ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 1/7 rup. 32
  • ‘Uri Umugore Aroranye’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Uri Umugore Aroranye’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 1/7 rup. 32

‘Uri Umugore Aroranye’

Ayo majambo yo gushemeza yabwiwe Umunyamowabukazi akiri muto. Yari umupfakazi yitwa Rusi, umukazana w’Umwisirayelikazi yitwa Nawomi. Rusi, uwabaye muri Isirayeli ubu hakaba haciye nk’imyaka 3.000, igihe hategeka abacamanza, yarironkeye izina ry’uko aroranye. (Rusi 3:11) Vyagenze gute kugira ngo ashike ku kuvugwa neza gutyo? Ni bande bashobora kwungukira ku karorero kiwe?

Kubera ko Rusi “[a]tarya ivyo kurya vy’ukwamikara,” yarakora agatama amasaha n’amasaha ariko arahumba mu mirima, akagira ubwira ku buryo vyatumye aratwa gutyo. N’igihe nyene yemererwa ko yokworoherezwa igikorwa yakora, yarabandanije gutama, agakora ibirengeye ivyo bamwitegako. Mu buryo bwibonekeje yari abereye indondoro ya Bibiliya y’umugore akwiye gushimwa, abishoboye, w’umunyamwete.​—Imigani 31:10-31; Rusi 2:7, 15-17.

Ibintu nyamukuru vyatumye Rusi ashimwa n’abantu, ni kamere ziwe zo mu buryo bw’impwemu, na zo akaba ari agatima k’ukwicisha bugufi n’ukwitanga be n’urukundo rudahemuka yagaragaje. Yarumiye kuri Nawomi, asiga abavyeyi biwe n’igihugu ciwe c’amavukiro, ata cizigiro kinini afise co kuronka wa mutekano umubano w’ababiranye woshobora kumuzanira. Muri ico gihe nyene, Rusi yaraseruye icipfuzo co gusukurira Yehova, Imana ya inabukwe. Mu gushimika ku gaciro afise, inkuru yo mu Vyanditswe ivuga yuko “[ya]rutira [Nawomi] abahungu ndwi [y]ovyaye.”​—Rusi 1:16, 17; 2:11, 12; 4:15.

Naho ivyo Rusi yakoze bigaragaza ko aroranye vyashimwa n’abantu yifatanya na bo, igihambaye kuruta kwari ukuntu Imana yashima kamere ziwe be n’ukuntu yamuhaye impera akamutera agateka ko kuba inakuruza wa Yezu Kirisitu. (Matayo 1:5; 1 Petero 3:4) Ese ukuntu Rusi ari akarorero keza ku bakenyezi bakirisu no ku bandi bose bavuga ko basenga Yehova!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika