Melekisedeki yari nde?
YARI umwami w’i Salemu ha kera akongera akaba “umuherezi w’Imana Isumba vyose” Yehova. (Itanguriro 14:18, 22) Ni we muherezi wa mbere avugwa mu Vyanditswe; yatanguye kurangura iryo banga imbere gato y’umwaka w’1933 B.G.C. Kubera ko Melekisedeki yari umwami w’i Salemu, iryo jambo rikaba risobanura “amahoro,” intumwa Paulo ivuga ko Melekisedeki yari “Umwami w’amahoro,” kandi yisunze iryo zina, imwita ‘Umwami w’ubugororotsi.’ (Abaheburayo 7:1, 2) Bivugwa yuko Salemu ha kera ari ho igisagara cahavuye citwa Yeruzalemu catanguriye, kandi izina Yeruzalemu ryubakiye kw’ijambo Salemu. Rimwe na rimwe Yeruzalemu bahita “Salemu.”—Zaburi 76:2.
Inyuma y’aho Aburamu (Aburahamu) atsindiye Kedolawoma n’abami bari kumwe na we, uwo sekuruza w’imiryango yaciye aja mu kiyaya c’i Shave, ari co “kiyaya c’umwami.” Ngaho, Melekisedeki “azana imitsima na vino” maze ahezagira Aburahamu, ati: “Uragahabwa umugisha n’Imana Isumba vyose, Nyen’ijuru n’isi: kand’Imana Isumba vyose iragahezagirwa, yagushize abansi mu maboko!” Nuko Aburahamu aha uwo mwami-muherezi “ikigiracumi muri vyose,” ni ukuvuga “iminyago iruta iyindi” yari yanyaze mu rugamba yatsinze igihe yarwana na ba bami bari bagize urunani.—Itanguriro 14:17-20; Abaheburayo 7:4.
Ikigereranyo c’ubuherezi bwa Kirisitu
Mu buhanuzi bwibonekeje bwerekeye Mesiya, Yehova yarahiye “Umwami” wa Dawidi ati: “Ur’umuherezi ibihe bidashira mu buryo bga Melekisedeki.” (Zaburi 110:1, 4) Iyo zaburi yahumetswe yarahaye Abaheburayo imvo yo kubona ko uwo Mesiya yari yarasezeranywe, ari we azorangura ibanga ryo kuba umuherezi n’umwami. Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Abaheburayo, yarabakuye amazinda ku vyerekeye akaranga k’umwe yari yarabuwe, igihe yavuga ivyerekeye “Yesu . . . [y]amaze guhinduka umuherezi mukuru w’ibihe bidashira mu buryo bga Melekisedeki.”—Abaheburayo 6:20; 5:10.
Yagenywe na Yehova ubwiwe
Biboneka ko Yehova ari we yagenye Melekisedeki ngo abe umuherezi. Igihe Paulo yavuga ivyerekeye ikibanza Yezu afise co kuba Umuherezi Mukuru, yarerekanye yuko ata muntu “yiha ico cubahiro shit’ahamagawe n’Imana, nk’uko Aroni yahamagawe.” Yarasiguye kandi ko “Kristo [atari] we yihaye ico cubahiro co kuba umuherezi mukuru, ariko yagihawe n’iyamubariye, it’Ur’Ubura bganje, Uyu musi ndakuvyaye,” maze iyo ntumwa ica yerekeza kuri Yezu Kirisitu amajambo menyeshakazoza ari muri Zaburi y’110:4.—Abaheburayo 5:1, 4-6.
Ikibanza Melekisedeki yari afise c’ubuherezi nta sano cari gifitaniye n’ubuherezi bwo muri Isirayeli, kandi nk’uko Ivyanditswe bivyerekana, cararuta kure n’iyo ubuherezi bwa Aroni. Ikintu kimwe kigaragaza ivyo ni icubahiro Melekisedeki yahawe na Aburahamu umwe sekuruza w’ihanga ryose rya Isirayeli, ushizemwo na wa muryango w’abaherezi wa Lewi. Aburahamu, “umukunzi w’Imana,” uwabaye “sekuruza w’abizera bose,” yarahaye “ikigiracumi” uwo muherezi w’Imana Isumba vyose. (Yakobo 2:23; Abaroma 4:11) Paulo yerekana ko Abalewi batangisha ikigiracumi benewabo, bano na bo bakaba bakomoka mu rura rwa Aburahamu. Ariko rero, arerekana ko Melekisedeki “a[t]aharūrwa mu muryango wabo yatangishije Aburahamu ikigiracumi,” kandi “Lewi, umwe ahabwa ikigiracumi, na we yari yaragitanze muri Aburahamu, kuko yar’akiri mu rura rwa sekuruza hamwe Melekisedeki yamusanganira.” Gutyo rero, naho abaherezi b’Abalewi batangisha ikigiracumi Abisirayeli, na bo nyene barahaye ikigiracumi Melekisedeki biciye kuri sekuruza wabo Aburahamu. Vyongeye, ukuba ubuherezi bwa Melekisedeki buri hejuru vyerekanwa n’uko yahezagiye Aburahamu, Paulo akaba yerekana yuko ‘uworoshe yahezagiwe n’uwumurengeye.’ Ivyo bintu biri mu vyerekana yuko Melekisedeki ari we agereranya mu buryo bubereye Umuherezi Mukuru Yezu Kirisitu.—Abaheburayo 7:4-10.
Nta bamwitangiye imbere canke ngo bamusubirire
Paulo arerekana neza ko abantu batari gushobora gushika ku kuba abatagira agasembwa biciye ku buherezi bw’Abalewi, gutyo hakaba hari hakenewe kuboneka umuherezi “wo mu buryo bga Melekisedeki.” Arerekana yuko Kirisitu yakomotse kuri Yuda, mu muryango utari uw’abaherezi. Ariko mu kuvuga ko Yezu ari umuherezi nka Melekisedeki, yerekana yuko “atāhawe ubuherezi n’uko vyashinzweho n’ivyagezwe vyo mu buryo bg’abantu, ariko yahawe ubushinzwe n’ubushobozi bg’ubu[zima] budashobora gukūrwaho.” Aroni n’abahungu biwe babaye abaherezi bidaciye mu ndahiro, mugabo ubuherezi bwahawe Kirisitu bwemejwe n’indahiro ya Yehova. Ikindi kandi, mu gihe abaherezi b’Abalewi baguma bapfa, gutyo bakaba bari bakeneye ababasubirira, Yezu Kirisitu uwazutse, “kuko yamaho ibihe bidashira, afise ubuherezi budakūrwaho.” Ni co gituma ashobora “gukiza rwose abashikīra Imana kubgiwe, kuko na ntaryo yamaho ngw abasabire.”—Abaheburayo 7:11-25.
Ni mu buhe buryo Melekisedeki atari afise ‘itanguriro ry’imisi canke iherezo ry’ubuzima’?
Paulo yarashize ahabona ikintu cibonekeje kuri Melekisedeki mu kuvuga ibimwerekeye ati: “Nta se, nta nyina, nta karonda, nta tanguriro ry’imisi cank’iherezo ry’ubu[zima], arikw agereranywa n’umwana w’Imana, kandi na ntaryo ahora ar’umuherezi.” (Abaheburayo 7:3) Cokimwe n’abandi bantu, Melekisedeki yaravutse kandi arapfa. Ariko rero, amazina ya se na nyina ntazwi, amamuko yiwe be n’uruvyaro rwiwe ntibihishurwa, kandi nta makuru yerekeye intango y’ubuzima bwiwe canke iherezo ryabwo dusanga mu Vyanditswe. Ni co gituma, Melekisedeki yagereranya mu buryo bubereye Yezu Kirisitu, we afise ubuherezi bwamaho. Nk’uko ataho bivugwa ko Melekisedeki hari uwamwitangiye imbere canke ngo amusubirire mu buherezi bwiwe, ni ko na Kirisitu ata muherezi mukuru ahwanye na we yamwitangiye imbere, kandi Bibiliya yerekana ko ata n’umwe azokwigera amusubirira. Vyongeye, naho Yezu yavukiye mu muryango wa Yuda no mu muryango wa cami wa Dawidi, amamuko yiwe yo kw’isi ntiyagize ico akora ku buherezi bwiwe, kandi ayo mamuko yiwe si yo yatumye ahabwa ayo mabanga yo kuba umuherezi n’umwami. Ivyo vyavuye ku ndahiro Yehova ubwiwe yamurahiye.
Abayuda batari bake be n’abandi bantu baremera ivyiyumviro biboneka mu bisomwa vy’ibice vy’Ivyanditswe vyahinduwe mu rurimi rw’Ikiyaramu vy’i Yeruzalemu (Targoum Jérusalem) bivuga ko Melekisedeki yari Shemu umuhungu wa Nowa. Shemu rero yari akiriho kandi aranaramba kurusha Sara muka Aburahamu. Ikindi kandi, Nowa yarahezagiye Shemu mu buryo budasanzwe. (Itanguriro 9:26, 27) Mugabo nta cemeza ko Melekisedeki yari Shemu. Kuba Ivyanditswe bidahishura ubwenegihugu bwa Melekisedeki, amamuko yiwe be n’uruvyaro rwiwe, ni ivyumvikana kubera yuko muri ubwo buryo ari ho yoshoboye kugereranya Yezu Kirisitu, uwo Yehova yarahiye “[kuba] umuherezi mukuru w’ibihe bidashira mu buryo bga Melekisedeki.”—Abaheburayo 6:20.