ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/12 rup. 31
  • Ubwiza bw’Imbere Burafise Agaciro Karamba

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubwiza bw’Imbere Burafise Agaciro Karamba
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/12 rup. 31

Ubwiza bw’Imbere Burafise Agaciro Karamba

“UMUSORE ABONA KO UBWIZA BUNGANYA AGACIRO N’INGESO NZIZA.” UKWO NI KO UMUKIRISU UMWE W’UMWIZERWA AGEZE MU ZABUKURU YAVUZE.

Egome, umuntu kuva kera afise impengamiro yo gushimika mu buryo butabereye ku bwiza bwo ku rukoba, kenshi bigatuma atabona neza kamere nziza z’imbere. Ariko rero, Umuremyi wacu araba ico turi ibwina imbere, ataravye uko tuboneka inyuma. Muri ubwo buryo, aratanga akarorero ntangere mu vy’ukubona ibintu mu buryo bw’umuntu ahumuye. Nk’uko Bibiliya ibivuga, Imana ubwayo yavuze iti: “Jewe sindāba nk’ukw abantu barāba: kukw abantu barāba ku rukoba gusa, ariko jewe Uhoraho ndāba mu mutima.”​—1 Samweli 16:7.

Imana ni yo Soko ry’ubwiza nyakuri bw’abantu, kandi Ijambo ryayo rihishura yuko igihe irata umuntu abikwiriye, kamere zo mu vy’impwemu ni zo ziza imbere y’ibindi vyose. Bibiliya ivuga iti: “Akazuru gusa karahendana, n’ubgiza bgo ku rukoba nta co bumaze, arik’umugore yubaha Uhoraho ni we ashimwa.” (Imigani 31:30) Kukaba nkako, akaranga k’inyuma karashobora gupfuka ububi bw’imbere. (Esiteri 1:10-12; Imigani 11:22) Naho ubwiza bw’umubiri bushobora gufutana uko igihe kirengana, ubwiza bw’imbere​—ni ukuvuga kamere z’umutima​—burashobora gukura kandi bukaramba.

Ese rero ingene biranga ubukerebutsi gutsimbataza kamere nk’urukundo, umunezero, amahoro, kwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa, ubugwaneza n’ukwirinda! (Ab’i Galatiya 5:22, 23) Gutyo, turashobora kuronka ubwiza bw’imbere, ubufise agaciro karamba vy’ukuri.​—1 Petero 3:3, 4.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika