ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 15/9 rup. 32
  • “Andōngōrera i Ruhande y’Amazi Adasūma”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Andōngōrera i Ruhande y’Amazi Adasūma”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 15/9 rup. 32

“Andōngōrera i Ruhande y’Amazi Adasūma”

MU NTARA zishushe zo mu bihugu bivugwa muri Bibiliya, intama zikenera kunywa amazi imisi yose. Ku bw’ivyo, uruhara ruhambaye rw’igikorwa umwungere akora ni ukuronsa amazi umukuku wiwe. Rimwe na rimwe abungere baraha amazi imikuku yabo mu kuyasuka mu bigomero bayakuye kw’iriba kugira ngo intama zishobore kunywa. (Itanguriro 29:1-3) Ariko rero, mu bihe vy’imvura ni ho canecane akarere gakikuje imigezi mitomito be n’inzuzi ntonto kaba ahantu ‘hatotahaye, ho kuruhukira.’​—Zaburi 23:2, NW.

Umwungere mwiza ategerezwa kumenya aho ashobora gusanga amazi n’uburagiro bwiza ku bw’umukuku wiwe. Ukuba azi neza akarere biratuma intama ziwe zibandanya kubaho. Dawidi, uwamaze imyaka myinshi aragira intama mu mirambi y’i Yudaya, yagereranije ubuyobozi bwo mu vy’impwemu bw’Imana n’ubw’umwungere ayobora intama ziwe ku buragiro bwiza no ku mazi atanga ubuzima. Dawidi yavuze ati: “Andōngōrera i ruhande y’amazi adasūma.”​—Zaburi 23:1-3.

Haciye imyaka n’iyindi, Yehova abicishije ku muhanuzi Ezekiyeli yarakoresheje ikigereranirizo nk’ico nyene. Yasezeranye kwegeranya abasavyi biwe abakuye mu bihugu bari barasabagiyemwo, nk’uko umwungere yegeranya intama ziwe. Yabakuye amazinda ati: “Nzozizana ndazishikane mu gihugu cazo bgite; nzoziragira ku misozi y’i Bgisirayeli, i ruhande y’imigende y’amazi.”​—Ezekiyeli 34:13.

Yehova Imana aritwararika rwose na none ivyerekeye ugutanga amazi yo mu vy’impwemu. Igitabu c’Ivyahishuriwe kiravuga “uruzi rw’amazi y’ubu[zima]” ruva ku ntebe y’Imana. (Ivyahishuriwe 22:1) Ubutumire bwo kunywa kuri urwo ruzi bushika ku bantu bose. ‘Uwugomba arashobora kwakira amazi y’ubuzima ku buntu.’​—Ivyahishuriwe 22:17.

Ayo mazi y’ubuzima y’ikigereranyo agereranya intunganyo Imana yashizeho kugira ngo abantu baronke ubuzima budahera. Uwo ari we wese arashobora gutangura kunywa ku mazi nk’ayo mu ‘kwakira ubumenyi bwerekeye Imana yonyene y’ukuri n’uwo yatumye, Yezu Kirisitu.’​—Yohana 17:3.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika