ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/7 rup. 23-27
  • Nimwigire Hamwe Ijambo ry’Imana mu Muryango Mudahorereza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nimwigire Hamwe Ijambo ry’Imana mu Muryango Mudahorereza
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Intumbero Mwogumiza ku Muzirikanyi
  • Koresha n’Ubukerebutsi Ibikoresho Ntanganyigisho
  • Nimubihuze n’Ivyo Umuryango Wanyu Ukeneye
  • Ivyiza Biva mu Kugumako
  • Urutonde rw’ibikorwa vyo mu muryango—Inyigisho y’umuryango
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Yemwe Miryango, Nimushemeze Imana Muri Umuce w’Ishengero Ryayo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Kwubaka Urugo Rukomeye mu vy’Impwemu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Intunganyo ifasha imiryango
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/7 rup. 23-27

Nimwigire Hamwe Ijambo ry’Imana mu Muryango Mudahorereza

“Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa, arikw atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.”—MATAYO 4:4.

1. Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye uruhara rwa ba serugo rwo kwigisha abana babo inzira za Yehova?

YEHOVA IMANA yaribukije ba serugo ibanga bajejwe ryo kwigisha abana babo. Inyigisho mwene iyo yofashije abana kubaho mu buzima barimwo kandi igashobora gufasha mu kubategura ku bw’ubuzima bwo mu nyuma. Umumarayika yaserukira Imana yareretse Aburahamu ibanga yari ajejwe ryo kwigisha abo mu nzu yiwe kugira ngo bashobore ‘gukomeza inzira ya Yehova.’ (Itanguriro 18:19) Abavyeyi b’Abisirayeli babwiwe gusigurira abana babo ukuntu Imana yarokoye Isirayeli ikayikura mu Misiri, be n’ukuntu yari yarabahaye Ivyagezwe vyayo ku Musozi Sinayi, i Horebu. (Kuvayo 13:8, 9; Gusubira mu Vyagezwe 4:9, 10; 11:18-21) Ba serugo b’Abakirisu bakeburwa kurera abana babo ‘babahana babahanura nk’uko Yehova ashaka.’ (Abanyefeso 6:4) No mu gihe umwe mu bavyeyi ari we wenyene akorera Yehova, uwo ni we akwiye kugira akigoro ko kwigisha abana inzira za Yehova.—2 Timoteyo 1:5; 3:14, 15.

2. Inyigisho y’umuryango yoba ikenewe mu rugo rutagiramwo abana? Sigura.

2 Ivyo ntibisigura yuko inyigisho y’umuryango y’Ijambo ry’Imana igenewe gusa ingo zirimwo abana. Iyo umugabo n’umugore bagira inyigisho y’umuryango no mu gihe nyene muri urwo rugo ata bana bariho, ivyo birerekana ko bashima ibintu vy’umutima.—Abanyefeso 5:25, 26.

3. Ni kubera iki ukudahorereza kw’inyigisho y’umuryango guhambaye?

3 Kugira ngo inyigisho ivemwo ivyiza birushirije, birakenewe ko itangwa ubudahorereza, mu buryo buhuye n’iki cigwa Yehova yigishije Isirayeli mu bugaragwa, ati: “Umuntu [nt]atungwa n’ivyo kurya gusa, arikw atungwa n’amajambo yose ava mu kanwa k’Uhoraho.” (Gusubira mu Vyagezwe 8:3) Bivuye ku kuntu ivy’umuryango vyifashe, hari ingo zimwezimwe zoshobora gutunganya ivy’uko haba inyigisho y’umuryango ya buri mushamvu; izindi zigashobora kuza ziragira inyigisho ngufi ku musi ku musi. Indinganizo muhitamwo yose yaba iyihe, ntimukareke ngo iyo nyigisho izobe umwanya niwizana. ‘Nimuyigurire umwanya.’ (NW) Mugize akigoro gasabwa kugira ngo muronke mwene uwo mwanya muzoba mwitegekanirije ikintu ciza. Ukuroranirwa kw’umuryango wanyu guhagaze ngaho.—Abanyefeso 5:15-17; Ab’i Filipi 3:16.

Intumbero Mwogumiza ku Muzirikanyi

4, 5. (a) Biciye kuri Musa, ni igiki Yehova yashiriyeho abavyeyi ko ari intumbero ihambaye bogira mu kwigisha abana babo? (b) Ivyo bisaba iki muri iki gihe?

4 Igihe uriko urarongora inyigisho y’umuryango, bizovamwo ikintu ciza kuruta igihe mu muzirikanyi ufise imigambi itomoye wogerageza gushikako. Reka turabe mikeyi muri yo.

5 Ku cigwa cose, nurondere kwubaka ugukunda Yehova Imana. Igihe Isirayeli yari ikoraniye mu biyaya vy’i Mowabu imbere y’uko binjira muri ca Gihugu c’Isezerano, Musa yaberekeje ku kintu Yezu Kirisitu mu nyuma yohavuye avuga yuko ari “ibgirizwa risumba ayandi mu vyagezwe.” Mbega ryari irihe? “Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, n’inkomezi zanyu zose.” (Matayo 22:36, 37; Gusubira mu Vyagezwe 6:5) Musa yahimirije Abisirayeli gushira iryo bwirizwa ku mitima yabo bwite no kuryigisha abana babo. Ivyo vyosavye ko baza bararibasubiriramwo, bakabereka ibituma bokunda Yehova, bashira mu buryo udutima n’imigenzo vyohava bibabuza kugaragaza mwene urwo rukundo, bakanagaragaza ko bakunda Yehova mu buzima bwabo bwite. None abana bacu boba bakeneye mwene iyo nyigisho nyene? Egome! Kandi na bo nyene barakeneye gufashwa ‘gukeba imitima yabo,’ ni ukuvuga kuyikuramwo ibintu vyose vyohava bibabuza gukunda Imana. (Gusubira mu Vyagezwe 10:12, 16; Yeremiya 4:4) Mu bitangirizi mwene ivyo, hoshobora kuba harimwo ukwipfuza ibintu vy’isi be n’uburyo bwo kwisuka mu vyo ikora. (1 Yohana 2:15, 16) Urukundo dukunda Yehova rutegerezwa kuba urukora, urwiserura, kandi rugatuma dukora ibintu bihimbara Dawe wa twese wo mw’ijuru. (1 Yohana 5:3) Kugira ngo inyigisho y’umuryango wawe ivemwo ivyiza biramba, ikiringo c’ukwiga cose gikwiye kurongorwa mu buryo bukomeza urwo rukundo.

6. (a) Ni igiki umuntu asabwa kugira ngo atange ubumenyi nyakuri? (b) Ivyanditswe bishimika gute ku kuntu ubumenyi nyakuri buhambaye?

6 Nutange ubumenyi nyakuri bw’ivyo Imana isaba. Mbega ivyo bisaba iki? Si ugushobora gusa gusoma inyishu dukuye mu kinyamakuru canke mu gitabu. Ubusanzwe bisaba kuganira kugira turabe ko amajambo y’ishimikiro hamwe n’ivyiyumviro nyamukuru vyatahuwe bimwe bitomoye. Ubumenyi nyakuri ni ikintu ca nkenerwa kugira ngo twambare umuntu mushasha, tugume dutumbereye ibintu bihambaye koko igihe dutunganya ingorane zo mu buzima, no kugira ngo rero dukore ibihimbara Imana.—Ab’i Filipi 1:9-11; Ab’i Kolosayi 1:9, 10; 3:10.

7. (a) Ni ugukoresha ibibazo nyabaki kwofasha umuryango gushira mu ngiro amayagwa yigwa mu buryo ngirakimazi? (b) Ivyanditswe bishimika gute ku gaciro k’intumbero mwene iyo?

7 Fasha kugira ngo ivyizwe bishirwe mu ngiro. Mufise iyo ntumbero, mu gihe cose muriko muragira inyigisho y’umuryango, nimwibaze muti: ‘Ibi twize bikwiye gute kugira ico bikoze ku buzima bwacu? Vyoba bisaba ko tugira ico duhinduye ku vyo turiko turakora ubu? Ni kuki dukwiye gushaka kugira ivyo duhinduye?’ (Imigani 2:10-15; 9:10; Yesaya 48:17, 18) Twitwararitse bikwiye ivyerekeye ugushira mu ngiro ivyo twize, kirashobora kuba ikintu gihambaye gituma abagize umuryango bakura mu vy’impwemu.

Koresha n’Ubukerebutsi Ibikoresho Ntanganyigisho

8. Ni ibikoresho ibihe vy’ukwiga Bibiliya umugwi wa wa mushumba watanze?

8 “Wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” (NW) yaratanze umukimba w’ibikoresho bishobora gukoreshwa mu nyigisho. Ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi, igikoreshwa kiri kumwe na Bibiliya, kiboneka mu ndimi 131. Hariho ibitabu bikoreshwa mu nyigisho ya Bibiliya mu ndimi 153, udutabu mu ndimi 284, amakaseti yo kwumviriza mu ndimi 61, amavidewo yo kuraba ari mu ndimi 41, eka n’ubuhinga bwo kugira ubushakashatsi bw’ivya Bibiliya hakoreshejwe orodinateri buri mu ndimi 9!—Matayo 24:45-47.

9. Twoshobora gute gushira mu ngiro impanuro yo mu vyanditswe bitanzwe muri iyi ngingo igihe turiko turagira inyigisho y’Umunara w’Inderetsi y’umuryango?

9 Ingo nyinshi zirakoresha ikiringo c’inyigisho y’umuryango mu gutegura Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi y’ishengero. Ese ukuntu ivyo bishobora kuba ngirakamaro! Umunara w’Inderetsi urimwo imfungurwa z’umutima nyamukuru zitangwa kugira ngo zikomeze abasavyi ba Yehova kw’isi yose. Igihe mwiga Umunara w’Inderetsi mu muryango, ntimugapfe gusa gusoma ingingo no kwishura ibibazo vyanditsemwo. Nimugire umwete wo kurondera gutahura. Nimufate umwanya wo kurondera ivyanditswe vyatanzwe ariko bitasubiwemwo mu majambo. Nusabe abagize umuryango bagire ico bavuze ku kuntu ivyo bijanye n’ivyavuzwe mu ngingo muriko murihweza. Nimubishiremwo umutima.—Imigani 4:7, 23; Ivyakozwe 17:11.

10. Hokorwa iki kugira ngo n’abana bumve ko barimwo mu nyigisho, no kugira ngo kibe igihe kibaryohera?

10 Nimba mu rugo rwanyu hariho abana, mwogira iki kugira ngo inyigisho yanyu ntibe nk’uguheza umwuga gusa, ariko kibe igihe gikomeza, gishimishije kandi gihimbaye? Nimwihate kugira ngo umwe wese agume ayigiramwo uruhara bimwe bibereye, ku buryo ivyiyumviro biguma biri ku mayagwa muriko muriga. Aho bishoboka, nimutunganye ivy’uko umwana wese aba yifitiye Bibiliya yiwe n’ikinyamakuru kiriko kirigwa ciwe bwite. Mu kwigana ca gishika cagaragazwa na Yezu, umuvyeyi arashobora kwicarika umwana mutoyi iruhande yiwe, kumbure ico kibondo akagikikiza ukuboko. (Gereranya na Mariko 10:13-16.) Serugo ashobora gusaba umuyabaga agasigura ishusho iboneka mu mayagwa mwiga. Umwana akiri muto yoshobora gushingwa hakiri kare gusoma icanditswe kanaka. Uwisumbuye yoshobora gushingwa kwerekana uturyo tubereye, aho amayagwa mwize yoshobora gushirwa mu ngiro.

11. Ni ibindi bikoresho ntanganyigisho ibihe vyatanzwe, kandi aho ivyo bishobora kuboneka vyokoreshwa gute mu buryo ngirakamaro mu bijanye n’inyigisho y’umuryango?

11 Naho mushobora kuba muriko mukoresha Umunara w’Inderetsi nka ryo shimikiro ry’ikiyago canyu, ntimwibagire ibindi bikoresho vy’ukwiga biboneka mu ndimi nyinshi. Nimba hari ijambo rinaka rya Bibiliya rikeneye izindi nsobanuro, igitabu Étude perspicace des Écritures coshobora kubitanga. Ibindi bibazo vyoshobora kuronkerwa inyishu muravye muri Index des publications de la Société Watch Tower canke mukoresheje ubushakashatsi bugiriwe kuri orodinateri bwatunganijwe n’Ishirahamwe. Kwiga gukoresha ivyo bikoresho, nimba biboneka mu rurimi rw’iwanyu, kirashobora kuba igihimba c’agaciro c’inyigisho yanyu y’umuryango. Kugira ngo muvyure ugushimishwa kw’abana, mwoshobora gufata ku mwanya w’inyigisho kugira ngo murabe igihimba c’imwe mu mavidewo ntanganyigisho y’Ishirahamwe, canke kugira mwumvirize agahimba k’idaramu kw’ikaseti yafatiweko, hanyuma mukabiganirako. Mukoresheje neza ivyo bikoresho vy’ukwiga birashobora gufasha kugira ngo mutume inyigisho yanyu y’umuryango iba iyishimishije kandi y’ingirakamaro ku muryango wose uko ungana.

Nimubihuze n’Ivyo Umuryango Wanyu Ukeneye

12. Inyigisho y’umuryango ishobora gute kugira uruhara mu gutunganya ibintu umuryango ukeneye vyihutirwa?

12 Hari aho urugo rwanyu rwoba rukunda kwiga icigwa c’Umunara w’Inderetsi co mu ndwi tugezeko. Ariko muraguma muciye mu kajisho. Igihe inarugo adakora akazi, hari aho yoba ashoboye kumarana umwanya n’abana imisi yose igihe batashe bavuye kw’ishure. Ibintu bimwebimwe birashobora gutunganywa ico gihe; ibindi bishobora kuba bikeneye kuzosubira kwicarirwa. Igihe hariho ibintu umuryango ukeneye vyihutirwa, ntimukavyirengagize. (Imigani 27:12) Muri ivyo hashobora kuba hatarimwo ingorane zo kw’ishure gusa, ariko kandi n’ibindi bintu. Nimuhitemwo amayagwa abereye, hanyuma mumenyeshe umuryango hakiri kare ivyo muzokwiga.

13. Ni kubera iki vyogira akamaro umuryango uyaze ku vyerekeye ukuntu wovyifatamwo mu gihe c’ubukene?

13 Nk’akarorero, hari igice kinini c’isi kirembejwe n’ubukene; mu mihingo myinshi rero hari aho vyokenerwa ko abanyamuryango baganira ukuntu bovyifatamwo. Mubona inyigisho y’umuryango ishimikiye ku bintu bishika mu buzima no ku ngingo za Bibiliya yoba ngirakamaro ku rugo rwanyu?—Imigani 21:5; Umusiguzi 9:11; Abaheburayo 13:5, 6, 18.

14. Ni ibintu nk’ibihe vyotuma ukuyaga mu muryango ku vyerekeye uko Yehova abona ubukazi, intambara be n’ukwitaramura kwa gikirisu, biba bije hageze?

14 Ikindi kintu gisaba kuganirwako ni ubukazi. Twese turakeneye ko ivyiyumviro vya Yehova biguma rwose mu mizirikanyi no mu mitima yacu. (Itanguriro 6:13; Zaburi 11:5) Inyigisho y’umuryango igizwe kuri ico kintu irashobora kuba uburyo bwo kuganira ukuntu bokwifata bari kumwe n’abasinzi kw’ishure, mukaraba nimba bokwiga ivy’inkino zo kurwana, hamwe n’ukuntu bohitamwo ukwisamaza kubereye. Amatati akaze asigaye yeze; ibihugu nka vyose usanga bisinzikajwe n’indwano y’abanyagihugu, indyane zishingiye ku vya politike canke ku bwoko, cabure intambara hagati y’utugwi tw’inkozi z’ikibi. Ivyo bituma umuryango wawe ushobora gukenera kuganira ku vyerekeye ukuntu mwoguma mwigenza rukirisu mu gihe mukikujwe n’imigwi itana mu mitwe.—Yesaya 2:2-4; Yohana 17:16.

15. Inyigisho yerekeye igitsina n’umubano w’abubatse ikwiye guhabwa abana gute?

15 Uko abana bakura, barakenera inyigisho ikwiranye n’imyaka bagezemwo ku vyerekeye igitsina be n’umubano w’abubatse. Mu mico kama imwimwe, abavyeyi benshi usanga batigera baganira ivy’igitsina n’abana babo. Umwana atabizi yoshobora kugorekwa ivyiyumviro n’abandi bana, ivyo bigashobora kumuta mu kaga. Ubwo ntivyoba vyiza twiganye Yehova we atanga muri Bibiliya impanuro idakikiriza yamara y’ubugenge kuri ico kintu? Impanuro iva ku Mana izofasha abana bacu kuguma biyubaha kandi bafise urupfasoni ku bo badasangiye igitsina. (Imigani 5:18-20; Ab’i Kolosayi 3:5; 1 Ab’i Tesalonike 4:3-8) Naho mwoba mumaze kuganira ivyo bintu, ntimugonanwe kubisubiramwo. Uko haza haravyuka ibintu bishasha, ugusubiramwo kuba gukenewe.

16. (a) Mu ngo zinyuranye, inyigisho y’umuryango igirwa ryari? (b) Mwebwe mwasimvye gute intambamyi kugira ngo mugire inyigisho y’umuryango idahorereza?

16 Inyigisho y’umuryango yogirwa ryari? Ingo nyinshi zirigana imiryango ya Beteli yo hirya no hino kw’isi, igashira inyigisho yayo y’umuryango ku wa Mbere ku mugoroba. Izindi zibigenza ukundi. Muri Arijantine, hari umuryango ugizwe n’abantu 11, harimwo abana 9, wama uvyuka imisi yose isaha 11 zo mu gitondo kugira ngo bagire inyigisho yabo y’umuryango. Kubera ko bari bafise urutonde rw’akazi rutandukanye, nta wundi mwanya wari gushoboka. Ntivyari vyoroshe, mugabo vyarinjije mu mizirikanyi no mu mitima y’abana agaciro k’ukugira inyigisho y’umuryango. Mu mazinga ya Filipine, hari umukurambere yagirana adahorereza inyigisho y’umuryango n’umugore wiwe hamwe n’abana babo batatu igihe bariko barakura. Hagati mu ndwi abavyeyi kandi barigana n’umwana umwe wese ukwiwe, kugira ngo umwe wese ukuri gushobore kumunyura. Muri Leta Zunze Ubumwe, hari umuvukanyikazi afise umugabo atari Icabona imisi yose mu gitondo ajana n’abana biwe gutegera ibisi ibajana kw’ishure. Igihe baba barindiriye iyo bisi, baramarana iminuta nka cumi bariko barasoma bongera baganira ku mayagwa abereye kwigwa ashingiye ku Vyanditswe, hanyuma rero nyina wabo agatura isengesho rigufi imbere y’uko nya bana burira nya bisi. Muri Repubulika Demokaratike ya Kongo, hari umugore afise umugabo atizera yataye urugo, uwo mugore akaba ategerezwa kwihata kugira inyigisho kubera ko atize kanini. Umuhungu wiwe akuze arafasha mu kugendera uwo muryango ku ndwi ku ndwi kugira ngo ashobore kuyobora inyigisho iba irimwo nyina wiwe hamwe na barumunabe. Uwo muvyeyi aratanga akarorero keza mu kwitegura ashirutse ubute. Hoba hariho ibintu bituma ukugira inyigisho yanyu y’umuryango idahorereza bibagora mu rugo iwanyu? Ntimurambirwe. Gira umwete mu gusaba Yehova ngo ahezagire utwigoro twanyu two kugira inyigisho ya Bibiliya mudahorereza.—Mariko 11:23, 24.

Ivyiza Biva mu Kugumako

17. (a) Kugira ngo umuryango ugire inyigisho idahorereza, hasabwa iki? (b) Ni ivyabaye ibihe vyerekana agaciro k’ukwigisha umuryango inzira za Yehova ubudahorereza?

17 Gushira ibintu ku rutonde birakenewe, ariko hasabwa ukugumako. Mugabo ivyiza biva mu kugira inyigisho y’umuryango idahorereza birashumbusha vy’ukuri. (Imigani 22:6; 3 Yohana 4) Franz na Hilda bo mu Budagi barareze umuryango urimwo abana 11. Haciye imyaka, umwigeme wabo Magdalena yavuze ati: “Ico mbona ko gihambaye kuruta ibindi muri iki gihe, ni uko hatagira umusi n’umwe wijana tutaronse inyigisho y’ivy’impwemu.” Igihe agatima k’ugukunda igihugu c’amavukiro kakomera ku ngoma ya Adolf Hitler, se wa Magdalena yarakoresheje Bibiliya mu gutegura umuryango wiwe kugira ngo uzotsinde ibigeragezo yabona ko bigiye kuza. Mu nyuma, abakiri bato bo muri uwo muryango barafashwe hanyuma bajanwa ahatangirwa inyigisho zo kubahindura; abandi bo muri uwo muryango barafashwe hanyuma bashirwa mu mabohero no mu makambi y’itunaniro. Bamwe barishwe. Ukwizera kw’abo bose kwagumye gushikamye—atari gusa ico gihe c’uruhamo rukaze, ariko kandi abarokotse kwarabafashije mu myaka yakurikiye.

18. Utwigoro twagizwe n’abavyeyi birerana abana twavuyemwo ivyiza gute?

18 Abavyeyi birerana abana be n’abadasangiye ukwizera n’abo bubakanye, na bone barahaye abana babo inyigisho yo muri Bibiliya idahorereza. Umupfakazi umwe wo mu Buhindi yirerana abana yarihatiye kwinjiza mu bana biwe babiri ugukunda Yehova. Ariko rero umutima wiwe waravunitse igihe umuhungu wiwe yahagarika kwifatanya n’abasavyi ba Yehova. Uwo mukenyezi yaratakambiye Yehova ngo amugirire ikigongwe ahantu aho ari ho hose yoba yarananiwe mu kwigisha uwo muhungu wiwe. Mugabo nya muhungu ntiyari yibagiye vy’ukuri ivyo yari yarize. Inyuma y’imyaka irenga cumi, yarahindukiye, aragira iterambere ryiza mu vy’impwemu, hanyuma acika umukurambere w’ishengero. Ubu we n’umukenyezi wiwe ni abakozi b’abatsimvyi b’igihe cose. Ese ukuntu abo bavyeyi bashize ku muzirikanyi impanuro iva kuri Yehova no kw’ishirahamwe ryiwe yo gutanga inyigisho yo muri Bibiliya idahorereza mu muryango bakura ubwatsi! Woba nawe uriko urashira mu ngiro iyo mpanuro mu rugo rwawe?

◻Ni kubera iki inyigisho y’umuryango idahorereza ari ngirakamaro?

◻Intumbero zacu zikwiye kuba izihe mu gihe c’inyigisho yose y’umuryango?

◻Ni ibikoresho ntanganyigisho ibihe twaronkejwe?

◻Inyigisho ishobora gute guhuzwa n’ivyo umuryango ukeneye?

[Ifoto ku rup. 25]

Intumbero zitomoye zizoryohora inyigisho y’umuryango wawe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika