Ubushobozi bwo Kwiyumvira Bushobora Gute Kukurinda?
IMIPFUNDA miremire irateye igomwe kuyitegereza, ariko ku basozabwato, isigura ingeramizi. Ivyo bisebuzi bishobora kubatwara agatwe.
Mu buryo nk’ubwo, abasavyi b’Imana bashobora guhangana n’imikazo irushiriza kwongerekana ibahanamiye. Ushobora kuba waramenye yuko ibigeragezo be n’inyosha mbi bikurakuranwa bisagiriza Abakirisu. Nta nkeka ko ushaka kubizibira ushimitse, ukaba wiyemeje kwirinda ivy’ugusaba nk’ubwato mu vy’impwemu. (1 Timoteyo 1:19) Ubushobozi bwo kwiyumvira ni umuce uhambaye mu vy’ukwirwanira kwawe. Ubushobozi bwo kwiyumvira ni iki, kandi umuntu aburonka gute?
Ijambo ry’Igiheburayo ryahinduwe ngo “ubushobozi bwo kwiyumvira” (NW) ari ryo mezim·mah,’ rivuye mw’ijambo ry’inkomoko risigura “gutegura canke kugira umugambi.” (Imigani 1:4) Kubera ico, Bibiliya zimwezimwe zihindura ijambo mezim·mahʹ ngo: “ukwigengesera” canke “ukubona kure.” Incabwenge mu vya Bibiliya Jamieson, Fausset na Brown zidondora mezim·mah’ ko ari “ukuba maso umuntu agira kugira ahunge ububisha maze aronke ivyiza.” Ivyo birimwo kurimbura ingaruka ibikorwa vyacu bigira zaba iziza haciye igihe kirekire canke iziza ubwo nyene. Dufise ubushobozi bwo kwiyumvira, tuzorimbura twitonze amahitamwo tugira imbere yo kugira ico dukoze, canecane igihe hategerezwa gufatwa ingingo zihambaye.
Igihe umugabo afise ubushobozi bwo kwiyumvira afata ingingo zerekeye kazoza canke zerekeye ibintu aba arimwo, abanza gusuzuma impanuka be n’imitego bishobora kubamwo. Amaze kumenya neza ingeramizi zishoboka, ararondera ukuntu ashobora kuzikinga, akarimbura ico bikora ku bamukikuje n’abo bifatanya. Gutyo arashobora gutegekanya ingendo izomuviramwo ikintu ciza, kumbure ikamuviramwo umuhezagiro w’Imana. Nimuze turimbure uburorero bumwebumwe ngirakimazi bwerekana ubwo buryo umuntu yobigenza.
Niwirinde Umutego w’Ubushegabo
Igihe umuyaga utwaye imipfunda ikomeye ukayisuka ku mpanza, ari co gihimba c’imbere c’ubwato, kiba ari igihe ubwato buhakwa kuzama. Abasozabwato, ubwato bwabo buhakwa kwiyubika, kiretse bakoze uko bashobora kugira ngo batumbereze impanza ku muyaga.
Duhangana n’ibintu nk’ivyo nyene, kubera ko tuba mw’isi yatwawe n’ivy’uguhuza ibitsina. Ku musi ku musi, turahangana n’imipfunda y’ivyiyumviro be n’amasanamu bikabura inyiyumvo z’umubiri. Ntidushobora kwirengagiza ingaruka bishobora kugira ku vyipfuzo vyacu vy’igitsina bisanzwe. Dutegerezwa gukoresha ubushobozi bwo kwiyumvira, maze tugahangana n’inyosha mbi ubutisubirako aho gupfa kwisuka mu bintu biteye akaga.
Nk’akarorero, abagabo bakirisu akenshi bakorana n’abantu bubaha buhoro abakenyezi, babafata nk’abantu bo kwimarirako inambu y’umubiri gusa. Abo bakorana bashobora kugerageza kuryosha ibiyago vyabo bakoresheje ibitwenza vy’ubushegabo kandi bahengamiye ku gitsina. Ahantu nk’aho hoshobora impera n’imperuka guteragira ivyipfuzo vy’ubushegabo mu muzirikanyi w’Umukirisu.
Umuvukanyikazi mukirisu na we nyene ashobora gukoreshwa mu kazi, hanyuma maze agashikirwa n’ingorane. Yoshobora kuba akorana n’abagabo be n’abagore badakurikiza ingingo mfatirwako z’inyifato runtu nk’iziwe. Kumbure umwe mu bagabo bakorana agaragaza ko amushima. Mu ntango, ashobora kuba amufatana icubahiro, mbere akamwubaha kubera ivyiyumviro vyiwe vyo mu vy’idini. Uko aguma amushinga ijisho kandi akama ari hafi yiwe, vyoshobora gutuma uwo muvukanyikazi ashaka ko bagiranira ubucuti bwa hafi.
Kubera ko turi Abakirisu, ubushobozi bwo kwiyumvira bushobora gute kudufasha mu bihe nk’ivyo? Ubwa mbere, burashobora gutuma tuba maso ku ngeramizi zo mu vy’impwemu, ubwa kabiri, bukatuvyurira umutima wo gutegekanya inyifato ibereye. (Imigani 3:21-23) Mu bihe nk’ivyo, umuntu arashobora kurungikira ubutumwa butomoye abo bakorana akababwira yuko ingingo mfatirwako zacu ziri ukwazo kubera ivyo twemera bishingiye ku Vyanditswe. (1 Ab’i Korinto 6:18) Ivyo tuvuga n’uburyo twigenza birashobora gushimangira ubwo butumwa. Vyongeye, imigenderanire tugirana n’abo dukorana vyokenerwa ko iba mike.
Ariko rero, imikazo y’ivy’ubushegabo ntigarukira ku kazi gusa. Irashobora kandi kwaduka mu gihe abubakanye baretse ingorane zikanyoha ubumwe bafitaniye. Hari umusuku w’ingenzi yavuze ibi: “Isambuka ry’umubano ntiripfa gusa kwaduka. Umugabo n’umugore bashobora kugenda baritandukanya buhorobuhoro, bakavugana gake, canke bakamara umwanya bari kumwe gake. Bashobora gukurikirana amatungo y’ivy’umubiri kugira ngo baronke ikibuze mu mubano wabo. Kandi, kubera ko n’ivyo kwubahana usanga atavyo bakunda kugira, bashobora kwumva bakwegerewe ku bandi bantu badasangiye igitsina.”
Uwo musuku azi utuntu n’utundi yabandanije ati: “Abubakanye bakwiye kwama bicara hamwe, maze bakarimbura niba hari ikintu coba kiriko kironona ubucuti bafitaniye. Bakwiye gutegekanya ukuntu bashobora kwiga, gusenga no kwamamaza bari kumwe. Bokwungukira cane ku kuganira bari ‘mu nzu, mu nzira, igihe baryamye, be n’igihe bavyutse,’ nk’uko nyene abavyeyi n’abana babigira.”—Gusubira mu Vyagezwe 6:7-9.
Guhangana n’Inyifato Itaranga Ubukirisu
Uretse kudufasha guhangana n’inyosha mbi zibangamira inyifato runtu tukererwa, ubushobozi bwo kwiyumvira burashobora kandi kudufasha guhangana n’ingorane tugiranira n’Abakirisu bagenzi bacu. Igihe umuyaga utwaye imipfunda ukayisuka kw’itenzi, ari co gihimba c’inyuma c’ubwato, kiba ari igihe ubwato buhakwa kuzama. Imipfunda irashobora guterura itenzi ikarihengekera ku ruhande. Ivyo bituma umukono w’ubwato uherera iyo imipfunda izanana, maze ikabangamira ubwato.
Na twebwe nyene twoshobora kworohera ingeramizi ziza ziturutse ahantu tutari twiteze. Dusukurira Yehova “[du]huje inama” turi kumwe n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bakirisu b’abizerwa benshi. (Zefaniya 3:9) Hagize umwe muri bo akora mu buryo butaranga Ubukirisu, bishobora gusa n’ugusenyura ukwizigirana, maze bigashobora kuduteza umubabaro ukomeye. Ubushobozi bwo kwiyumvira bushobora gute kudukingira gutakaza uburimbane no kubabara birenze urugero?
Ibuka ko “ata muntu adacumura.” (1 Abami 8:46) Ku bw’ivyo, ntibikwiye kudutangaza kuba mu gihe kinaka umuvukanyi mukirisu yoshobora kudushavuza canke kutugirira nabi. Kubera ivyo tubizi, turashobora kwitegurira ico kintu coshobora gushika maze tukazirikana ukuntu dukwiye kuvyifatamwo. Intumwa Paulo yavyakiriye gute igihe bamwebamwe mu bavukanyi biwe bakirisu bamuvuga mu buryo bubabaza, bumukurako urupfasoni? Aho gutakaza uburimbane bwiwe bwo mu vy’impwemu, yasozereye avuga ko kwemerwa na Yehova ari vyo vyari bihambaye kuruta kwemerwa n’abantu. (2 Ab’i Korinto 10:10-18) Inyifato nk’iyo izodufasha kwirinda guca tugira ico dukoze ubwo nyene igihe badusomborokeje.
Hari ukuntu bisa n’ugutsitara kw’ino. Igihe ivyo bishitse, dushobora kudaca tuvyiyumvira twitonze mu munuta umwe canke ibiri. Mugabo, umubabaro umaze kugabanuka, turashobora kuzirikana no gukora mu buryo busanzwe. Muri ubwo buryo nyene, ntidukwiye guca tugira ico dukoze ubwo nyene kw’ijambo rinaka rivuzwe ritaranga ubuntu canke ku kintu kinaka gikozwe kitaranga ubuntu. Ahubwo, nuruhuke hanyuma urimbure ingaruka zohaba hamwe woca wihora.
Malcolm, umumisiyonari abumazemwo imyaka, arasigura ico agira igihe agiriwe nabi. Avuga ati: “Intambwe ya mbere ntera ni iyo kuja kuraba ku rutonde nagize rw’ibibazo: Noba narakiye uyu muvukanyi kubera yuko kamere zacu zidahuza? Ivyo yavuze vyoba vy’ukuri bihambaye? Imvune malariya yansizemwo zoba zituma inyiyumvo zanje zongerekana? Noba nza kubona ibintu mu bundi buryo mu masaha makeyi?” Nk’uko Malcom yabibonye, akenshi ukutumvikana ntikuba guhambaye, kandi umuntu arashobora kukwirengagiza.a
Malcolm yongerako ati: “Rimwe na rimwe, naho ngira utwigoro twose kugira ngo ntorere umuti ivyo bintu, agatima uwo wundi muvukanyi agaragaza kaguma ari akataranga ubugenzi. Ndagerageza kutareka ngo ivyo bimbuze amahoro. Maze gukora ivyo nshobora vyose, nca mbona ivyo bintu mu bundi buryo. Mu muzirikanyi wanje, ico kintu ndagishira ‘ku ruhande, nkagifata nk’ikintu gishobora gutorerwa umuti haciye igihe, aho kukibona nk’ikintu nkwiye ubwanje gutorera umuti.’ Sindeka ngo kingirire nabi mu buryo bw’impwemu, canke ngo kigire ico gikoze ku bucuti mfitaniye na Yehova be n’abavukanyi banje.”
Nk’ukwo kwa Malcolm, ntidukwiye kureka ngo ukwigenza nabi kw’umuntu umwe kutubuze amahoro bimwe birenze. Mw’ishengero rimwerimwe ryose harimwo abavukanyi n’abavukanyikazi bahimbaye, kandi b’abizerwa. Ni agahimbare kugendera mu nzira ya gikirisu “[d]uhuje umutima “ na bo. (Ab’i Filipi 1:27) Kwibuka imfashanyo iranga urukundo itangwa na Data wa twese wo mw’ijuru bizodufasha kandi kuguma tubona ibintu mu buryo bwiza.—Zaburi 23:1-3; Imigani 5:1, 2; 8:12.
Ukudakunda Ibintu vy’Isi
Ubushobozi bwo kwiyumvira burashobora kudufasha guhangana n’uwundi mukazo winyegeje. Igihe umuyaga utwaye imipfunda ukayisuka ku mukono w’ubwato, ni ukuvuga ku ruhande rwabwo, kiba ari igihe ubwato buhakwa kwiyubika. Igihe ikirere kimeze neza, mwene uwo mukuba ushobora buhorobuhoro gusunika ubwato bugatera buta inzira. Ariko rero, mu gihe c’igihuhusi, mwene uwo mukuba ushobora gutuma ubwato bwiyubika.
Muri ubwo buryo nyene, niba dutwawe n’umukazo wo kwinovora ibintu vyose isi y’ububisha ishaka gutanga, ubwo buryo bwo kubaho bushingiye ku maronko burashobora gutuma duhusha ingendo mu buryo bw’impwemu. (2 Timoteyo 4:10) Tutisuzumye, ugukunda isi amaherezo kwoshobora gutuma duheba rwose ingendo yacu ya gikirisu. (1 Yohana 2:15) Ubushobozi bwo kwiyumvira bushobora gute kutubera rufasha?
Ubwa mbere, buzodufasha kurimbura ingeramizi dushobora guhura izo ari zo. Isi ikoresha urwenge rwose rushoboka rwo mu vy’ubucuruzi kugira idukwegere. Iguma iremesha uburyo bwo kubaho bwose bufatwa ko umwe wese ari bwo akwiye gukurikirana, ni ukuvuga kwa kuntu abatunzi, abantu ba rurangiranwa be n’abantu basa n’“aberewe” barata uburyo bwabo bwo kubaho. (1 Yohana 2:16) Idusezeranira ko umuntu wese azodutamarira kandi akatwemera, canecane abo mu runganwe rwacu n’ababanyi bacu. Ubushobozi bwo kwiyumvira buzodufasha kwamirira kure iyo poropagande, mu kutwibutsa akamaro ko ‘kuguma twirinda ugukunda amahera,’ kubera ko Yehova yadusezeraniye yuko ‘ataho azoduhemukira.’—Abaheburayo 13:5.
Ubugira kabiri, ubushobozi bwo kwiyumvira buzoturinda ivy’ugukurikira abantu “bāzimiye bakava mu vy’ukuri.” (2 Timoteyo 2:18) Biragoye cane kubeshuza abantu twashimye kandi twizigiye. (1 Ab’i Korinto 15:12, 32-34) Naho abantu bahevye ingendo ya gikirisu botugirako akosho na gatoyi, vyoshobora gutangira iterambere ryacu ryo mu vy’impwemu, maze amaherezo bikaduta mu kaga. Twoshobora kumera nk’ubwato bukebeje gatoyi bugata iyo bwariko buraja. Bumaze kugira urugendo rurerure, bwoshobora gusanga bwahushije cane iyo bwariko buraja.—Abaheburayo 3:12.
Ubushobozi bwo kwiyumvira burashobora kudufasha kumenya aho tugeze mu vy’impwemu n’iyo turiko turaja. Kumbure turemera icese yuko bikenewe ko turushiriza kugira uruhara bimwe bishitse mu mirimo ya gikirisu. (Abaheburayo 6:11, 12) Raba ukuntu Icabona umwe akiri muto yakoresheje ubushobozi bwo kwiyumvira kugira ngo bumufashe gukurikirana intumbero z’ivy’impwemu, yavuze ati: “Nararonse akaryo ko gukurikirana umwuga w’ukumenyesha amakuru. Ivyo vyarankwegera vy’ukuri, ariko naributse umurongo wo muri Bibiliya wavuga ko ‘isi iriko irashira,’ mu gihe ‘uwukora ivyo Imana igomba yamaho ibihe bidahera.’ (1 Yohana 2:17) Nariyumviriye yuko ukuntu nari mbayeho vyari bikwiye kugaragaza ivyo nemera. Abavyeyi banje bari barahevye ukwizera kwa gikirisu, kandi sinashaka gukurikira akarorero kabo. Ku bw’ivyo, nariyemeje kugira ubuzima bufise intumbero maze nca nsaba kuja mu busuku bw’igihe cose bwa mutsimvyi asanzwe. Inyuma y’imyaka ine iheza akanyota maze muri ico gikorwa, ndazi ko nagize ihitamwo ribereye.”
Guhangana n’Ibihuhusi vyo mu vy’Impwemu Ukererwa
Ni kubera iki ari ivyihutirwa ko dukoresha ubushobozi bwo kwiyumvira muri kino gihe? Abasozabwato bategerezwa kuba maso ku bimenyetso vyose bibura ingeramizi, canecane igihe ibihuhusi biriko biriyongera. Mu gihe ubushuhe bugabanutse, imiyaga na yo ikongerekana, baca batumbereza impanza ku muyaga hanyuma bakitegurira akaga. Mu buryo nk’ubwo, dutegerezwa kwitegurira guhangana n’imikazo ikomeye cane uko uru runkwekwe rubi rwegereza kw’iherezo ryarwo. Ivyo ikibano kigenderako mu bijanye n’ivy’inyifato runtu biriko biratomoka, maze ‘abantu babi bakarushiriza kuba babi.’ (2 Timoteyo 3:13) Nka kumwe kw’abasozabwato baguma bumviriza ibimenyetso ivy’ikirere bibaburira, dutegerezwa kwumvira imburi y’ubuhanuzi yo mw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe.—Zaburi 19:7-11.
Igihe dukoresheje ubushobozi bwo kwiyumvira, turashira mu ngiro ubumenyi bujana mu buzima budahera. (Yohana 17:3) Turashobora kubona imbere y’igihe ingorane, maze tugafata ingingo y’ukuntu twozitorera umuti. Gutyo, tuzokwiyemeza kutaba bamujiryanino mu nzira ya gikirisu, kandi turashobora gushiraho “itanguriro ryiza [ku bw’i]gihe kizoza,” mu kwishingira imigambi yo mu vy’impwemu no mu kuyikurikirana.—1 Timoteyo 6:19.
Niba tuzigamye ubukerebutsi be n’ubushobozi ngirakimazi bwo kwiyumvira, ntibikenerwa ko ‘dutinya ikintu na kimwe gitera ubwoba coza giturumbuka’? (Imigani 3:21, 25, 26, NW) Ahubwo, turashobora guhumurizwa n’uyu muhango w’Imana ugira uti: “Kuk’ubgenge buzokwinjira mu mutima wawe, kand’ukumenya kuzohimbara ubugingo bgawe. [“Ubushobozi bwo kwiyumvira,” NW] [bu]zogushibamira, ugutahura kuzokuzigama.”—Imigani 2:10, 11.
[Akajambo k’epfo]
a Abakirisu bakwiye kugerageza kuremesha amahoro, nk’uko impanuro iri muri Matayo 5:23, 24 ivyerekana. Niba ari icaha gikomeye cakozwe, bakwiye kugerageza kugarura umuvukanyi wabo, nk’uko vyerekanwa muri Matayo 18:15-17. Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 1999, urupapuro rwa 14-19.
[Ifoto ku rup. 23]
Ukubwirana akari ku mutima ubudahorereza birubaka umubano w’ababiranye