Ico Ubupfakazi Bwakoze ku Bakenyezi Babiri
SANDRA ni umupfakazi aba muri Ostraliya. Igihe umunega wiwe yapfa, ubu hakaba haheze imyaka itari mike, Sandra ubwo nyene yakubiswe n’inkuba. “Ugutahura yuko nari mbuze giturumbuka uwo twari twubakanye akaba n’umugenzi pfampfe vyarandemereye. Sinshobora vy’ukuri kwibuka ukuntu nahavuye nshika i muhira mvuye ku bitaro canke ico nakoze mu gihe gisigaye kuri uwo musi. Mu mayinga makeyi yakurikiye, ubwoba nari mfise bwahindutse ukuribwa kw’umubiri kudahera.”
Sandra arafise umugenzi akuze kumusumba, Elaine, amaze nk’imyaka itandatu ari umupfakazi. Elaine yararwajije umunega wiwe, David, mu kiringo c’amezi atandatu imbere y’uko ahitanwa na kanseri. Intuntu yiwe yari ikomeye cane ku buryo ata gihe kinini kihaciye umunega wiwe apfuye, yafashwe n’uruhumyi mu gihe gito. Haciye imyaka ibiri yarikubise hasi mu bantu. Umuganga wiwe nta kimenyetso na kimwe c’indwara yo ku mubiri yamubonyeko. Ariko rero, yarubuye yuko Elaine yaguma abika intuntu yiwe mu mutima, gutyo amusaba yuko yoja i muhira akagira akigoro ko kurira. Elaine yiyemerera ati: “Vyarafashe igihe kugira ngo nshobore gutsinda intuntu nari mfise.” Ku vyerekeye igihe yaba ari wenyene, yongerako ati: “Nahora mbere nja mu cumba c’uburyamo maze nkazika umutwe wanje mu mpuzu za David.”
Ego ni vyo, umuntu abuze uwo bari bubakanye yakunda, birashobora gutuma agira inyifato zitandukanye, kubera yuko ubupfakazi mu vy’ukuri atari gusa ukubaho utagira umugabo. Nk’akarorero, Sandra mu gihe kinaka yumva yabaye uwundi muntu. Cokimwe n’abandi benshi baba baherutse gupfakara, na we nyene yumvise umengo ntagira gitabara, nta mutekano afise. Sandra yibuka ibi: “Kubera yuko nari naramenyereye ko umunega wanje ari we yari afise ijambo rya nyuma mu ngingo zifatwa, bukwi na bukwi, nari nsigaye ari jenyene mfata izo ngingo. Vyarangora gutora agatiro. Nama ndushe kandi naniwe. Vyari bigoye kumenya ico nokora.”
Inkuru zisa n’izashikiye Sandra na Elaine zirashika ku musi ku musi kw’isi yose. Indwara, amasanganya, intambara, ihonyabwoko be n’ubukazi, muri rusangi biraterera ku kwiyongera kw’igitigiri c’abapfakazi.a Benshi muri abo bakenyezi baracumukura bihoreye, kubera bataba bazi ico bokora. Abagenzi n’incuti bashobora gukora iki kugira ngo basahirize abo ivyabo bihindutse bakaba abapfakazi? Ikiganiro gikurikira kirimwo inama zimwezimwe zoshobora kuba rufasha.
[Akajambo k’epfo]
a Abandi bakenyezi ivyabo vyifashe nk’uko ivy’abapfakazi vyifashe kubera yuko abagabo babo babataye. Naho ugutandukana n’ukwahukana bitera ingorane vyisangije, ingingo ngenderwako zitari nke zirimburwa mu kiganiro gikurikira zoshobora no gufasha abakenyezi ivyabo vyifashe nk’ukwo.