ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/1 rup. 12-17
  • Muhagarare Mukwiye Kandi Mufise Ukujijuka Gushikamye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Muhagarare Mukwiye Kandi Mufise Ukujijuka Gushikamye
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Niwihatire ‘Guhagarara Ukwiye’
  • Nusenge Usaba Ukujijuka Gushikamye
  • Dufashe Abandi Bagende nk’Uko Bibereye Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Kuvugana Ubujijutsi
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Niwamamaze Inkuru Nziza n’Ukujijuka Gukomeye
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Icizigiro cacu ntigitetereza
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/1 rup. 12-17

Muhagarare Mukwiye Kandi Mufise Ukujijuka Gushikamye

“Yama abarwanira mu gusenga kwiwe kugira ngo [“amaherezo mubone guhagarara mukwiye kandi mufise ukujijuka gushikamye mu kugomba kw’Imana kwose,” “NW”].”​—AB’I KOLOSAYI 4:12.

1, 2. (a) Abo hanze babona iki ku vyerekeye Abakirisu ba kare? (b) Igitabu c’Abakolosayi kigaragaza gute ubwitwararitsi burangwa urukundo?

ABAYOBOKE ba Yezu baritwararika cane abo basangiye ugusenga. Tertullien (umwanditsi wo mu kinjana ca kabiri n’ica gatatu G.C.) yaravuze ivyerekeye ubuntu bagaragariza impfuvyi, abakene, hamwe n’abageze mu zabukuru. Ivyo bimenyamenya vy’urukundo rwashirwa mu bikorwa, vyaratangaje cane abatizera ku buryo bamwebamwe bavuze ivyerekeye abo Bakirisu ngo: ‘Raba ingene bakundana.’

2 Igitabu c’Ab’i Kolosayi kiragaragaza mwene ubwo bwitwararitsi burangwa urukundo intumwa Paulo na mugenziwe Epafura bagaragarije abavukanyi n’abavukanyikazi b’i Kolosayi. Paulo yabandikiye ati: Epafura “yama abarwanira mu gusenga kwiwe kugira ngo [“amaherezo mubone guhagarara mukwiye kandi mufise ukujijuka gushikamye mu kugomba kw’Imana kwose,” NW].” Mu mwaka w’2001, Ivyabona vya Yehova bazoba bafise bwa canditswe cabo c’umwaka aya majambo yo mu B’i Kolosayi 4:12, (NW) agira ati: “Muhagarare mukwiye kandi mufise ukujijuka gushikamye mu kugomba kw’Imana kwose.”

3. Epafura yasenze ku bw’ibintu bibiri ibihe?

3 Urashobora kubona yuko amasengesho Epafura yaturira abo akunda yari afise imice ibiri: (1) kugira ngo “amaherezo babone guhagarara bakwiye” kandi (2) kugira ngo bahagarare “[ba]fise ukujijuka gushikamye mu kugomba kw’Imana kwose.” Ayo mamenyeshwa yashizwe mu Vyanditswe ku bw’inyungu yacu. Niwibaze rero uti: ‘Noba ubwanje nkeneye gukora iki kugira ngo amaherezo mpagarare nkwiye kandi mfise ukujijuka gushikamye mu kugomba kw’Imana kwose? Kandi ndabigize, ingaruka izoba iyihe?’ Reka tubirabe.

Niwihatire ‘Guhagarara Ukwiye’

4. Ni mu buryo ki Abakolosayi bari bakeneye kuba “abakwiye”?

4 Epafura yaripfuza cane ko abavukanyi n’abavukanyikazi biwe bo mu buryo bw’impwemu b’i Kolosayi “amaherezo . . . [ba]hagarara [ba]kwiye.” Ijambo Paulo yakoresheje ngaha ryahinduwe “bakwiye,” rishobora gusobanura agahore, akuze canke ahumuye. (Matayo 19:21; Abaheburayo 5:14; Yakobo 1:4, 25) Kumbure urazi yuko kuba umuntu ari Icabona ca Yehova yabatijwe ubwavyo bidasobanura ko ari Umukirisu akuze. Paulo yandikiye Abanyefeso baba mu burengero bw’i Kolosayi yuko abungere n’abigisha bagerageza gufasha “[bose ngo bashike] ku kugiriranira ubumwe buva ku kwizera n’ukumenya Umwana w’Imana, kandi kugeza aho [ba]zoshikira kuba abantu bakuze, no ku rugezo rw’ubginshi bg’ukunengesera kwa Kristo.” (Ni twe tubihiritse.) Ahandi hantu Paulo yahimirije Abakirisu gucika “abakuze mu bubasha bwo gutahura.”​—Abanyefeso 4:8-13; 1 Ab’i Korinto 14:20, NW.

5. Ni gute ugukwira dushobora kukugira yo ntumbero nyamukuru?

5 Nimba bamwebamwe i Kolosayi batari bwabe abakuze canke abahumuye mu buryo bw’impwemu, ivyo vyari bikeneye kuba yo ntumbero yabo. Ivyo none siko bikwiye kumera no muri iki gihe? Twaba tumaze imyaka mirongo tubatijwe canke tubatijwe vuba, twoba dushobora kubona yuko mu buryo butomoye twateye imbere mu bubasha bwacu bwo gutegera no mu buryo tubona ibintu? Twoba turimbura ingingo za Bibiliya imbere yuko dufata ingingo? Ibintu vyerekeye Imana n’ivyungura ishengero vyoba birushiriza kugira uruhara runini mu buzima bwacu, aho kuza biracishwamwo rimwerimwe gusa? Ngaha ntidushobora kwerekana uburyo bwose dushobora kugaragarizamwo mwene iryo kura rigana ku gukwira, mugabo reka turimbure uburorero bubiri.

6. Ni igiki umuntu ashobora guteramwo imbere agana ku kutagira agahonzi nk’uko Yehova ameze?

6 Akarorero ka mbere: Dufate ko twakuriye ahantu harangwa n’ukwikeka canke ukwanka abantu b’ubundi bwoko, b’ubundi bwenegihugu, canke b’iyindi ntara. Ubu turazi yuko Imana itagira nkunzi kandi ko natwe dukwiye kutagira nkuzi. (Ivyakozwe 10:14, 15, 34, 35) Mw’ishengero dukukira canke mu muzunguruko dukukira, harimwo abantu bamuka muri abo tudasangiye amamuko, ugasanga rero turi kumwe na bo. Yamara, ni ku rugero rungana iki twigumizamwo inyiyumvo mbimbi canke tukicura abantu bamuka muri abo? Twoba turi ‘inkomwahato,’ tukaba twihutira kwiyumvira ikintu kibi mu gihe umwe wo muri abo b’ayo mamuko ahuvye canke adukoreye agakosa ku kantu ide ataco kavuze? Niwibaze uti: ‘Noba nkeneye kurushiriza gutera imbere mu vy’ukubona abantu nk’uko Imana ibabona mu vy’ukutagira nkunzi?’

7. Gucika uwukwiye bwa Mukirisu bishobora kuba birimwo ukubona abandi gute?

7 Akarorero ka kabiri: Dukurikije uko Ab’i Filipi 2:3 havuga, dukwiye kutagira “ico [d]ukora kubgo gukēbana cank’ukwifata uko [t]utari, ariko [t]wicishije bugufi, umuntu wese yiyumvire yuko mugenzi we amuruta.” Ni gute turiko turatera imbere muri ivyo? Umuntu wese arafise aho agoyagoya n’aho akomeye. Nimba muri kahise twarihutira kubona ivyo abandi bagoyagoyamwo, twoba twarateye imbere, tutacitega ko begereza kuba “[ab]atunganye”? (Yakobo 3:2) Ubu, kuruta ikindi gihe cose cahise, twoba dushobora kubona​—mbere tukarondera​—uburyo abandi baturutamwo? ‘Sinoreka kwemera yuko uyu muvukanyikazi andusha kwihangana.’ ‘Uwo muntu arandusha kugaragaza ukwizera gukomeye.’ ‘Mbivuze ntakikiriza, ni umwigisha mwiza kundusha.’ ‘Arandusha kwigumya.’ Kumbure Abakolosayi bamwebamwe bari bakeneye gutera imbere muri ivyo. Tweho bite?

8, 9. (a) Ni mu buryo ki Epafura yasenze asabira Abakolosayi ngo ‘bahagarare’ bakwiye? (b) ‘Guhagarara bakwiye’ vyashaka kuvuga iki ku vyerekeye kazoza?

8 Epafura yasenze kugira ngo Abakolosayi “[ba]hagarare bakwiye.” Bigaragara ko Epafura yariko arasaba Imana yuko urugero Abakolosayi bari bashitseko mu vyo kuba Abakirisu bakwiye, bahumuye, bakuze, ‘bohagaze,’ canke bakaguma ukwo.

9 Ntidushobora kwibwira yuko umuntu wese acika Umukirisu, mbere ahumuye, azobandanya ukwo. Yezu yavuze yuko umwana w’Imana w’umumarayika “[ata]hagaze mu kuri.” (Yohana 8:44) Paulo na we yaribukije Abakorinto ivyerekeye bamwebamwe muri kahise bahora bakorera Yehova mugabo bamaze igihe barananirwa. Yaburiye abavukanyi basizwe impwemu ati: “Uwiyumvira kw ahagaze ni yiyubare ntagwe.” (1 Ab’i Korinto 10:12) Ivyo birongerereza inguvu kw’isengesho ry’uko Abakolosayi “amaherezo . . . [ba]hagarara [ba]kwiye.” Bamaze gucika abakwiye, abakuze, bari bakeneye gukomera ku muheto, ntibiyonjorore, ntibarambirwe canke ngo batwarwe akayombekere. (Abaheburayo 2:1; 3:12; 6:6; 10:39; 12:25) Gutyo bobaye “bakwiye” ku musi wo kugenzurwa kwabo n’ukwemerwa kwabo kwa nyuma.​—2 Ab’i Korinto 5:10; 1 Petero 2:12.

10, 11. (a) Epafura yadusigiye icitegererezo ikihe mu vyerekeye ugusenga? (b) Ukurikije ivyo Epafura yagize, ni umwiyemezo uwuhe woshima kugira?

10 Turamaze guca irya n’ino akamaro ko gusenga ku bw’abandi tubavuga mw’izina, tuvuga dutomora mu gusaba yuko Yehova abafasha, abahoza, abahezagira kandi abaha impwemu yera. Amasengesho Epafura yatura ku bw’Abakolosayi yari ameze ukwo. Kandi turashobora gutora muri ayo majambo iciyumviro c’agaciro c’ivyo dutura Yehova mw’isengesho ritwerekeye​—kukaba nkako turakwiye kubishobora. Nta nkeka, dukwiye gusaba imfashanyo Yehova gushika ku rugero twebwe ubwacu ‘amaherezo tuzohagarara dukwiye.’ Woba ubigira?

11 Ni kuki utoshiramwo uko ivyawe vyifashe mw’isengesho? Nubwire Imana urugero ugezeko mu gutera imbere ugana ku kuba umuntu ‘akwiye,’ akuze, ahumuye. Nuyinginge igufashe gutahura neza aho ugikeneye gukura mu buryo bw’impwemu. (Zaburi 17:3; 139:23, 24) Nta nkeka urafise ahantu nk’aho. Rero, aho kuvunika umutima kubera ico, niwinginge Imana mu buryo butomoye, udoma urutoke ku vy’uko ushaka ko agufasha ngo utere imbere. Ivyo ntubigire rimwe gusa. Kukaba nkako, ni kuki utokwiyemeza yuko muri iyi ndwi iza uzoza urasenga mu buryo buramvuye kugira ngo ‘amaherezo uzohagarare ukwiye.’ Kandi nutegekanye kuzobigira kenshi uko urimbura icanditswe c’umwaka. Mu masengesho utura, nushimikire ku mpengamiro woba ufise zo kwiyonjorora, kurambirwa canke kujanwa akayombekere ugaheba umurimo w’Imana hamwe n’ukuntu woshobora kuvyirinda.​—Abanyefeso 6:11, 13, 14, 18.

Nusenge Usaba Ukujijuka Gushikamye

12. Ni kuki Abakolosayi canecane bari bakeneye “ukujijuka gushikamye”?

12 Epafura kandi yarasenze ku bw’ikindi kintu cari gihambaye cotumye Abakolosayi basangwa amaherezo bahagaze bemewe n’Imana. No kuri twebwe kirakenewe nk’ukwo nyene. Cari igiki? Yasenze kugira ngo bashobore guhagarara “[ba]fise ukujijuka gushikamye mu kugomba kw’Imana kwose.” Bari bakikujwe n’amafilozofiya arwanya ukuri kandi yonona, amwamwe muri yo akaba yaboneka inyuma mu buryo bw’uruhendo ko ari ugusenga kw’ukuri. Nk’akarorero, bashirwako umukazo wo guhimbaza imisi idasanzwe irimwo kwisonzesha canke ibitereko, nka kurya vyahora bikenerwa mu gusenga kw’Abayuda. Abigisha b’ikinyoma bashimikira ku bamarayika, za mpwemu z’ububasha zakoreshwa mu gutanga Ivyagezwe vya Musa. Ibaze uri munsi y’imikazo nk’iyo! Hariho ivyiyumviro bidahuye injojo bivuruga abantu.​—Ab’i Galatiya 3:19; Ab’i Kolosayi 2:8, 16-18.

13. Ni mu gutahura ikintu ikihe vyoshoboye gufasha Abakolosayi, kandi ikintu nk’ico gishobora kudufasha gute?

13 Paulo yarabibeshuje mu gushimika ku ruhara Yezu Kirisitu afise. “Nk’uko mwākiriye Kristo Yesu Umwami wacu, abe ari ko mugendera muri we, mushinze imizi muri we, mwubakwa muri we, mushikamishijwe n’ukwizera nk’uko mwigishijwe.” Egome (ku Bakolosayi no kuri twebwe) hari hakenewe ukujijuka kwuzuye ku vyerekeye uruhara Kirisitu afise mu mugambi w’Imana no mu buzima bwacu. Paulo yasiguye ati: “Muri we [ni] ho haba ukunengesera kwose kw’Ubumana mu buryo bg’umubiri. Kandi munengeserezwa no kumubamwo, ni we mutwe w’ubukuru bgose n’ububasha bgose.”​—Ab’i Kolosayi 2:6-10.

14. Ni kuki icizigiro cari ikintu kitari umugani ku bari i Kolosayi?

14 Abakolosayi bari Abakirisu basizwe impwemu. Bari bafise icizigiro kidasanzwe, ubuzima bwo mw’ijuru, kandi bari bafise imvo zihagije zo kugumiza ico cizigiro gikayangana. (Ab’i Kolosayi 1:5) “Ukugomba kw’Imana” kwari ukw’uko bagira ukujijuka gushikamye ku vy’uko icizigiro cabo ari ntakekeranywa. Uwo ari we wese muri bo yoba yari akwiye kugira amakenga ku vy’ico cizigiro? Haba n’intete! Muri iki gihe vyoba bikwiye kumera ukundi ku bantu bose bafise icizigiro bahawe n’Imana c’ubuzima bwo mw’iparadizo yo kw’isi? Haba namba! Ico cizigiro nyakuri biratomoye ko kiri mu bigize “ukugomba kw’Imana.” Ubu rimbura ibi bibazo: Nimba uriko wihatira kuba uwo mw’“ishengero ryinshi” rizorokoka ya “marushwa ahambaye,” icizigiro cawe si umugani ku rugero rungana iki? (Ivyahishuriwe 7:9, 14) Coba kiri mu bigize “ukujijuka [kwawe] gushikamye mu kugomba kw’Imana kwose”?

15. Paulo yerekanye urukurikirane uruhe rwarimwo ukwizigira?

15 Mu “kwizigira” ntidushaka kuvuga icipfuzo kidatomoye canke indoto. Ivyo dushobora kubibonera mu rukurikirane rw’ivyiyumviro Paulo yari yashikirije Abaroma imbere y’ico gihe. Muri urwo rukurikirane, ikintu cose yavuze kirafitaniye isano n’igikurikira canke gishikana kuri co. Nurabe canecane aho Paulo ashira “kwizigira” muri uku kubafasha kuzirikana. Agira ati: “Tunezererwe n’amarushwa yacu, kuko tuzi yukw amarushwa atera ukwihangana; kand’ukwihangana kugatera [“ukwemerwa; ukwemerwa,” NW] kugatera kwizigira ibitaraba; ukwo kwizigira ntigutētereza, kuk’urukundo rw’Imana rwasutswe hose mu mitima yacu n[’im]pwemu [y]era twāhawe.”​—Abaroma 5:3-5.

16. Igihe wamenya ukuri kwa Bibiliya, ni icizigiro ikihe waronse?

16 Igihe Ivyabona vya Yehova bakubwira ubutumwa bwa Bibiliya ari bwo bwa mbere, ukuri kunaka gushobora kuba kwarakwegereye ivyiyumviro vyawe, nk’ukuntu abapfuye bamerewe canke izuka. Kuri benshi, ikintu gishasha nyamukuru batahuye ni ca ciyumviro gishingiye kuri Bibiliya c’uko bishoboka ko bazoba mw’iparadizo yo kw’isi. Niwibuke igihe wumva iyo nyigisho ari bwo bwa mbere. Ese ukuntu ari icizigiro ciza igitangaza​—indwara n’ubusaza ntibizoba bikiriho, ushobora kubaho winovora ivyamwa vy’ubutame bwawe, kandi hazoba amahoro hagati y’ibikoko! (Umusiguzi 9:5, 10; Yesaya 65:17-25; Yohana 5:28, 29; Ivyahishuriwe 21:3, 4) Waronse icizigiro ciza igitangaza!

17, 18. (a) Urukurikirane rw’ibintu Paulo yashikirije Abaroma rushikana gute ku cizigiro? (b) Ni icizigiro nyabaki bashaka kuvuga mu Baroma 5:4, 5, kandi woba ufise mwene ico cizigiro?

17 Mu nyuma, kumbure warahanganye n’ukurwanywa kunaka canke uruhamo. (Matayo 10:34-39; 24:9) No mu bihe vya vuba, Ivyabona bo mu bihugu bitandukanye inzu zabo zarasahuwe canke na ho bahatwa gucika impunzi. Bamwebamwe baratewe ku mubiri, ibisohokayandikiro vyabo bisigura Bibiliya birafatwa, canke batangirwa amaraporo ababeshera mu nzego menyeshamakuru. Uruhamo urwo ari rwo rwose ushobora kuba warahanganye na rwo, nk’uko mu Baroma 5:3 habivuga, warashoboye kunezerwa mu marushwa, kandi vyazanye ingaruka nziza. Nk’uko nyene Paulo yavyanditse, amarushwa yaguteye kwihangana. Maze ukwihangana kwagushikanye ku kwemerwa. Wari uzi yuko uriko urakora ibigororotse, ukora ukugomba kw’Imana, bigatuma wiyumvamwo udakeka yuko wemerwa na yo. Nk’uko Paulo yabivuze, wumva ‘wemewe.’ Mu kubandanya, Paulo yanditse yuko “kwemerwa gutera kwizigira ibitaraba.” Ico gishobora gusa n’ikintu kidasanzwe. Ni kuki Paulo yatondetse “kwizigira” kure cane muri urwo rukurikirane? None ntiwagize ico cizigiro imbere cane, igihe wumva inkuru nziza ari bwo bwa mbere?

18 Birumvikana, hano Paulo ntariko yerekeza ku nyiyumvo twagize mu ntango zerekeye ukwizigira ubuzima butagira agasembwa. Ico yerekezako kirarengeye ivyo; kirimbitse kuruta, kirushiriza gutuma umuntu agira ico akoze. Igihe twihangana turi abizerwa maze gutyo tugatahura yuko twemerwa n’Imana, ivyo biragira ico bikoze kigera kure mu kwongerereza ukwizigira twari dufise no mu kugukomeza. Icizigiro twari dufise ico gihe kirushiriza kutaba umugani, kirushiriza gukomera, kirushiriza kuba ico twifitiye. Ico cizigiro cimbitse kirushiriza gukayangana. Kiratwuzura, kikadushwara mu mitsi. “Ukwo kwizigira ntigutētereza, kuk’urukundo rw’Imana rwasutswe hose mu mitima yacu n[’im]pwemu [y]era twāhawe.”

19. Icizigiro cawe gikwiye gute kuba mu bigize amasengesho yawe utura udahorereza?

19 Isengesho Epafura yaturana ubwira ryari iry’uko abavukanyi n’abavukanyikazi biwe b’i Kolosayi baguma bakorwa ku mutima n’ivyari bibari imbere kandi bajijutse kuri vyo, bafise “ukujijuka gushikamye mu kugomba kw’Imana kwose.” Nimuze nk’ukwo nyene umwe wese muri twebwe duture Imana ubudahorereza ivyerekeye icizigiro cacu. Mu masengesho yawe utura mu mwiherero, nushiremwo icizigiro ufise ku biraba isi nshasha. Nuserurire Yehova ukuntu uyicambirwa, ufise ukujijuka kwuzuye yuko izoza. Numutakambire agufashe kugira ngo wimbike wongere wagure ukujijuka kwawe. Nka kurya Epafura yasenze kugira ngo Abakolosayi bagire “ukujijuka gushikamye mu kugomba kw’Imana kwose,” nugire nk’ukwo nyene. Nubigire kenshi.

20. Igihe abantu nka bakeyi ugereranije bakebeje bagata inzira ya gikirisu, ni kuki ivyo bidakwiye kuba inyendamuvano yo kuvunika umutima?

20 Ntukwiye gusamazwa canke ngo uvunwe umutima n’ivy’uko atari bose bahagarara bakwiye kandi bafise ukujijuka gushikamye. Bamwe barashobora kunanirwa, gukevya, canke mbere bakabiheba. Ivyo vyarashitse mu bari somambike kuri Yezu, ari zo ntumwa ziwe. Mugabo, igihe Yuda yahinduka umuguranyi, izindi ntumwa zoba zaciye zidebukirwa canke zibivamwo? Haba namba! Petero yerekeje kuri Zaburi 109:8 kugira ngo yerekane yuko uwundi yoshobora gusubira mu kibanza ca Yuda. Umusubirizi yararobanuwe, intahemuka b’Imana na bo barabandanya bashirutse ubute igikorwa cabo co kwamamaza. (Ivyakozwe 1:15-26) Bari biyemeje guhagarara bakwiye bafise ukujijuka gushikamye.

21, 22. Ni mu buryo ki uguhagarara kwawe ukwiye kandi ufise ukujijuka gushikamye bizobonwa?

21 Urashobora kwemera udakeka yuko uguhagarara kwawe ukwiye kandi ufise ukujijuka gushikamye mu kugomba kw’Imana kwose bitazobura kubonwa. Bizokwihwezwa kandi bizoshimwa. Na bande?

22 Emwe, abavukanyi n’abavukanyikazi bawe, abakuzi kandi bagukunda, bazobibona. Naho benshi muri bo batabivuga mu majambo, ingaruka izoba nk’iyi dusoma mu 1 Ab’i Tesalonike 1:2-6: “Mwese tubashimira Imana imisi yose, tubahoza mu kanwa uko dusenze, twibuka ubudasība ibikorwa vyanyu biva ku kwizera, n’ubutame buva mu rukundo, n’ukwihangana kuva ku kwizigira Umwami wacu Yesu Kristo, imbere y’Imana yacu, ni yo Data wa twese. Kuk’ubutumwa bgacu butābashitseko ar’amajambo yonyene ariko bgarimwo n’ubushobozi [n’im]pwemu [y]era, no kumara amazinda rwose . . . ; namwe mwaratwīgānye, mwīgāna n’Umwami wacu.” Abakirisu b’intahemuka bagukikije bazokwiyumva nk’ukwo nyene igihe babona yuko “[u]hagarara [u]kwiye kandi [u]fise ukujijuka gushikamye mu kugomba kw’Imana kwose.”​—Ab’i Kolosayi 1:23.

23. Muri uyu mwaka, umwiyemezo wawe ukwiye kuba uwuhe?

23 Nta gukeka kandi ko So wo mw’ijuru azokwihweza kandi azohimbarwa. Shira amazinda muri vyo. Kuki? Kubera uriko urahagarara ukwiye kandi ufise ukijijuka gushikamye “mu kugomba kw’Imana kwose.” Paulo yarandikiye Abakolosayi abaremesha ku vyerekeye ukuntu bagenda “nk’uko bibereye [Yehova], [ba]munezereza muri vyose.” (Ab’i Kolosayi 1:10) Egome, birashoboka ko abantu b’abanyagasembwa bamuhimbara bimwe vyuzuye. Abavukanyi n’abavukanyikazi bawe b’Abakolosayi barabigize. Abakirisu bagukikije bariko barabigira muri iki gihe. Na wewe nyene urashobora kubigira! Ni co gituma, mu kiringo c’uyu mwaka, woreka ngo amasengesho utura ku musi ku musi n’ibikorwa usanzwe ukora vyerekane yuko wiyemeje “amaherezo . . . guhagarara [u]kwiye kandi [u]fise ukujijuka gushikamye mu kugomba kw’Imana kwose.”

Woba Ushobora Kuvyibuka?

• Mu ‘guhagarara kwawe ukwiye’ harimwo n’ibiki?

• Ni ibintu ibihe bikwerekeye ubwawe ukwiye gushira mw’isengesho?

• Nk’uko twabigiriwe inama mu Baroma 5:4, 5, ni ukwizigira nyabaki ushaka kugira?

• Inyigisho yacu yakuvyuriye kugira umugambi uwuhe muri uyu mwaka?

[Ifoto ku rup. 13]

Epafura yasenze kugira ngo abavukanyi biwe bahagarare bakwiye, bafise ukujijuka gushikamye ku vyerekeye Kirisitu n’icizigiro cabo

[Ifoto ku rup. 16]

Icizigiro ntakekeranywa cawe be n’ukujijuka gushikamye ufise urabisangiye n’abandi bantu amamiliyoni

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika