ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 1/10 rup. 32
  • Woba Ukwiye Kuba Sindabinezwe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba Ukwiye Kuba Sindabinezwe?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 1/10 rup. 32

Woba Ukwiye Kuba Sindabinezwe?

ABANTU batari bake vyoshika bakumva yuko ari ugukezwa iyo umuntu avuzwe ko ata co yinona, atekereje, ata co ibintu bimutwaye. Ariko rero, iyo kamere kenshi ishobora guhinduka ikaba sindabinezwe. Bibiliya ivuga iti: “[“Ukuba sindabinezwe,” NW] kw’imburabgenge kuzozica.” (Imigani 1:32) Ivyo bisobanura iki?

Izindi mpinduro za Bibiliya zihindura ijambo ry’Igiheburayo ryo mu ntango mu gukoresha izi mvugo ngo “ukutitaho” (American Standard Version), “kwumva ko ata co ubuze” (The New American Bible), be n’“ukuba ata co winona.” (The New English Bible) Muri ubwo buryo, ukuba sindabinezwe kurafitaniye isano n’ubunebwe be n’urwangara, ku bw’ivyo rero bikaba bifitaniye isano n’ukuba imburabwenge canke ikijuju.

Mu kinjana ca mbere, Abakirisu bo mw’ishengero ry’i Lawodikiya ntibitaho ivy’uko hari ivyo babuze mu vy’impwemu. Barirata bavuga ko ‘ata co bakenye.’ Yezu Kirisitu yarabakosoye, abasaba gusubira kugira umwete bahorana mu Bukirisu.​—Ivyahishuriwe 3:14-19.

Ukutanegwa ibintu ni kwo kandi kwaranga abantu bo mu gihe ca Nowa. Bitwararika ibintu vy’ubuzima bwo mw’isi, “bārarya, bāranywa, bārarongora, bārashingira, . . . ntibagira ico bamenya kugeza ah’umwuzure waziye ubatwara bose.” Yezu yaciye yongerako ati: “[N]i k’uku[haba] kw’Umwana w’umuntu kuzomera.”​—Matayo 24:37-39.

Ubuhanuzi bwa Bibiliya bwarangutse burerekana yuko tubayeho mu gihe c’“uku[haba] kw’Umwana w’umuntu,” Yezu Kirisitu. Ese tutokwigera tugira agatima ko kwumva ko ata co twinona, ko kutagira ico twitayeho, ko kuba ba sindabinezwe.​—Luka 21:29-36.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika