ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/1 rup. 4-7
  • Ikibi Coba Caranesheje?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikibi Coba Caranesheje?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abantu Boba Bashobora Kwitegeka Bagatunganirwa?
  • Shetani Yoba Ashobora Kwonkora Abantu Bose ku Mana?
  • Kazoza Katubikiye Iki?
  • Uzoja ku Ruhande rwa Nde?
  • Umwansi w’Ubuzima Budashira
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Ni Kuki Imana Ireka Abantu Bagacumukura?
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Uraba maso Shetani ashaka kukurotsa!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/1 rup. 4-7

Ikibi Coba Caranesheje?

ICIYUMVIRO c’uko hari urugamba hagati y’inguvu y’iciza n’inguvu y’ikibi rubera ahantu hose, catumye muri kahise kose abanditsi n’abafilozofe badendekeranya ivyiyumviro bidahera. Ariko rero, hariho igitabu kirimwo inkuru zitagira agakosa zivuga ivy’intambara iri hagati y’Imana na Shetani. Ico gitabu ni Bibiliya. Kirahishura ibibazo bijanye n’ayo matati kandi kigatanga n’uburyo bwo kumenya uwatsinze vy’ukuri.

Inyuma gatoyi y’aho wa mugabo n’umugore ba mbere bamariye kuremwa, ikiremwa c’impwemu kitaboneka ari co Shetani wa Mucokoranyi, carahigishije ubutegetsi bw’Imana. Uti gute? Mu kuvuga gihinyika yuko Imana yimye ibintu vyiza ibiremwa vyayo be n’uko abantu bomerewe neza babayeho batisunga Imana.​—Itanguriro 3:1-5; Ivyahishuriwe 12:9.

Hashize igihe, mu misi y’umwe sekuruza w’imiryango Yobu, Shetani yaravyuye ikindi kibazo. Igihe Shetani yarondera gusenyura ukutadohoka ku Mana kwa Yobu, yavuze ati: “Amagara akābga ayandi! Mber’ivy’umuntu atunze vyose yobitanga ku magara yiwe.” (Yobu 2:4) Ese ukuntu kari agahigisho kerekeye abantu bose! Kuba Shetani yarakoresheje imvugo yo muri rusangi “umuntu” aho gukoresha izina Yobu, yatumye haba amakenga ku kutadohoka kw’umuntu wese. Nkako, yemeje ati: ‘Umuntu yokora igishoboka cose kugira akize ubuzima bwiwe. Mpa akaryo gusa urabe ko ntashobora kwonkora abantu bose ku Mana.’

Uwatahukanye intsinzi muri iyo ntambara yabaye hagati y’Imana na Shetani amenyekanishwa n’inyishu y’ibi bibazo bibiri: Umuntu yoba ashobora kwitegeka agatunganirwa? Shetani yoba yarashoboye kwonkora abantu bose ku Mana y’ukuri?

Abantu Boba Bashobora Kwitegeka Bagatunganirwa?

Haraciye imyaka ibihumbi n’ibihumbi abantu bagerageza ubwoko butandukanye bw’ubutegetsi. Uko ibihe vyagiye birarengana, abantu baragerageje ubwoko butandukanye bw’intwaro, nk’intwaro ya cami, intwaro y’abantu b’abakire, demokarasi, otokarasi, Ubufashisiti n’Ubukomunisita. Kubona vyagumye bikenerwa ko abantu bagerageza intwaro zitandukanye ntivyerekana none yuko ubwo buryo butandukanye bwo gutegeka ata co bushoboye?

Uwitwa H. G. Wells yanditse mu gitabu kimwe (A History of the World) casohowe mu 1922, ati: “Abaroma basanze bari mu vy’ukugerageza intwaro nyinshi batanabizi.” Abandanya avuga ati: “Uburyo bwo gutwara bwagumye buhindagurika, ntibwigeze bushika aho buragama na gatoyi. Mu buryo bumwe, ukwo kugerageza intwaro nta co kwashitseko. Mu bundi na ho, ukwo kugerageza intwaro ntiguhera, kandi Uburaya na Amerika muri iki gihe biracariko biragerageza gutorera umuti ingorane z’urusobangane zijanye n’ubuhinga bwo gutegeka kw’isi yose, Abaroma bakaba ari bo ba mbere bagerageje kuzitorera umuti.”

Ukwo kugerageza intwaro kwarabandanije no mu kinjana ca 20. Mu mpera y’ico kinjana, intwaro ya demokarasi ni yo yemewe kuruta izigeze kuhaba. Demokarasi ifatwa ko ari intwaro idakumira umuntu n’umwe. Ariko none, demokarasi yoba yarerekanye yuko umuntu ashobora gutegeka agatunganirwa atisunze Imana? Uwitwa Jawaharlal Nehru yahoze ari umushikiranganji wa mbere mu Buhindi, yavuze ko demokarasi ari nziza, mugabo yongeyeko ati: “Mvuze gutyo kubera yuko ubundi buryo bwo gutwara ari bubi cane.” Uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Ubufaransa Valéry Giscard d’Estaing yavuze ati: “Turiko turibonera ukuntu iyo ntwaro aho abanyagihugu ari bo bitorera ababaserukira igeze ahanyerera.”

Mbere no mu kinjana ca gatanu B.G.C., umufilozofe w’Umugiriki Pulato yarabonye ko hari ikitagenda neza mu bijanye n’ugutegeka mu buryo bwa demokarasi. Nk’uko igitabu kimwe (Histoire de l’idéologie politique) kibivuga, yaravuze yuko “abanyapolitike ata co bazi kandi ko ata co bashoboye, ivyo bikaba ari vyo bitera amabi yose adasanzwe aba mu ntwaro za demokarasi.” Benshi mu banyapolitike bo muri iki gihe baridoga bavuga yuko bigoye kuronka abantu bafise ubuhanga bashobora gukora mu ntwaro. Ikinyamakuru kimwe co muri Amerika (The Wall Street Journal) cavuze yuko abanyagihugu “bashavuzwa n’abategetsi usanga umenga nta co bashoboye igihe ingorane abo banyagihugu bahangana usanga zitoroshe.” Cabandanije kivuga giti: “Ntibahimbarwa na gato igihe basanze abategetsi babo ari abantu b’udutima tubiri kandi barya igiturire mu gihe babituye barondera ubuyobozi.”

Ubu na ho, rimbura ivy’ubutegetsi bw’Umwami Salomo wa Isirayeli ya kera. Yehova Imana yahaye Salomo ubukerebutsi bwibonekeje. (1 Abami 4:29-34) Ihanga rya Isirayeli ryatunganiwe gute mu gihe c’ingoma ya Salomo yamaze imyaka 40? Bibiliya yishura iti: “Abayuda n’Abisirayeli bār’isinzi, bangana n’umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga; kandi bārarya, bāranywa, bakanezerwa.” Iyo nkuru ivuga kandi iti: “Abayuda n’Abisirayeli bībēra amahoro, umuntu wese mu mizabibu yiwe no mu misukoni yiwe, uhereye i Dani ugashitsa i Beri-sheba, igihe cose Salomo yari ku ngoma.” (1 Abami 4:20, 25) Kubera yuko iryo hanga ryategekwa n’umwami w’inkerebutsi aboneka yakora bwa wuserukira Umutegetsi Ruheta ataboneka ari we Yehova Imana, ryaratekaniwe, rirasagamba kandi riragira umunezero bimwe bihebuje.

Ese ukuntu ari itandukaniro rihebuje riri hagati y’ubutegetsi bw’umuntu n’ubutegetsi bw’Imana! Hoba hari umuntu ashobora kuvuga atibesha yuko Shetani yatsinze muri ca kibazo cerekeye ubutegetsi? Habe na mba. Kubera yuko umuhanuzi Yeremiya yavuze ata kwihenda ati: “Uhoraho, nzi yukw inzira umuntu yogenderamwo atari we ashobora kuyigaba; ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe.”​—Yeremiya 10:23.

Shetani Yoba Ashobora Kwonkora Abantu Bose ku Mana?

Shetani yoba yarerewe mu vyo yivugishije yuko ashobora kwonkora abantu bose ku Mana? Mu kigabane c’⁠11 c’igitabu ca Bibiliya c’Abaheburayo, intumwa Paulo aravuga amazina atari make y’abagabo n’abagore b’abizerwa bo mu bihe vy’imbere y’Ubukirisu. Aca avuga ati: “Igihe condengana ndondoye ivya Gideyoni n’ivya Baraki n’ivya Samusoni n’ivya Yefuta n’ivya Dawidi n’ivya Samweli n’ivy’a[bandi] bāvugishwa n’Imana.” (Abaheburayo 11:32) Abo basavyi b’Imana b’intahemuka Paulo avuga gusa ko ari ‘igipfungu kinini c’ivyabona.’ (Abaheburayo 12:1) Ijambo ry’Ikigiriki ryakoreshejwe hano ngo “igipfungu” ntirisobanura igipfungu kiri ukwa conyene, gitomoye gifise ubunini be n’imero bizwi, mugabo risobanura igipfungu kinini umuntu atoshobora kuvuga uko kimeze. Ivyo birabereye kubera yuko abasavyi b’Imana b’abizerwa bo muri kahise babaye benshi ku buryo bw’uko bameze nk’igipfungu kinini. Vyemere, mu binjana n’ibindi, amasinzi y’abantu adaharurika yarakoresheje uburenganzira afise bw’ukwihitiramwo maze ahitamwo kuba intahemuka kuri Yehova Imana.​—Yosuwa 24:15.

Ni igiki tubona muri iki gihe cacu? Igitigiri c’Ivyabona vya Yehova kw’isi yose carongerekanye gushika aho barenga imiliyoni zitandatu n’aho mu kinjana ca 20 bahamwe kandi bakarwanywa bimwe biteye ubwoba. Hariho nk’abandi imiliyoni icenda bifatanya na bo, kandi benshi muri abo bariko baratera intambwe z’ubutisubirako kugira ngo bagiriranire ubucuti bwa somambike n’Imana.

Inyishu y’agakura ku vyo Shetani yirariye avuga yuko ashobora kwonkora abantu kuri Yehova yavuye ku Mwana w’Imana bwite, ari we Yezu Kirisitu. Mbere n’umubabaro mwinshi yagiriye ku giti c’ukubabarizwako ntiwasenyuye ukutadohoka kwiwe. Igihe Yezu yari agira acikane, yasemereye ati: “Data, mu maboko yawe ni ho nshize ubugingo bganje.”​—Luka 23:46.

Shetani akoresha ikintu cose afiseko ububasha, guhera ku nyosha mbi gushika no ku ruhamo rweruye, kugira agerageze kwifatira abantu. Akoresheje “ivyifuzo vy’umubiri, n’ivyifuzo vy’amaso, n’ubgibone bg’ubu bu[zima]” kugira yoshe abantu gukora nabi, ararondera kubatandukanya na Yehova canke kubakwegakwega kugira ngo bamuveko. (1 Yohana 2:16) Shetani kandi ‘yarahumye imitima abatizera kugira ngo umuco ntubakire w’ubutumwa bw’ubwiza bwa Kirisitu ari we shusho y’Imana.’ (2 Ab’i Korinto 4:4) Kandi Shetani ntatinya kwikora kw’iterabwoba no gukoresha ugutinya abantu kugira ashitse intumbero yiwe.​—Ivyakozwe 5:40.

Ariko rero, abari ku ruhande rw’Imana ntibaneshwa na Shetani. Barashitse ku kumenya Yehova Imana no ku ‘kumukunda n’imitima yabo yose n’ubugingo bwabo bwose be n’ubwenge bwabo bwose.’ (Matayo 22:37) Vyemere, ukudahemuka kutanyiganyiga Yezu Kirisitu yagize be n’ukwagizwe n’abantu badaharurika, ni igihinyuza c’uko Shetani wa Mucokoranyi yaneshejwe bimwe bikomeye.

Kazoza Katubikiye Iki?

Abantu boba bazoguma bagerageza ubwoko butandukanye bw’intwaro ibihe vyose? Umuhanuzi Daniyeli yabuye ati: “Ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.” (Daniyeli 2:44) Ubwami Imana yo mw’ijuru ishinga ni intwaro yo mw’ijuru irongowe na Yezu Kirisitu. Ni bwa Bwami nyene Yezu yigisha abayoboke biwe gusenga basaba. (Matayo 6:9, 10) Ubwo Bwami buzosangangura intwaro zose z’abantu “ku ntambara [yimirije] yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose,” ikaba izoshika kw’isi yose.​—Ivyahishuriwe 16:14, 16.

Ni igiki kizoshikira Shetani? Bibiliya idondora ico kintu kizoba iti: “[Umumarayika wa Yehova] afata ca gisato, ni co ya nzoka ya mbere, ni yo Murwanizi irindi ni Satani, akiboha ngo kimare imyaka igihumbi, agikororera i kuzimu, arahadadira, ashirakw ikimenyetso kikirumanya, kugira ngo nticongere kuzimiza amahanga, gushika ah’iyo myaka igihumbi izoshirira.” (Ivyahishuriwe 20:1-3) Shetani amaze gutererwa mu cobo aho ata kintu na kimwe azoba agishobora gukora, ni ho Ingoma ya Yezu Kirisitu y’Imyaka Igihumbi izoca itangura.

Ese ukuntu ico gihe iyi si izoba ari ikibanza ciza utoraba! Ububisha be n’ababutera ntibizoba bikiriho. Bibiliya itanga uyu muhango ugira uti: “Inkozi z’ibibi zizorandurwa, . . . Arikw abagwaneza bazoragwa igihugu, bazonezererwa amahoro y’umusēsekara.” (Zaburi 37:9-11) Nta kintu na kimwe kivuye kw’isoko kanaka, baba abantu canke ibikoko kizohanamira amahoro yabo. (Yesaya 11:6-9) Mbere n’abantu amamiliyoni bagiye ku ruhande rwa Shetani muri kahise bivuye ku kutamenya canke ku kubura akaryo ko kumenya Yehova, bazosubizwa bazima, baheze bahabwe inyigisho iva ku Mana.​—Ivyakozwe 24:15.

Mu mpera y’Ingoma y’Imyaka Igihumbi, isi izosubira kuba iparadizo kandi umuryango w’abantu uzoba uri kuri yo, uzoba ugizwe n’abantu bagarukanywe ku kutagira agasembwa. Maze Shetani azobohorwa ngo amare “igihe gito,” kugira gusa ace asangangurwa akagirire kumwe n’abarwanya ubutegetsi bw’Imana bose.​—Ivyahishuriwe 20:3, 7-10.

Uzoja ku Ruhande rwa Nde?

Ikinjana ca 20 cabaye igihe Shetani yononye ibintu vyinshi kw’isi. Ariko rero, aho kwerekana ko Shetani yatsinze, ibintu bibera kw’isi ni ikimenyetso cerekana yuko turi mu misi ya nyuma y’iyi si mbi. (Matayo 24:3-14; Ivyahishuriwe 6:1-8) Ryaba iyongerekana ry’ubukozi bw’ikibi kw’isi canke ukuntu abantu benshi babona ibintu, muri ivyo vyose nta na kimwe umuntu yofatirako kugira amenye uwatsinze uwo ari we. Ibintu bifatirwako ni ukuraba uwutegeka neza kurusha uwundi be no kuraba niba umuntu wese yasukuriye Imana yabitumwe n’urukundo. Uravye ivyo bintu uko ari bibiri, usanga intsinzi ari iya Yehova.

Niba igihe Shetani yahawe kimaze kugaragaza ko ari umubeshi, ni kubera iki Imana ireka ubukozi bw’ikibi bukabandanya? Yehova ariko aragaragaza ukwihangana “[kubera yuko ata]gomba ko hagira abahona, arikw [a]gomba ko bose bihana.” (2 Petero 3:9) Imana igomba “kw abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ivy’ukuri.” (1 Timoteyo 2:4) Ese wokoresha umwanya usigaye mu kwiga Bibiliya no mu ‘kumenya Imana yonyene y’ukuri n’uwo yatumye Yezu Kirisitu.’ (Yohana 17:3) Ivyabona vya Yehova bazohimbarwa no kugufasha kwironsa ubwo bumenyi kugira ngo na wewe ushobore kwifatanya n’abantu amamiliyoni bahagaze bashikamye ku ruhande rwatahukanye intsinzi.

[Amafoto ku rup. 5]

Mu kuguma ari intadohoka, Ivyabona vya Yehova baragaragaje ko Shetani yaneshejwe

[Ifoto ku rup. 7]

Yehova arafise intahemuka nyinshi ziri ku ruhande rwiwe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika