ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/7 rup. 3-4
  • Woba Ushobora Kuronka Amahoro yo mu Mutima?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba Ushobora Kuronka Amahoro yo mu Mutima?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Bararondeye Amahoro yo mu Mutima
  • Ni Hehe Ushobora Kuronkera Amahoro yo mu Mutima?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Woba ushobora kuronka amahoro muri iyi si idurumbanye?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Yohani 14:27: “Amahoro ndayabasigaranye”
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • Amahoro—Woyaronka gute?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/7 rup. 3-4

Woba Ushobora Kuronka Amahoro yo mu Mutima?

Mu mwaka w’1854, umwanditsi w’Umunyamerika Henry Thoreau yanditse ati: “Amasinzi y’abantu abayeho mu mwiheburo, ata wubivuga.”

Biboneka ko mu misi yiwe abantu benshi batagira amahoro yo mu mutima. Ariko rero, aho hari mu myaka 150 iheze. Muri iki gihe ibintu vyoba bitandukanye? Canke ivyo Thoreau yavuze vyoba bigishika? Bite ho kubikwerekeye wewe ubwawe? Woba ushize akanyota, ufise amahoro? Canke wumva ata mutekano ufise, utazi ico kazoza kakubikiye, cabure tuvuze mu bundi buryo amajambo ya Thoreau, woba ‘wihebuye utabivuga’?

IKIBABAJE, hari ibintu vyinshi muri iyi si bituma abantu batakigira amahoro yo mu mutima. Reka tuvugemwo bikeyi. Mu bihugu vyinshi ubushomeri n’agashahara gato bituma haba ubukene n’umwiheburo mu vy’ubutunzi. Mu bindi bihugu benshi inguvu zabo nka zose bazikoresha mu kwiruka inyuma y’ubutunzi n’amaronko. Ariko rero, kenshi na kenshi ubuzima burangwa no guhiganwa buri muri ivyo butera amaganya, ntibuzana amahoro. Indwara, intambara, ubugizi bwa nabi, akarenganyo hamwe n’agacinyizo na vyo nyene bituma abantu batakigira amahoro.

Bararondeye Amahoro yo mu Mutima

Abenshi ntibashaka gukurikiza uko isi imeze. Antônioa yari umukoresha mw’ihinguriro rinini ry’i São Paulo muri Berezile. Yizigiye kurushiriza kubaho neza, yaragize uruhara mu migumuko n’imyerekano ariko ivyo ntivyamuzaniye amahoro yo mu mutima.

Bamwebamwe bizigira yuko ukwubaka kuzotuma ubuzima bwabo butekanirwa ku rugero runaka, ariko boshobora gusanga bihenze. Marcos yari umudandaza yererwa. Yarinjiye mu vya politike maze acika umukuru w’igisagara kigwiriyemwo amahinguriro. Ariko rero, ubuzima bwiwe bwo mu rugo bwari mu kaga. Igihe abana batari bakiba i muhira, we hamwe n’umugore wiwe baratandukanye kubera ivyo batumvikanako bitashobora gushirwa mu buryo.

Gerson, uwari umwana wo mw’ibarabara i Salvador muri Berezile yakunda kuba ikiyererezi. Yava mu gisagara aja mu kindi ari kumwe n’abatwara ibikamyo. Hadaciye na kabiri yabaye uwiziziwe n’ibiyayura umutwe, yiba abantu kugira aronke ayo akoresha mu ngeso ziwe mbi. Incuro zitari nke yarafashwe n’abapolisi. Ariko rero, naho Gerson yari umunyamahane akaba n’inkazi, yaracambirwa amahoro yo mu mutima. Yoba yokwigeze ayaronka?

Igihe Vania yari akiri muto, nyina wiwe yarapfuye, hanyuma Vania aca aba ari we araba ivyo muhira, harimwo no kwitwararika mwenewabo arwaye. Vania yaraja mu misa ariko akumva ko yahebwe n’Imana. Nta nkeka ko ata mahoro yo mu muzirikanyi yagira.

Ubu tuvuge ivya Marcelo. Ico Marcelo yashaka kwari ukwinezereza gusa. Yakunda kugirana agakuku n’urundi rwaruka​—batamba, banywa bongera bafata ibiyayura umutwe. Igihe kimwe yarwanye n’uwundi musore yongera aramukomeretsa. Mu nyuma, yaricujije cane kubera ivyo yakoze aca asenga Imana asaba imfashanyo. Na we nyene yashaka amahoro yo mu muzirikanyi.

Ivyo vyabaye birerekana ibintu bimwebimwe bishobora gutuma umuntu atagira amahoro yo mu muzirikanyi. Hoba hari uburyo na bumwe wa mukoresha, wa munyapolitike, wa mwana wo mw’ibarabara, wa mukobwa yakora agatama, hamwe n’umwe yakunda agakuku boshoboye gushikira amahoro yo mu mutima barondera? Ivyabashikiye vyoba hari ico bitwigisha? Inyishu z’ivyo bibazo vyompi ni egome, nk’uko tuja kubibona mu kiganiro gikurikira.

[Akajambo k’epfo]

a Amazina amwamwe yarahinduwe.

[Ifoto ku rup. 3]

Woba wipfuza amahoro yo mu mutima?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika