“Kimwe mu bikorwa vy’ubuhinga bihambaye kuruta ibindi”
IGIHE urusengero rwa Yehova rwubakwa i Yeruzalemu mu gihe c’ingoma y’Umwami Salomo, ubu hakaba haciye nk’imyaka 3.000, igikarabiro c’amazi co mu muringa ciza cane carakozwe hanyuma gishirwa hanze y’urwinjiriro rw’urusengero. Capima amatoni arenga 30 kandi kikaba cajamwo nk’amalitiro y’amazi 40.000. Ico gikarabiro amahero citwa ikiyaga (1 Abami 7:23-26). “Nta gukeka ko cari kimwe mu bikorwa vy’ubuhinga bihambaye kuruta ibindi vyose vyigeze gukorwa mw’ihanga ry’Abaheburayo”. Ukwo ni ko Albert Zuidhof, uwahoze ari umukuru mu vy’ubuhinga mu Nama y’igihugu ijejwe ivy’ubushakashatsi muri Kanada avuga mu gitabu kimwe (Biblical Archeologist).
Ico kiyaga cubatswe gute? Bibiliya ivuga iti: ‘Umwami yakoreshereje mu kiyaya ca Yorodani ibikoresho vy’umuringa bivugutiwe mu nkero, ahantu hari ibumba’ (1 Abami 7:45, 46). Zuidhof avuga ati: “Ukwo kuvuguta gutegerezwa kuba kwari kumeze nk’uburyo bugikoreshwa mu guhingura ibikengeri bininibinini bikozwe mu mujumbu”. Asigura ati: ‘Ahanini ivyo vyasaba ko ishashara iza kuba imero ya nya gikarabiro ihomekwa ku kintu bubatse hanyuma kikuma rwose gifise imero y’imbere y’ico gikarabiro cubitse. . . . Ivyo bimaze kurangira, abahinga mu vy’ukuvuguta baca bubakira hejuru ya nya shashara maze bakareka ico bubatse kikuma. Intambwe za nyuma kwari ugushongesha nya shashara hanyuma bagaca basuka ubutare bw’umujumbu bashongesheje mu kirohori gisigaye ahavuye ishashara’.
Uravye ubunini be n’uburemere amahero bw’ico gikarabiro, vyasavye ubuhinga bukomeye mu kucubaka. Nya kintu c’imbere bahomekako ishashara be n’ico gice c’inyuma bubaka vyategerezwa kurinda uburemere bw’amatoni nka 30 y’ubutare bw’umuringa bwashongeshejwe, ukuvuguta na kwo kukaba kwategerezwa kugirwa ata guhagarika kugira ntihabe ukwata imigaga canke utuntu tutameze neza. Ivyo bishobora kuba vyasaba ko haba urukurikirane rw’amafuru bafatanije hamwe kugira ngo ivyuma vyashongeshejwe bisukwe muri nya foroma. Mbega igikorwa kinini bidasanzwe!
Mw’isengesho ryo kwinjira urusengero Umwami Salomo yatuye, yitiriye Yehova Imana igikorwa cose cakozwe kuri urwo rusengero mu kuvuga ati: “Ivyo wavugishije akanwa kawe ubishikishije ukuboko kwawe”.—1 Abami 8:24.