Hoba hari ‘idini y’ukuri’ imwe gusa?
“NK’UKO hariho Kirisitu umwe, ni ko hari n’umubiri wa Kirisitu umwe, Umugeni wa Kirisitu umwe, ni ukuvuga ‘Ekeleziya Gatolika imwe kandi y’abatumwa’”.—Dominus Iesus.
Ukwo ni ko umukaridinali wo muri Ekeleziya Gatolika ya Roma yitwa Joseph Ratzinger yashize ahabona inyigisho y’idini yiwe, yerekana ko hariho idini imwe gusa y’ukuri. Yavuze yuko iyo dini ari “Ekeleziya imwe ya Kirisitu, na yo ikaba ari Ekeleziya Gatolika”.
‘Si amadini budini’
Naho Papa Yohani Paulo wa kabiri yashimitse avuga yuko urwandiko rwa ya Dominus Iesus “rutarimwo ukwishira hejuru y’ayandi madini canke ukuyagaya”, indongozi z’idini y’abaporotisanti zozo zararurwanije bikomeye. Nk’akarorero, mu Nama nkuru y’abaperesubitero yabereye i Belfast, muri Irilande yo mu Buraruko muri Ruheshi 2001, umukozi w’idini umwe yavuze yuko urwo rwandiko rwavuye “ku kagwi gakomeye ko muri Ekeleziya Gatolika ya Roma . . . katewe ubwoba n’agatima k’ukuvugira aheru katangujwe na ya Nama igira kabiri y’i Vatikano”.
Robin Eames, umusenyeri mukuru wa Ekeleziya yo muri Irilande, yavuze yuko yari “kubabara cane” iyo urwo rwandiko ruza kuba rurimwo “ivyiyumviro Gatolika yahora ifise imbere y’uko haba ya Nama igira kabiri y’i Vatikano”. Mu kugira ico avuze ku vyo Vatikano yivugishije vy’uko amadini atera akagere inyigisho zimwezimwe za Gatolika “atari amadini budini”, Eames yavuze ati: “Kuri jewe ivyo ni igitutsi”.
Ni igiki catumye habaho ya Dominus Iesus? Biboneka yuko ya Sentare ya Gatolika y’i Roma yavuruzwe umutwe na ca ciyumviro kivuga yuko ukuri kwo mu vy’idini kuvana n’uko ibintu vyifashe. Nk’uko ikinyamakuru kimwe (The Irish Times) kibivuga, “kwaduka kw’inyigisho ivuga yuko amadini yose ari meza, . . . vyararushirije kuvuruga umutwe Karidinali Ratzinger”. Bisa n’uko ico ciyumviro ari co catumye avuga ko hari idini imwe y’ukuri.
Idini iyo ari yo yose urimwo hari ico itwaye?
Birumvikana ko kuri bamwebamwe, iciyumviro c’uko “amadini yose ari meza” gitegereka rwose kandi gikwegera gusumba ic’uko hoba hari idini imwe gusa y’ukuri. Kuri bo, idini ikwiye kuba gusa ari ikintu umuntu yihitiramwo. Bavuga bati: ‘Nakare, idini iyo ari yo yose umuntu arimwo mu bisanzwe nta co itwaye’.
Ivyo vyoshobora gusa n’aho ari iciyumviro ata co gitwaye naho nyene vyatumye idini yigabaguramwo imigwi myinshi. Benshi bavuga bati: ‘Ukwo kuba hari imigwi myinshi mw’idini ni uburyo bwiza bwo guserura umwidegemvyo umuntu afise’. Ariko rero, nk’uko umwanditsi yitwa Steve Bruce abivuga, mwene ukwo “kurekerana ibintu mu bijanye n’idini” vy’ukuri ni “ukutanegwa ivy’idini”.—A House Divided: Protestantism, Schism, and Secularization.
None iciyumviro c’ukuri ni ikihe? Hoba hari idini imwe gusa y’ukuri? Yoba ari Ekeleziya Gatolika ya Roma? Ayandi madini yoba na yo nyene yemerwa n’Imana? Kubera ko ivyo bibazo bijanye n’ubucuti dufitaniye n’Umuremyi wacu, nta mazinda ko bihambaye yuko tumenya ico we avyibazako. Ivyo twobishikako gute? Twobishikako mu gusuzuma Ijambo ry’Imana ryahumetswe, ari ryo Bibiliya (Ivyakozwe 17:11; 2 Timoteyo 3:16, 17). Nimuze turimbure ico Bibiliya ivuga kuri ico kibazo cerekeye idini imwe y’ukuri.
[Abo dukesha ifoto ku rup. 2]
KU GIPFUKISHO: Mark Gibson/Index Stock Photography