ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/12 rup. 3-4
  • Rya Tegeko ry’Agakura Ni Inyigisho Ikwiye Hose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Rya Tegeko ry’Agakura Ni Inyigisho Ikwiye Hose
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Itegeko ry’Agakura Ryaratituwe
  • Rya Tegeko ry’Agakura Ni Ngirakamaro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Nukurikize rya Tegeko ry’agakura mu busuku bwawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Inyana y’Inzahabu
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Amahitamwo ashikana ku gahimbare
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/12 rup. 3-4

Rya Tegeko ry’Agakura Ni Inyigisho Ikwiye Hose

“Nukw ivyo mugomba kw abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe.”​—Matayo 7:12.

AYO majambo haciye imyaka yababa ibihumbi bibiri avuzwe na Yezu Kirisitu muri ya Nsiguro yiwe rurangiranwa yo ku Musozi. Mu binjana n’ibindi guhera aho, haravuzwe vyinshi kuri ayo majambo yumvikana hongera harandikwa n’ibitari bike kuri yo. Nk’akarorero, ayo majambo yarashimagijwe ko ari yo “shimikiro ry’Ivyanditswe,” ko ari “incamake y’ivyo Umukirisu abwirizwa kurangurira mugenziwe,” n’uko ari “ingingo ngenderwako nyamukuru mu vy’inyifato runtu.” Yaramenyekanye cane ku buryo kenshi yitwa Itegeko ry’Agakura.

Ariko rero, ico ciyumviro c’Itegeko ry’Agakura ntikiri gusa mu bantu bavugwa ko ari Abakirisu. Idini y’Abayuda, y’Ababuda hamwe na filozofiya y’Abagiriki, vyose vyarashikirije iyo ngingo ngenderwako mu vy’inyifato runtu, muri ubu buryo canke mu bundi. Abantu benshi, canecane abo mu Buseruko bwa Kure, barazi amajambo yavuzwe na Confucius, umuntu yubahwa cane muri ivyo bihugu kubera yari inkerebutsi n’umwigisha ahambaye kuruta bose. Mu gitabu ciwe (Entretiens), ni ukuvuga ikigira gatatu mu Bitabu Bine vy’inyigisho ya Confucius, dusanga ico ciyumviro yagiseruye incuro zitatu. Incuro zibiri Confucius yishuye ibibazo abanyeshure bamubajije, mu kuvuga ati: “Ivyo udashaka ko bakugirira, nawe ntubigirire abandi.” Ikindi gihe, aho umunyeshure wiwe Zigong yishimye ngo: “Ivyo ntashaka ko abandi bangirira, nanje sinshaka kubibagirira.” Umwigisha yamusubije iyi nyishu isaba kuzirikana ati: “Egome, ariko nturashobora kubigira.”

Umuntu asomye ayo majambo ya Confucius, arashobora kubona yuko atandukanye n’ivyo Yezu yavuze mu nyuma. Itandukaniro riboneka rihari ni uko Itegeko ry’Agakura Yezu yavuze risaba gukorera iciza abandi. Twibaze igihe abantu bokora ibintu bahuza n’ayo majambo meza Yezu yavuze, bakitwararika abandi kandi bakibwiriza kubafasha, eka bakabaho bisunga iryo tegeko imisi yose. Woba wibaza yuko ivyo vyotumye isi yo muri iki gihe iba ahantu heza kuruta? Nta nkeka ni ko yobaye.

Iryo tegeko ryaba rivugwa mu buryo bwo gukorera abandi ico ushaka ko bagukorera canke kutagirira abandi ico udashaka ko bakugirira cabure rikavugwa mu bundi buryo ubwo ari bwo bwose, igihambaye ni uko abantu bo mu bihe bitandukanye, bo mu mihingo itandukanye kandi bakuze mu buryo butandukanye bizigiye cane iciyumviro c’iryo Tegeko ry’Agakura. Ivyo nta kindi vyerekana atari uko amajambo Yezu yavuze muri ya Nsiguro yo ku Musozi ari inyigisho ikwiye hose, ikora mu buzima bw’abantu bo mu mihingo yose, bo mu bihe vyose vya kahise.

Niwibaze uti: ‘Noba nshima ko bamfatana icubahiro, ntibandenganye kandi ntibangunge? Noba nshima kuba mw’isi itagiramwo umwikeko ufatiye ku bwoko, ubugizi bwa nabi be n’intambara? Noba nshima kuba mu muryango aho umuntu wese yerekana ko yitwararika inyiyumvo z’abandi be n’ineza yabo?’ Mu vy’ukuri, ivyo ni nde atobishima? Ikizwi coco ni uko ari abantu bake cane binovora ivyo bintu. Ku bantu benshi, bisa n’uko batigera barota ibintu nk’ivyo.

Itegeko ry’Agakura Ryaratituwe

Muri kahise kose, haragiye haraba ugusinzikaza ikiremwa muntu aho wasanga agateka k’abanyagihugu gahonyangwa. Ivyo birimwo rwa rudandaza rw’abantu bacika abaja bakuwe muri Afirika, ya makambi yo kwiciramwo abantu y’Abanazi, kwa gukoresha ku gahato abana ibikorwa bibarengeye hamwe na ya mahonyabwoko y’ubunyamaswa yaba mu mihingo itari mike. Urwo rutonde rw’ibintu vy’agacavutu rwoshobora kuba rurerure gusumba aho.

Muri iki gihe, iyi si yacu iteye imbere mu vy’ubuhinga irangwa n’agatima ko kwikwegerako. Abantu bakeyi ni bo bazirikana abandi igihe ineza yabo canke ivyitwa ngo ni uburenganzira bwabo bigeramiwe. (2 Timoteyo 3:1-5) Ni kuki abantu benshi bacitse abikunda, ibinyamaswa, abakomantaye umutima kandi bikwegerako? Si kubera yuko rya Tegeko ry’Agakura, naho rizwi hose bariko bararyigizayo, bavuga ngo ni inyigisho y’ivy’inyifato runtu yataye igihe? Ikibabaje ni uko ivyo ari ko biri mbere no mu bantu benshi bivugisha ko bemera Imana. Vyongeye umuntu afatiye ku kuntu ibintu biriko biragenda, abantu bazorushiriza gucika abikwegerako.

Kubera ivyo, ibibazo bihambaye dutegerezwa kurimbura ni ibi: Kubaho umuntu yisunga Itegeko ry’Agakura bisaba iki? Hoba hari umuntu akibaho aryisunga? Vyongeye hoba hazokwigera hashika igihe abantu bose babaho bahuza na rya Tegeko ry’Agakura? Kugira ngo uronke inyishu z’ukuri kuri ivyo bibazo, turakwinginze usome ikiganiro gikurikira.

[Ifoto ku rup. 3]

Confucius n’abandi barigishije rya Tegeko ry’Agakura mu buryo butandukanye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika