ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/7 rup. 12-17
  • Niwige Uko Umuremyi Wawe Ameze

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwige Uko Umuremyi Wawe Ameze
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Arahishura Uko Ameze
  • Umwigisha Ahambaye Aradufasha Kumenya Umuremyi
  • Ushobora Gute Gufasha Abandi Kumenya Ivyiwe?
  • Nurushirize kwizera Umuremyi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Umuremyi Arashobora Gutuma Ubuzima Bwawe Burushiriza Kugira Ico Buvuze
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Karipfuje kugira ico gafashije
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Agakobwa k’Akisirayeli
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/7 rup. 12-17

Niwige Uko Umuremyi Wawe Ameze

“Ukugira neza kwanje kwose nzogucisha imbere yawe, nivuge mw izina ko nd’Uhoraho nd’imbere yawe.”—KUVAYO 33:19.

1. Ni kuki bikwiriye ko Umuremyi ahabwa icubahiro?

INTUMWA Yohani, umwanditsi w’igitabu ca nyuma ca Bibiliya, yaranditse aya majambo akomeye yerekeye Umuremyi, agira ati: “Mwami wacu Mana yacu, birakubereye guhabga uguhimbazwa n’icubahiro n’ububasha, kukw ari wewe waremye vyose; icatumye bibaho kand’icatumye biremwa, n’uko wabigomvye.” (Ivyahishuriwe 4:11) Nk’uko ikiganiro giheze cavyerekanye, ivyashitsweko na siyansi yo mu gihe ca none biratuma turushiriza kwemera ko hariho Umuremyi w’ibintu vyose.

2, 3. (a) Abantu bakeneye kwiga iki ku vyerekeye Umuremyi? (b) Ni kuki kwibonanira n’Umuremyi amaso mu yandi atari ikintu cumvikana?

2 Nk’uko ari ibihambaye kwemera yuko Umuremyi abaho, ni na ko ari ibihambaye kwiga uko ameze—yuko atari umugani, afise kamere n’inzira bikwegera abantu kuri we. Ku rugero rwose umaze gushikako mu kubigira, ntivyoba vyiza none urushirije kumumenya? Ivyo ntibisaba ko mwibonanira amaso mu yandi, nka kurya duhura n’abandi bantu.

3 Yehova ni na we Soko ry’inyenyeri, izuba ryacu rikaba gusa ari urunyenyeri rugereranye. Woshobora kwiyumvira kugerageza kwegera izuba? Ntiwogeza! Abantu benshi baririnda no kurihanga amaso canke kwiyanika igihe kirekire ku mishwarara yaryo ikomeye cane. Ubushuhe buri hagati na hagati muri ryo bushika nko ku bipimo vy’ubushuhe vya dogere (za Celsius) 15 000 000. Mw’isegonde yose iryo tanure ribengerana rirahindura ibintu bipima nk’amatoni imiliyoni zine rikabigira inguvu. Agace isase gusa k’izo nguvu ni ko gashikira isi ari ubushuhe n’umuco, mugabo utwo tuguvu tungana gutyo turabungabunga ubuzima bwose buri ngaha. Ivyo bintu vy’ishimikiro birakwiye kutujoreza turavye ububasha buteye akoba Umuremyi afise. Birakwiriye rero kuba Yesaya yaranditse ivyerekeye “ububasha bg’ubushobozi bg’[Umuremyi], [n’]inkomezi ziwe nyinshi.”—Yesaya 40:26.

4. Musa yasavye iki, kandi Yehova yamwishuye gute?

4 Mbega urazi, Abisirayeli bamaze amezi makeyi bavuye mu Misiri mu 1513 B.G.C., Musa yatakambiye Umuremyi ati: “Ndakwinginze, nyereka ubgiza bgawe.” (Kuvayo 33:18) Wibutse ko n’izuba ari izuba Imana ari yo Soko yaryo, urashobora gutahura igituma yabwiye Musa iti: “Ntiworāba mu nyonga hanje: kuk’umuntu atondāba mu nyonga ngw abeho.” Umuremyi yarekuriye Musa kwinyegeza ahantu hanaka ku Musozi Sinayi mu gihe ‘yarengana.’ Ico gihe ni nk’aho Musa yeretswe “mu bitugu” h’Imana, nk’udusigarira tw’ubuninahazwa bw’Umuremyi canke ukuhaba kwiwe.—Kuvayo 33:20-23; Yohana 1:18.

5. Ni mu buryo ki Umuremyi yashikije ivyo Musa amusavye, ivyo bigaragaza iki?

5 Icipfuzo ca Musa co kumenya Umuremyi neza kuruta nticabuze kuranguka. Imana, iyigaragara ko yavuga biciye ku mumarayika, yaciye imbere ya Musa ivumera iti: “Nd’Uhoraho, Imana yuzuye imbabazi n’ubuntu, nteba kuraka, ngira ikigongwe cinshi, mpora nd’umwizigirwa, nama ngirira imbabazi abantu ibihumbi n’ibihumbi, mparira ibigabitanyo n’ibicumuro n’ivyaha, ariko simperereza urubanza k’ūtarugira.” (Kuvayo 34:6, 7) Ivyo vyerekana yuko kurushiriza kumenya Umuremyi wacu bitarimwo ukubona uko asa, mugabo ko birimwo ugutahura mu buryo bwuzuye uko ameze, kamere yiwe n’ibimuranga.

6. Abasoda b’umubiri bacu ni igitangaza gute?

6 Uburyo bumwe dushobora kubigira ni mu kumenya kamere y’Imana dufatiye ku vyo yaremye. Rimbura ivyerekeye abasoda b’umubiri wawe. Mu kiganiro cavuga ivyerekeye abo basoda b’umubiri, ikinyamakuru kimwe, Scientific American, cavuze giti: “Kuva imbere y’ivuka gushika ku gupfa, abasoda b’umubiri baguma bagavye. Imigwi itandukanye y’uduceduce bita molekile n’iy’utugingo ngengabuzima . . . iradukingira imikorobo n’imigera. Abantu badafise ivyo bintu bibakingira, ntiboshobora kubaho.” None ni nde yashizeho abo basoda b’umubiri? Ikiganiro kimwe co muri ico kinyamakuru cagize giti: “Imigwi y’agatangaza y’utugingo ngengabuzima ikorana mu buhanga igakingira umubiri imikorobo n’imigera iwutera, yamuka mu tugingo ngengabuzima dukeyi dutangura guseruka umwana amaze nk’indwi icenda asamwe.” Umugore afise imbanyi arahereza umusoro wiwe uba uriko urakura bamwebamwe mu basoda b’umubiri. Mu nyuma, biciye ku maberebere, araronsa kandi ikibondo ciwe abasoda b’umubiri be n’ivyunyunyu ngirakamaro gikeneye.

7. Dukwiye kurimbura iki ku vyerekeye abasoda bacu b’umubiri, ivyo bikadushikana ku kihe ciyumviro?

7 Urafise imvo zumvikana zo kuvuga yuko abasoda bawe b’umubiri baruta ikintu cose ubuvuzi bwo mu gihe ca none bushobora gutanga. Kubera ico, niwibaze uti: ‘Ivyo vyerekana iki ku Wabitanguje akaba n’Uwubitanga?’ Abo basoda b’umubiri ‘batangura guseruka umwana amaze nk’indwi icenda asamwe’ kandi bakaba biteguriye gukingira uruyoya rukivuka, vy’ukuri baragaragaza ubwenge n’ugutegekanya ibintu imbere y’igihe. Mugabo, ivy’abo basoda b’umubiri twoba dushobora kubibonamwo n’ibindi vyerekeye Umuremyi? Abenshi muri twebwe tuvuga iki kuri Albert Schweitzer be n’abandi bahebeye ubuzima bwabo kubungabunga amagara y’abantu batishoboye? Kenshi tuyaga neza abo bagiraneza b’abanyampuhwe. Muri ubwo buryo nyene, dushobora kuvuga iki ku vyerekeye Muremyi wacu, uwuronsa ba basoda b’umubiri abatunzi be n’abakene? Biragaragara ko ari umunyarukundo, atagira nkunzi, umunyampuhwe akaba n’uwukoresha ubutungane. None ivyo ntibihuje na ya ndondoro Musa yumva yerekeye Umuremyi?

Arahishura Uko Ameze

8. Yehova yatwihishuyeko mu buhe buryo budasanzwe?

8 Ariko hariho ubundi buryo bwo gushika ku kumenya neza Umuremyi wacu—biciye kuri Bibiliya. Ivyo ni ngirakamaro cane kubera yuko hariho ibintu bimwerekeye siyansi n’ibiriho vyose bidashobora guhishura na gato, hakaba n’ibindi bintu usanga muri Bibiliya ari ho bitomowe neza kuruta. Akarorero k’ivyo duhejeje kuvuga ni izina ry’uruharo ry’Umuremyi. Bibiliya yonyene ni yo ihishura izina ry’Umuremyi n’ico risobanura. Muri vya bizingo vya Bibiliya vy’Igiheburayo vyandikishijwe iminwe, izina ryiwe riseruka incuro nk’7 000 mu ndagi zine zishobora guhindurwa ngo YHWH canke JHVH, kenshi mu Kirundi zikaturwa ngo Yehova.—Yesaya 12:2; 26:4.

9. Rya zina ry’uruharo ry’Umuremyi risobanura iki, kandi ivyo bituma dushobora gushika ku kihe ciyumviro?

9 Kugira ngo dushike ku kumenya neza Umuremyi, birakenewe ko dutahura yuko atari ikintu nsigabwenge cokwitwa “Inkomoko ya Mbere” canke uwitwa “Ndi We” adatahurika neza. Izina ryiwe ry’uruharo ivyo riravyerekana. Ni imero y’irivuga ry’Igiheburayo risobanura ngo “gucika ukuntu” canke “kuba.”a (Gereranya n’​Itanguriro 27:29, NW; Umusiguzi 11:3, NW.) Izina ry’Imana risobanura ngo “Atuma Biba” kandi rishimika ku vy’uko ashinga imigambi akanayishira mu ngiro. Igihe tuzi izina ryiwe kandi tukarikoresha, turashobora kurushiriza gutahura yuko ashitsa amasezerano yiwe n’uko arangurana ubwira imigambi yiwe.

10. Inkuru yo mw’Itanguriro dushobora kuyungukirako ubwenge buhambaye ubuhe?

10 Bibiliya ni ryo soko ry’ukumenya imigambi y’Imana na kamere yayo. Inkuru iri mw’Itanguriro ihishura yuko hari igihe abantu bari amahoro n’Imana kandi bakaba bari bafise icizigiro c’ubuzima buramba kandi buri n’ico buvuze. (Itanguriro 1:28; 2:7-9) Dukurikije ico izina ryiwe risobanura, turashobora kudakeka yuko Yehova azorangiza umubabaro n’intuntu abantu bamaze igihe kirekire bahanganye na vyo. Ku vyerekeye iranguka ry’umugambi wiwe dusoma duti: “Ibiremwa vyose vyaguye mu buja bw’ibitagira mvura, nanone si vyo vyavyishakiye, vyavuye riho ku wubiganza, ivyo biremwa nyene birizigiye yuko bizokira na vyo nyene bwa buja bubituma bikwiriye kubora, ngo bishikire umwidegemvyo w’ubuninahazwa bw’abana b’Imana.”—Abaromani 8:20, 21, Ubwuzure Bushasha.

11. Ni kuki dukwiye kurimbura inkuru zo muri Bibiliya, kandi ni ibihe bintu bivugwa muri imwe muri izo nkuru?

11 Bibiliya irashobora kandi kudufasha gushika ku kumenya Umuremyi wacu neza kuruta mu buryo bw’uko ihishura ibikorwa vyiwe n’ukuntu yavyifatamwo igihe yitwararika Isirayeli ya kera. Rimbura akarorero kamwe kerekeye Elisa na Namani, wa mugabisha w’ingabo z’Abasiriya b’abanyarwanko. Uko usoma iyo nkuru muri 2 Abami ikigabane ca 5, uraza kubona yuko hari agakobwa k’akanyagano k’Akisirayeli kahimirije kavuga yuko imibembe ya Namani yoshobora gukira abifashijwemwo na Elisa wo muri Isirayeli. Namani yaragiyeyo yiteze yuko Elisa yozungagije amaboko mu birori vy’imihamuro yo kumukiza. Aho kugira ivyo, Elisa yabwiye uwo Musiriya kwiyoga mu Ruzi Yorodani. Naho vyasavye ko abasuku ba Namani bamujijura kugira yemere, igihe yabigira yarakize. Namani yaragavye ibintu vy’igiciro, Elisa aranka kuvyakira. Mu nyuma uwo bari bafatanije na Elisa yarayombotse ahamvya Namani, maze akoresheje ikinyoma ahabwa ibintu bimwebimwe vy’agaciro. Ubugunge bwiwe bwatumye afatwa n’imibembe. Iyo ni inkuru ikwegera, yerekeye abantu b’abanyagasembwa—iyo dushobora gukuramwo icigwa.

12. Dusomye inkuru yerekeye Elisa na Namani, dushobora gushika ku bihe vyiyumviro ku vyerekeye Umuremyi?

12 Iyo nkuru, mu buryo bukwegera, yerekana yuko Umuremyi Ahambaye w’ibiriho vyose atari uwo hejuru birengeje ku buryo atoraba ryiza agakobwa gato, bikaba ari ibintu bitandukanye cane n’ingingo zikurikizwa mu mico kama myinshi muri iki gihe. Yerekana kandi ko Umuremyi atagirira nkunzi ubwoko bunaka canke ihanga rinaka. (Ivyakozwe 10:34, 35) Igishimishije ni uko Umuremyi agaragaza ubwenge butangaje, aho kwitega ko abantu bakoresha ubwangushi—na bwo bukaba bwari bwimonogoje mu “bakiza” bamwebamwe bo mu bihe vya kera, bukaba bwimonogoje no mu bo muri iki gihe. Yari azi ukuntu akiza imibembe. Yaragaragaje kandi ubwenge n’ubutungane mu kutareka ngo forode isasirwe indava. N’ubu nyene none ivyo ntibijanye na za kamere za Yehova Musa yumva? Naho iyo nkuru ya Bibiliya ari ngufi, ese ukuntu dushobora kuyibonamwo ukuntu Umuremyi wacu ameze!—Zaburi 33:5; 37:28.

13. Tanga akarorero k’ukuntu dushobora gukura ivyigwa vy’agaciro mu nkuru za Bibiliya.

13 Izindi nkuru zerekeye ibikorwa vy’ukudakenguruka vya Isirayeli be n’ukuntu Imana yavyakira, ziragaragaza ko vy’ukuri Yehova yitwararika. Bibiliya ivuga yuko kenshi Abisirayeli bamugerageje, bigatuma ababara akongera agatuntura. (Zaburi 78:40, 41) Duca rero tubona ko Umuremyi afise inyiyumvo kandi ko atirengagiza ivyo abantu bakora. Hariho ibintu vyinshi twigira no ku nkuru zerekeye abantu bazwi cane. Igihe Dawidi yagenwa ngo abe umwami wa Isirayeli, Imana yabwiye Samweli iti: “Abantu barāba ku rukoba gusa, ariko jewe Uhoraho ndāba mu mutima.” (1 Samweli 16:7) Ni vyo, Umuremyi araba abo turi imbere, ntaraba gusa ibiboneka inyuma. Ese ukuntu vyeza umutima!

14. Igihe dusoma Ivyanditswe vy’Igiheburayo, ikintu c’ingirakamaro dushobora gukora ni ikihe?

14 Ibitabu vya Bibiliya 39 vyanditswe imbere y’igihe ca Yezu, kandi turakwiye kubisoma. Ivyo ntibikwiye gusa kuba ari ukwiga inkuru zo muri Bibiliya canke ivyabaye biri muri yo. Nimba vy’ukuri dushaka kwiga ukuntu Umuremyi wacu ameze, dukwiye kuzirikana kuri izo nkuru, kumbure tukiyumvira duti: ‘Ibi bihishura iki ku vyerekeye kamere yiwe? Ni iyihe muri kamere ziwe iseruwe muri iyi nkuru?’b N’abakekeranya igihe ivyo babigize birashobora kubafasha kubona yuko Bibiliya itegerezwa kuba yaturutse ku Mana, ikaba rero itanga ishingiro ryo gushika ku kumenya neza kuruta wa munyarukundo yayandikishije.

Umwigisha Ahambaye Aradufasha Kumenya Umuremyi

15. Ni kuki ibikorwa vya Yezu n’inyigisho ziwe bikwiye kugira ico bitwigishije?

15 Si ivy’imbeshere, abantu bakekeranya ku vy’uko Umuremyi abaho canke babona Imana mu buryo budatomotse neza bashobora kuba bazi bike ku vyerekeye Bibiliya. Kumbure warahuye n’abantu batovuga nimba Musa yabayeho imbere canke inyuma ya Matayo, kandi ugasanga ari nk’aho ataco bazi ku vyerekeye ibikorwa vya Yezu n’inyigisho ziwe. Ivyo ni ibintu bibabaje cane kubera yuko umuntu ashobora kwiga vyinshi ku vyerekeye Umuremyi biciye kuri wa Mwigisha Ahambaye, Yezu. Kubera yuko yagiraniye ubucuti bwa hafi n’Imana, yarashobora guserura uko Umuremyi wacu ameze. (Yohana 1:18; 2 Ab’i Korinto 4:6; Abaheburayo 1:3) Kandi yarabigize. Kukaba nkako, hari igihe yavuze ati: “Ūbonye jewe aba abonye Data.”—Yohana 14:9.

16. Ikiganiro Yezu yagiranye na wa Musamariyakazi cerekana iki?

16 Rimbura aka akarorero. Igihe kimwe Yezu yari aruhijwe n’urugendo, yaraganiriye n’Umusamariyakazi mu micungararo ya Sukara. Yaramushikirije amajambo y’ukuri ashika kure, ashimika ku vy’uko bikenewe ko umuntu “[a]sengera Data mu mpwemu no mu kuri.” Abayuda bo muri ico gihe baranena Abasamariya. Yezu we yaragaragaje umutima ukunze nk’umwe wa Yehova wo kwemera abagabo n’abagore b’inziraburyarya bo mu mahanga yose, nk’uko twabibonye muri ya nkuru yerekeye Elisa na Namani. Bikwiye kudukura amakenga yuko Yehova aterekwa za ndyane zishingiye ku madini ziranga ukutabona kure ziraye mw’isi muri iki gihe. Tuzirikane kandi yuko Yezu yemeye kwigisha umugore n’umutima ukunze, kandi muri ico gihe akaba yari umugore abana n’umuhabara. Aho kumucira urubanza, Yezu yamufatanye urupfasoni, mu buryo bwoshoboye vy’ukuri kumufasha. Mu nyuma abandi Basamariya barateze ugutwi Yezu maze basozera bati: “Twīyumviye kandi tumenye k’uyu ar’Umukiza w’isi vy’ukuri.”—Yohana 4:2-30, 39-42; 1 Abami 8:41-43; Matayo 9:10-13.

17. Inkuru yerekeye izurwa rya Lazaro yerekeza ku kihe ciyumviro?

17 Nimuze turimbure akandi karorero k’ukuntu dushobora kwiga ivyerekeye Umuremyi mu kwiga tugatahura neza ivyo Yezu yakoze n’inyigisho ziwe. Zirikana kuri ca gihe umukunzi wa Yezu Lazaro yapfa. Imbere yaho Yezu yari yaragaragaje ububasha bwiwe mu kuzura abapfuye. (Luka 7:11-17; 8:40-56) None yavyifashemwo gute igihe aboneye mushiki wa Lazaro Mariya intuntu iri mu kumwica? Yezu “[yagize] ikigumbagumba mu mutima, arawuhagarika.” Ntiyari umuntu ataco anezwe canke sindabibazwa; ‘yararize.’ (Yohana 11:33-35) Kandi ukwo ntikwari ukugaragaza inyiyumvo gusa. Ivyo vyatumye Yezu agira ico akoze ciza—yarazuye Lazaro. Urashobora kwiha ishusho ry’ukuntu ivyo vyafashije intumwa gutahura inyiyumvo z’Umuremyi n’ibikorwa vyiwe. Bikwiye kandi kudufasha bigafasha n’abandi gutahura kamere y’Umuremyi be n’inzira ziwe.

18. Abantu bakwiye kubona gute ivyerekeye gutohoza Bibiliya?

18 Nta kintu na kimwe cotuma tugira isoni ryo gutohoza Bibiliya no kurushiriza kwiga ivyerekeye Umuremyi wacu. Bibiliya si igitabu cataye igihe. Umuntu yayitohoje hanyuma akaba umusangirangingo wa hafi wa Yezu yari Yohani. Mu nyuma yanditse ati: “Tuzi yuk’Umwana w’Imana yaje, akaduha ubgenge ngo tumenye Iy’ukuri, kandi turi mu Y’ukuri, turi mu Mwana wayo Yesu Kristo. Iyo ni yo Mana nyakuri, n’ubu[zima] budashira.” (1 Yohana 5:20) Urabona yuko gukoresha “ubgenge” kugira ngo tumenye “Iy’ukuri,” ari we Muremyi, bishobora kujana ku “bu[zima] budashira.”

Ushobora Gute Gufasha Abandi Kumenya Ivyiwe?

19. Ni intambwe iyihe yatewe kugira abantu bakekeranya bafashwe?

19 Hasabwa ibintu vyinshi kugira ngo abantu bamwebamwe bemere yuko hariho Umuremyi w’umunyampuhwe atwitwararika, bongere batahure uko ameze. Hariho abantu amamiliyoni n’amamiliyoni bagikekeranya ku vyerekeye Umuremyi, canke bakimubona mu buryo budahuye n’uko Bibiliya imuvuga. Ushobora none kubafasha gute? Muri ya materaniro y’intara na mpuzamakungu y’Ivyabona vya Yehova yabaye mu 1998 gushika mu 1999, hariho igikoresho ngirakimazi gishasha carasohowe mu ndimi zitari nke—ni igitabu Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous? (Hoba Hariho Umuremyi Akwitwararika?)

20, 21. Ca gitabu Créateur umuntu ashobora kugikoresha gute akererwa?

20 Ni igisohokayandikiro kizokomeza ukwizera Umuremyi wacu no gutahura kamere yiwe be n’inzira ziwe. Ni kuki utokekeranya kuri ivyo? Kubera yuko ico gitabu Y a t-il un Créateur qui se soucie de vous? categuwe ku bw’iyo ntumbero nyene. Iciyumviro kiguma kigaruka muri ico gitabu ni iki: “Ni igiki gishobora gutuma ubuzima bwawe burushiriza kugira ico buvuze?” Ibirimwo bishikirijwe ku buryo n’abantu bize cane bazosanga bibakwegera. Yamara kirakora ku bintu twese dushashariye cane. Harimwo amayagwa ashimishije kandi ajijura agenewe abasomyi bakekeranya yuko Umuremyi abaho. Ico gitabu ntigifata yuko umusomyi yemera Umuremyi. Abakekeranya bazokwegerwa n’ukuntu ibintu siyansi iheruka kwubura be n’ivyiyumviro bishasha vyayo bishikirizwa. Ivyo bintu vy’ukuri bizonakomeza ukwizera kw’abemera Imana.

21 Umuntu atohoje ico gitabu gishasha, azobona yuko ibihimba vyaco bishikiriza incamake y’ivya kahise kavugwa muri Bibiliya, mu buryo bushimika ku mice ya kamere y’Imana, bigafasha abasomyi kurushiriza kumenya Imana. Abenshi bamaze kugisoma baravuze ukuntu ivyo bavyiboneye. Tukwipfuriza ko na we vyokugendera ukwo mu gihe utohoza ico gitabu no mu gihe ugikoresha mu gufasha abandi kurushiriza kumenya Iyabaremye.

[Utujambo tw’epfo]

a Uko abavyeyi biganira abana babo inkuru za Bibiliya, barashobora gufasha uruvyaro rwabo mu kubaza ibibazo nk’ivyo. Gutyo abakiri bato barashobora kurushiriza kumenya Imana bakongera bakiga kuzirikana Ijambo ryayo.

b Incabwenge umwe w’Umujezwite yitwa M. J. Gruenthaner, igihe yari umwanditsi mukuru w’ikinyamakuru kimwe, The Catholic Biblical Quarterly, iryo rivuga yarivuzeko ivyo yavuze ku rindi risa n’iryo, yuko “ritigera ritanga iciyumviro c’ikintu nsigabwenge, mugabo nantaryo riserura kuba canke gucika ikintu c’agakomeye, ni ukuvuga kikigaragaza mu buryo buboneka.”

◻ Musa yamenye Yehova neza kuruta gute ku Musozi Sinayi?

◻ Ni kuki gutohoza Bibiliya ari ikintu gifasha mu vy’ukumenya uko Imana imeze?

◻ Igihe dusoma Bibiliya, dushobora kugira iki kugira ngo twiyegereze Umuremyi wacu?

◻ Utegekanya kuzokoresha gute ca gitabu Créateur?

[Ifoto ku rup. 15]

Igihimba ca vya bizingo vyiswe ivyo ku Kiyaga c’Umunyu kiriko za ndome bita “Tetragramme” (izina ry’Imana mu Giheburayo), na zo ni izo ubona zizize

[Abo dukesha ifoto]

Courtesy of the Shrine of the Book, Israel Museum, Jerusalem

[Ifoto ku rup. 17]

Dushobora kwigira iki ku kuntu Yezu yavyifashemwo abonye intuntu Mariya yari afise?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika