Ni igiki woshima kubaza Imana?
ABANTU bo hirya no hino kw’isi barafise ibibazo bihambaye biraba ubuzima. Woba nawe ubifise? Abantu benshi baratuye ibibazo vyabo abigisha bo mu madini, mugabo ntibaronse inyishu zibamara akanyota. Abandi na bo barazirikanye kuri ivyo bibazo bari ukwa bonyene. Hari abasenze basaba ubuyobozi. Vyoba vy’ukuri bishoboka ko uronka inyishu ziva ku Mana ku bintu bikuvuruga ubwenge? Mu bibazo abenshi bavuze ko boshima kubaza Imana harimwo ibi bikurikira:
Mana, uri nde vy’ukuri?
Imico kama y’abantu, idini y’abavyeyi babo canke kumbure ihitamwo ryabo bwite usanga bigira ico bikoze ku buryo babona Imana. Abantu bamwe barita Imana izina rinaka; abandi na bo bakayita gusa Imana. Hoba hari ico bitwaye koko? Hoba hariho Imana imwe gusa y’ukuri itwihishurira ikongera ikatubwira n’izina ryayo?
Ni kubera iki hari ugucumukura kwinshi?
Niba uburyo umuntu abayeho yirekerana canke agira ubuhumbu butumye amagara yiwe yononekara canke bugatuma aja mu bukene, hari aho yokwidoga. Naho yidoga, ivyo ari vyo vyose aba azi igituma ariko aracumukura.
Ariko rero, hari abandi benshi bacumukura cane bitavuye kw’ikosa ryabo bwite. Bamwe bafise indwara zidakira. Abandi na bo banyinyana n’intambamyi zimeze nk’umusozi kugira ngo baronse imiryango yabo aho ikika umusaya canke ibifungurwa bikwiye. Abantu amamiliyoni barakorerwa amabi, bagahitanwa n’intambara, bagakorerwa ubukazi butavangura, bagashikirwa n’ivyago vy’ivyaduka canke bakarenganywa n’abari ku butegetsi.
Ni ivyumvikana rero ko abenshi babaza bati: ‘Ni kubera iki ibintu nk’ivyo vyakwiragiye cane? Ni kubera iki Imana ireka hakaba ukwo gucumukura kwose?’
Kubera iki ndiho? Ubuzima bufise iyihe ntumbero?
Ivyo bibazo akenshi biterwa n’akababaro umuntu yumva afise kubera ibikorwa vya misi yose arangura ata co bimuviramwo, kandi ivyo ni ko biri ku bantu benshi. Abandi bantu amamiliyoni bemera yuko uburyo umuntu wese abaho hari ukuntu yavyandikiwe n’Imana. Ivyo vyoba ari ukwo biri? Nimba hari umugambi udasanzwe koko Imana igufitiye, ntuzobura gushaka kumenya uwo ari wo.
Mu bitabu vyose biri mw’isi, hariho kimwe kivuga mu buryo butomoye yuko cahumetswe n’Imana. Nk’uko wovyitega ku bijanye n’ubutumwa buva ku Mana vy’ukuri bwarungikiwe abantu bose, ico gitabu kiraboneka mu ndimi nyinshi kurusha ikindi gitabu cose cigeze kwandikwa. Ico gitabu ni Bibiliya Nyeranda. Muri yo, Umuremyi w’ijuru n’isi, Imana ubwayo, arahishura uwo ari we be n’izina ryiwe iryo ari ryo. Woba uzi iryo zina? Woba uzi ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’Imana iyo ari yo? Woba uzi ico ivuga ku bijanye n’ivyo Imana igusaba?
[Abo dukesha ifoto ku rup. 2]
IGIPFUKISHO: Chad Ehlers/Index Stock Photography
[Abo dukesha ifoto ku rup. 3]
Umusozi: Chad Ehlers/Index Stock Photography