Igihe co Guhishura Ikintu c’Akabanga
Kugumya ibanga ku bintu bimwebimwe birashobora gutuma haba amahoro, warimena na ho bigatuma haba induru. Mugabo none, hoba hariho igihe co guhishura ikintu c’akabanga? Raba ico umuhanuzi Amosi avuga ku vyerekeye Imana yiwe: “Umwami Uhoraho ntazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha.” (Amosi 3:7) Hariho ikintu dushobora gukura muri ayo majambo ku vyerekeye ukugumya ibanga. Yehova arashobora ibintu bimwebimwe kubigumiza ari ibanga mu kiringo kinaka, hanyuma agatinda akabihishurira abantu kanaka. Dushobora gute kwigana Yehova muri ivyo?
Rimwe na rimwe, hari igihe abungere bagenywe mw’ishengero rya gikirisu basanga ari ngirakamaro kudahishura ikintu kinaka. (Ivyakozwe 20:28) Nk’akarorero, ku bw’inyungu y’ishengero, bashobora guhitamwo kutavuga ido n’ido ry’indinganizo zimwezimwe canke ry’amahinduka amwamwe mu vyerekeye abazezwa amabanga mw’ishengero, gushika igihe kinaka.
Ariko rero muri ico gihe, birahambaye yuko abo vyega botomorerwa nimba bikenewe ko ico kintu gihishurwa, igihe cohishurirwako n’uburyo gikwiye guhishurwa. Kumenya igihe ikintu kizohishurirwako ku mugaragaro vyoshobora kubafasha kugumya ibanga.—Imigani 25:9.