ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 15/9 rup. 30
  • Ibibazo vy’Abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’Abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Ivyo bijanye
  • Shetani yoba abaho?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Imana Itora Dawidi
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • ‘Iraba mu mutima’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Umuntu ahimbara umutima wa Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 15/9 rup. 30

Ibibazo vy’Abasomyi

• Lusiferi ryoba ari izina Bibiliya ikoresha mu kuvuga Shetani?

Izina Lusiferi riboneka incuro imwe gusa mu Vyanditswe, na ho nyene akaba ari mu mpinduro zimwezimwe za Bibiliya. Nk’akarorero impinduro imwe (King James Version) ihindura Yesaya 14:12 uku: “Ewe kuntu ukorotse uvuye kw’ijuru, Lusiferi we, wa mwana w’agatondo!”

Ijambo ry’Igiheburayo ryahinduwe ngo “Lusiferi” risobanura “uwukayangana.” Impinduro yitwa Septante ikoresha ijambo ry’Ikigiriki risobanura ngo “uwuzana umutwenzi.” Ni co gituma impinduro zimwezimwe zihindura ijambo ry’Igiheburayo ryo mu ntango ngo “inyenyeri yo mu gatondo” canke “Inyenyeri yo mu gaturuturu.” Mugabo, impinduro y’Ikilatini Vulgate ya Jérôme ikoresha ijambo “Lusiferi” (uwutwara umuco), ivyo na vyo bikaba bisigura igituma iyo mvugo iseruka mu mpinduro zitandukanye za Bibiliya.

Uyo Lusiferi ni nde? Imvugo ngo “uwukayangana” canke “Lusiferi,” tuyisanga mu vyo Yesaya yabwirije Abisirayeli kuvuga mu buryo menyeshakazoza, mu “kwitamba ku muvyimba umwami w’i Babuloni.” Ni co gituma ari amwe mu majambo yari yerekeye ahanini urukurikirane rw’abami bo mu muryango w’abatwara Babiloni. Kuba iyo ndondoro “uwukayangana” ihabwa umuntu ntihabwe ikiremwa c’impwemu, bibonekera kandi ku majambo agira ati: “Uzomanurwa, ushike i kuzimu [“Sheoli,” NW].” Sheoli ni imva rusangi y’abantu bose, si ikibanza ciharijwe na Shetani wa Mucokoranyi. Ikindi kandi, ababona Lusiferi ashikanywe i kuzimu babaza bati: “Mbeg’uyu [“muntu,” “NW”] ni we yahindisha isi agashitsi?” Biragaragara ko ijambo “Lusiferi” ryerekeza ku muntu, atari ku kiremwa c’impwemu.​—Yesaya 14:4, 15, 16.

Kubera iki urukurikirane rw’abami bo mu muryango w’abatwara Babiloni rwadondowe mu buryo bukomeye gutyo? Dutegerezwa gutahura yuko umwami wa Babiloni yiswe uwukayangana inyuma gusa y’itemba ryiwe, kandi akaba ari mu buryo bw’agashinyaguro. (Yesaya 14:3) Ubwibone burangwa n’ubwikunzi bwasunikira abo bami ba Babiloni kwishira hejuru y’ababakikije. Ubwishime bw’abo bami bwari bwinshi ku buryo badondorwa birarira bati: “Nzodūga nje mw ijuru, nkuze ingoma yanje isumbe inyenyeri z’Imana; . . . Nzovyagira ku musozi w’ikoraniro mu ruhande rw’impera y’i burārūko; . . . nzoba nk’Īsumba vyose.” ​—Yesaya 14:13, 14.

“Inyenyeri z’Imana” ni abami bo mu ruvyaro rwa cami rwa Dawidi. (Guharūra 24:17) Guhera kuri Dawidi, izo “nyenyeri” zategetse ziri ku Musozi Siyoni. Salomo amaze kwubaka urusengero i Yeruzalemu, iryo zina Siyoni ryahavuye rikoreshwa mu kuvuga igisagara cose uko kingana. Mu gihe c’isezerano ry’Ivyagezwe, Abisirayeli bose b’igitsina-gabo bategerezwa gufata urugendo gatatu mu mwaka bakaja i Siyoni. Ni co gituma hacitse “[u]musozi w’ikoraniro.” Mu kwiyemeza kwiganzira abami b’Ubuyuda no kubakura kuri uwo musozi, Nebukadinezari ariko aratangaza imigabo afise yo kwishira hejuru y’izo “nyenyeri.” Aho kwitirira Yehova intsinzi yagize kuri bo, n’ubwishime n’akantu yishize mu kibanza ca Yehova. Rero, inyuma yo gutembagazwa gushika hasi, ni ho mu buryo bw’agashinyaguro abo bami ba Babiloni bataziriwe ngo “uwukayangana.”

Ubwibone bw’abatware ba Babiloni, koko bwabaye nk’inyifato y’“imana y’iki gihe,” ari yo Shetani wa Mucokoranyi. (2 Ab’i Korinto 4:4) Na we nyene aranohokera ubutegetsi akongera agacambirwa kwishira hejuru ya Yehova Imana. Mugabo Lusiferi si izina rihabwa Shetani mu Vyanditswe.

• Ni kubera iki mu 1 Ngoma 2:13-15 herekana ko Dawidi ari umuhungu w’indwi wa Isayi, mu gihe 1 Samweli 16:10, 11 herekana ko yari uw’umunani?

Umwami Sauli wa Isirayeli ya kera amaze gutera ibitugu ugusenga kw’ukuri, Yehova Imana yararungitse umuhanuzi Samweli gusiga amavuta umwe mu bahungu ba Isayi, ngo azobe umwami. Inkuru iva ku Mana y’ico kintu cabaye muri kahise yanditswe na Samweli ubwiwe mu kinjana ca 11 B.G.C., yerekana ko Dawidi yari umuhungu w’umunani wa Isayi. (1 Samweli 16:10-13) Yamara rero, inkuru yanditswe na Ezira umuherezi haheze nk’imyaka 600, ivuga iti: “Isayi avyara Eliyabu, imfura yiwe, uwa kabiri ni Abinadabu, uwa gatatu ni Shimeya, uwa kane ni Netaneli, uwa gatanu ni Radayi, uwa gatandatu ni Osemu, uw’indwi ni Dawidi.” (1 Ngoma 2:13-15) Vyagendeye gute umwe muri benewabo na Dawidi, kandi ni kubera iki Ezira akuramwo izina ryiwe?

Ivyanditswe bivuga yuko Isayi “yar’afise abahungu [u]munani.” (1 Samweli 17:12) Bisa n’uko umwe mu bahungu biwe atabayeho igihe kirekire bihagije ku buryo yubaka urwiwe akibaruka ibibondo. Kubera yuko ata ruvyaro yaronse, ntiyogize uruhara mu gutorana mu muryango akomokamwo, eka kandi ntivyokenewe ko ashirwa mu nkuru z’uruvyaro rwamuka kuri Isayi.

Ubu na ho, nimuze tuzirikane ivyo mu misi ya Ezira. Rimbura ukuntu ibintu vyari vyifashe igihe yakorakoranya inkuru z’ivyo ku Ngoma. Abayuda bari bamaze nk’imyaka 77 ubunyagano bw’i Babiloni burangiye, kandi bari basubiye kugerera mu gihugu cabo. Umwami w’Ubuperesi yari yarekuriye Ezira kugena abacamanza n’abigisha b’Ivyagezwe vy’Imana, be no gushariza ingoro ya Yehova. Vyari bikenewe ko haba urutonde rutagiramwo agakosa rw’amamuko y’umuntu wese, kugira ngo bemeze uko ivy’ugutorana vyogenze bisunze imiryango, bongere barabe neza ko abantu babikwiriye ari bo gusa basukura mu kibanza c’ubuherezi. Ni co gituma Ezira yateguye inkuru yuzuye ya kahise k’iryo hanga, harimwo n’amakuru atomoye kandi yizigirwa yerekeye abamuka kuri Yuda no kuri Dawidi. Izina ry’umuhungu wa Isayi yapfuye atavyaye ntiryobaye rikenewe. Ni co gituma Ezira yakuyemwo izina ry’uwo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika