Abantu Benshi Muri Kino Gihe Barirukira “Aberanda”
“Uribuka igihe twasa n’abadashaka kwumva ivyerekeye abitanzi? Ivyo vyasa n’uko ata co bibwira Abanyamerika imiliyoni 4,2 bitegereje ibirori vy’amaziko vya Mama Tereza kw’igenekerezo rya 13 Nyakanga. Kuva aho apfiriye kw’igenekerezo rya 5 Nyakanga, abantu baracucagiye Vatikano amakete basaba ko agirwa umweranda mu buryo bwemewe. Abantu bakeyi ni bo bakeka ko ivyo bizoshika.”—Sun-sentinel, Leta zunze Ubumwe za Amerika, igenekerezo rya 3 Gitugutu 1997.
IGIKORWA c’ubugiraneza kandi kiranga urukundo umumisiyonari w’Umugatolika yitwa Mama Tereza yakoze, abantu benshi bagifata ko ari co cerekana ubweranda nyakuri ico ari co. Abantu b’abitanzi barabaho no mu yandi madini. Ariko rero, nta numwe kumbure yemerwa icese nk’uko Ekeleziya Gatolika y’i Roma ibigira ku bo yemeza icese ko ari aberanda.
Papa Yohani Paulo wa 2 yaremeje icese abantu barenga 450 ko ari aberanda mu kiringo amaze atwara ari umupapa, bakaba ari benshi kuruta abo abandi bapapa bose bo mu kinjana ca 20 ubafatiye hamwe bemeje icese ko ari aberanda.a Ni kubera iki abantu baguma birukira abitwa “aberanda” kandi benshi muri bo batanazwi cane mu Bagatolika muri rusangi?
Umunyatewolojiya Lawrence Cunningham wo kuri kaminuza imwe (Notre Dame University) asigura ati: “Abantu barashimishwa n’iciyumviro c’uko hariho aberanda mw’isi. Kwemera icese ko hariho aberanda birerekana ko kugira ubuzima bw’ukwitanga bishoboka, mbere no muri iki gihe.” Vyongeye, bivugwa ko “aberanda” bafise uburenganzira budasanzwe bwo kwishikira ku Mana, bigatuma baba abakandizi kirumara ku bakiriho. Igihe ibisigi canke ibisigarira vy’umubiri w’“umweranda” bitowe, baravyambaza kubera abantu bemera ko hariho ububasha buva muri vyo.
Icegeranyo c’Ikatikisimu gishingiye kuri ya Nama y’Ekeleziya y’i Trent casohowe mu kinjana ca 16 kugira hasubire kwemezwa amategeko Gatolika igenderako cashikirije ibi: “Turemeje mu gusozera yuko, gutera iteka aberanda ‘bapfiriye mu Mukama,’ gusaba ko baba abakandizi be no kugaragariza icubahiro kigera kure ibisigi vyabo be n’ibisigarira vy’imibiri yabo, aho kugabanura ubuninahazwa bw’Imana bibwongereza cane riho, mu buryo bw’uko bituma icizigiro c’Umukirisu kigirwa kizima kandi kigakomezwa, akanavyurirwa umutima wo kwigana kamere zabo.” (The Catechism of the Council of Trent, 1905) Nta gukeka ko Abakirisu b’ukuri bashaka kugira ubuzima budahumanye, kwiyegereza Imana mu buryo bubereye no kuronka imfashanyo iva kuri yo. (Yakobo 4:7, 8) Ku bw’ivyo, twisunze uko Ijambo ry’Imana rivuga, ni bande bakwije ibisabwa kugira babe aberanda nyakuri? Kandi bafise uruhara uruhe?
[Akajambo k’epfo]
a Kwemeza ko umuntu ari umweranda mu buryo buzwi, ni ukwemera icese ko nya muhisi wo muri Gatolika y’i Roma akwiriye kwambazwa mw’isi yose kandi ko ari itegeko.