Amadini yoba ashobora kugarukirwa?
“MU BWONGEREZA abantu baracemera Imana mugabo ntibashaka kwihebera Kirisitu”. Ivyo bivugwa n’uwitwa Stephen Tirwomwe, umukuru w’idini w’Umuganda. Mu myaka nka 20 iheze yararusimvye igihe bamwebamwe bo mw’idini yiwe bariko barahigwa buhongo mu Buganda. Muri iki gihe, avugira ubutumwa mu bibanza abantu bahuriramwo kugira ngo binezereze mu gisagara citwa Leeds co mu Bwongereza, akaza arashikiriza insiguro y’iminuta cumi imbere y’uko abariko baramwumviriza batangura gukina urukino rw’amakarata rwitwa bingo.
Ujabutse Atalantike ukaja muri Amerika, imisiyoni y’abangilikani iherutse gushingwa ngaho iriko irahangana n’ingorane nk’iyo nyene mu vy’Imana. Umuhora wo kuri Internet wemewe n’amategeko w’iyo misiyoni uvuga uti: “Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ni ho hantu hari igitigiri kinini c’abantu batagira idini be n’abatanegwa ivy’Imana kuruta ahandi kw’isi. Turiko turacika akarere gakeneye gukorerwamwo n’abamisiyonari”. Kubera yuko iyo misiyoni nshasha yababajwe n’uko utwigoro yagize two kugira ivyo ihinduye mw’idini yabo ata co twavuyemwo, yaciye iheba uburyo ibintu vyahora bikorwa maze ija kurondera indongozi z’Abanyaziya n’iz’Abanyafirika kugira ngo batanguze “ibikorwa bijanye n’ubumisiyonari muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika”.
Ariko none, ni kubera iki abamisiyonari bo muri Afirika, abo muri Aziya n’abo muri Amerika y’Epfo bariko bagira icitwa ngo ni ukurokora ubugingo mu bihugu vya Buraya na Amerika ya Ruguru ivyitwa ko ari ibihugu vy’abakirisu?
Ni nde arokora, ni nde arokorwa?
Mu kiringo c’imyaka irenga amajana ane, abamisiyonari b’abanyaburaya bihebeye ivy’Imana bagumye baja mu bihugu vyariko birigarurirwa n’abakoroni vyo muri Afirika, Aziya, Pasifike n’ivyo muri Amerika y’Epfo. Bari bafise intumbero yo kujana idini yabo mu bo bita ngo ni abapagani baba muri ivyo bihugu. Mu nyuma, abo mu bihugu vyigaruriwe n’abakoroni b’Abanyamerika, abitwa ko bisunga ingingo ngenderwako za gikirisu, baragiye hamwe hanyuma amaherezo baratera imbere kurusha bagenzi babo b’Abanyaburaya mu gushinga amamisiyoni yabo bwite yo kwigisha Injili mw’isi yose. Ubu ibintu vyarahindutse.
“Ikibanza [ubukirisu bwo kw’izina] bwari bwarashinzemwo imizi carahindutse”. Ivyo bivugwa n’uwitwa Andrew Walls, umuyobozi w’Ikigo gitohoza ivy’ubukirisu mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere akaba ari na we yagishinze. Mu 1900, ibice 80 kw’ijana vy’abavuga ko ari abakirisu bari Abanyaburaya canke Abanyamerika ya Ruguru. Ariko rero, muri iki gihe ibice 60 kw’ijana vy’abavuga ko ari abakirisu bose baba muri Afirika, muri Aziya, no muri Amerika y’Epfo. Hari raporo iherutse gusohorwa n’urwego menyeshamakuru ivuga iti: “Amashengero y’abagatolika yo mu Buraya yikora ku bapatiri baturuka muri Filipine no mu Buhindi”, vyongeye “umupatiri umwe kuri batandatu bakorera mu maparuwasi y’abagatolika yo muri Amerika usanga ava hanze”. Abavugabutumwa b’Abanyafirika bakorera mu Buholande, abenshi muri bo bakaba baturuka mu gihugu ca Gana, babona ko bagize “ishengero ry’abamisiyonari mu bihugu bititaho ivy’Imana”. Ikindi kandi, abavugabutumwa baturuka muri Berezile baragira amasekeza yo kwigisha mu mihingo itandukanye y’Ubwongereza. Umwanditsi umwe avuga ati: “Ibikorwa vy’abamisiyonari b’abakirisu bisigaye bija iyo vyahora biva”.
Icerekana ko hashobora kwaduka imishamirano
Nta woharira ko abamisiyonari bakenewe cane mu bihugu vya Buraya n’ivyo muri Amerika ya Ruguru birushiriza kutitaho ivy’Imana. Ikinyamakuru kimwe kivuga giti: “Muri Ekose, ibice bidashika na 10 kw’ijana vy’abakirisu ni bo baja mu misa ubudahorereza”. No mu Bufaransa be no mu Budagi, abari musi y’abo ni bo bajayo ubudahorereza. Nk’uko iyindi raporo y’urwego menyeshamakuru na yo ibivuga, iyo babajijwe, “ibice nka 40 kw’ijana vy’Abanyamerika be n’ibice nka 20 kw’ijana vy’Abanyakanada ni bo bavuga yuko baja mu misa ubudahorereza”. Igihushanye n’ivyo, bivugwa yuko abaja mu misa muri Filipine bababa ibice 70 kw’ijana, kandi ukwo ni ko biri no mu bindi bihugu biri mu nzira y’amajambere.
N’igihambaye kuruta, abaja mu misa mu bihugu vyo mu gice c’isi co mu Bumanuko basa n’abashaka gukurikirana akamenyero bahoranye kuva kera kuruta abo mu bihugu vyo mu gice c’isi co mu Buraruko. Nk’akarorero, iyo abagatolika bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika n’abo mu Buraya babajijwe, baguma bavuga yuko barushiriza kutizigira abakuru b’amadini bakongera bakavuga yuko bipfuza ko abayoboke borushiriza kugira uruhara mu vy’idini be n’uko abagore bofatwa cokimwe n’abagabo. Ibihushanye n’ivyo, abagatolika bo mu bihugu vyo mu gice c’isi co mu Bumanuko barisunga cane impagararo idini risanzwe rifise kuri ivyo bibazo. Uko abashigikira idini bagabanuka mu bihugu biri mu gice c’isi co mu Buraruko ariko bakabandanya kwongerekana mu bihugu biri mu gice c’isi co mu Bumanuko, ikintu kizotuma muri kazoza haba imishamirano kiramaze gutangura gutsimbatara. Uwitwa Philip Jenkins, akaba ari incabwenge y’ivya kahise n’idini, abura ati: “Birashoboka rwose yuko mu myaka cumi canke mirongo ibiri iri imbere ata gice na kimwe muri ivyo bice bibiri bigize ubukirisu mw’isi kizokwemera ikindi ko kirimwo abakirisu bashitse canke abakirisu nyakuri”.
Walls aravye ivyo bintu bihakwa gushika, avuga yuko ikibazo cihutirwa ari ukumenya “ukuntu abakirisu bo muri Afirika, abo muri Aziya, abo muri Amerika y’Epfo, abo muri Amerika ya Ruguru be n’ab’i Buraya bashobora kubana bari mw’idini imwe, bafise vy’ukuri ukwizera kumwe”. Wewe uvyibazako iki? Amadini yoba ashobora kubandanya kubaho muri iyi si yigabaguye? Ishingiro ry’ubumwe bw’abakirisu nyakuri ni irihe? Ikiganiro gikurikira kiratanga inyishu zishingiye ku Vyanditswe be n’ibimenyamenya bitomoye vyerekana yuko ikibano c’abakirisu cunze ubumwe kiriko kirasagamba kw’isi yose.
[Ifoto ku rup. 4]
Iyi nyubakwa yahora ari urusengero isigaye ari iresitora ivugirizwamwo imiziki
[Abo dukesha ifoto]
AP Photo/Nancy Palmieri