‘Imana ntiba mu Nsengero zubatswe n’amaboko’
NTA gukeka ko intumwa Paulo yari amenyereye insengero za Atena, kubera ko yashobora kuzisanga mu bisagara vyinshi yagendera mu gihe c’ingendo ziwe z’ubumisiyonari. Nk’uko inkoranyabumenyi imwe (The Encyclopædia Britannica) ibivuga, Atena yari izwi ko atari imanakazi y’intambara n’ubukerebutsi gusa, ariko kandi ko ari imanakazi “y’utugenegene n’imigambi y’ubuhanga yakurikiranwa mu gihe c’amahoro muri rusangi”.
Urusengero rwa Atena rwari ruzwi cane rwari urwitwa Paritenoni rwubatswe i Atenayi, izina ryahawe ico gisagara hamaze kuboneka iyo manakazi. Paritenoni rwafatwa ko ari rumwe mu nsengero zihambaye zo mu gihe ca kera, rukaba rwarimwo igishusho ca Atena gikozwe mu zahabu no mu masenge y’inzovu careha n’imetero 12. Igihe Paulo yagendera Atenayi, ico gisengero gikozwe mu tubuyenge twera twa marimari cari kimaze nk’imyaka 500 ciganje muri ico gisagara.
Paulo ari ahantu abona ico gisengero Paritenoni, yarabwiye umugwi umwe w’Abanyatenayi ivyerekeye ya ‘Mana itaba mu nsengero zubatswe n’amaboko’ (Ivyakozwe 17:23, 24). Kumbure ubwiza bw’insengero za Atena canke ugukayangana kw’ibigirwamana vyayo vyatuma isa n’aho umenga iratangaje cane ku bantu bamwebamwe bumviriza Paulo kuruta Imana itaboneka batari bazi. Ariko rero, nk’uko Paulo yavyerekanye, ntibari bakwiye kwiyumvira yuko Umuremyi w’abantu “[a]sa n’izahabu, cank’ifeza, cank’amabuye, ivyābājwe . . . [n]’abantu”.—Ivyakozwe 17:29.
Imana be n’imanakazi nka Atena, izakesha ubuninahazwa bwazo insengero be n’ibigirwamana, zarabayeho zongera zirazimangana. Ikigirwamana ca Atena carazimanganye mu rusengero rwa Paritenoni mu kinjana ca gatanu mu G.C., kandi zimwezimwe gusa mu nsengero zayo ni zo zikihari. Ni bande muri iki gihe bohanga amaso Atena kugira ngo ibaronse ubukerebutsi be n’ubuyobozi?
Ese ukuntu itandukanye na Yehova, ya “Mana ihoraho” ata muntu arigera ayibona (Abaroma 16:26; 1 Yohana 4:12)! Abahungu ba Kora banditse bati: “Iyi Mana [ni] Imana yacu ibihe bitazoshira, ni yo izoturōngōra” (Zaburi 48:14). Uburyo bumwe bwo kurōngōrwa na Yehova Imana ni ukwiga Ijambo ryiwe Bibiliya no gushira mu ngiro impanuro riduha mu buzima bwacu.