ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/3 rup. 19-22
  • Igihe hari ibihindutse nurondere ingene wovyungukirako

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igihe hari ibihindutse nurondere ingene wovyungukirako
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Igihe abana batakiba muhira
  • Kurondera kworosha ubuzima
  • Gukukuruka hakiri kare
  • Gukoresha neza utuntu n’utundi wamenye mu buzima
  • Niwigane ukwizera kwabo
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/3 rup. 19-22

Igihe hari ibihindutse nurondere ingene wovyungukirako

Abakurambere bakirisu bane baba mu Buholande ari bo Pum, Jan, Dries na Otto barafise vyinshi bahuriyeko. Bose uko ari bane barubatse izabo kandi barafise n’abana. Ikigeretseko, ubu haraheze imyaka, bari bafise akazi k’umubiri bakora igihe cose kandi bakaba baba ahantu heza. Ariko rero, bose barahagaritse gukora akazi k’umubiri hanyuma batangura guhebera umwanya wabo wose n’inguvu zabo zose uguteza imbere ivy’Ubwami. Ni igiki cabafashije kugira iryo hinduka? Igihe haba ibihinduka, bose uko ari bane baravyungukiyeko.

BITEBE bitebuke, ibintu bihinduka biragira ico bikoze kuri benshi muri twebwe. Amahinduka menshi aba mu buzima, nk’akarorero kwubaka urwawe, kwibaruka abana, canke kwitaho abavyeyi bageze mu zabukuru atuma umuntu agira amabanga yiyongereye. Ariko rero, amahinduka amwamwe aratuma turushiriza kwagura ubusuku bwacu bwa gikirisu. (Matayo 9:37, 38) Nk’akarorero, abana bageze mu bigero barashobora kuva i muhira, canke tugashobora gukukuruka.

Vyongeye, naho ivyacu bishobora guhinduka tubishaka canke tutabishaka, hariho Abakirisu bamwebamwe berewe mu kugira ivyo bahinduye, bica bibaha uturyo two gukora vyinshi mu busuku. Ivyo ni vyo nyene Pum, Jan, Dries na Otto bagize. Babigize gute?

Igihe abana batakiba muhira

Pum yakora akazi k’umunyabigega mw’ihinguriro ry’imiti. We n’umugore wiwe Anny hamwe n’abakobwa babo babiri kenshi barakora ari abatsimvyi bafasha. Pum na Anny kandi baratunganya ivyo kwisamaza bari kumwe n’abandi bakora igikorwa c’ubutsimvyi. Bigana bati: “Ivyo vyaradukingiye ingorane zari gushobora guterwa n’ubundi buryo bwo kwisamaza.” Kubera baremeshejwe n’akarorero k’abavyeyi babo, abo bakobwa babiri babaye abatsimvyi basanzwe bagiheza amashure yisumbuye.

Igihe abana bava muhira, Pum na Anny barabonye ko iryo hinduka ryari ribahaye akaryo kiyongereye be n’amahera bari gushobora gukoresha mu kuja kuratira ijisho ibibanza biteye igomwe canke bakinezereza mu bundi buryo. Aho kubigenza gutyo, uwo mugabo n’umugore baciye bafata ingingo yo gukoresha iryo hinduka mu kwagura ubusuku bwabo bwa gikirisu. Ku bw’ivyo, Pum yaciye asaba uruhusha umukoresha wiwe rw’uko hoba umusi umwe mu ndwi atokora. Mu nyuma, Pum yaragize ivyo atunganije bituma ashobora gutangura akazi isaha 1 yo mu gitondo hanyuma akagodoka isaha 8 zo ku muhingamo. Birumvikana ko gukora umwanya muto vyabasaba kwibeshaho bakoresheje uduhera dukeyi. Ariko rero, vyarabagendeye neza, maze mu 1991 Pum arifatanya n’umugore wiwe mu kuba umutsimvyi asanzwe.

Ubukurikira, Pum yarasabwe kuba umufasha w’uwubungabunga Ingoro y’Amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova. Ubwo butumire bwasigura yuko uwo mugabo n’umugore bategerezwa kuva aho bari bamaze imyaka 30 baba, bakimukira mu nzu yari muri urwo rugo rw’Ingoro y’Amakoraniro. Barimutse. Vyoba vyari vyoroshe? Anny yishura yuko igihe cose yumva akumbuye muhira yaca yibaza ati: ‘Noba ngira mere nka muka Loti?’ Yaranse ‘kuraba inyuma.’​—Itanguriro 19:26; Luka 17:32.

Pum na Anny barumva yuko ingingo bafashe yatumye baronka imihezagiro myinshi. Mu mihezagiro binovora harimwo igikorwa barangura ku Ngoro y’Amateraniro, ibikorwa vyo gutegura amahwaniro y’intara be n’ukuganira n’abacungezi b’imizunguruko (abasuku b’ingenzi) batanga insiguro kuri iyo ngoro. Rimwe na rimwe baragendera amashengero atandukanye igihe Pum akora bwa musubirizi w’umucungezi w’umuzunguruko.

Ni igiki catumye uwo mugabo n’umugore bererwa mu kwagura umurimo wabo? Pum avuga ati: “Igihe hagize ibintu bikomeye bihinduka mu buzima bwawe, utegerezwa kwiyemeza gukoresha neza uko bishoboka kwose iryo hinduka.”

Kurondera kworosha ubuzima

Jan n’umugore wiwe Woth bafise abana batatu. Nka kumwe kwa Pum n’umuryango wiwe, Jan yarungukiye mu buryo buranga ubukerebutsi kw’ihinduka ryabaye. Mu myaka itari mike, Jan yari afise akazi kamuha amahera menshi mw’ibanki katuma umuryango wiwe ubaho neza. Ariko rero, yaragize icipfuzo gikomeye co kwagura ubusuku bwiwe. Asigura ati: “Mu buzima bwanje ugukenguruka ukuri kwaratsimbataye, urukundo na rwo nkunda Yehova rurongerekana.” Ku bw’ivyo, mu 1986, Jan yaragize ico ahinduye ku kuntu ivyiwe vyari vyifashe. Avuga ati: “Narungukiye ku ntunganyo nshasha yagizwe ku kazi hanyuma ntangura gukora amasaha makeyi kuruta ayo nahora nkora. Abo dukorana vyarabatangaje baca bantazira Diwodo [rikaba ari izina bakuye mu ndome za mbere zitangurira amazina y’iyo misi muri urwo rurimi], kubera nari nsigaye nkora gusa ku misi itatu ari yo [mu rurimi rwaho yitwa] dinsdag [ku wa kabiri], woensdag [ku wa gatatu] na donderdag [ku wa kane]. Umushahara wanje wagabanutse ibice 40 kw’ijana. Naragurishije inzu yacu maze nca ngura ubwato bwo kubamwo, kugira dushobore gukorera ahari hakenewe abamamaji b’Ubwami kuruta ahandi. Haciye igihe narungukiye ku gukukuruka hakiri kare. Amahera ndonka yarasubiye kugabanukako ibindi bice 20 kw’ijana, mugabo mu 1993 narashoboye gutangura gukora ndi umutsimvyi asanzwe.”

Ubu, Jan ari mu bagize Komite Ijejwe Kuja Inama n’Ibitaro kandi yama akora ari umucungezi w’ihwaniro. Naho Woth adafise amagara meza, rimwe na rimwe arasukura ari umutsimvyi mufasha. Abana babo bose uko ari batatu ubu barubatse, kandi hamwe n’abo bubakanye ni abasuku b’Ubwami b’abanyamwete.

None Jan na Woth bashoboye gute kumenyera uburyo bwo kubaho buciye bugufi? Jan yishura ati: “Igihe ubutunzi bwari bwifashe neza, twararaba neza ko tutitwararika bimwe birenze urugero ibintu vy’umubiri. Muri iki gihe birashobora kugorana gatoyi bigasaba ko turindira imbere y’uko dushobora kuronka ikintu kinaka, mugabo imihezagiro be n’uduteka twaronse mu vy’impwemu birashumbusha cane.”

Nka kumwe kwa Jan na Woth, Dries n’umugore wiwe Jenny na bo nyene barafashe ingingo yo kuguma boroheje ubuzima bwabo, kugira bongereze umwanya wo kwitwararika ivy’Ubwami. Dries na Jenny barakoze ari abatsimvyi gushika bibarutse. Kugira ngo Dries ashobore kubungabunga umuryango wiwe, yakoze akazi k’umuyobozi mw’ihinguriro rinini. Abakoresha biwe barashimye igikorwa yakora hanyuma bamwongera amabanga. Ariko rero, Dries ayo mabanga ntiyayemeye kubera yuko vyotumye agira umwanya muto wo kwitwararika imirimo ya gikirisu.

Gutunga umuryango, ushizemwo no kwitwararika nyina wa Jenny arwaye, uwo mugabo n’umugore vyabasaba umwanya n’inguvu nyinshi. Ariko rero, babandanije gutsimbataza agatima k’ubutsimvyi. Ni igiki cabafashije kubigira? Jenny asigura ati: “Twabana n’abatsimvyi, tukabatumira kugira ngo dusangire akajumbu tukongera tugaha indaro abacungezi b’imizunguruko.” Dries yongerako ati: “Twagumye tworoheje ubuzima twongera turirinda gufata amadeni. Twafashe ingingo yo kutigera tuja mu rudandaza rukomakomeye canke kugura inzu kugira ngo mu gihe kiri imbere, mwene ivyo bintu ntibizotubuze ico twikorera.”

Ingingo Dries na Jenny bafashe yo guhindura ibintu yotumye baronka umwanya mwinshi wo kwitwararika ivy’Ubwami, yaragize ico imara. Abahungu babo bose ubu ni abakurambere mw’ishengero, umwe muri bo akaba akora ubutsimvyi ari kumwe n’umugore wiwe. Dries na Jenny barakoze ari abatsimvyi badasanzwe, maze mu nyuma Jenny yaraherekeje umugabo wiwe Dries mu gikorwa c’ukugendera umuzunguruko. Ubu na ho ni abishakire kuri Beteli, aho Dries akora ari umwe mu bagize Komite y’Ishami.

Gukukuruka hakiri kare

Nka kumwe kwa Dries na Jenny, Otto n’umugore wiwe Judy barakoze ubutsimvyi imbere y’uko bibaruka abakobwa babo babiri. Igihe Judy yari yibungenze inda y’umwana wiwe wa mbere, Otto yaronse akazi ko kuba umwigisha.

Igihe abana bariko barakura, Otto na Judy kenshi baratumira abatsimvyi i muhira iwabo kugira ngo abakobwa babo bashobore kubona umunezero abakora igikorwa ca gikirisu c’igihe cose bafise. Haciye igihe, umukobwa wabo mukuru yaratanguye gukora umurimo w’ubutsimvyi. Mu nyuma, yaritavye ishure ry’i Gileyadi maze ubu be n’umugabo wiwe bakaba ari abamisiyonari mu gihugu co muri Afirika. Umukobwa wabo mutoyi yatanguye gukora ubutsimvyi mu 1987, Judy na we nyene aca aratangura ico gikorwa.

Igihe ibintu vyahinduka bigatuma Otto ashobora gukora amasaha makeyi kw’ishure, ayasigaye yayakoresheje mu butsimvyi. Amaherezo, yarahagaritse akazi kiwe. Ubu mu gikorwa ciwe c’ubugenduzi, Otto arakoresha ubuhanga bwiwe bwo kuba umwigisha kugira ngo akomeze amashengero mu buryo bw’impwemu.

Ni impanuro nyabaki Otto aha abakukuruka hakiri kare? “Igihe ukukurutse, ntufate umwaka wose canke urenga wisamaza. Umuntu ashobora gusanga yabigize akamenyero. Bidatevye, uzosanga wibagiye gukora ubutsimvyi. Ahubwo, nuce utangura ubwo nyene kwongereza ibikorwa ukora mu busuku no mw’ishengero.”

Gukoresha neza utuntu n’utundi wamenye mu buzima

Ego ni ko, abavukanyi nka Pum, Jan, Dries na Otto ubu nta nkomezi be n’inguvu bafise nk’izo bari bafise bakiri bato. Mugabo, barahumuye, barazi utuntu n’utundi kandi baraciye uruma kuruta. (Imigani 20:29) Barazi ico bisaba kuba sebibondo, kandi bivuye ku gukorana n’abagore babo, baratahura ico ukuba inabibondo bisobanura. Baratoreye umuti ingorane zo mu muryango bari kumwe n’abagore babo bongera barashingira abana babo imigambi yo mu vya gitewokarasi. Otto avuga ati: “Igihe ntanga impanuro ndi umucungezi w’umuzunguruko mu vyerekeye ingorane zo mu rugo, zirarushiriza kuba kirumara kubera ubwanje mfise umuryango.” Dries na we nyene, ukuba ari sebibondo vyaramuhaye kumenya utuntu n’utundi, bigatuma ubu arushiriza kuba ngirakamaro ku muryango wa Beteli, ahakorera abakiri bato benshi.

Vyemere, ubumenyi bafise burafasha abo bavukanyi kwitaho ibintu vyinshi bitandukanye bikenerwa mu mashengero. Utuntu n’utundi bamenye, ni nk’aho twakarihije ibikoresho vyabo kugira ngo barushirize gukoresha neza inguvu zabo. (Umusiguzi 10:10) Kukaba nkako, akenshi haraba igihe bashobora kurangura ibiruta ivyokorwa n’abagifise inguvu ariko batazi utuntu n’utundi.

Abavukanyi nk’abo hamwe n’abakenyezi babo ni uturorero twiza ku bakiri bato bari mu basavyi ba Yehova. Abakiri bato bigana abagabo n’abagore nk’abo, na bonyene barahanganye n’ingorane nyinshi bongera barinovora imihezagiro myinshi vyiganwa mu bisohokayandikiro vyacu vya gikirisu. Biraremesha kubona abagabo n’abagore bagaragaza agatima nk’aka Kalebu, we naho yari yitereye mu myaka, yasavye igikorwa kitoroshe.​—Yosuwa 14:10-12.

Niwigane ukwizera kwabo

Woba woshobora kumbure kwigana ukwizera be n’ivyo abo bagabo n’abagore bavuzwe muri iki kiganiro bakoze? Niwibuke yuko uburyo bwabo bwo kubaho babushingiye ku kuri. Baratsimbataje mu bana babo icipfuzo co gukora ubutsimvyi. Nk’uko Jan abivuga, babigize “mu karorero batanze ko gukunda Yehova be n’ishirahamwe ryiwe, mu gutunganya ibijanye no kwisamaza no mu kwigisha abana babo uburyo bwo kwibeshaho.” Uko bagize umuryango barakora bakongera bagakinira hamwe. Pum yibuka ibi: “Mu gihe c’uburuhuko, umuryango wose uko wakabaye wari ufise akamenyero ko gusohoka mu gikorwa co kwamamaza mu gitondo hanyuma inyuma y’umutaga bakaja hamwe mu kwisamaza.”

Ikigeretseko, abo Bakirisu barategekanije ibintu imbere y’igihe ku buryo igihe ivyabo vyahinduka, bari bagabirije kwungukira kuri iryo hinduka. Barishingiye imigambi bongera barafata ingingo zobafasha gushitsa iyo migambi ningoga. Bararondeye uburyo bwo gukora igihe gitoyi akazi k’umubiri kandi bari biteguriye gukoresha neza amahera makeyi baronka. (Ab’i Filipi 1:10) Abakenyezi barashigikiye abagabo babo baraherezako. Bose bari bafise icipfuzo gikomeye co guca mu “rugi runini ruja mu bikorwa” maze ico vyavuyemwo, barinovoye imihezagiro myinshi iva kuri Yehova.​—1 Ab’i Korinto 16:9; Imigani 10:22.

Woba na we ufise icipfuzo co kwongereza uruhara ugira mu busuku? Nimba ugifise, igihe hari ibihindutse, kurondera ingene wovyungukirako vyoshobora kukubera bwo buryo bwo kugishitsa.

[Ifoto ku rup. 20]

Pum na Anny bariko babungabunga Ingoro y’Amateraniro

[Ifoto ku rup. 20]

Jan na Woth bariko bagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza

[Ifoto ku rup. 21]

Dries na Jenny bariko bakorera kuri Beteli

[Ifoto ku rup. 21]

Otto na Judy bariko bitegurira kugendera ishengero rikurikira

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika