Urukundo Rwawe Rwagutse ku Rugero Rungana Iki?
“Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda.”—MATAYO 22:39.
1. Nitwaba dukunda Yehova, ni kuki dutegerezwa gukunda na mugenzacu?
IGIHE Yezu yabazwa ibwirizwa riruta ayandi iryo ari ryo, yishuye ati: “Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose, n’ubgenge bganyu bgose.” Maze yaciye asubiramwo ibwirizwa rya kabiri risa n’iryo rya mbere ati: “Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda.” (Matayo 22:37, 39) Egome, gukunda mugenzawe ni ikimenyetso kiranga Umukirisu. Nkako, nitwaba dukunda Yehova, dutegerezwa gukunda mugenzacu. Kubera iki? Kubera yuko tugaragaza urwo dukunda Imana mu kugamburuka Ijambo ryayo, Ijambo ryayo na ryo rikaba ritubwiriza gukunda mugenzacu. Ku bw’ico, mu gihe tutokunda abavukanyi n’abavukanyikazi bacu, urukundo dukunda Imana ntirwoshobora kuba urukundo nyakuri.—Abaroma 13:8; 1 Yohana 2:5; 4:20, 21.
2. Ni urukundo bwoko ki dukwiye gukunda mugenzacu?
2 Igihe Yezu yavuga yuko dukwiye gukunda mugenzacu, ntiyariko aravuga ubugenzi gusa. Kandi yariko yerekeza ku rukundo rutandukanye n’urusanzwe ruriho mu miryango canke hagati y’umugabo n’umugore. Yariko avuga ivyerekeye urukundo Yehova afitiye abasavyi biwe biyeguye n’urwo bamufitiye. (Yohana 7:26; 1 Yohana 4:11, 19) Hari umunyabwenge w’ivyanditswe w’Umuyuda—uwo, nk’uko Yezu yabibonye, yavugana ubwenge—yemeranije na Yezu yuko umuntu akwiye gukunda Imana n’“umutima wose, n’ugutahura kwose, n’inkomezi zose.” (Mariko 12:28-34) Yavuze ukuri. Urukundo Umukirisu atsimbataza ku Mana no kuri mugenziwe rurajamwo inyiyumvo zacu n’ubwenge bwacu. Arwumvira mu mutima kandi rukayoborwa n’umuzirikanyi.
3. (a) Ni gute Yezu yigishije “[uwi]gisha ivyagezwe” yuko akwiye kubona mu buryo bwagutse ivyerekeye mugenziwe uwo ari we? (b) Uwo mugani wa Yezu werekeye gute Abakirisu muri iki gihe?
3 Nk’uko bivugwa na Luka, igihe Yezu yavuga yuko dukwiye gukunda mugenzacu, “umwe mu bigisha ivyagezwe” yabajije ati: “Mbega mugenzanje ni nde?” Yezu yishuye akoresheje umugani. Hari umugabo yakubiswe, aramburwa, asigwa ari intere ku nzira. Ubwa mbere umuherezi hanyuma Umulewi barahaciye. Bompi baramwirengagije. Amaherezo, haje Umusamariya, abona uwo mugabo yakomeretse, maze amukorera ibiranga ubuntu bwinshi. Ni nde muri abo batatu yari umugenzi w’uwo mugabo yakomeretse? Inyishu yaragaragara. (Luka 10:25-37) Uwo mugabo yari umwigisha w’ivyagezwe ashobora kuba yakubiswe n’inkuba kwumva Yezu avuga yuko Umusamariya yoshobora kuba umugenzi mwiza kuruta umuherezi n’Umulewi. Biratomoye yuko Yezu yariko arafasha uwo mugabo gukunda mugenziwe mu buryo bwagutse kuruta. Abakirisu na bo nyene bakunda muri ubwo buryo. Rimbura abantu bose urukundo rwabo rushiramwo.
Urukundo mu Muryango
4. Ni hehe ubwa mbere na mbere Umukirisu agaragariza urukundo?
4 Abakirisu barakunda abagize umuryango wabo—abakenyezi barakunda abanega, abanega bagakunda abakenyezi, abavyeyi bagakunda abana. (Umusiguzi 9:9; Abanyefeso 5:33; Tito 2:4) Ni ko, urukundo rw’imvukanwa ruriho mu miryango myinshi. Ariko rero, amaraporo avuga ivy’ingo zisambuka, abakorerwa amabi n’abo bubakanye, be n’abana batitabwaho canke bakorerwa amabi arerekana yuko umuryango uri mu mukazo muri iki gihe, kandi ko inyiyumvo mvukanwa ziba mu muryango zoba zidahagije kugira ngo ziwunge. (2 Timoteyo 3:1-3) Kugira ngo Abakirisu bererwe vy’ukuri mu buzima bwabo bwo mu rugo, bakeneye kugaragaza ubwoko bw’urukundo Yehova na Yezu bafise.—Abanyefeso 5:21-27.
5. Ni nde abavyeyi bahanga amaso kugira ngo baronke imfashanyo mu vy’ukurera abana babo, kandi kuri benshi ivyo vyavuyemwo iki?
5 Abavyeyi b’Abakirisu babona abana babo nk’imbitso iva kuri Yehova, kandi baramuhanga amaso kugira ngo abahe imfashanyo mu vy’ukubarera. (Zaburi 127:3-5; Imigani 22:6) Muri ubwo buryo baratsimbataza urukundo rwa gikirisu, urubafasha kurinda abana babo utwosho twonona urwaruka rushobora gutegwa rukagwamwo. Ico bivamwo ni uko abavyeyi benshi b’Abakirisu bagize umunezero umeze n’uwagizwe na inabibondo umwe wo muri Holande. Amaze kurorera ibatisimu y’umuhungu wiwe—akaba ari umwe mu bantu 575 babatijwe muri Holande mu mwaka uheze—yanditse ibikurikira: “Muri iki gihe umutahe nashinze mu myaka 20 iheze uragize ico utanga. Umwanya wose n’inguvu zose—tutibagiye umubabaro, akigoro n’intuntu—ubu biribagiwe.” Ese ukuntu ahimbawe kubona umuhungu wiwe, bivuye ku kugomba kwiwe bwite, yahisemwo gukorera Yehova. Igitigiri c’agaheta c’abamamaji 31.089 batanze raporo muri Holande mu mwaka uheze, barimwo benshi bigiye ku bavyeyi babo gukunda Yehova.
6. Urukundo rwa gikirisu rushobora gute gufasha gukomeza umubano w’ababiranye?
6 Paulo urukundo yarwise “umugozi uzana gutungana,” kandi rurashobora kuzigama ubumwe mu mubano w’ababiranye, mbere no mu bihe vy’igihuhusi. (Ab’i Kolosayi 3:14, 18, 19; 1 Petero 3:1-7) Igihe umugabo umwe w’i Rurutu, kakaba ari akazinga gatoyi kari nko ku birometero 700 uvuye i Tahiti, yatangura kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, umukenyezi wiwe yaramurwanije bikomeye. Impera n’imperuka, yaratwaye abana, aramuta yigira kuba muri Tahiti. N’aho nyene, yaragaragaje urukundo amukunda mu kuza aramurungikira amahera adahorereza no mu kumwakura kuri telefone kugira ngo abaze niba hari ikintu we canke abana boba bakeneye. Gutyo, yarakoze uko ashoboye kugira ngo ashitse amabanga yiwe ya gikirisu. (1 Timoteyo 5:8) Yama asenga adahengeshanya ngo umuryango wiwe usubire kwiyunga, maze amaherezo umukenyezi wiwe yaragarutse. Igihe yagaruka, yamufatanye “urukundo, n’ukwihangana, n’ubugwaneza.” (1 Timoteyo 6:11) Mu 1998, yarabatijwe maze mu nyuma aragira umunezero ntangere igihe umukenyezi wiwe yemera kwiga Bibiliya. Iyo nyigisho yari imwe mu nyigisho 1.351 zarongowe mu mwaka uheze mu cibare kiri munsi y’ishami rya Tahiti.
7. Nk’uko bivugwa n’umugabo umwe wo mu Budagi, ni igiki cakomeje umubano wiwe?
7 Mu Budagi, hari umugabo yarwanije ugushimishwa n’ukuri kwa Bibiliya kwagaragajwe n’umugore wiwe kandi akaba yari ajijutse yuko Ivyabona vya Yehova bashaka guhenda uwo umugore. Ariko rero, mu nyuma yandikiye Icabonakazi yashikiriye umukenyezi wiwe ari bwo bwa mbere ati: “Ndagushimiye cane kuba warayoboye umukenyezi wanje ku Vyabona vya Yehova. Mu ntango, nari mfise umutima uhagaze kubera yuko nari narumvise ibintu bibi vyinshi ku biberekeye. Mugabo ubu, kubera nitavye amakoraniro kumwe n’umugore wanje, naratahuye ukuntu nari narihenze. Ndazi yuko ivyo ndiko ndumva ari ukuri, kandi kwatumye umubano wacu ukomera kuruta.” Ivyabona vya Yehova 162.932 bo mu Budagi—be n’1.773 bo mu mazinga ari munsi y’ishami rya Tahiti—barimwo imiryango myinshi yunze ubumwe mu rukundo rushingiye ku kuyobokera Imana.
Dukunde Abavukanyi Bacu b’Abakirisu
8, 9. (a) Ni nde atwigisha gukunda abavukanyi bacu, kandi urukundo rudusunikira ku gukora iki? (b) Tanga akarorero k’ingene urukundo rushobora gufasha abavukanyi gufatana mu mugongo.
8 Paulo yabwiye Abakirisu b’Abanyetesalonike ati: “Ubganyu mwigishijwe n’Imana gukundana.” (1 Ab’i Tesalonike 4:9) Egome, ‘abigishwa na Yehova’ barakundana. (Yesaya 54:13) Urukundo rwabo ruserurirwa mu bikorwa, nk’uko Paulo yavyerekanye igihe yavuga ati: “Urukundo rubatere gukorerana.” (Ab’i Galatiya 5:13; 1 Yohana 3:18) Nk’akarorero, ivyo babigira igihe bagendera abavukanyi n’Abavukanyikazi barwaye, baremesha abadendebuwe n’umubabaro bakongera bagafata mu mugongo abagoyagoya. (1 Ab’i Tesalonike 5:14) Urukundo nyakuri rwacu rwa gikirisu ruraterera ku gukura kw’iparadizo yacu yo mu vy’impwemu.
9 Mw’Ishengero ry’i Ancón—rikaba ari rimwe mu mashengero 544 yo muri Équateur—abavukanyi baragaragaje urukundo rwabo mu buryo ngirakimazi. Ingorane zo mu vy’amahera zabasize batagira akazi canke ico binjiza, gutyo abamamaji bafashe ingingo yo guca amahera mu kugurisha ibifungurwa ku barovyi b’aho igihe baba bagodotse bamaze ijoro baroba. Bose barafashanya, tutibagiye n’abana. Bategerezwa gutangura isaha 7 z’ijoro kugira ngo isaha 10 z’ijoro abarovyi bagodokerako, ibifungurwa bibe bimaze gutegurwa. Amahera abavukanyi baba baciye barayasabikanya bakurikije ivyo bakeneye. Ukwo gufashanya kwaragaragaje urukundo rwa gikirisu.
10, 11. Dushobora gute kugaragariza urukundo abavukanyi ubwacu tutazi?
10 Ariko rero, urukundo rwacu ntirugarukira ku Bakirisu ubwacu tuzi. Intumwa Petero yavuze ati: “Mukunde [“umuryango wose w’abavukanyi,” NW].” (1 Petero 2:17) Dukunda abavukanyi n’Abavukanyikazi bacu bose kubera ko bose ari abo dufatanije gusenga Yehova Imana. Ibihe vy’amagume vyoshobora gutanga akaryo ko kugaragaza urwo rukundo. Nk’akarorero, mu mwaka w’umurimo w’2000, amasegenya akomakomeye yaratikije Mozambike, kandi indwano y’abanyagihugu ikibandanya muri Angola ikaba yasize benshi mu bukene. Igitigiri kinini c’abavukanyi 31.725 bo muri Mozambike be na 41.222 bo muri Angola barasinzikajwe n’ivyo bintu. Ku bw’ivyo, Ivyabona bo mu gihugu kibanyi ca Afirika y’Epfo bararungitse ibintu vya nkenerwa vyinshi kugira ngo bagabanye amagorwa y’abavukanyi babo bo muri ivyo bihugu. Umutima ukunze bagaragaje wo guterera abavukanyi babo bari mu mukeno “ibisāgutse” ku vyo bafise, waragaragaje urukundo rwabo.—2 Ab’i Korinto 8:8, 13-15, 24.
11 Urukundo ruranagaragara igihe abavukanyi bo mu bihugu vyinshi baterera mw’iyubakwa ry’Ingoro z’Ubwami n’Ingoro z’Amateraniro mu bihugu bikenye kuruta. Akarorero kamwe ni ako mu Mazinga ya Salomon. Naho hari imidurumbanyo myinshi, Amazinga ya Salomon yagize iyongerekana ry’ibice 6 kw’ijana mu bamamaji mu mwaka uheze, n’igitigiri c’agaheta c’abamamaji 1.697. Bategekanije ivyo kwubaka Ingoro y’Amateraniro. Naho abo muri ayo mazinga benshi bariko barahunga ico gihugu, abishakire baraje bavuye muri Ostraliya kugira ngo bafashe muri iryo yubaka. Amaherezo, vyasavye ko abo bishakire bavayo, mugabo atari imbere y’uko bamenyereza abavukanyi baho kurangiza iryo tanguriro. Ivyuma bigize iyo nyubakwa vyakozwe imbere y’igihe vyararungitswe bivuye muri Ostraliya, kandi isozerwa ry’iyo nyubakwa y’akaroruhore yo gusengeramwo—mu gihe izindi nyubakwa zatawe—izoba intahe nziza ishingirwa izina rya Yehova n’urukundo rw’abavukanyi.
Cokimwe n’Imana, Turakunda Isi
12. Twigana gute Yehova mu nyifato yacu ku biraba abo tudasangiye ukwizera?
12 Urukundo rwacu, rwoba rugarukira ku muryango wacu canke ku muvukano wacu? Ntirwogarukira aho niba turi “[ab]īgāna Imana.” Yezu yavuze ati: “Urukundo Imana yakunze abari mw isi [n]i rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge ubu[zima] budashira.” (Abanyefeso 5:1; Yohana 3:16, ni twe tubihiritse.) Cokimwe na Yehova Imana, dukorera ibiranga urukundo abantu bose—dushizemwo n’abo tudasangiye ukwizera. (Luka 6:35, 36; Ab’i Galatiya 6:10) Muri ivyo canecane, turamamaza inkuru nziza y’Ubwami tukongera tukabwira abandi ivy’igikorwa gihambaye c’urukundo Imana yakoze ku bwabo. Ivyo bishobora gutuma uwumviriza wese azoronka ubukiriro.—Mariko 13:10; 1 Timoteyo 4:16.
13, 14. Ni ivyabaye bimwebimwe ibihe ku bavukanyi bagaragarije urukundo abatari Ivyabona, no mu bintu bitaborohereza na gato?
13 Rimbura ivy’abasuku b’abatsimvyi badasanzwe bane bo muri Nepale. Abo bari barungitswe gukorera mu gisagara co mu bumanuko bushira uburengero bw’ico gihugu, kandi mu myaka itanu iheze, baragaragaje urukundo rwabo mu gushinga intahe bihangana muri ico gisagara no mu tugari turi ku nkengera yaco. Kugira ngo baheture icibare cabo, kenshi bafata urugendo rw’amasaha menshi ku makinga, hashushe gushika ku ngero z’ubushuhe zirenga 40. Urukundo rwabo n’“[ugu]kora ivyiza bihanganye” kwabo vyarazanye ingaruka nziza igihe umugwi w’inyigisho y’igitabu washingwa muri kamwe muri utwo tugari. (Abaroma 2:7) Muri Ntwarante 2000, abantu 32 baraje kwumviriza insiguro y’icese yashikirizwa n’umucungezi w’umuzunguruko yari yabagendeye. Nepale mu mwaka uheze cagize igitigiri c’agaheta c’abamamaji 430—iryo rikaba ari iyongerekana ry’ibice 9 kw’ijana. Biragaragara ko Yehova ariko arahezagira umwete n’ urukundo vy’abavukanyi bo muri ico gihugu.
14 Muri Kolombiya, hari abatsimvyi badasanzwe b’igihe gito bagiye kwamamaza mu Bahindi bita Abawayu. Kugira ngo ivyo babikore, bategerejwe kwiga ururimi rushasha, mugabo ukwitwararika kwabo kurangwa urukundo kwaraherewe igihe abantu 27 bitaba insiguro imwe y’icese, naho imvura yari nyinshi. Umwete urangwa urukundo nk’uwo wagaragajwe n’abo batsimvyi waraterereye kw’iyongerekana ry’ibice 5 kw’ijana muri Kolombiya be no ku gitigiri c’agaheta c’abamamaji 107.613. Muri Danemarike, hari umuvukanyikazi ageze mu zabukuru yashatse gusangira inkuru nziza n’abandi, mugabo akaba yari amugaye. Kubera yari yiyemeje kubigira, yashikira abantu bashimishwa mu kwandika amakete. Ubu, yandikiranira n’abantu 42 akongera akayobora inyigisho za Bibiliya 11. Ni umwe mu gitigiri c’agaheta c’abamamaji 14.885 batanze raporo muri Danemarike mu mwaka uheze.
Mukunde Abansi Banyu
15, 16. (a) Yezu yavuze ko urukundo rwacu rukwiye kwaguka gushika ku rugero rungana iki? (b) Abavukanyi babijejwe bafashe gute mu buryo buranga urukundo umuntu yari yaremetse ibinyoma Ivyabona vya Yehova?
15 Yezu yabwiye wa mugabo yari umwigisha w’ivyagezwe yuko Umusamariya yoshoboye kubonwa nk’umugenzi. Muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi, Yezu yaranagiye kure igihe yavuga ati: “Mwarumvise ko vyāvuzwe, ngo Mukunde bagenzi banyu, mwanke abansi banyu. Ariko jeho ndababgire: Mukunde abansi banyu, musabire ababahama, kugira ngo mube abana ba So wo mw ijuru.” (Matayo 5:43-45) No mu gihe nyene hari umuntu aturwanya, turagerageza ‘ikibi kukineshesha iciza.’ (Abaroma 12:19-21) Mu gihe bishoboka, turasangira na we ikintu c’agaciro kuruta dufise, ari kwo kuri.
16 Muri Ukraine, hari ikiganiro co mu kinyamakuru kimwe (Kremenchuk Herald) cavuze ko Ivyabona vya Yehova ari akadumbi gateye akaga. Ico nticari ikintu c’ugufata minenegwe kubera yuko i Buraya, abantu bamwebamwe bavuga Ivyabona vya Yehova muri ubwo buryo kugira ngo bajijure abantu yuko ibikorwa vy’Ivyabona bikwiye kuzibirwa canke kubuzwa. Ni co gituma umwanditsi bamushikiriye maze bamusaba gusohora mu kinyamakuru amakuru akosora ico kiganiro. Yaravyemeye, mugabo ivyo yasohoye abisohora biri kumwe n’iryungane rivuga yuko ikiganiro c’intango cari gishingiye ku kuri. Ni co gituma abavukanyi babijejwe basubiriye kumwegera kugira ngo bagire ibindi bamumenyesha. Amaherezo, uwo mwanditsi yaratahuye yuko ca kiganiro c’intango carimwo amakosa, maze asohora urwandiko rwo kwivuguruza. Gukorana na we ata gucisha ku ruhande kandi n’ubuntu bwari bwo buryo buranga urukundo bwo gutunganya ivyo bintu, kandi vyashikanye ku kintu ciza.
Dushobora Gute Gutsimbataza Urukundo?
17. Ni igiki cerekana yuko bitokwama nantaryo vyoroha gukorera abandi ibintu mu buryo buranga urukundo?
17 Igihe uruyoya ruvutse, abavyeyi barwo ntibateba kurukunda. Kugirana ibintu n’abakuze mu buryo buranga urukundo si ikintu cama nantaryo cizana. Kumbure ni co gituma Bibiliya itubwira yisubiriza gukundana—ni ikintu dutegerezwa gutsimbataza. (1 Petero 1:22; 4:8; 1 Yohana 3:11) Yezu yari azi yuko urukundo rwacu rwogeragejwe igihe yavuga ko dukwiye guharira abavukanyi bacu “gushitsa ibihetangabo mirongwirindwi [n’indwi].” (Matayo 18:21, 22) Paulo na we yaduhimirije “[k]wihanganirana.” (Ab’i Kolosayi 3:12, 13) Ntibitangaje kuba tubwirwa duti: “Mwirukire urukundo”! (1 Ab’i Korinto 14:1) Ivyo dushobora kubigira gute?
18. Ni igiki kizodufasha gutsimbataza urukundo dukunda abandi?
18 Ubwa mbere, turashobora nantaryo kugumiza mu muzirikanyi urukundo dufitiye Yehova Imana. Urwo rukundo ni ikintu gikomeye kidusunikira gukunda mugenzacu. Kubera iki? Kubera yuko igihe tubigize, ivyo bigaragaza neza uko Data wa twese wo mw’ijuru ameze kandi bikamuzanira ubuninahazwa n’ishemezo. (Yohana 15:8-10; Ab’i Filipi 1:9-11) Ubwa kabiri, turashobora kugerageza kubona ibintu nk’uko Yehova abibona. Igihe cose ducumuye, tuba ducumuye kuri Yehova; yamara ibihe n’ibindi araduharira kandi akabandanya kudukunda. (Zaburi 86:5; 103:2, 3; 1 Yohana 1:9; 4:18) Nitwatsimbataza ukubona ibintu nk’uko Yehova abibona, tuzoba tugabirije gukunda abandi no kubaharira ku vyaha badukorera. (Matayo 6:12) Ubwa gatatu, turashobora gufata abandi nk’uko dushaka ko badufata. (Matayo 7:12) Kubera yuko turi abanyagasembwa, kenshi turakenera guharirwa. Nk’akarorero, igihe tuvuze ibintu bibabaza abandi, twizigira yuko bazokwibuka yuko umuntu wese rimwe na rimwe acumuza ururimi rwiwe. (Yakobo 3:2) Niba dushaka yuko abandi badufatana urukundo, dukwiye kubafatana urukundo.
19. Dushobora gute kurondera imfashanyo y’impwemu yera mu vy’ugutsimbataza urukundo?
19 Ubwa kane, turashobora kurondera imfashanyo y’impwemu yera kubera yuko urukundo ruri mu bigize ivyamwa vy’impwemu. (Ab’i Galatiya 5:22, 23) Ubugenzi, inyiyumvo zo mu muryango, hamwe n’urukundo rwerekeza ku vy’ibitsina kenshi usanga ari ibintu vyizana. Mugabo turakeneye imfashanyo y’impwemu ya Yehova kugira ngo dutsimbataze urukundo Yehova afise, urukundo ari umugozi utagira agasembwa wunga ubumwe. Turashobora kurondera imfashanyo y’impwemu yera mu gusoma Bibiliya yahumetswe. Nk’akarorero, turamutse twize ubuzima bwa Yezu, tuzobona ukuntu yafata abantu, kandi turashobora kwiga kumwigana. (Yohana 13:34, 35; 15:12) Si ivyo gusa, turashobora gusaba Yehova impwemu yera, canecane mu bihe bituma bitugora gukora ibintu mu buryo buranga urukundo. (Luka 11:13) Ubwa nyuma, turashobora gukurikirana urukundo mu kuguma twiyegereje ishengero rya gikirisu. Kuba kumwe n’abavukanyi be n’abavukanyikazi banyarukundo biradufasha gutsimbataza urukundo.—Imigani 13:20.
20, 21. Ni irihe garagazwa ryibonekeje ry’urukundo Ivyabona vya Yehova bagize mu mwaka w’umurimo w’2000?
20 Mu mwaka uheze, hariho igitigiri c’agaheta c’abamamaji b’inkuru nziza 6.035.564 hirya no hino kw’isi. Ivyabona vya Yehova, bamaze amasaha yose hamwe 1.171.270.425 barondera abantu kugira ngo bababwire ivyerekeye iyo nkuru nziza. Urukundo ni rwo rwatumye bihanganira ubushuhe, imvura n’imbeho mu gihe babandanya ico gikorwa. Urukundo ni rwo rwabasunikiye kuganiriza abo bigana n’abo bakorana no kwegera abo batazi na mba mu mabarabara be no mu bindi bibanza. Benshi mu bo Ivyabona bagendeye ntibabinezwe, bake na bo barabirwanije. Ariko rero, bamwebamwe baragaragaje ugushimishwa, ku buryo amasubirayo 433.454.049 yagizwe, hongera harongorwa inyigisho za Bibiliya 4.766.631.a
21 Ese ukuntu ivyo vyose kwari ukugaragaza urukundo Ivyabona vya Yehova bafitiye Imana yabo na bagenzabo! Urwo rukundo ntiruzigera rutimba. Turizigiye yuko umwaka w’umurimo w’2001 hazoba icabona gihambaye kuruta gishingwa ku bwoko-muntu. Ese umuhezagiro wa Yehova wobandanya kuba ku bamusenga b’intahemuka kandi b’abanyamwete uko ‘ivyo bakora vyose babikorana urukundo’!—1 Ab’i Korinto 16:14.
[Akajambo k’epfo]
a Kugira ngo umenye ido n’ido ryuzuye ry’ivya Raporo y’Umurimo w’Umwaka w’2000, raba igicapo ku rupapuro rwa 28-31.
Woshobora Kubisigura?
• Igihe dukunda bagenzacu tuba twiganye bande?
• Urukundo rwacu rukwiye kwaguka ku rugero rungana iki?
• Ni ivyabaye bimwebimwe ibihe bigaragaza urukundo rwa gikirisu?
• Dushobora gute gutsimbataza urukundo rwa gikirisu?
[Igicapo ku rup. 28-31]
RAPORO Y’UMWAKA W’UMURIMO W’IVYABONA VYA YEHOVA KW’ISI YOSE W’2000
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
[Amafoto ku rup. 25]
Urukundo rwa gikirisu rurashobora gutuma umuryango uguma ufatanye mu nda
[Amafoto ku rup. 26]
Urukundo ruradusunikira gusangira n’abandi icizigiro cacu