Ihwaniro Riteye Umunezero Ryataziriwe ngo “Abamamaji b’Ubwami b’Abanyamwete”
UGUTITUKA kw’inyifato runtu, amagume yo mu vy’ubutunzi no mu vya politike biriko birahungabanya isi. Ariko rero, muri urwo ruhagarara rwose, Ivyabona vya Yehova baratororokaniye hamwe ku bw’Amahwaniro y’Intara arangwa amahoro yari yataziriwe ngo “Abamamaji b’Ubwami b’Abanyamwete” yamaze imisi itatu. Guhera muri Rusama 2002, iyo mitororokano yaragizwe hirya no hino kw’isi.
Vyaragaragaye ko ayo mahwaniro yari ibihe biteye umunezero koko. Nimuze dusubire twihweze muri make iyo porogarama yubaka ishingiye kuri Bibiliya.
Umusi wa Mbere Washimika ku Mwete wa Yezu
Umutwe-shimikiro w’umusi wa mbere w’ihwaniro wari “Twigane Umwete w’Umukama Wacu, Yezu.” (Yohana 2:17) Insiguro ivuga ngo “Tunezererwe Uguhwanira Hamwe Uko Turi Abamamaji b’Ubwami” yaratumiye n’igishika cinshi abari bahari kugira ngo binovore ku munezero wamye nantaryo uranga amahwaniro y’abasavyi b’Imana. (Gusubira mu Vyagezwe 16:15) Iyo nsiguro yakurikiwe n’ibiganiro vyo kubaza ibibazo abamamaji b’inkuru nziza b’abanyamwete.
Insiguro ivuga ngo “Nuhimbarwe Cane na Yehova Ubwiwe” yarahetuye Zaburi 37:1-11 umurongo ku wundi. Twahimirijwe ‘kudahagarikwa’ umutima n’uko abantu b’ababisha basa n’aberewe. Naho abanyakibi botuvuga uko tutari, impera n’imperuka Yehova azoshira ahabona abari abasavyi biwe b’abizerwa vy’ukuri. Insiguro ivuga ngo “Nugaragaze ko Ukenguruka” yaraciye irya n’ino ukuntu dushobora kwerekana ko dukengurukira Imana. Abakirisu bose bategerezwa gushikanira Yehova “ikimazi co gukenguruka.” (Abaheburayo 13:15) Birumvikana ko umwanya wose duhebera umurimo wa Yehova ahanini uvana n’ugukenguruka dufise no ku kuntu ivyacu vyifashe.
Ijambo nyamukuru ryari rifise umutwe uvuga ngo “Abamamaji b’Ubwami Barurumba Umwete.” Yarerekanye ko Yezu Kirisitu ari we karorero kacu ntangere k’umwete. Ubwami bwo mw’ijuru bumaze gushingwa mu 1914, vyaciye biba nkenerwa ko Abakirisu nyakuri bagira umwete kugira ngo batangaze iyo nkuru nziza. Umushikirizansiguro yaravuze ivyerekeye ihwaniro ryabereye i Cedar Point i Ohio ho muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu 1922, maze aratwibutsa akamo k’intibagirwa kagira ngo: “Tangaze Umwami n’Ubwami Bwiwe”! Uko igihe cagiye kirarengana, umwete abasavyi b’Imana b’abizerwa bari bafise warabavyuriye umutima wo kubwira amahanga yose ukuri kw’igitangaza kw’Ubwami.
Insiguro ivuga ngo “Ntutinye, Menya ko Yehova Ari Kumwe Natwe” yashikirijwe ku musi wa mbere w’ihwaniro ku muhingamo, yarerekanye yuko abasavyi b’Imana ari bo canecane Shetani arondera gutera. Ariko rero, naho duhura n’ukurwanywa, tuzirikanye ku turorero twinshi tw’abagaragaje ukwizera two muri Bibiliya be n’utwo mu gihe ca none, bituma tugira umutima rugabo wo guhangana n’ibigeragezo be n’inyosha mbi tudatinya.—Yesaya 41:10.
Kuri porogarama haciye hakurikira uruhererekane rugizwe n’ibihimba bitatu rufise umutwe-shimikiro uvuga ngo “Ubuhanuzi bwa Mika Buradukomeza Kugira Tugendere mw’Izina rya Yehova.” Umushikirizansiguro wa mbere yagereranije ugutituka kw’inyifato runtu, ubuhakanyi bwo mu vy’idini be n’amaronko vyo mu gihe ca Mika n’ivyo mu gihe cacu. Yavuze ati: “Icizigiro cacu ca kazoza kizoba ntakekeranywa nitwatsimbataza umutima ugamburuka kandi tukaraba neza yuko ingendo yacu ari nyeranda be n’uko ubuzima bwacu bwuzuyemwo ibikorwa biranga ukwubaha Imana, kandi ntitwigere twibagira yuko umusi wa Yehova utazobura kuza.”—2 Petero 3:11, 12.
Umushikirizasinguro wa kabiri kuri urwo ruhererekane yarerekanye urubanza Mika yaciriye indongozi z’Abayuda. Barafata nabi abantu b’abakene, batagira gitabara. Mugabo Mika yarabuye kandi intsinzi ugusenga kw’ukuri kwogize. (Mika 4:1-5) Kubera duhabwa ububasha n’impwemu yera ya Yehova, turagira umwiyemezo wo gutangaza ubwo butumwa bw’icizigiro buhorosha. Mugabo bite ho mu gihe twumva ko dutangirwa n’ubumuga canke twumva ko hari ivyo mu bundi buryo bunaka tudashoboye kurangura? Umushikirizansiguro wa gatatu yavuze ati: “Ivyo Yehova asaba birategereka kandi ni ivyo umuntu ashobora gushitsa.” Yabandanije aca irya n’ino imice itandukanye ya Mika 6:8, aho dusoma duti: “Mbega har’ikindi Uhoraho akugombako, atar’ugukora ibiroranye, no gukunda kugira imbabazi, no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi?”
Kubera yuko ugutituka kw’inyifato runtu kw’isi gushobora kugira ico gukoze ku Bakirisu, twese twarungukiye ku nsiguro yavuga ngo “Nugume Udahumanye mu Kurinda Umutima Wawe.” Nk’akarorero, tugumye tudahumanye bizodufasha kugira umubano w’ababiranye urangwa agahimbare. Uko turi Abakirisu, dutegerezwa kutigera twiyumvira mbere kwisuka mu bushegabo.—1 Ab’i Korinto 6:18.
Insiguro yavuga ngo “Niwirinde Uruhendo” yarerekanye yuko dufata mu buryo buranga ubukerebutsi imvugo z’ukugoreka, ukuri kudakwiye be n’ibinyoma vyambaye ubusa bikwiragizwa n’abahakanyi ko ari uburozi. (Ab’i Kolosayi 2:8) Muri ubwo buryo nyene, dutegerezwa kutihenda mu kwiyumvira yuko dushobora guhaza ivyipfuzo vyacu vy’icaha hanyuma ngo ntitugende tutiboneyeko inkurikizi mbi.
Umutwe w’insiguro isozera umusi wa mbere w’ihwaniro wari “Senga Imana Yonyene y’Ukuri.” Kubera yuko ivy’isi birushiriza kwunyuka, ese ukuntu bisubiriza umutima mu nda kumenya yuko vuba Yehova agiye kuzana isi nshasha yiwe igororotse! Ni bande bazoyibamwo? Ni abasenga Yehova bonyene. Umushikirizansiguro yaratangaje ko hasohotse igitabu gishasha co kwiga gifise umutwe uvuga ngo Senga Imana Yonyene y’Ukuri kidufasha, kigafasha abana bacu be n’abo twigana Bibiliya gushikira iryo hangiro. Ese ukuntu twahimbawe no kukironka!
Umusi Ugira Kabiri Washimitse ku Kugira Umwete mu Gukora Ivyiza
Umusi ugira kabiri w’ihwaniro wari ufise umutwe-shimikiro uvuga ngo “Tube Abanyamwete mu Gukora Ivyiza.” (1 Petero 3:13) Umushikirizansiguro wa mbere yaraciye irya n’ino icanditswe c’uwo musi ca Bibiliya. Yarashimitse ku vy’uko kwihweza icanditswe c’umusi ubudahorereza kandi mu buryo buri n’ico buvuze vyongereza umwete wacu.
Maze haciye hakurikira uruhererekane rufise umutwe uvuga ngo “Abamamaji b’Ubwami Bashimagiza Ubusuku Bwabo.” Igihimba ca mbere carashimitse ku vy’uko dukeneye kuramiriza neza mw’Ijambo ry’Imana. (2 Timoteyo 2:15) Dukoresheje neza Bibiliya bituma ‘igira ububasha’ mu buzima bw’abantu. (Abaheburayo 4:12) Dukwiye kuyobora ivyiyumviro kuri Bibiliya kandi tukabafasha kuzirikana kuri iyo mu buryo bujijura. Igihimba kigira kabiri c’urwo ruhererekane caraduhimirije kuza turasubira kugendera abantu bashimishijwe. (1 Ab’i Korinto 3:6) Ukwitegura be n’ugushira amanga birakenewe kugira ngo tugume dukurikirana ugushimishwa kwose kubonetse. Igihimba kigira gatatu caduhimirije kubona umuntu wese duhura nk’aho ashobora gucika umwigishwa congera kirerekana yuko gusaba kugirira umuntu inyigisho ya Bibiliya ari bwo bwa mbere umugendeye, bishobora gutuma tugira umunezero wo gufasha abantu gucika abigishwa.
Umutwe-shimikiro w’insiguro ikurikira wavuga ngo “Igituma ‘Twosenga Ubudasiba’.” Bibiliya ihimiriza Abakirisu guhanga amaso Imana kugira ngo ibayobore mu mice yose y’ubuzima. Turakeneye gutegekanya umwanya wo gutura isengesho turi ukwa twenyene. Ikigeretseko, dutegerezwa gushishikara gusenga, kubera Yehova yoshobora kutureka tukabandanya gusenga mu gihe kanaka imbere y’uko ico yatwishuye tukibona.—Yakobo 4:8.
Insiguro ivuga ngo “Ibiyago vyo mu vy’Impwemu Birubaka” yaduhimirije gukoresha ingabirano yacu yo kuvuga kugira ngo itugirire akamaro ubwacu yongere ikagirire n’abandi. (Ab’i Filipi 4:8) Abubatse be n’abana barakeneye kugiranira ibiyago binaka vyo mu vy’impwemu ku musi ku musi. Kugira ngo ivyo babishikeko, imiryango ikwiye kugerageza gufungurira hamwe n’imiburiburi rimwe ku musi, gutyo bigatuma bagira ibiyago biremesha.
Porogarama yo mu gitondo yasozerewe n’insiguro yeza umutima ivuga ngo “Ukuntu Ukwiyegura n’Ukubatizwa Bishikana ku Bukiriro.” Abari biteguriye kubatizwa bari bararonse ubumenyi, baragaragaza ukwizera, barigaya, barahindukira bava mu gukora ibibi hanyuma bariyegurira Imana. Umushikirizansiguro yavuze yuko bamaze kubatizwa, botegerejwe kubandanya gukura mu buryo bw’impwemu no kuguma bafise umwete kandi bigenza neza.—Ab’i Filipi 2:15, 16.
Kuri uwo muhingamo, hari ivyiyumviro bibiri nyamukuru vyashimitsweko mu nsiguro yavuga ngo “Nube Uwifata Ruto Kandi Ugume Uremuruye Ijisho Ryawe.” Kuba uwifata ruto bisobanura kubona ata kwihenda aho ubushobozi bwacu bugarukira be n’ikibanza dufise imbere y’Imana. Ukwifata ruto kuradufasha gutuma ijisho ryacu riguma “riremuruye,” ni ukuvuga kuguma ritumbereye ku Bwami bw’Imana, atari ku bintu vy’umubiri. Ivyo tubigize, ntitwirirwa duhagarika umutima kubera Yehova azoturonsa ivyo dukeneye.—Matayo 6:22-24, 33, 34.
Umushikirizansiguro akurikira yarerekanye igituma dukwiye ‘Kwizigira Yehova Tugaherezako mu Bihe vy’Amagorwa.’ Dushobora guhangana gute n’ibintu nk’ubugoyagoye ubwacu dufise be n’ingorane zo mu vy’amahera canke z’ivy’amagara? Nimuze dusabe Yehova ubukerebutsi ngirakimazi twongere dusabe imfashanyo abandi. Aho gutwarwa n’ubwoba canke ukwihebura, dukwiye gukomeza ukwizigira Imana kwacu mu gusoma Ijambo ryayo.—Abaroma 8:35-39.
Uruhererekane rwa nyuma rw’ihwaniro rwari rufise umutwe-shimikiro uvuga ngo “Agaciro k’Ukwizera Kwacu Karageragezwa n’Ibigeragezo Bitandukanye.” Igihimba ca mbere caratwibukije yuko Abakirisu b’ukuri bose bahangana n’uruhamo. Uruhamo rurashinga intahe, rugakomeza ukwizera kwacu kandi rukaduha akaryo ko kwerekana ko turi intahemuka ku Mana. Naho tudashira mu kaga ubuzima bwacu, ntitwokwigera dukoresha uburyo budashingiye ku vyanditswe kugira ngo twirinde uruhamo.—1 Petero 3:16.
Umushikirizansiguro agira kabiri muri urwo ruhererekane yarabajije ibibazo bijanye n’ukutagira aho duhengamiye. Abakirisu bo mu ntango ntibari abantu bemera ko indwano yama ari mbi, mugabo baremera icese yuko Imana ari yo bategerezwa kubanza kudahemukira. Cokimwe no muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova barumira bashikamye kuri iyi ngingo ngenderwako igira iti: ‘Ntimuri ab’isi.’ (Yohana 15:19) Kubera yuko ibigerageza impagararo yacu y’ukutagira aho duhengamiye bishobora guca vyaduka, imiryango irakwiye gushinga umwanya wo kwihweza inyobozo Bibiliya itanga kuri ico kintu. Nk’uko insiguro igira gatatu yavyerekanye, umugambi wa Shetani si ngombwa ngo ube uwo guca atwica, ahubwo ni uwo kudushirako umukazo kugira ngo duhemuke. Twihanganiye ugucokorwa, imikazo y’ubushegabo, umubabaro wo mu mutima be n’ubumuga turi abizerwa, bizotuma Yehova ashemezwa.
Ubutumire buranga igishika bugira ngo “Niwiyegereze Yehova” ni wo wari umutwe w’insiguro ya nyuma y’uwo musi. Gutahura kamere nkurunkuru za Yehova biradukwegera kuri we. Arakoresha ububasha bwiwe butagira akarimbi kugira ngo akingire abasavyi biwe, canecane mu buryo bw’impwemu. Ubutungane bwiwe ntibukaze ahubwo bumusunikira ku gutuma umuntu wese akora ibigororotse agira ubuzima butagira iherezo. Ubukerebutsi bw’Imana burabonekera mu buryo bw’uko yakoresheje abantu b’abanyagasembwa kugira ngo bandike Bibiliya. Kamere ikwegera kuruta izindi zose ni urukundo rwiwe, na rwo rukaba rwatumye ashiraho intunganyo yo kurokora umuryango w’abantu biciye kuri Yezu Kirisitu. (Yohana 3:16) Umushikirizansiguro yasozereye mu gusohora igitabu gishasha ceza umutima gifise umutwe uvuga ngo Niwiyegereze Yehova.
Umusi Ugira Gatatu Washimitse ku Kugira Umwete mu Gukora Ibikorwa Vyiza
Umutwe-shimikiro w’umusi ugira gatatu w’ihwaniro wari “Abantu b’Abanyamwete mu Gukora Ibikorwa Vyiza.” (Tito 2:14) Porogarama yo mu gitondo yatanguranye n’ikiganiro c’umuryango gishingiye ku canditswe c’umusi. Haciye hakurikira insiguro ivuga ngo “Ivyizigiro Vyawe Vyoba Biri Kuri Yehova?” Amahanga yashize icizigiro cayo ahatari ho mu kwiheka ku bukerebutsi bwayo bwite no ku nkomezi zayo bwite. Ariko rero, abasavyi ba Yehova bobo baramwihekako babigiranye uburindutsi be n’umunezero naho bahura n’amarushwa.—Zaburi 46:1-3, 7-11.
Igihimba kivuga ngo “Rwaruka—Nimwitegekanirize Kazoza mw’Ishirahamwe rya Yehova” cabajije iki kibazo: Uwukiri muto ashobora gute kugira ubuzima burushirije kuba bwiza? Ivyo ntashobora kubishikako akurikiranye amahera, amatungo be n’icubahiro. Umuremyi wacu ahimiriza urwaruka mu buryo buranga urukundo kumwibuka mu gihe bakiri bato. Umushikirizansiguro yarabajije ibibazo abakiri bato bamwebamwe batanguye umurimo wa gikirisu bakiri bato, kandi turashobora kwibonera umunezero bafise. Vyongeye ese ukuntu vyabaye ngirakimazi kuronka agapapuro gashasha gafise umutwe uvuga ngo Rwaruka—Muzokoresha Gute Ubuzima Bwanyu?, kagenewe gufasha Ivyabona bakiri bato kwitegekaniriza kazoza k’ibihe bidahera mw’ishirahamwe rya Yehova!
Haciye hakurikira igikino c’ivya Bibiliya gikwegera ubwenge gifise umutwe uvuga ngo “Hagarara Ushikamye mu Bihe Bigoye.” Carerekanye muri make umwuga Yeremiya yakoze mu gihe kirekire guhera mu buto bwiwe gushika kw’isangangurwa rya Yeruzalemu, iryo yari yarabuye abigiranye umwete. Yeremiya yumva ko adashoboye ico gikebere ciwe, mugabo yarakiranguye naho yarwanywa, kandi Yehova yaramurokoye.—Yeremiya 1:8, 18, 19.
Ico gikino cakurikiwe n’insiguro ivuga ngo “Nube nka Yeremiya—Wamamaze Ijambo ry’Imana Udatinya.” Abamamaji b’Ubwami bo mu gihe ca none usanga kenshi ari bo bagirirwa amaporopagande y’ibinyoma kandi abatyoza. (Zaburi 109:1-3) Ariko rero, nka kumwe kwa Yeremiya, turashobora kwihanganira ugucika intege mu guhimbarwa n’Ijambo rya Yehova. Kandi turizigiye tudakeka yuko abaturwanya batazotsinda.
Nkako, insiguro y’icese yavuga ngo ‘Uko Isi Imeze Uku, Kugenda Guhindagurika’ yari ihuje n’igihe. Igihe cacu caranzwe n’amahinduka akomakomeye. Bibiliya yarabuye yuko ibintu nk’ivyo, ushizemwo n’akamo kovuzwe ngo hari “amahoro, nta nkomanzi,” vyoshikanye ku musi w’urubanza w’Imana uteye ubwoba. (1 Ab’i Tesalonike 5:3) Uwo musi uzozana amahinduka meza igitangaza, ni ukuvuga ko hazovaho intambara zose, ububisha, ubukazi eka mbere n’indwara. Aho kwizigira uru runkwekwe rw’ibintu, ubu rero ni co gihe co gukurikirana ivy’ukwibanda ku Mana no kuguma twigenza mu buryo budahumanye.
Incamake y’icigwa c’Umunara w’Inderetsi co muri iyo ndwi yaciye ikurikirwa n’insiguro isozera ihwaniro, yavuga ngo “Tugire Ibikorwa Vyinshi Vyiza bwa Bamamaji b’Ubwami b’Abanyamwete.” Umushikirizansiguro yarerekanye ukuntu iyo porogarama yari yadukabuye mu buryo bw’impwemu ikongera ikaturemesha kwiheka kuri Yehova. Mu gusozera, twahimirijwe kuba abamamaji b’Ubwami bw’Imana badahumanye, barangwa n’urukundo kandi b’abanyamwete.—1 Petero 2:12.
Nta gukeka ko twagize agatima nka kamwe k’abasavyi ba Yehova bo mu gihe ca Nehemiya, dusubira i muhira tunezerejwe n’imihezagiro yo mu vy’impwemu twaronkeye ku Mahwaniro y’Intara yataziriwe ngo “Abamamaji b’Ubwami b’Abanyamwete.” (Nehemiya 8:12) None iryo hwaniro rikora ku mutima ntiryakwujujemwo umunezero be n’umwiyemezo kugira ngo ukomere ku muheto uri umwamamaji w’Ubwami w’umunyamwete?
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 23]
Igikoresho Gishasha Gifasha Kwiga!
Ku nsozero y’umusi wa mbere w’ihwaniro, abari bahari barahimbawe n’isohorwa ry’igitabu gishasha gifise umutwe uvuga ngo Senga Imana Yonyene y’Ukuri. Categuwe kugira tuciganemwo n’abantu barangije kwiga igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera kandi nta gukeka kizokomeza ukwizera kw’abantu “bari mu mero nziza y’umutima ituma baronka ubuzima budahera.”—Ivyakozwe 13:48.
[Abo dukesha ifoto]
Image on book cover: U.S. Navy photo
[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 24]
Ikizodufasha Kwiyegereza Imana Rwose
Ku musi ugira kabiri w’ihwaniro, umushikirizansiguro wa nyuma yaratangaje isohorwa ry’igitabu gishasha gifise umutwe uvuga ngo Niwiyegereze Yehova. Kirimwo ibihimba bine nyamukuru, igihimba kimwekimwe cose kikaba kivuga kamere imwe muri kamere nyamukuru za Yehova, ari zo ububasha, ubutungane, ubukerebutsi n’urukundo. Igihimba kimwekimwe cose c’ico gitabu kirafise ikigabane cerekana ukuntu Yezu Kirisitu biciye mu bikorwa yakoze, yatanze uturorero dukomeye twerekeye kamere z’Imana. Intumbero nyamukuru y’ico gitabu gishasha ni iyo kudufasha no gufasha abo twigana Bibiliya kurushiriza gutsimbataza ubucuti bwa hafi kandi bukomeye tugirana na Yehova Imana.
[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 26]
Ubuyobozi Bwo mu vy’Impwemu Bwerekeye Abakiri Bato
Umusi ugira gatatu w’ihwaniro waranzwe n’isohorwa ry’agapapuro kadasanzwe gafise umutwe uvuga ngo Rwaruka—Muzokoresha Gute Ubuzima Bwanyu? Kagenewe gufasha Ivyabona bakiri bato gufata ingingo zibereye ku biraba kazoza kabo, kakaba gatanga ubuyobozi bushingiye ku Vyanditswe mu bijanye no kwishingira umwuga w’ibihe bidahera mu murimo wa Yehova.