Ijambo “Umukirisu” Ryoba Ririko Riratakaza Insobanuro Yaryo?
KUBA Umukirisu bisobanura iki? Wokwishura gute? Abantu bapfuye guhitamwo mu bihugu bitandukanye barabajijwe ico kibazo nyene, kandi utu ni uturorero tw’inyishu bagiye baratanga:
“Gukurikira Yezu no ku mwigana.”
“Kuba umuntu mwiza no gusabikanya n’abandi.”
“Kwemera Kirisitu nk’Umukama akaba n’Umukiza.”
“Kuja mu misa, kuvuga ishapure, hamwe no gusangira.”
“Sinibaza ko kugira ngo ube Umukirisu urinda kuja mu misa.”
Mbere n’inyizamvugo zitanga insobanuro umuyoro zituma umuntu abura ico afata n’ico areka. Kukaba nkako, igitabu kimwe gifise insobanuro cumi munsi y’ijambo “Umukirisu,” ziva ku yivuga ngo ni “ukwemera canke gukukira idini ya Yezu Kirisitu” zigashika ku yivuga ngo “umuntu w’intore kandi yifata rupfasoni.” Ntibitangaje kuba benshi basanga bigoye gusigura ico ari co kuba Umukirisu.
Impengamiro yo Kurekerana Ibintu
Muri iki gihe, mu bavuga ko ari Abakirisu—mbere no mu basangiye idini—umuntu arashobora gusanga bafise ivyiyumviro umuyoro nko ku bibazo vy’uko Bibiliya yahumetswe n’Imana, inyigisho y’ivy’ihindagurika, ukwivanga muri Politike kw’amadini, hamwe n’uko umuntu yobwira abandi ukwizera afise. Ibibazo vy’ukwigenza runtu, ibivugavugwa nk’ugukorora inda, ukumarana inambu kw’abasangiye igitsina hamwe n’ababana batabiranye kenshi na kenshi biracika isoko ry’ibihari. Biratomoye ko impengamiro ihari ari iyo kurekerana ibintu.
Nk’akarorero, ikinyamakuru kimwe (Christian Century) cigana yuko sentare y’ishengero rimwe ry’Abaporotisanti riherutse gutora gushigikira ivy’uko ishengero rifise uburenganzira bw’“ukugena umukuru w’ishengero yisuka mu vy’ukumarana inambu kw’abasangiye igitsina ngo aje mu rwego nyobozi rwayo.” Abanyatewolojiya bamwebamwe baranashikirije iciyumviro c’uko kwizera Yezu atari ryo shingiro ry’ubukiriro. Hari raporo yo mu kinyamakuru kimwe (The New York Times) ivuga yuko bemera ko Abayuda, Abisilamu hamwe n’abandi “boshobora kuduga mw’ijuru [co kimwe n’Abakirisu].”
Ibaze niba woshobora kuba umuyoboke wa Marx aburanira intwaro aho ubutunzi buri mu minwe y’abikorera utwabo canke uwushigikira intwaro rusangi akorereza intwaro y’agahotoro cabure uwuburanira ikingirwa ry’ibidukikije ashigikira itemwa ry’amashamba. Wovuga uti: “uwo muntu ntashobora kuba vy’ukuri ari umuyoboke wa Marx canke uwushigikira intwaro rusangi cabure uwuburanira ikingirwa ry’ibidukikije”—kandi woba uvuze ukuri. Yamara, igihe urimbura ivyiyumviro bitandukanye bifiswe n’ab’iki gihe bavuga ko ari Abakirisu, urabona ivyemerwa ataho bihurira kandi bikunda gutera kubiri n’ivyo Uwatanguje Ubukirisu, Yezu Kirisitu, yigishije. Ivyo none vyerekana iki kw’ishami ry’Ubukirisu bakukira?
Ivy’umuhimirizo wo guhindura inyigisho z’Abakirisu kugira ngo zihuze n’ivyiyumviro nta wobivuga ngo abimare, nk’uko tuza kubibona. Imana na Yezu Kirisitu babona gute ayo mahinduka? Amadini ashigikira inyigisho zidashingiye kuri Kirisitu, yoba ashobora kwiyita aya gikirisu? Ivyo bibazo biraja kwihwezwa mu kiganiro gikurikira.