Urubanza Wewe Udakwiye Gusiba
“Gutanga kwose kwiza, n’ingabire yose itunganye rwose” vyururuka biva ku Mana, Data wa twese wo mw’ijuru.—Yakobo 1:17.
INGABIRE ihambaye kuruta Imana yahaye umuryango w’abantu waguye ni intunganyo yagize ku bw’ugukira kwawo biciye ku Mwana wayo w’ikinege, Yezu Kirisitu. Urupfu rwa Yezu, we Mucunguzi wacu, rutuma ubuzima budahera kw’isi y’iparadizo bushoboka. Muri Luka 22:19, tubwirizwa kwibuka urupfu rwiwe.
Ivyabona vya Yehova babigiranye igishika cinshi baragutumiye ngo wifatanye na bo mu gukurikiza iryo bwirizwa rya Yezu. Uru rubanza rugirwa ku mwaka ku mwaka ruzoba izuba rirenze kw’igenekerezo rihwanye n’irya 14 Nisani ku kirangamisi ngengamezi ca Bibiliya, ni ukuvuga ku w’Iyinga, igenekerezo ry’8 Ndamukiza 2001. Nurabe aho wandika iryo genekerezo kugira ngo ntuze uryibagire. Ivyabona vya Yehova bo mu karere iwanyu barashobora kukubwira igihe n’ikibanza nyavyo iryo koraniro rizoberako.