ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/12 rup. 9-13
  • Bararondeye ya nzira yaga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bararondeye ya nzira yaga
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nta bukazi kandi nta kudohoka
  • Dutereze amaso kuri kahise
  • Batakaza ubumwe bagacanamwo
  • Bavuga batarya umunwa kandi barahamwa
  • Imisi mikuru yose yoba ihimbara Imana?
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/12 rup. 9-13

Bararondeye ya nzira yaga

HARACIYE hafi imyaka 550 imigwi mitoyi y’abavuga ko ari abakirisu yaba i Purage, i Chelčice, i Vilémov, i Klatovy be no mu bindi bisagara vy’ahitwa Repubulika y’Abaceke muri iki gihe, bimutse bakava aho baba. Bagerereye mu micungararo y’akagwati ka Kunwald, mu mwonga uri mu Buraruko bushira Ubuseruko bwo muri Boheme, aho bubatse utururi, bararima, bisomera Bibiliya zabo maze biyita Ubumwe bw’Abavukana, mu kilatini akaba ari Unitas Fratrum.

Mu bagerereye aho hantu, harimwo abantu batandukanye. Harimwo abirimizi, abanyacubahiro, abanyeshure bo muri kaminuza, abatunzi n’abakene, abagabo n’abagore, abapfakazi n’impfuvyi, bose bakaba bari bafise icipfuzo kimwe. Banditse bati: “Twarituye Imana ubwayo mw’isengesho, kandi twarayitakambiye kugira ngo mu bintu vyose iduhishurire ivyo igomba bininahaye. Twashatse kugendera mu nzira zayo”. Kukaba nkako, abagize ubwo Bumwe bw’Abavukana, ari wo mugwi w’abemera wahavuye witwa Abavukana b’Abaceke, bararondeye ya ‘nzira yaga ijana mu buzima’ (Matayo 7:13, 14). Ni ukuri kwa Bibiliya ukuhe ubushakashatsi bwabo bwahishuye? Ivyo bemera vyari bitandukaniye hehe n’ivyemerwa muri ico gihe, kandi ni igiki dushobora kubigirako?

Nta bukazi kandi nta kudohoka

Hagati mu kinjana ca 15, imigwi y’amadini myinshi yaraterereye kw’ishingwa ry’Ubumwe bw’Abavukana. Umwe muri yo wari uw’Abavodwa, uwari wavutse mu kinjana ca 12. Mu ntango, Abavodwa biyonkoye kuri Gatolika y’i Roma, ikaba yari idini ya leta yo mu Buraya bwo hagati. Ariko rero, mu nyuma barasubiye ku nyigisho

zimwezimwe za Gatolika. Uwundi mugwi wagize akosho gakomeye, ni uw’Abahusite, bakaba ari abayoboke ba Jan Hus. Benshi mu banyagihugu b’Abaceke bari muri iryo dini, ariko rero, ubumwe bwabo bwari kure nk’ukwezi. Igice kimwe caharanira ibibazo vyo mu kibano, mu gihe ikindi gice ciheka kw’idini kugira ngo giteze imbere imigambi ya politike. Imigwi y’abashigikiye intwaro y’imyaka igihumbi (chiliastes) hamwe n’incabwenge mu vya Bibiliya zaho n’izo mu mahanga na bo nyene baragize akosho ku muhari w’Ubumwe bw’Abavukana.

Peter Chelčický (nko mu 1390 gushika nko mu 1460), incabwenge mu vya Bibiliya w’Umuceke akaba n’umutunganyabusha, yari azi neza inyigisho z’Abavodwa n’iz’Abahusite. Yariyamirije Abahusite kubera yuko uwo mugwi wari usigaye ugira ivy’ubukazi, araniyamiriza Abavodwa kubera yuko badohotse ku nyigisho zabo. Yariyamirije intambara avuga ko idakwiye ku bakirisu. Yiyumvira ko abakirisu bakwiye kurongorwa n’“ivyagezwe na Kristo”, naho ivyo vyotuma bashikirwa n’iki (Ab’i Galatiya 6:2; Matayo 22:37-39). Mu 1440, Chelčický yaranditse inyigisho ziwe mu gitabu kimwe (Net of the Faith).

Geregori w’i Purage, uwukiri muto yabayeho mu gihe c’incabwenge Chelčický, yarakozwe ku mutima cane n’inyigisho za Chelčický gushika n’aho avavanura n’umugwi w’Abahusite. Mu 1458, Geregori yarajijuye imigwi mitomito y’abahora ari Abahusite ngo bimuke mu ngo zabo zari mu mihingo itandukanye ya Repubulika y’Abaceke. Bari mu bamukurikiye igihe yaja muri ka kagwati ka Kunwald, aho baciye bashinga idini rishasha. Mu nyuma, imigwi y’Abavodwa b’Abaceke n’ab’Abadagi yarabasanzeyo.

Dutereze amaso kuri kahise

Guhera mu 1464 gushika mu 1467, uwo mugwi mushasha yamara waguma ukura, waragize amanama kaminuza atari make mu karere ka Kunwald kandi urafata umwiyemezo w’ibintu bitari bike bigenga iryo dini ryabo rishasha. Ibintu vyose biyemeje vyaranditswe mu buryo bwitondewe mu rukurikirane rw’ibitabu, ubu vyitwa Acta Unitatis Fratrum (Ivyakozwe n’umuhari w’Ubumwe bw’Abavukana), ivyo bitabu bikaba bikiriho. Ivyo bitabu bituma dushobora gutereza amaso kuri kahise, bikerekana mu buryo butomoye ivyo uwo muhari wemera. Ivyo bitabu birimwo amakete, insiguro zanditswe, bikabamwo mbere n’ido n’ido ryerekeye impari bagira.

Ku vyerekeye ivyo uwo muhari w’Abavukana wemera, ivyo bitabu bivuga biti: “Twiyemeje gushinga intwaro yacu biciye gusa ku gusoma Bibiliya no mu gukurikiza akarorero k’Umukama wacu n’ak’intumwa zeranda tukabigira tuzirikana, twicishije bugufi, twihangana, dukunda abansi bacu, tubakorera iciza kandi tukibipfuriza twongera tubasengera”. Ivyo vyandikano birerekana kandi yuko mu ntango uwo muhari w’Abavukana wakora igikorwa c’ukwamamaza. Bagenda ari babiribabiri kandi abakenyezi barererwa cane mu gikorwa c’ubumisiyonari barangurira muri ako karere. Abo muri uwo muhari ntibemera guhabwa ibiti mu vya politike, ntibarahira, ntibisuka mu bikorwa vya gisirikare kandi ntibitwaza ibirwanisho.

Batakaza ubumwe bagacanamwo

Ariko rero, haheze imyaka mirongo, abo mu Bumwe bw’Abavukana barananiwe kubaho bahuza n’izina ryabo. Amatati yerekeye ukuntu ivyo bemera vyokurikizwa urudome ku rundi yatumye bacanamwo. Mu 1494, uwo muhari w’Abavukana wariciyemwo imigwi ibiri: ni ukuvuga Umugwi wa Benshi n’Umugwi wa Bake. Mu gihe Umugwi wa Benshi worosha ivyo bemera mu ntango, Umugwi wa Bake wowo wigisha yuko umuhari w’Abavukana ukwiye kuguma ushikamye ku mpagararo yawo yo kwitandukanya na politike be n’isi.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo: “Tuvuge iki kuri wa Mugwi wa Benshi?”.

Nk’akarorero, umwe mu bagize Umugwi wa Bake yanditse ati: “Abantu bagendera mu nzira zibiri, nta cemeza yuko bazogumana n’Imana kubera yuko ari gake bagira umutima wo kwitangira Imana no kuyigamburukira, kandi n’iyo baramutse babigize, usanga ari mu tuntu tudashemeye, mugabo mu bintu bihambaye bakifatira inzira yabo. . . . Twipfuza guharurwa mu bafise umutima utadohoka be n’ijwi ryo mu mutima ritabagiriza ikibi, bama imisi yose bakurikira Umukama Kirisitu muri ya nzira yaga, bikoreye umusaraba wabo”.

Abagize Umugwi wa Bake babona ko impwemu yera ari inguvu ikora y’Imana, ni ukuvuga “urutoke” rwayo. Ku vyerekeye incungu ya Yezu, batahura yuko wa muntu atagira agasembwa Yezu yatanze ubuzima bwiwe kugira arihe ico wa mucumuzi Adamu yatakaje. Ntibasenga Mariya nyina wa Yezu. Barasubijeho inyigisho ivuga yuko abemera bose bashobora kuja mu buherezi batarinze kugira indagano yo kuguma ari abirebange. Barahimiriza abagize ishengero bose kwamamaza ku mugaragaro kandi abacumura b’intigaya baracibwa. Baritandukanya rwose n’ibikorwa bijanye n’igisirikare be na politike. (Raba uruzitiro ruvuga ngo: “Ivyo Abavukana bo muri wa Mugwi wa Bake bemera”.) Kubera yuko Umugwi wa Bake wagumye wumiye ku mwiyemezo wo muri vya bitabu (Acta Unitatis Fratrum), wabona ko ari wo wagumanye akaranga ka wa muhari w’Ubumwe bw’Abavukana.

Bavuga batarya umunwa kandi barahamwa

Umugwi wa Bake waraneguye utarya umunwa ayandi madini, ushizemwo n’Umugwi wa Benshi. Ku vyerekeye amadini nk’ayo, banditse bati: “Mwigisha kubatiza utwana duto tutagira ukwizera, mu kugira gutyo mukaba muriko mukurikiza ivyashinzwe n’umusenyeri yitwa Dionysius, uwo, yohejwe n’abantu bamwebamwe batagira ubukerebutsi, yarashimitse ku vyo kubatiza inzoya. . . . Abigisha be n’abanyatewologiya nka Luther, Melanchthon, Bucerus, Korvín, Jileš, Bullinger, . . . Umugwi wa Benshi, bose hamwe baremera iyo nyigisho”.

Ntibitangaje kubona abagize Umugwi wa Bake barahamwe. Mu 1524, Jan Kalenec, umwe mu ndongozi zawo, yarakubiswe ibimoko yongera aratonagurwa. Mu nyuma, abanywanyi batatu ba wa Mugwi wa Bake baratuririwe ku giti. Bisa n’uko Umugwi wa Bake wazimanganye nko mu 1550, inyuma y’aho uwa nyuma mu ndongozi zawo apfiriye.

Naho ari ukwo, abemera bo muri uwo Mugwi wa Bake barasize amakanda mu buzima bw’idini mu Buraya bwo hagati y’ikinjana ca 5 n’ica 15. Ikizwi coco, kubera yuko “ubumenyi nyakuri, (NW)” butari bwagwire mu gihe c’uwo Mugwi wa Bake, ntibashoboye kuzimanganya umwiza wo mu vy’impwemu wari umaze igihe kirekire (Daniyeli 12:4). Yamara rero, icipfuzo gikomeye bari bafise co kurondera ya nzira yaga no kuyicamwo naho bariko bararwanywa, ni ikintu abakirisu bo muri iki gihe badakwiye kwirengagiza.

[Iciyumviro ku rup. 13]

Mirongo itanu mu bitabu 60 vy’Ababoheme (Abaceke) vyacapuwe hagati ya 1500 na 1510, bivugwa ko vyanditswe n’abanywanyi ba wa muhari w’Ubumwe bw’Abavukana

[Uruzitiro ku rup. 11]

Tuvuge iki kuri wa mugwi wa benshi?

Ivya wa Mugwi wa Benshi vyahavuye bigenda gute? Umugwi wa Bake umaze kuzimangana, Umugwi wa Benshi warabandanije kuba umugwi w’ivy’idini, ukaba ucitwa Ubumwe bw’Abavukana. Impera n’imperuka, uwo mugwi warahinduye ivyo wahora wemera mu ntango. Mu mpera z’ikinjana ca 16, umuhari w’Ubumwe bw’Abavukana waragize urunani hamwe n’abitwa Abawutarakea b’Abaceke, ahanini bakaba bari Abaluteri. Ariko rero, uwo muhari w’Abavukana warabandanije gukorana umwete mu guhindura no mu gusohora Bibiliya hamwe n’ibindi bitabu vyerekeye idini. Igihimbaye, ni uko ku rupapuro rwanditseko umutwe w’ivyo bitabu vyabo vyo mu ntango hariko ya Tetaragarama, ni ukuvuga za ndome zine zigize izina ry’uruharo ry’Imana mu giheburayo.

Mu 1620, ubwami bw’Abaceke bwarahatiwe gusubira kuja mu ntwaro ishingiye kw’idini rya Gatolika y’i Roma. Ivyo vyatumye abatari bake mu Bavukana bo muri wa Mugwi wa Benshi bava muri ico gihugu, bakaja kubandaniriza ibikorwa vyabo mu mahanga. Aho mu mahanga, uwo mugwi wahavuye witwa Ishengero ry’i Moraviya (Moraviya ikaba mu ntara z’Abaceke), uwo mugwi ukaba ukiriho na bugingo n’ubu.

[Akajambo k’epfo]

a Rivuye mw’ijambo ry’ikilatini utraque, irisobanura “kimwekimwe cose muri bibiri”. Mu buryo butandukanye n’ingene abasaseredoti bo muri Gatolika y’i Roma babigira, abataha abayobokamana basanzwe ku muvinyu mu gihe c’isangira ryeranda, Abawutarake (bakaba bagize imigwi itandukanye y’Abahusite) bobo baratanga umukate n’umuvinyu.

[Uruzitiro ku rup. 12]

Ivyo Abavukana bo muri wa Mugwi wa Bake bemera

Amajambo akurikira akuwe muri vya bitabu (Acta Unitatis Fratrum) vyo mu kinjana ca 15 n’ica 16, arerekana bimwebimwe mu vyo wa Mugwi wa Bake wemera. Aya majambo yanditswe n’indongozi za wa Mugwi wa Bake, ahanini yerekeza ku Mugwi wa Benshi.

Ubutatu: “Muravye muri Bibiliya yose, ntaho muzosanga havuga ko Imana igizwe n’Ubutatu, abaperesona batatu bafise amazina atandukanye, nk’uko abantu babiremaremye mu vyiyumviro vyabo”.

Impwemu yera: “Impwemu yera ni urutoke rw’Imana ikaba n’ingabirano Imana itanga, canke uwuhumuriza cabure Ububasha bw’Imana; iyo Data wa twese aha abemera yishimikije ivyiza biva kuri Kirisitu. Mu Vyanditswe Vyeranda nta na hamwe dusanga havuga ko impwemu yera ikwiye kwitwa Imana canke Umuperesona; eka mbere n’inyigisho z’intumwa ntizivyerekana”.

Ubuherezi: “Bakwita “umusaseredoti” kandi utari we; hamwe woba udafise ako karanga bagushirako mu kukumwa umushatsi w’amaja ku gakomokomo n’ayo mavuta muvuga ngo arakiza, nta co wosanga urusha abantu basanzwe. Petero Mweranda asaba ko abakirisu bose baba abaherezi mu kuvuga ngo: Mugize ubuherezi bweranda, buhereza ibimazi vyo mu vy’impwemu (1 Petero 2)”.

Ibatisimu: “Umukama Kirisitu yabwiye intumwa ziwe ati: Nimugende mw’isi yose, mwamamaze Injili ku vyaremwe vyose, ku bazoyemera (Mariko, ikigabane ca 16). Kandi bamaze gushitsa ayo majambo bakabatizwa, ni ho honyene bazokizwa. Ariko mwigisha kubatiza utwana duto tutagira ukwizera”.

Ukutagira aho uhengamiye: “Ivyo benewanyu bo hambere babona ko ari bibi kandi bihumanye, ni ukuvuga kuja mu gisoda be no kwica canke kugendera mu mabarabara mwitwaje ibirwanisho, ivyo vyose mubibona ko ari vyiza . . . . Ni co gituma twibaza yuko mwebwe be n’abandi bigisha murabisha gusa ijisho ry’ibubamfu amajambo y’ubuhanuzi avuga ati: Ni co gituma avunagura ububasha bw’umuheto, inkinzo be n’inkota hamwe n’intambara (Zaburi 75). N’ayandi avuga ngo: Nta mubabaro bazoteza canke ngo bagire ico bonona ku musozi wanje mweranda kubera yuko isi y’Umukama izoba yuzuye ukumenya Imana, n’ibindi n’ibindi (Yesaya ikigabane ca 11)”.

Kwamamaza: “Turazi neza yuko mu ntango abagore bashikanye abantu benshi ku kwihana gusumba abazanywe n’abasaseredoti hamwe n’umusenyeri. Ariko muri iki gihe, abasaseredoti bidibamira mu bibanza vyabo be no mu bigo bashizwemwo. Ese ukuntu ari ukwihenda cane! Nimugende mw’isi yose. Mwamamaze . . . ku vyaremwe vyose”.

[Amakarata ku rup. 10]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

UBUDAGI

POLONYE

REPUBULIKA Y’ABACEKE

BOHEME

Uruzi Elbe

PURAGE

Uruzi Vltava

Klatovy

Chelčice

Kunwald

Vilémov

MORAVIYA

Uruzi Danube

[Amafoto ku rup. 10, 11]

Ibubamfu: Peter Chelčický; hepfo: urupapuro rwakuwe mu gitabu “Net of the Faith”

[Ifoto ku rup. 11]

Geregori w’i Purage

[Abo dukesha ifoto ku rup. 13]

Amasanamu yose tuyakesha: S laskavým svolením knihovny Národního muzea v Praze, C̆esko

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika