ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/4 rup. 3-4
  • Ubuyobozi bwo mu vy’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubuyobozi bwo mu vy’Imana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivy’idini abantu ntibakibijamwo cane
  • Inyifato runtu yarahungabanye
  • Uruvayagi mu vy’idini
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/4 rup. 3-4

Ubuyobozi bwo mu vy’Imana

buriko bugana he?

“Abashaka kwubakana 30 bari baje [kwa patiri], mu nyigisho zo kwitegurira ubugeni zitangwa ku mugoroba. Muri abo 30 bari bahari, batatu gusa ni bo bavuze ko bafise ukwemera.” Bivugwa n’ikinyamakuru c’abagatolika c’igifaransa gisohoka ku musi ku musi citwa La Croix.

UBUYOBOZI bwo mu vy’idini bugeze ahanyerera. Mu nomero yaco yo ku wa 12 Mukakaro 1999 ku gipfukisho inyuma, ikinyamakuru kigenewe ibihugu vyinshi (Newsweek) cabajije iki kibazo: “Imana yoba yarapfuye?”. Ku Buraya bwo mu Burengero, ico kinyamakuru cishuye yuko bisa n’uko ari ukwo biri koko. Mu kuvuga ku bijanye n’inama kaminuza ya Ekeleziya gatolika yabereye i Roma muri Gitugutu muri uwo mwaka nyene, ikinyamakuru co mu Bufaransa citwa Le Monde cagize giti: “Ekeleziya biriko birushiriza kuyigora kwinjiza ubutumwa bwayo mu mico kama yo mu kibano yacitse ‘iyitabwerekwa’. . . . Mu Butaliyano, abagatolika ntibakinama rimwe. . . . Mu Budagi, ibihari bishingiye ku bigo vy’ukwisuzumisha imbere y’ugukorora inda, biriko bituma haba umukokwe munini hagati ya papa na demokarasi itacihanganira na gato ivy’ugutwaza igitugu. Impagararo iranga uburindutsi [igihugu ca Holande gifise] ku bijanye n’imico y’ivy’inyifato runtu be n’uguhohosha indembe, abantu bamwebamwe bihweza utuntu n’utundi baramaze kuvuga yuko yavuye ku vy’uko ico gihugu cahevye ubukirisu bukwi na bukwi.”

Ivyo ni ko biri n’ahandi hose. Mu 1999, musenyeri mukuru w’i Canterbury ari we George Carey, yaragabishije yuko idini y’abangilikani yari “isigaje iyaruka rimwe ngo izimangane”. Mu kiganiro kivuga ngo “La fin de l’Europe chrétienne” (Umuhero w’ubukirisu i Buraya) co mu kinyamakuru kimwe co mu Bufaransa citwa Le Figaro, havuze ngo: “Ivyo nyene ni vyo biriko biraba hose. . . . Abantu bariko bagira amakenga ku vyiyumviro vyose bijanye n’inyifato be n’inyigisho z’idini ata co basize inyuma.”

Ivy’idini abantu ntibakibijamwo cane

I Buraya, igitigiri c’abaja mu misa carakorotse. Abagatolika b’Abafaransa bari munsi y’ibice 10 kw’ijana ni bo baja mu misa uko uw’Iyinga utashe, mu gihe ibice 3 gushika kuri 4 kw’ijana gusa vy’abagatolika bo mu gisagara c’i Paris ari bo baja mu misa ubudasiba. Abangana ukwo canke bari munsi y’abo, ni bo baja mu misa mu Bwongereza no mu bihugu bibukukira, mu Budagi be no mu bihugu vyo mu Buraruko bw’Uburaya, ivyo bita scandinaves.

Ikiraje ishinga cane abakuru b’amadini, ni ubukene bw’abemera kwitanga ngo babe abasaseredoti. Mu kiringo kidashika n’ikinjana, igitigiri c’abasaseredoti mu Bufaransa carakorotse bimwe vy’akamaramaza, kiva ku basaseredoti 14 ku bantu 10.000, gishika ku musaseredoti adashika 1 muri iki gihe ku bantu 10.000. Mu Buraya hose, incahagati y’imyaka y’amavuka y’abasaseredoti ibandanya iduga bivanye n’uko ata bashasha benshi binjira mu busaseredoti, hakaguma hagwiriyemwo canecane abashaje. Ubukene bw’abasaseredoti buriko bwibonekeza kandi no mu bihugu nka Irlande n’Ububiligi. Muri ico gihe nyene, igitigiri c’abana biyandikisha mu vyigwa vy’ikatikisimu gitera kigabanuka, ivyo bigatuma haba amakenga akomeye ku bijanye n’ububasha Ekeleziya gatolika ifise bwo kunaguka.

Ku vyerekeye idini, nta mwizero ukihari. Abafaransa 6 gusa kw’ijana ni bo bemera yuko “ukuri gushobora gusangwa mw’idini rimwe gusa”, ugereranije na 15 kw’ijana bavyemera mu 1981 be na 50 kw’ijana bavyemera mu 1952. Ivy’ukutanegwa idini biriko bikwiragira. Urugero rw’abantu bavuga ko ata dini barimwo rwaraduze bwampi, ruva ku bice 26 kw’ijana mu 1980, rushika ku bice 42 kw’ijana mu 2000.​—Les valeurs des Français​—Évolutions de 1980 à 2000 (Uko imico kama y’Abafaransa yagiye irahinduka kuva mu 1980 gushika mu 2000).

Inyifato runtu yarahungabanye

Ugutituka kw’imico kurabonekera kandi mu bijanye n’inyifato runtu. Nk’uko twamaze kubivuga, abantu benshi baja mu misa, baranka kwemera amategeko y’idini yabo agenga inyifato runtu. Ntibemera iciyumviro c’uko indongozi z’idini zifise uburenganzira bwo kubashingira amabwirizwa y’ukuntu bokwigenza. Abantu bashigikira impagararo ya papa ku bijanye n’agateka ka zina muntu, ni bo nyene banka kumukurikira igihe amajambo avuga akoze ku buzima bwabo bwite. Nk’akarorero, impagararo afise ku bijanye n’ukugabanya imvyaro benshi cane barayirengagiza, ushizemwo n’abubakanye batari bake b’abagatolika.

Ako gatima karinjira no mu bantu bari mw’idini be n’abatayirimwo nyene bo mu nzego zose zo mu kibano. Imigenzo yiyamirizwa bimwe bitomoye mu Vyanditswe Vyeranda barayirenzako uruho rw’amazi. Mu myaka 20 iheze, wasanga ibice 45 kw’ijana vy’abanyagihugu b’Abafaransa biyamiriza ukuryamana kw’abagabo ku bandi. Muri iki gihe, 80 kw’ijana babona ko ata co bitwaye. Naho abenshi cane bashigikiye ukudahemukiranira kw’abubatse, ibice 36 kw’ijana ni bo biyamiriza ivy’ukurenga ibigo, bakavuga ko ata nsiguro umuntu yobiha.​—Abaroma 1:26, 27; 1 Ab’i Korinto 6:9, 10; Abaheburayo 13:4.

Uruvayagi mu vy’idini

Mu Banyaburaya, hariko hatsimbatara idini y’ukwihitiramwo, aho umuntu wese avuga ko yifitiye uburenganzira bwo kwitorera ivyo yemera. Inyigisho zimwezimwe z’ibinyegezwa ziremerwa, mu gihe izindi na zo ziyamirizwa. Bamwe usanga biyita abakirisu kandi bemera yuko iyo umuntu apfuye yongera kuvukira mu kindi kiremwa, abandi na bo ugasanga ntibagonanwa gukurikirira icarimwe ivyo bemezwa mw’idini bitari bike (Umusiguzi 9:5, 10; Ezekiyeli 18:4, 20; Matayo 7:21; Abanyefeso 4:5, 6). Ca gitabu twavuga (Les valeurs des Français) carerekanye neza na neza yuko abemera benshi muri iki gihe bariko bakevya ubutakigaruka, bava mu nzira zashizweho n’idini.

Ariko rero, ukwo kwigenga mu vy’idini kurushiriza kwongerekana ntikubuzemwo akaga. Umuhinga mu vya kahise k’ivy’amadini akaba no mu bagize urwego rwitwa Institut de France, ari we Jean Delumeau, avuga yuko bidashoboka ko umuntu yiremaremera idini yiwe bwite itisunga urutonde na rumwe rw’ivyashinzwe. “Ukwemera ntigushobora kurama igihe kudashinze imizi mw’idini nya dini.” Imico myiza yo mu vy’Imana be n’imigenzo myiza yo mu vy’idini bitegerezwa kuba ari umuce w’ikintu kimwe kitarimwo uruvayagi. Ni hehe ushobora gusanga mwene ubwo bumwe mu kibano aho ibintu vyama bihindagurika?

Mu mpapuro zayo zose, Bibiliya iratwibutsa yuko Imana ari yo ishinga ingingo zemewe zigenga uko umuntu yokwigenza n’uko yokwifata, naho irekera abantu umwidegemvyo wo kuzikurikiza canke kureka. Abantu amamiliyoni kw’isi yose, baremera icese yuko ico gitabu cemewe kuva kera ari ngirakamaro muri iki gihe, be n’uko ari ‘itara rimurikira ibirenge vyabo, n’umuco umurikira inzira yabo’ (Zaburi 119:105). Bashitse gute kuri ico ciyumviro? Ivyo birihwezwa mu kiganiro gikurikira.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika