ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/11 rup. 3
  • Hoba hari uwo wokwizigira?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Hoba hari uwo wokwizigira?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kuza buhorobuhoro ariko kugasenyuka ningoga
  • Ukwizigira ni ntahara mu vyo kugira ubuzima buhimbaye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Niwizigire abavukanyi bawe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Niwizigire Yehova N’umutima Wawe Wose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Nokora iki kugira abavyeyi banje banyizigire?
    Urwaruka ruribaza
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/11 rup. 3

Hoba hari uwo wokwizigira?

INYUMA y’aho ca gihome c’i Berlin gisenyukiye mu 1989, hari ibintu bitari bike vyari vyarahishijwe vyashizwe ahabona. Nk’akarorero, Lydiaa yasanze mu gihe c’intwaro y’Abasosiyalisiti yo mu Budagi bwo mu Buseruko, Urwego rw’igihugu rujejwe umutekano ari rwo Stasi, rwari rwaregeranirije hamwe mw’idosiye ibijanye n’imirimo ubwiwe yikorera. Naho Lydia yatangajwe no kwumva ivy’iyo dosiye, yaravunywe umutima no kumenya uwari yarahaye ayo makuru nya rwego, uwo na we akaba yari umugabo wiwe. Yari yahemukiwe n’umuntu yari akwiye kwizigira agaherezako.

Robert yari umushingantahe ageze mu zabukuru yaha umuganga wiwe w’aho yaba “icubahiro cinshi, akamwemera cane kandi akamwizigira cane”, ivyo bikaba bivugwa n’ikinyamakuru kimwe c’i Londres (The Times). Uyo muganga yavugwa ko ari umuntu w’“umutima mwiza kandi w’impuhwe”. Mu nyuma, Robert yarapfuye giturumbuka. Vyoba vyavuye ku ndwara y’umutima canke ku ndwara yonona mu bwonko? Oya. Abategetsi bahavuye bamenya yuko uwo muganga yari yaragendeye Robert i muhira iwe, maze Robert n’umuryango wiwe batanabizi, amutera urw’amazi. Biboneka ko Robert yagandaguwe n’umuntu yari yarizigiye agaherezako.

Lydia na Robert barahemukiwe bimwe bibabaje, bivamwo inkurikizi zikomeye. Mu bindi bihe, usanga inkurikizi zitaba zikomeye cane. Uko biri kwose, guhemukirwa n’umuntu twizigira, si ikintu c’imbonekarimwe. Hari raporo yasohowe n’urwego rukuru rwo mu Budagi rugira ivy’itohoza (Allensbacher Jahrbuch der Demoskopie 1998-2002) yahishuye yuko mw’itohoza rimwe ryagizwe, ibice 86 kw’ijana vy’ababajijwe bari barahemukiwe n’umuntu bari barizigiye. Kumbure na wewe warashikiwe n’ikintu nk’ico. Ni co gituma tudakwiye gutangazwa n’uko ikinyamakuru kimwe co mu Busuwisi (Neue Zürcher Zeitung) catanze raporo mu 2002 yuko “mu bihugu bitunze cane vyo mu Burengero, ubucuti bushingiye ku kwizigiranira bwagiye buyama mu myaka mirongo”.

Kuza buhorobuhoro ariko kugasenyuka ningoga

Kwizigira ni iki? Nk’uko inyizamvugo imwe ibivuga, ukwizigira abandi bisobanura kwemera yuko ari inzirabugunge bakaba n’imvugakuri kandi yuko batazokora n’ibigirankana ikintu na kimwe kizokubabaza. Ukwizigira kuza buhorobuhoro ariko gushobora gusenyuka mu kanya isase. Kubera yuko abantu benshi bumva ko bahemukiwe, vyoba bitangaje kubona abantu bagonanwa kwizigira abandi? Nk’uko ivyasohowe mw’itohoza rimwe ryagizwe mu Budagi mu 2002 bivyerekana, “abakiri bato badashika na 1 kuri 3 ni bo bizigira abandi bantu”.

Dushobora kwibaza duti: ‘Hoba hari umuntu vy’ukuri twokwizigira? Vyoba bibereye ko twizigira umuntu yohava aduhemukira?’.

[Akajambo k’epfo]

a Amazina yarahinduwe.

[Iciyumviro ku rup. 3]

Itohoza rimwe ryagizwe ryahishuye yuko ibice 86 kw’ijana vy’ababajijwe bari barahemukiwe n’umuntu bari barizigiye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika