ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 15/10 rup. 3
  • Ububasha bw’Ikibi Bwoba Buriko Burakora?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ububasha bw’Ikibi Bwoba Buriko Burakora?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Ivyo bijanye
  • Ni nde vy’ukuri atwara isi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ukuntu iciza kizonesha ikibi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Umutware yihishije w’isi ashirwa ahabona
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Bibiliya ibivugako iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 15/10 rup. 3

Ububasha bw’Ikibi Bwoba Buriko Burakora?

“Isi yafashwe n’iserěri, nk’aho hoba hariho ububasha nsigabwenge buriko buragerageza kuzibira uburyo bwose bwo gutabara bushoboka.”​—Umumenyeshamakuru w’Umufaransa Jean-Claude Souléry.

‘Inyiyumvo umuntu agira zo kwumva ko ata co ashoboye zisa n’iziserura iciyumviro c’uko hariho ikibi kirengeye umuntu kiriko kirakora.’​—Umutohozakahise Josef Barton.

IKINTU c’agacavutu nyako carabaye kw’igenekerezo rya 11 Nyakanga 2001. Ibitero vya bagaterabwoba vyaratumye abantu benshi bazirikana cane. Mu kwandika mu kinyamakuru kimwe (England’s Financial Times), Michael Prowse yavuze ati: “Nta gikoko na kimwe cokoze canke coshoboye gukora mu buryo nk’ubwo bwa runyamaswa.” Ikiganiro kimwe co mu kinyamakuru (New York Times) giserura ivyiyumviro vy’abanditsi cavuze yuko uretse imyiteguro ico gitero casaba, “birahambaye cane kurimbura ukuntu urwanko rwari ruhari rutegerezwa kuba rwari rungana kugira ngo ico gitero kigirwe. Ni urwanko rurengeye kure n’iyo amasezerano y’ivy’indwano, urwanko rutagira akarimbi, urwanko ruteye kubiri n’ivyemeranijwe.”

Abantu bafise ukwemera gutandukanye barazirikanye ku vy’uko hashobora kuba hariho ububasha bw’ikibi bunaka buriko burakora. Hari umudandaza umwe ava muri Sarajevo yiboneye ibintu vy’agacavutu bitewe n’urwanko rushingiye ku moko vyabaye muri Bosiniya yavuze ati: “Kubera yuko haheze umwaka intambara yo muri Bosiniya iriko iraba, niyumvira yuko Shetani ari we yifatiye ibintu vyose mu minwe. Ubwo ni ubusazi nya busazi.”

Igihe umutohozakahise Jean Delumeau bamubaza nimba yemera ko Shetani abaho, yishuye ati: “Noshobora gute guhakana ububasha bw’ikibi mu gihe mbona ibiriko biraba n’ivyabaye kuva nkivuka: Intambara ya kabiri y’isi yose yahitanye abantu barenga imiliyoni 40; ya mabi yakorerwa i Auschwitz be na ya makambi y’itunatuniro yapfiramwo abantu benshi; rya honyabwoko ryo muri Kambodiya; kwa gutwaza umukazo kw’intwaro ya Ceauşescu [Soma, Coshesku] kwaranzwe n’ugusesa amaraso; ugutotezwa kugirwa nka bwo buryo bwo gukora bw’intwaro zo mu mihingo myinshi yo kw’isi. Ibintu vy’agacavutu vyabaye ntitwobidondagura ngo tubimare. . . . Ni co gituma nibaza yuko dufise imvo yumvikana yo kuvuga yuko ibikorwa nk’ivyo ari ‘ivya Shetani,’ atari uko biterwa n’Ishetani ifise amahembe be n’ibinono, ahubwo biterwa n’Ishetani igereranya impwemu be n’ububasha bw’ikibi bukorera kw’isi.”

Nka kumwe kwa Jean Delumeau, abantu benshi badondora ibintu vy’agacavutu biriko biba muri iki gihe mu kibano c’abantu yuko ari “ivya Shetani,” bikaba bihera mu muryango bikagenda gushika no mu mahanga yose. Mugabo none ivyo bisobanura iki? Ibintu vy’agacavutu nk’ivyo vyoba bikwiye kwitirirwa ububasha bw’ikibi butabaho, canke hoba hari ububasha nya bubasha bw’ikibi bukora, buriko busunikira abantu ku gukora ibibi vy’agahomerabunwa birengeye ububi bw’umuntu busanzwe? Ububasha nk’ubwo bwoba butegurwa kandi bugahagarikirwa n’umuganwa w’ikibi, ari we Shetani wa Mucokoranyi?

[Abo dukesha ifoto ku rup. 3]

Abana: U.S. Coast Guard photo

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika