Ubumwe bw’Amadini Bwoba Buri Hafi?
“Turiko turibonera umusi uhambaye mu vyabaye vyerekeye amashengero yacu.” Ukwo ni ko Christian Krause, perezida w’Umuhari wo kw’Isi w’Abaluteri yavuze. Na Papa Yohani Paulo wa 2 yaravuze ivy’“igihe gihambaye mu nzira igoye ijana ku kwubaka bushasha ubumwe bwuzuye mu Bakirisu.”
Ayo majambo arangwa igishika yavuzwe bivuye kw’ishirwako umukono ry’Itangazo Rusangi ryo ku wa 31 Gitugutu 1999, i Augsburg, mu Budagi, iryemeza Itangazo Rusangi ryerekeye Inyigisho y’Ukubabarira. Igihe n’ikibanza urwo rubanza rwobereyeko vyari vyatowe neza. Bivugwa yuko ku wa 31 Gitugutu 1517, Martin Luther yamanitse n’imisumari urwandiko rurimwo ivyiyumviro vyiwe 95 ku rugi rw’isengero ryo ku kirimba i Wittenberg, gutyo aba atanguje rya Tunganyabusha ry’Abaporotisanti. Ego ni ko, i Augsburg ni ho mu 1530 Abaluteri bashikiriza inyigisho zabo z’ishimikiro, ari yo Keredo y’i Augsburg, iyatewe akagere na Ekeleziya Gatolika, bishikana ku mukokwe w’intasubirana hagati y’Abaporotisanti n’Abagatolika.
Iryo Tangazo Rusangi ryoba rizoba intambwe nyamukuru mu gutsinda amacakubiri y’ishengero, nk’uko bivugwa? Si abo mu mpande zose babona ko bishoboka. Abanyatewo- lojiya b’Abaporotisanti barenga 250 barashize umukono ku rwandiko rubirwanya, babura ivy’uko bariko barigarurirwa na Ekeleziya Gatolika. Abaporotisanti kandi barashavuye igihe Ekeleziya Gatolika yatangaza indulujensiya idasanzwe ku bw’umwaka w’2.000, akaba ari ko kamenyero nyene kabaye inkwezi ya wa mukokwe, ubu hakaba haciye nk’imyaka 500. Kandi, kubera ko Keredo y’i Augsburg n’Urwandiko rwa Gatolika rwayirwanya rwasohowe mu Nama y’Ekeleziya y’i Trent bigikoreshwa vyompi, ubumwe buracari kure nk’ukwezi.
Amacakubiri n’ukutumvikana biri mu Bitwa Abakirisu birakomeye kuruta, ku buryo ishirwako umukono ry’itangazo rusangi ridashobora kubishira mu buryo. Vyongeye, ubumwe mu kwizera buhagaze ku kwemera gushingiye imizi mw’Ijambo ry’Imana, Bibiliya. (Abanyefeso 4:3-6) Ubumwe nyakuri, aho kuva ku mwumvikano, buva ku kwiga no ku gukora ivyo Imana idusaba. Wa muhanuzi w’umwizerwa Mika yavuze ati: “Ayandi mahanga yose azogenda, ihanga ryose rigendere mw izina ry’imana yaryo, ariko tweho tuzogendera mw izina ry[a] [“Yehova,” NW] Imana yacu gushitsa ibihe bitazoshira.”—Mika 4:5.
[Abo dukesha ifoto ku rup. 32]
© Ralph Orlowski/REUTERS/Archive Photos