumwetumwe twashizwe mu minwe y’abategetsi y’abanyamahanga nk’uko vyagenze ku ntara zimwezimwe zo ku nkengera z’inzuzi nkurunkuru z’Ubudagi nk’Uruzi Rhin, Uruzi Elbe be n’Uruzi Oder.
Amadini y’abagatolika, y’abaluteri be n’ay’abakaluvinisite vyaremejwe ko angana. Ivyo ntivyahimbaye bose. Papa Inosenti w’icumi yariyamirije yivuye inyuma ayo masezerano, avuga yuko ata co amaze. Yamara rero, imbibe zashingiwe amadini zamaze ibinjana bitatu ata kintu kinini zihinduweko. Naho nyene umwidegemvyo wa zina muntu wo mu vyo gusenga utari bwaboneke, warateye intambwe.
Ayo masezerano yaratumye ya Ntambara y’imyaka mirongo itatu irangira, menshi mu mabi yayikorerwamwo arahera. Nta yindi ntambara y’amadini ikomeye kuruta iyo yasubiye kuba i Buraya. Intambara ntizarangiye, ahubwo ivyazitera vyaretse kuba ibijanye n’idini biba ibijanye na politike canke n’ubudandaji. Ivyo ntibisobanura yuko idini itasubiye kugira uruhara mu ndyane zibera i Buraya. Mu Ntambara ya mbere y’isi yose be no mu Ntambara ya kabiri y’isi yose, abasoda b’Abadagi bambara imisipi ku mitwe yayo handitseko amajambo amenyerewe avuga ati: “Imana iri kumwe natwe”. Mu gihe c’izo ndyane zirangwa ubunyamaswa, abagatolika be n’abaporotisanti barasubiriye kuja ku ruhande rumwe kugira ngo barwanye abagatolika be n’abaporotisanti nka bo bari ku rundi ruhande.
Ni ibigaragara ko amasezerano y’i Westphalie atazanye amahoro aramba. Ariko rero, amahoro nk’ayo agiye gusasagara ku bantu bagamburuka. Yehova Imana azozanira abantu amahoro aramba biciye ku Bwami bwa Mesiya ari we Mwana wiwe Yezu Kirisitu. Mu gihe c’iyo ntwaro, idini imwe rudende y’ukuri izoba inguvu itsimbataza ubumwe idatera amacakubiri. Nta kintu na kimwe kizotuma hagira umuntu aja mu ntambara yaba idini canke ikindi kintu. Ese ukuntu tuzoba turuhuriwe igihe Ubwami bw’Imana buzoganza isi yose maze ‘amahoro ntagire iherezo’!—Yesaya 9:6, 7.
[Iciyumviro ku rup. 21]
Ivyari vyatanguye ari amatati hagati y’abagatolika be n’abaporotisanti, vyarangiye abagatolika basigaye bafadikanya n’abaporotisanti mu kurwanya abandi bagatolika
[Iciyumviro ku rup. 22]
Abasirikare bagenda ku rugamba bamwe baririmba ngo “Mariya Mweranda” abandi ngo “Imana iri kumwe natwe”
[Ifoto ku rup. 21]
Karidinali Richelieu
[Ifoto ku rup. 23]
Igicapo co mu kinjana ca 16 cerekana Luther, Calvin be na Papa bariko baranyinyana
[Abo dukesha ifoto ku rup. 20]
Vyakuwe mu gitabu Spamers Illustrierte Weltgeschichte VI
[Abo dukesha ifoto ku rup. 23]
Indongozi z’idini ziriko ziranyinyana: Vyakuwe mu gitabu Wider die Pfaffenherrschaft; ikarata: The Complete Encyclopedia of Illustration/J. G. Heck