Tugumizwe Hamwe n’inǎnga y’Ukwizigira, Dukoreshwe n’Urukundo
“Hagumyeh’ukwizera, n’ivyizigiro, n’urukundo, ivyo ukw ari bitatu: arikw ikibiruta n’urukundo.”—1 AB’I KORINTO 13:13.
1. Intumwa Paulo aduha iyihe mburizi?
INTUMWA Paulo atuburira yuko ukwizera kwacu gushobora gusāba nk’ubwato. Yavuze ivyerekeye “[k]ugumy[a] ukwizera, [du]fise umutima utar’imw’ijwi ri[t]wagiriza ikibi; iryo bamwe bāshibuye bakamera nk’ubgato busāvye mu vy’ukwizera.” (1 Timoteyo 1:19) Mu kinjana ca mbere G.C., ubwato bwagendera mu biyaga bwari bukozwe mu mbaho. Kugira ngo bushobore kugendera ku kiyaga ata nkomanzi vyava ku bwiza bw’imbaho no ku kuba bwubatswe ku buhinga.
2. Ni kuki ubwato bw’ukwizera kwacu bukwiye kuba bwubatswe neza, kandi ivyo bidusaba iki?
2 Igishobora kwitwa ubwato bw’ukwizera kwacu gitegerezwa kuguma kireremba hejuru y’ibiyaga bisūrirana ari vyo bantu. (Yesaya 57:20; Ivyahishuriwe 17:15) Ni co gituma butegerezwa kuba bwubatswe neza, kandi ivyo biva kuri twebwe. Igihe “ibiyaga” vy’isi y’Abayuda n’iy’Abaroma mu buryo budasanzwe vyasuriranira ku Bakirisu ba mbere, Yuda yanditse ati: “Bakundwa, mwiyubake ku kwizera kwanyu kwera cane, musengere mu [m]pwemu [y]era, mwizigamire mu rukundo rw’Imana, mwiteze imbabazi z’Umwami wacu Yesu Kristo zibashitsa ku bu[zima] budashira.” (Yuda 20, 21) Kubera yuko Yuda yavuze n’ivy’ukurwanira ‘ukwizera kwahawe abera,’ imvugo ngo ‘ukwizera kwera cane’ ishobora kuba yerekeza ku nyigisho zose za gikirisu, tutibagiye n’inkuru nziza y’ubukiriro. (Yuda 3) Kirisitu ni we mushinge w’ukwo kwizera. Dukeneye ukwizera gukomeye niba dushaka kwumira ku kwizera nyakuri kwa gikirisu.
Gusimba ca Gihuhusi c’ “Iterabwoba ry’Utudumbi”
3. Abantu bamwebamwe bakoresha gute “iterabwoba ry’utudumbi”?
3 Muri iyi myaka iheze harabayeho ibintu biteye ubwoba bitari bike, abantu biyahuriye hamwe ikivunga, ubwicanyi, be n’ibitero vya ba gaterabwoba bikorwa n’utudumbi tugizwe n’abantu bari ku rushi. Birumvikana, abantu benshi harimwo n’abajejwe intwaro batabigiranye uburyarya barerekanye yuko barajwe ishinga no gukingira abantu ataco bazira canecane urwaruka, mwen’utwo tudumbi tugeramiye abantu. Kubera ko ata gukeka “imana y’iki gihe” ari yo iri inyuma y’ubwo bwicanyi bw’agahomerabunwa, yaratanguje rero ico bamwe bita iterabwoba ry’utudumbi, kandi ivyo ariko arabikoresha mu kurwanya abasavyi ba Yehova. (2 Ab’i Korinto 4:4; Ivyahishuriwe 12:12) Bamwe barakoresheje ivyo bintu kugira ngo bandurutse ukurwanya igikorwa cacu. Mu bihugu bimwebimwe, baradukije isekeza riboneka ko rigabirije gukingira abanyagihugu “utudumbi tugeramiye abantu,” mugabo bakadoma urutoke bihenda ku Vyabona vya Yehova, gutyo bakaba bariko baratwagiriza bakikiriza. Ivyo vyaratumye gushinga intahe inzu ku yindi bigora mu bihugu bimwebimwe vy’i Buraya, bituma kandi abantu bamwebamwe twahoze twigana Bibiliya bahagarika inyigisho yabo. Ivyo vyaciye rero bigira ingaruka mbi kuri bamwebamwe mu bavukanyi bacu.
4. Ni kuki ukurwanywa kudakwiye kuduca intege?
4 Ariko rero aho kuduca intege, ukurwanywa gukwiye kudukomeza mu vy’ukujijuka yuko turi Abakirisu nyakuri. (Matayo 5:11, 12) Abakirisu ba mbere bagirizwa ko bagize akadumbi kagumura abantu, kandi ahantu hose ‘babavuga nabi.’ (Ivyakozwe 24:5; 28:22) Mugabo intumwa Petero yarasubirije umutima mu nda abo basangiye ukwemera, yandika ati: “Abo nkunda, umuriro uri hagati yanyu wo kubagerageza ntukabatangaze, nk’aho mubonye akatābonetse. Ariko munezerezwe n’uko mufatanije n’imibabaro ya Kristo, kugira ngo no mu gihe co guhishurwa kw’ubgiza bgiwe muze munezerwe muhimbarwe.” (1 Petero 4:12, 13) Umwe mu bari bagize inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere na we yanditse ati: “Mwiyumvire kw ar’ivyo kunezererwa rwose, bene Data, ni mwagwa mu bibagerageza bitari bimwe, mumenye yukw ibigeza ukwizera kwanyu bitera ukwihangana. Arik’ukwihangana gukwiye guhīngūra igikorwa cakwo, ngo mubone gutungana rwose muhīngūwe, mudahajije na kamwe.” (Yakobo 1:2-4) Nka kurya nyene umuyaga w’igihuhusi utuma ubwato bugaragara ko bukomeye canke budakomeye, ibihuhusi vy’ukurwanywa bizohishura ubugoyagoye bwose buri mu bwato bwacu bw’ukwizera.
Amarushwa Atuma Tugira Ukwihangana
5. Dushobora kumenya neza gute ko ukwizera kwacu kutayegayega mu marushwa?
5 Abakirisu bamaze gusimba ibihuhusi vy’amakuba ni ho gusa bashobora kumenya neza yuko bafise ukwihangana bakagira n’ukwizera kutayegayega. Ukwihangana kwacu ‘kuzohingura igikorwa cakwo’ mu biyaga vy’ibihuhusi nitwaba gusa ‘dutungana rwose duhinguwe, tudahajije na kimwe,’ harimwo n’ukwizera gukomeye. Paulo yanditse ati: “Twishimagiza muri vyose nk’abakozi b’Imana, twihangana cane mu marushwa, mu mibabaro, mu vyago.”—2 Ab’i Korinto 6:4.
6. Ni kuki dukwiye “[k]unezerwa n’amarushwa,” kandi ivyo bikomeza gute ukwizigira kwacu?
6 Imiyaga y’igihuhusi y’amarushwa ashobora kudushikira rimwe na rimwe dukwiye kuyibona nk’uturyo two kugaragaza ko ubwato bwacu bw’ukwizera bukomeye kandi butayegayega. Paulo yandikiye Abakirisu b’i Roma ati: “Tunezererwe n’amarushwa yacu, kuko tuzi yukw amarushwa atera ukwihangana; kand’ukwihangana kugatera kudatsindwa no kugeragezwa kugatera kwizigira ibitaraba; ukwo kwizigira ntigutētereza.” (Abaroma 5:3-5) Gushikama mu bigeragezo bituma twemerwa na Yehova. Ivyo na vyo bica bikomeza ukwizigira kwacu.
Ni Kuki Hari Abasāba nk’Ubwato
7. (a) Nk’uko amajambo Paulo yavuze avyerekana, bamwebamwe basāvye gute mu vy’impwemu? (b) Muri iki gihe bamwe bakebeje gute bava mu kuri?
7 Igihe Paulo yatanga imburizi zerekeye ‘gusāba nk’ubwato,’ yari afise mu muzirikanyi bamwebamwe “bāshibuye” ijwi ryabo ryo mu mutima ritabagiriza ikibi maze bagatakaza ukwizera. (1 Timoteyo 1:19) Muri bo harimwo Humenayo na Alekisandero baguye mu buhuni, barakevya bava mu kuri kandi bakavuga amajambo mabimabi. (1 Timoteyo 1:20, NW, akajambo k’epfo; 2 Timoteyo 2:17, 18) Muri iki gihe abahuni bakevya bakava mu kuri barakubitisha amajambo wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” (NW), bakaba bariko batuka uwabahaye mu vy’impwemu. Hari abasa na wa “mushumba mubi” bakikiriza bavuga bati: “Databuja aratevye.” (Matayo 24:44-49; 2 Timoteyo 4:14, 15) Barahakana yuko iherezo ry’ivy’iyi si mbi ryegereje kandi bagacokora wa mugwi w’umushumba uguma uri maso mu vy’impwemu, kubera ko utuma abasavyi ba Yehova baguma babona ko iki gihe atari ico kuyayata. (Yesaya 1:3) Abo bahuni barerewe no “[gu]henura ukwizera kwa bamwe,” batuma abantu basāba mu vy’impwemu.—2 Timoteyo 2:18.
8. Ni igiki catumye bamwebamwe basāba canke bakibiza ubwato bw’ukwizera kwabo?
8 Abandi Bakirisu biyeguriye Imana barasabije ubwato bw’ukwizera kwabo mu gushibura ijwi ryabo ryo mu, mutima maze bivobeka mu kurondera ibinezereza vyo muri iyi si bitagira urugero be no mu buhumbu bwayo. (2 Petero 2:20-22) Abandi na bo baribiza ubwato bwabo bw’ukwizera kubera babona yuko ikivuko c’isi nshasha gisa n’ikitaraseruka ibuheramaso. Barata ugusenga kw’ukuri kubera ko badashobora guharura umwanya ngo bamenye igihe ubuhanuzi bumwebumwe buzorangukirako, n’ukubera ko bashira ‘umusi wa Yehova’ kure y’imizirikanyi yabo. (2 Petero 3:10-13; 1 Petero 1:9) Ntibateba gusanga basubiye mu bizi vy’ibiziba bisurirana vy’uru runkwekwe rw’ibintu. (Yesaya 17:12, 13; 57:20) Bamwebamwe mu bahagaritse kwifatanya n’ishengero rya gikirisu baracemera yuko ari idini ry’ukuri. Ariko rero, bigaragara ko babura ukwihangana n’ukurindirako bisabwa kugira ngo umuntu arindire isi nshasha Yehova Imana yasezeranye. Kuri bo ubuzima bwo mw’Iparadizo ntibwatebutse.
9. Abakirisu bakeya biyeguriye Imana bariko bagira iki, kandi ivyo bintu bikwiye gutuma turimbura iki?
9 Mu mihingo imwimwe yo kw’isi hari Abakirisu bakeyi biyeguriye Imana biboneka ko bazinze igice c’amahema y’ubwato bwabo bw’ukwizera. Ubwo bwato buracareremba, mugabo aho gutera imbere bafise ukwizera kwuzuye, bahisemwo kugenda bineganegera. Kubera ko bamwe bakwegerwa n’icizigiro c’ “Iparadizo yegereje,” bari biteguriye gukora bivuye inyuma kugira bayishikire—bakaba abanyamwete mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza no kudahengeshanya kwitaba amakoraniro yose, amateraniro yose y’umuzunguruko n’ay’intara. Ubu kubera yuko bibaza ko iranguka ry’ivyizigiro vyabo rikiri kure kuruta uko bavyibaza, baragabanije akigoro bahora barangurana iyo mirimo. Ivyo bigaragarira ku kugabanuka kw’igikenurwa co kwamamaza inkuru nziza, ku gusiba amakoraniro be no ku vy’uko ugucikwa n’ibice vya porogarama y’iteraniro ry’umuzunguruko canke ry’intara ataco bikibabwira. Abandi na bo bahebera umwanya munini ukwinezereza n’ukurondera amaronko. Ivyo bintu bitujanye ku kurimbura ico dukwiye kugenderako mu buzima bwacu mu bijanye n’ukwiyegurira Yehova kwacu. Umwete wacu mu gikenurwa tumurangurira, woba ukwiye kuba uhagaze ku cizigiro c’ “Iparadizo yegereje”?
Icizigiro Kigereranywa n’Inǎnga
10, 11. Paulo yasanishije ukwizigira kwacu n’iki, kandi ni kuki iryo gereranya ryari rikwiriye?
10 Paulo yadomye urutoke ku vy’uko Yehova yatumye isezerano ry’imihezagiro riza biciye kuri Aburahamu. Maze iyo ntumwa asigura ati: “Imana . . . [yashize] hagati indahiro kuba umuhūza; kugira ngo bibiri bidahinduka [ijambo ryayo n’indahiro yayo], ivyo Imana itabasha kubesheramwo, biduheshe kurema cane, twebge abashitse mu buhungiro, ni bgo kubangiriza ivyizigiro vyashizwe imbere yacu. Ivyo vyizigiro tubifise nk’ikizirika umutima [“inǎnga y’ubugingo,” NW] kigumye, gikomeye.” (Abaheburayo 6:17-19; Itanguriro 22:16-18) Icizigiro kiri imbere y’Abakirisu basizwe ni ic’ubuzima budahwera mw’ijuru. Muri iki gihe benshi mu basavyi ba Yehova bafise ca cizigiro c’akaroruhore c’ubuzima budahera mw’isi y’iparadizo. (Luka 23:43) Umuntu adafise icizigiro nk’ico ntashobora kugira ukwizera.
11 Inǎnga ni igikoresho gikomeye cane gikingira, gikenewe cane kugira ngo ubwato bugume hamwe kandi gutyo ntibutwarwe irya n’ino. Nta wugendesha ubwato yokwiroha ngo ave ku kivuko adafise inǎnga. Kubera yuko akatari gake ubwato Paulo arimwo bwabasabanye, bivuye ku vyo yiboneye yari azi ko ubuzima bw’abagendera mu bwato kenshi buba buhagaze ku nǎnga z’ubwato barimwo. (Ivyakozwe 27:29, 39, 40; 2 Ab’i Korinto 11:25) Mu kinjana ca mbere, ubwato nta moteri bwagira ituma uwubugendesha ashobora kubunyonga uko ashatse. Turetse amato y’indwano yagendeshwa n’abasoza, umuyaga ni co kintu nyamukuru cagendesha amato. Igihe hari akaga k’uko ubwato bwojanwa bukitura ku bitandara, uwubugendesha ico gusa yashobora kwikorako kwari ugutibura inǎnga akarindira yuko ico gihuhusi kirengana, yizigiye ko iyo inǎnga iza kuguma ifashe ibwina bw’ikiyaga. Ni co gituma Paulo agereranya ukwizigira kw’Umukirisu n’ ‘inǎnga y’ubugingo igumye kandi ikomeye.’ (Abaheburayo 6:19, NW) Igihe dutewe n’ibihuhusi vyo kurwanywa canke tugashikirwa n’ibindi bigeragezo, ukwizigira kwacu kw’akaroruhore kumera nk’inǎnga itugumiza hamwe bwa bugingo buzima, kugira ngo ubwato bwacu bw’ukwizera ntibujanwe ku bigunguzi vy’umusenyi ari vyo gukekeranya, be no ku bitandara bitera akaga ari vyo buhuni.—Abaheburayo 2:1; Yuda 8-13.
12. Dushobora gute kwirinda guta Yehova?
12 Paulo yaburiye Abakirisu b’Abaheburayo ati: “Bene Data, nimwirinde, ntihagire uwo muri mwebge agira umutima mubi utizera, umutera kureka Imana nzima.” (Abaheburayo 3:12) Mu gisomwa c’Ikigiriki, “kureka” ijambo ku rindi bisobanura “kwitaramura,” ni ukuvuga kugwa mu buhuni. Mugabo turashobora kwirinda ugusāba kw’ubwato kugeze iyo. Ukwizera n’ukwizigira bizotuma dushobora kwumira kuri Yehova no mu bihe vy’ibihuhusi vy’ukugeragezwa bikomeye kuruta. (Gusubira mu Vyagezwe 4:4; 30:19, 20) Ukwizera kwacu ntikuzoba nk’ubwato buzungagizwa n’imiyaga y’inyigisho z’ubuhuni. (Abanyefeso 4:13, 14) Kandi ukwizigira kubaye yo nǎnga yacu, tuzoshobora kurindirako ibihuhusi vy’ubuzima turi abasavyi ba Yehova.
Dukoreshwe n’Urukundo be n’Impwemu Yera
13, 14. (a) Ni kuki inǎnga y’ukwizigira kwacu yo nyene idakwiye? (b) Ni igiki gikwiye gutuma turangurira Yehova umurimo mweranda, kandi kuki?
13 Umukirisu ntazotera imbere agana isi nshasha niba icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’iparadizo ngaha kw’isi ari co gusa kimutuma akorera Yehova. Mu gihe inǎnga yiwe y’ukwizigira aguma ayifata nk’ikintu gituma ubuzima bwiwe butayegayega, iyo nǎnga be n’ukwizera kwiwe aba akeneye kuvyuhiriza inguvu imukoresha y’urukundo. Paulo yaraseruye ico kintu igihe yandika ati: “Hagumyeh’ukwizera, n’ivyizigiro, n’urukundo, ivyo ukw ari bitatu: arikw ikibiruta n’urukundo.”—1 Ab’i Korinto 13:13.
14 Urukundo ruvuye ku mutima dukunda Yehova rutewe n’urukundo ntangere we yadukunze, ni rwo rukwiye gutuma dukora umurimo mweranda. Intumwa Yohani yanditse ati: “Ūdakundana, ntazi Imana, kukw Imana ar’urukundo. Iki ni co caseruye urukundo rw’Imana muri twebge, n’ukw Imana yarungitse Umwana wayo w’ikinege mw isi, kugira ngo duheshwe ubu[zima] na we. Twebge tugira urukundo, kukw ari yo yabanje kudukunda.” (1 Yohana 4:8, 9, 19) Bivuye ku gukengurukira Yehova, ntidukwiye kurazwa ishinga ubwa mbere na mbere n’ubukiriro bwacu bwite, mugabo dukwiye kubanza kurazwa ishinga n’ugushingira intahe ininahazwa ry’izina ryiwe ryeranda be n’igarukirwa ry’ukugaba n’ukuganza kwiwe kugororotse.
15. Urukundo dukunda Yehova rujanye gute n’ikibazo c’ukugaba n’ukuganza kwiwe?
15 Yehova ashaka ko tumukorera kubera ko tumukunda, atari kubera Iparadizo gusa. Ca gitabu gisobanura ivya Bibiliya citwa Étude perspicace des Écritures,a kivuga giti: “Yehova ahimbarwa n’uko ukugaba n’ukuganza kwiwe be n’ukuntu ibiremwa vyiwe bigushigikira ubwa mbere na mbere bishingiye ku rukundo. Ashaka gusa abantu bakunda ukugaba n’ukuganza kwiwe kubera ko kugororotse, no kubera kamere nziza ziwe abahitamwo ukugaba n’ukuganza kwiwe bakakurutisha ibindi vyose. (1Kr 2:9) Bahitamwo gukora batwarwa na we aho kugerageza kwigenga—ivyo bakabigira kubera bamuzi kandi bazi urukundo rwiwe, ubutungane bwiwe n’ubukerebutsi bwiwe babona ko birengeye kure n’iyo ivyabo. (Zb 84:10, 11)”—Imbumbe ya 1, urupapuro 108.
16. Urukundo dukunda Yezu, ni gute ari inguvu idukoresha mu buzima bwacu?
16 Kubera turi Abakirisu, tugaragariza kandi urukundo Yezu bivuye ku rwo adukunda. Paulo yadufashije kuzirikana ati: “Urukundo rwa Kristo ru[ra]tugōbēra, kand’ico tuzi tudakekeranya n’uk’umwe yapfiriye bose, nuko rero bose bārapfuye. Kand’icatumye apfira bose kw’ar’ukugira ngw abariho babeho batacinezereza, ariko babeho banezereza uwabapfiriye, akabazukira.” (2 Ab’i Korinto 5:14, 15) Kirisitu ni we nyene mushinge wubakiyeko ubuzima bwacu bw’ivy’impwemu, ukwizera kwacu be n’ukwizigira kwacu. Urukundo dukunda Kirisitu Yezu rurongereza ukwizigira kwacu kandi rugatuma ukwizera kwacu kutayegayega, canecane mu bihe vy’igihuhusi c’ibigeragezo.—1 Ab’i Korinto 3:11; Ab’i Kolosayi 1:23; 2:6, 7.
17. Ni inguvu ikomeye iyihe Yehova aduha, kandi ni gute akamaro kayo kerekanwa mu Vyakozwe 1:8 no mu Banyefeso 3:16?
17 Naho urwo dukunda Imana n’Umwana wayo ari co kintu nyamukuru kidukoresha mu buzima bwacu bwa gikirisu, Yehova aratanga ikindi kintu kidukoresha, kikaduha ingoga be n’inguvu zo gutera tuja imbere mu murimo wiwe. Na co ni inguvu yiwe ikora akazi ari yo mpwemu yera. Amajambo y’Igiheburayo n’Ikigiriki yahinduwe ngo “impwemu,” ahanini yerekeza ku nguvu impemu zifise zo guhuhuta, nk’umuyaga. Ya mato atwarwa n’umuyaga nk’amwe Paulo yafatiramwo ingendo, yisunga inguvu zitaboneka z’umuyaga kugira ngo ashike iyo aja. Na twebwe nyene turakeneye urukundo n’igikorwa c’inguvu zitaboneka z’Imana niba dushaka ko ubwato bwacu bw’ukwizera budusunikira imbere mu murimo wa Yehova.—Ivyakozwe 1:8; Abanyefeso 3:16.
Tuje Imbere Tugana Iyo Tugiye
18. Ni igiki kizotuma dushobora kurinda ivyogerageza vyose ukwizera kwacu mu bihe biri imbere?
18 Ukwizera kwacu n’urukundo rwacu birashobora kuzogeragezwa bikomeye imbere yuko dushikira isi nshasha. Mugabo Yehova yaduhaye inǎnga ‘igumye kandi ikomeye’—ni ukuvuga ukwizera kwacu kw’akaroruhore. (Abaheburayo 6:19; Abaroma 15:4, 13) Igihe turembejwe n’ukurwanywa canke n’ibindi bigeragezo, turashobora kurindirako niba tugumijwe hamwe n’inǎnga y’ukwizigira kwacu bimwe bikomeye. Igihe igihuhusi kimwe gihwamye, mugabo imbere y’uko ikindi caduka, nimuze twiyemeze gukomeza ukwizigira kwacu twongere dukomeze ukwizera kwacu.
19. Dushobora gute kugumiza mu nzira ubwato bw’ukwizera kwacu maze tugashikira ikivuko c’isi nshasha y’Imana?
19 Imbere yuko Paulo avuga ivyerekeye ‘inǎnga y’ubugingo’ (NW) yari yavuze ati: “Turagomba cane y’uk’umuntu wese wo muri mwebge yerekana uwo mwete nyene [“kunyarutsa,” NW, akajambo k’epfo] w’ivyizigiro vyuzuye gushitsa kw iherezo: kugira ngo ntimube ibinebge, ariko mwīgāne abaheshwa n’ukwizera n’ukwihangana kuragwa ivyasezeranywe.” (Abaheburayo 6:11, 12) Tubitumwe n’urukundo dukunda Yehova be n’urwo dukunda Umwana wiwe, tukaba kandi duhabwa ubushobozi n’impwemu yera, nimuze ubwato bw’ukwizera kwacu tubugumize mu nzira gushika aho tuzoshikirira ikivuko c’isi nshasha Imana yasezeranye.
[Utujambo tw’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Isubiramwo
◻ Ku biraba ukwizera kwacu, ni imburizi iyihe Paulo yaduhaye?
◻ Bamwebamwe basāvye gute mu buryo bw’impwemu, kandi abandi bariko barikwega gute?
◻ Ni kamere izihe ziranga kuyobokera Imana zishobora kujanirana n’ukwizera kwacu?
◻ Ni igiki kizotuma dushobora gushikira ikivuko c’isi nshasha Imana yasezeranye?
[Ifoto ku rup. 16]
Ubwato bw’ukwizera kwacu butegerezwa kuba bwubatswe neza kugira ngo turinde ibihuhusi vy’ubuzima
[Ifoto ku rup. 17]
Ukwizera kwacu kurashobora gusāba
[Ifoto ku rup. 18]
Ukwizigira ni inǎnga y’ubuzima bwacu bwa gikirisu