ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/10 rup. 3-4
  • Ni Kuki Dufise Umwanya Muto Cane?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni Kuki Dufise Umwanya Muto Cane?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umwanya Mwinshi
  • Umwanya Uguma Urushiriza Kuba Muto
  • Mu vy’Ukugira Umwanya Muto Ntituri Twenyene
  • Nidukoreshanye Ubukerebutsi Umwanya Dufise Ubu
  • Yehova Aratwigisha Ukuntu Twoharura Imisi Yacu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Tugendane n’Imana—Duhanze Amaso Ibihe Bidashira
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Turashobora kubaho ibihe bidahera
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Kubaho Ibihe Bidashira Si Indoto
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/10 rup. 3-4

Ni Kuki Dufise Umwanya Muto Cane?

UMWANYA. Dushobora gusanga bigoye gusobanura iryo jambo mu buryo butomoye, mugabo nta nkeka turazi yuko dusa n’abatigera baronka umwanya uhagije. Turazi kandi yuko umwanya ugenda wihuta. Nkako, kenshi tuvugana umubabaro duti: “Umwanya uriruka.”

Naho ari ukwo, biragaragara yuko wa mupowete w’Umwongereza Austin Dobson yavuze ukuri kwuzuye igihe mu 1877 yavuga ati: “Woba uvuga yuko Umwanya ugiye? Eka data! Ikibabaje, Umwanya urasigara, tukagenda.” Kuva aho Dobson apfiriye mu 1921, haraheze hafi imyaka 80; umwanya urabandanya.

Umwanya Mwinshi

Ku vyerekeye Umuremyi w’abantu, Bibiliya itubwira iti: “Imisozi ubwayo itaravuka, utararamukwa isi hamwe n’isi ndimwa, mbere uhereye mu bihe bitazwi ugashitsa mu bihe bitazwi, ni wewe Mana.” (Zaburi 90:2, NW) Canke nk’uko Bibiliya Yera ibivuga, “uhereye ibihe bidashira, gushitsa ibihe bidashira, ni wewe Mana.” Urumva rero ko umwanya uzoba uriho igihe cose Imana izoba iriho—ni ukuvuga ibihe bidahera!

Abantu baratandukanye n’Imana, yo yiberaho ibihe bidahera. Ku biberekeye dusoma duti: “Kukw imisi yacu yose ishize tukiri mu burake bgawe, imyaka yacu tuyirangiza nk’ah’ar’akanya ko gusuhuza umutima. Imisi y’imyaka yacu n’imyaka mirongwirindwi, canke naho, kubg’intege nyinshi, yoshika kuri mirongumunani, yamar’ivyiratwa vyayo n’ubutame n’umubabaro, kukw ishira vuba, natwe tukaba tugurutse.”—Zaburi 90:9, 10.

Ni kuki tubaho igihe gito cane kandi Bibiliya yigisha mu buryo butomoye yuko umugambi w’Imana ari uw’uko umuntu abaho ibihe bidahera? (Itanguriro 1:27, 28; Zaburi 37:29) Aho kugira ubuzima butagira iherezo nk’uko Imana yari yabigabiye, ni kuki abantu no mu gihe ibintu vyifashe neza baramba imisi idashika 30 000? Ni kuki abantu bafise umwanya muto cane? Ni nde canke ni igiki gituma haba ivyo bintu bibabaje? Bibiliya iravyishura mu buryo butomoye kandi bunyura umutima.a

Umwanya Uguma Urushiriza Kuba Muto

Abageze mu zabukuru bokwemeza yuko muri iyi myaka mirongo ya vuba abantu barushiriza gucurumba mu buzima. Umukenyezi umwe w’umumenyeshamakuru, Dr. Sybille Fritsch, yerekanye yuko mu myaka 200 iheze, amasaha y’akazi ku ndwi yagabanutse ava ku 80 ashika kuri 38, “yamara ivyo ntivyatumye tureka kwidodomba.” Yarabitomoye ati: “Nta mwanya; umwanya urazimvye; umwanya urakenewe cane; ubuzima bwo gucacana.”

Ubuhinga bushasha bwagiye buruburwa bwaratumye abantu baronka uburyo n’ubushobozi abababoneye izuba batari barigeze no kwiyumvira. Mugabo, uko umuntu arushiriza kuronka akaryo ko gukora ibikorwa vyinshi, ni ko arushiriza kubabazwa n’uko atagira umwanya ukwiye wo kubirangura. Muri iki gihe, mu mihingo myinshi yo kw’isi abantu babaho bagengwa n’isaha, bava ku gikorwa kimwe basimbira ku kindi. Mu gitondo Dawe ategerezwa kuja ku kazi isaha 1, Mawe ategerezwa kujana abana kw’ishure isaha 2 n’igice, Sogokuru aja kubonana na muganga isaha 3 n’iminuta 40, kandi twese dutegerezwa kwitegurira ikoraniro rihambaye riza kuba isaha 1 n’igice z’ijoro. Kubera ukwo kwihutagiza tuva ku gikorwa kimwe tuja ku kindi, umwanya usigaye wo kwiruhura ukwo ari kwo kwose ni uw’intica ntikize. Kandi turidoga kubera twama mu bikorwa bimwe imisi yose, kubera twama dusiganwa.

Mu vy’Ukugira Umwanya Muto Ntituri Twenyene

Wa wundi arwanya Imana, Shetani ya Diyabule, umwe umugambi wiwe watumye ubuzima bw’abantu buba bugufi, ikibi yakoze ubu kiriko kiramukora. (Gereranya n’Ab’i Galatiya 6:7, 8.) Igihe mu Vyahishuriwe 12:12 havuga ivyerekeye ivuka ry’Ubwami bwa Mesiya mw’ijuru, haratuma tugira umwizero mu kuvuga hati: “Nuko noneho munezerwe mwa majuru, namwe abayabamwo. Ibara rizobonwa n’isi n’ikiyaga, kuk’Umurwanizi yabamanukiye, ari n’inzigo nyinshi, azi kw afise igihe gito.”—Ni twe tubihiritse.

Nk’uko vyerekanwa n’urukurikirane rw’ibihe twokwizigira ruri muri Bibiliya be n’iranguka ry’ubuhanuzi bwayo, ubu turi mu mpera z’ico “gihe gito.” Ese umunezero dufise wo kumenya yuko umwanya wa Shetani nka wose ugiye guhera buhere! Niyamara gukurwa mu nzira, abantu bagamburuka bazosubira kutagira agasembwa, kandi bazoshobora gushikira bwa buzima budahera Yehova yari afise umugambi wo kubaha mu ntango. (Ivyahishuriwe 21:1-4) Nta ngorane yo kubura umwanya izoba ikiriho.

Woshobora kwiyumvira ico bizoba bivuze kugira ubuzima budahera—kubaho ibihe bidashira? Nta na rimwe uzosubira kubabazwa n’ibintu utegerezwa kureka bitarakorwa. Nimba ukeneye uwundi mwanya, ejo canke mu ndwi iza cabure mu mwaka uza uzoba uriho—yemwe, uzoba ufise imbere yawe ibihe bidahera!

Nidukoreshanye Ubukerebutsi Umwanya Dufise Ubu

Kubera yuko Shetani azi ko umwanya afise wo kwosha abantu umuheranye, aragerageza gutuma abantu baguma bafise vyinshi bacurumbamwo, ku buryo badafise umwanya wo gutega ugutwi inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana bwashinzwe. Ni co gituma vyoba vyiza duteze yompi iyi mpanuro iva ku Mana igira iti: “Mwirinde cane uburyo mugenda, mwoye kugenda nk’imburabgenge, ariko mugende nk’abanyabgenge, mugura uburyo mubugwiza [“mucungura umwanya ubereye,” NW], kukw imisi ari mibi. Nuko ntimube ibipfu, ariko mutahure ivy’Umwami wacu agomba ivy’ari vyo.”—Abanyefeso 5:15-17.

Uzi ukuntu ari ngirakimazi cane ko dukoreshanya ubukerebutsi umwanya wacu, tukawukoresha mu bintu ngirakamaro kuruta aho kuwusesagurira mu kwiruka inyuma y’ibintu bitagira ikimazi, bitazana ivyiza biramba! Dukwiye gutsimbataza agatima nk’ako Musa yari afise igihe yatakambira Yehova muri aya majambo y’inkoramutima agira ati: “Utwigishe guharūra imisi yacu uburyo butuma dutunga imitima y’ubgenge.”—Zaburi 90:12.

Ni vyo, muri iyi si ya none, umuntu wese afise vyinshi akora. Naho ari ukwo, Ivyabona vya Yehova baraguhimirije bashimitse ngo ufate umwanya muto ku mwanya wawe w’agaciro, kugira ngo wige ivyerekeye ivyo Imana isaba ubone kuronka ubuzima budahera mu gihe c’intwaro y’Ubwami bwayo. Isaha imwe ku ndwi womara utohoza Bibiliya uyinonosora, “[ugatahura] ivy’Umwami wacu agomba ivy’ari vyo,” yotuma ushobora kwibonera iranguka ry’aya majambo agira ati: “Tandukana n’ibibi, ukore ivyiza, ubone kwamaho. Abagororotsi bazoragwa igihugu [“isi,” NW], bakibemw’ibihe bidashira.”—Zaburi 37:27, 29.

[Akajambo k’epfo]

a Raba igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budashira, ikigabane ca 6, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika