Ingorane Abantu Bafise Zoba Zizoteba Zigahera?
“ICA kane c’abantu baba kw’isi babayeho mu bukene, umuliyaridi 1,3 ku musi batungwa n’amahera adashika n’igihumbi, umuliyaridi 1 ntibazi gusoma n’ukwandika, umuliyaridi 1,3 ntibaronka amazi meza yo kunywa n’abandi umuliyaridi bama ku musi ku musi bagendana inzara.” Ukwo ni ko raporo imwe yavuye muri Irlande yavuze ku biraba uko ivyo kw’isi vyifashe.
Ese ukuntu ivyo ari ibintu bibabaje bishira ku kabarore ivy’uko umuntu adashoboye gutorera umuti uramba ingorane zo kw’isi! Izo ngorane zisa mbere n’izirushiriza kuba iz’agacamutima, igihe utahuye yuko benshi cane muri abo bantu badondowe muri iyo raporo ari abagore n’abana batagira gitabara. None ga yemwe ntibiteye ikinya kubona ko no muri iki gihe turi mu kinjana ca 21, agateka kabo kabandanya “guhonyangwa imisi yose, bikagirwa incuro nyinshi ku buryo atawoziharura”?—The State of the World’s Children 2000.
“Isi Nshasha mu Kiringo c’Iyaruka Rimwe”
Ikigo Mpuzamakungu Citaho Ibibondo UNICEF caraseruye icizigiro c’uko “umwiheburo ayo mabi . . . yateye mu buzima bw’abantu hirya no hino kw’isi, ashobora gukurwaho.” Ico kigo kivuga yuko ibintu biteye agahinda abo bantu amamiliyaridi bigorewe bategerezwa kwihanganira muri iki gihe, ari ibintu bishoboka ko “bikurwaho canke bihindurwa.” Kukaba nkako, carateye akamo “abantu bose ngo bagire isi nshasha mu kiringo c’iyaruka rimwe.” Cizigira yuko iyo izoba ari isi, aho umuryango wose w’abantu “uzokurwako ubukene n’ivangura, igakurwako ubukazi n’indwara.”
Abaserura inyiyumvo nk’izo bishimikiza ku vy’uko no muri iki gihe nyene hari abantu bitwararika, bakora igikorwa gikomeye barondera gutezura ingaruka zibabaje z’“urukurikirane rw’indyane n’amagume bisa n’ibidahera.” Nk’akarorero, mu myaka irenga 15 iheze, umugambi wo kugarukira ku bana basinzikajwe n’ingaruka za rya sanganya ruhonyanganda ry’ahitwa Chernobyl (Chernobyl Children’s Project), “warafashije kugabanya ubucumukure bw’abana amajana n’amajana bafashwe na kanseri yatewe n’ivyuka vy’ubumara iryo sanganya ryasize mu kirere.” (The Irish Examiner, April 4, 2000) Inzego nininini canke ntonto zijejwe ivyo gutanga imfashanyo, nta nkeka ko zituma ibintu bihinduka cane ku buzima bw’abantu badaharurwa basinzikanjwe n’intambara be n’ivyago.
Naho ari ukwo, abagira uruhara muri utwo twigoro tw’ubugiraneza barabona ibintu nk’uko biri. Barazi yuko ingorane bariko barahangana “zikwiye hose kandi zishinze imisi kuruta mbere n’uko vyari vyifashe mu myaka cumi iheze.” Uwitwa David Begg, umuyobozi w’ishirahamwe rimwe ry’abagiraneza ryo muri Irlande (Concern) avuga yuko “abakozi, abashigikira n’abatanga imfashanyo bahagurukiye rimwe mu buryo butangaje” igihe muri Mozambike hatera icago c’umwuzure. Yongerako ati: “Mugabo, twenyene ntidushobora gutsinda ivyo vyago bitera ku rugero runini gutyo.” Ku biraba utwigoro two gutanga imfashanyo muri Afirika, yiyemereye atarya umunwa ati: “Imvo nkeyi dufise zo kugira icizigiro, zimeze nk’umuco w’amabuji uyenga.” Benshi bokwiyumvira yuko ayo majambo yiwe yerekana muri make neza na neza uko ibintu vyifashe no kw’isi yose.
Tutibesha, twoba dushobora kwitega kubona ya “si nshasha mu kiringo c’iyaruka rimwe” abantu bizigiye? Naho utwigoro abagiraneza bariko baragira dukwiye gushimwa, nta nkeka ko ari ivyumvikana yuko turimbura ikindi cizigiro cerekeye isi nshasha irangwa ubutungane n’amahoro. Bibiliya iradoma urutoke kuri ico cizigiro, nk’uko ikiganiro gikurikira kibirimbura.
[Abo dukesha ifoto ku rup. 2]
Urupapuro 3, abana: UN/DPI Photo by James Bu