ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/6 rup. 10-15
  • Turahimbarwa Kubona Yehova Atwereka Inzira Yiwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Turahimbarwa Kubona Yehova Atwereka Inzira Yiwe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yehova Arerekana Inzira
  • Hari Abagendeye mu Nzira ya Yehova
  • Ni Kuki Hari Abataye Inzira ya Yehova
  • Akarorero Kabi ka Ahazi
  • Abayuda Bari Kumwe na Yeremiya mu Misiri
  • Yehova Arahezagira Abagendera mu Nzira Yiwe
  • Woba uzogendana n’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • ‘Yagumye yumiye kuri Yehova’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Nugume Ugendera mu Nzira ya Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/6 rup. 10-15

Turahimbarwa Kubona Yehova Atwereka Inzira Yiwe

“Imana yo, inzira yayo iratunganye rwose, Ijambo ry’Uhoraho ryaravugutiwe.”—2 SAMWELI 22:31.

1, 2. (a) Ni ikintu ikihe abantu bose bama bakeneye? (b) Ni akarorero ka nde vyoba vyiza twiganye?

ABANTU bose bama bakeneye ubuyobozi. Mu vy’ukuri, turakeneye gufashwa kugira ngo tuyoborwe mu buzima. Ni vyo, Yehova yaturemanye urugero runaka rw’ubwenge n’ijwi ryo mu mutima bidufasha gutandukanya ikibi n’iciza. Mugabo ijwi ryo mu mutima ryacu rikeneye kumenyerezwa niba dushaka ko riba indongozi yokwizigirwa. (Abaheburayo 5:14) Kandi umuzirikanyi wacu ukeneye kumenyeshwa ibintu vy’ukuri—be n’ukumenyerezwa kubirimbura—niba dushaka gufata ingingo nziza. (Imigani 2:1-5) No muri ico gihe nyene, kubera yuko mu buzima bushobora guca bugacana ayandi, ingingo dufata zirashobora kutaranguka nk’uko twavyipfuza. (Umusiguzi 9:11) Muri twebwe, nta buryo bwizigirwa dufise bwo kumenya ico kazoza katubikiye.

2 Kubera izo mvo n’izindi zitari nke, umuhanuzi Yeremiya yanditse ati: “Uhoraho, nzi yukw inzira umuntu yogenderamwo atari we ashobora kuyigaba; ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe.” (Yeremiya 10:23) Yezu Kirisitu, wa muntu ahambaye kuruta abigeze kubaho bose, yaremeye kuyoborwa. Yavuze ati: “Nta co Umwana ashobora kwigenera, atabonye Se agikora, kukw ivyo Se akora vyose n’Umwana aca abikora kuno.” (Yohana 5:19) Ese rero ukuntu kwigana Yezu no guhanga amaso Yehova kugira ngo adufashe kuyobora intambuko zacu ari ikintu kiranga ubukerebutsi! Umwami Dawidi yaririmvye ati: “Imana yo, inzira yayo iratunganye rwose, Ijambo ry’Uhoraho ryaravugutiwe: ni we nkinzo ikīngīra abamuhungirako bose.” (2 Samweli 22:31) Niba turondera kugendera mu nzira ya Yehova aho gukurikira ubwenge bwacu bwite, tuzoronka uburongozi butagira agahaze. Gutera akagere inzira y’Imana bijana mu kaga.

Yehova Arerekana Inzira

3. Yehova yayoboye gute Adamu na Eva, abaha ibihe vyizigiro?

3 Rimbura ivyashikiye Adamu na Eva. Naho batari abanyavyaha, bari bakeneye ubuyobozi. Yehova ntiyaretse ngo Adamu yitunganirize ikintu cose muri rya tongo ry’akaroruhore rya Edeni. Ahubwo, Imana yaramushinze igikorwa co gukora. Ubwa mbere, Adamu yategerezwa guha amazina ibikoko. Maze Yehova yaciye ashingira Adamu na Eva imigambi y’igihe kirekire. Bategerezwa kuganza isi, bakayuzuza uruvyaro rwabo, be no kubungabunga ibikoko vyo kw’isi. (Itanguriro 1:28) Ivyo vyobaye ari igikorwa kinini, mugabo vyotumye haba iparadizo ikwiye kw’isi yose, yuzuyemwo abantu batagira agasembwa babana mu mahoro n’ibikoko. Ese ingene cari icizigiro c’agatangaza! Ikindi, iyo Adamu na Eva bagendera mu nzira ya Yehova ari abizigirwa, bogiye baraganira na we. (Gereranya n’​Itanguriro 3:8.) Ese ingene kari agateka ntangere—kugiranira n’Umuremyi ubwiwe ubucuti bubandanya!

4. Adamu na Eva bagaragaje gute ko batagira ukwizigira n’ukutadohoka, kandi ivyo vyatumye haba ibintu ibihe bitera akaga?

4 Yehova yarabujije uwo mugabo n’umugore ba mbere kurya kuri ca giti c’ukumenya iciza n’ikibi cari muri Edeni, kandi aho nyene ivyo vyabaha akaryo ko kugaragaza ukugamburuka kwabo—ni ukuvuga icipfuzo bafise co kugendera mu nzira ya Yehova. (Itanguriro 2:17) Ariko ubwo bugamburutsi ntibwatevye kugeragezwa. Igihe Shetani yaza afise twa tujambo tw’uruhendo, kugira Adamu na Eva bagume bagamburuka bari bakeneye kwerekana ko ari intadohoka kuri Yehova n’uko bizigira ivyo yasezeranye. Ikibabaje ni uko badohotse bakabura n’ukwizigira. Igihe Shetani yabwira Eva ngo yishire yizane vyongeye akagiriza Yehova ngo yarabeshe, uwo Eva yarahenzwe aca agambararira Imana. Adamu yaramukurikiye mu caha. (Itanguriro 3:1-6; 1 Timoteyo 2:14) Baciye batakaza ikintu kinini amahanga. Kugendera mu nzira ya Yehova vyobahaye umunezero udasiba kwiyongera uko bogiye bararangura ivyo agomba. Ahubwo riho ubuzima bwabo bwaciye bwuzura ukwihebura n’umubabaro gushika aho urupfu rubatwariye.—Itanguriro 3:16-19; 5:1-5.

5. Ni umugambi uwuhe w’igihe kirekire Yehova afise, kandi afasha gute abantu b’abizigirwa kubona iranguka ryawo?

5 Ariko rero, Yehova ntiyahinduye umugambi wiwe w’uko umusi uri izina isi izoba iparadizo ibamwo abantu batagira agasembwa, batagira icaha. (Zaburi 37:11, 29) Kandi ntiyigeze ananirwa guha ubuyobozi butagira agahaze abagendera mu nzira yiwe kandi bakizigira kubona iranguka ry’iryo sezerano. Muri twebwe abafise amatwi yo kwumva, ijwi rya Yehova riraduturuka inyuma rigira riti: “Iyi ni yo nzira, mube ari yo mujana.”—Yesaya 30:21.

Hari Abagendeye mu Nzira ya Yehova

6. Ni abantu babiri abahe bo mu bihe vya kera bagendeye mu nzira ya Yehova, kandi ivyo vyavuyemwo iki?

6 Nk’uko inkuru ya Bibiliya ibivuga, bake gusa mu ruvyaro rwa Adamu na Eva ni bo bagendeye mu nzira ya Yehova. Abeli ni we yababoneye izuba. Naho yapfuye giturumbuka, yapfuye atona kuri Yehova kandi ku bw’ivyo akaba afise icizigiro kitarimwo amazinda c’uko azoba mu “kuzuka kw’abagororotsi” igihe Imana yashinze kigeze. (Ivyakozwe 24:15) Azoteba abone iranguka ry’umugambi uhambaye Yehova afitiye isi n’abantu. (Abaheburayo 11:4) Uwundi yagendeye mu nzira ya Yehova ni Henoki, ubuhanuzi yashikirije bwerekeye iherezo ry’ivy’iyi si bukaba buzigamwe mu gitabu ca Yuda. (Yuda 14, 15) Henoki na we nyene ntiyashoboye kuramba nk’uko vyategerezwa. (Itanguriro 5:21-24) Naho ari ukwo, “yashingiwe intahe . . . yuko yahimbaye Imana.” (Abaheburayo 11:5) Igihe yapfa, cokimwe na Abeli, yari afise icizigiro kitarimwo amazinda c’izuka, kandi azoba arimwo mu bazobona imigambi ya Yehova yarangutse.

7. Nowa n’umuryango wiwe berekanye gute ko ari intadohoka kuri Yehova be n’uko bamwizigira?

7 Uko ya si y’imbere y’Umwuzure yaguma icokera mu bukozi bw’ikibi, kugamburukira Yehova vyaguma birushiriza kuba ibigerageza ukutadohoka. Amaja mu mpera z’iyo si, umugwi mutoyi gusa ni wo wariko ugendera mu nzira ya Yehova. Nowa n’umuryango wiwe barumviye Imana kandi barizigira ivyo ivuga. Bararanguye badahemuka ibikorwa bashinzwe kandi baranka kugwa mu mitego y’ingeso mbi zo mw’isi yo muri ico gihe. (Itanguriro 6:5-7, 13-16; Abaheburayo 11:7; 2 Petero 2:5) Turashobora gukura ubwatsi kuba baragamburutse batadohoka kandi bafise ukwizigira. Kubera ico, bararokotse Umwuzure baca bacika basokuruza bacu.—Itanguriro 6:22; 1 Petero 3:20.

8. Kw’ihanga rya Isirayeli, kugendera mu nzira y’Imana vyarimwo ibiki?

8 Hashize igihe, Yehova yaragiraniye isezerano n’abakomoka kuri wa mwizerwa Yakobo, baca bacika ihanga yiharije. (Kuvayo 19:5, 6) Yehova yarahaye ubuyobozi abasavyi biwe bagiraniye na we isezerano biciye ku Vyagezwe vyanditse, ku buherezi, no ku burongozi bwabura ivyobaye muri kazoza. Ariko kuri abo Bisirayeli, gukurikira ubwo buyobozi canke kutabukurikira vyari kubavako. Yehova yasavye umuhanuzi wiwe kubwira Abisirayeli ati: “Rāba, uyu musi mbashize imbere umugisha n’umuvumo: uwo mugisha muzowuhabga ni mwitondera ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu, ivyo mbagera uyu musi; uwo muvumo muzowuvumwa ni mutumvira ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu, mugakīkama mugata inzira mbagera uyu musi, mukagendanira izindi mana mutigeze kumenya.”—Gusubira mu Vyagezwe 11:26-28.

Ni Kuki Hari Abataye Inzira ya Yehova

9, 10. Ni ibintu ibihe vyatumye Abisirayeli bakenera kwizigira Yehova no gutsimbataza agatima ko kutamudohokako?

9 Nk’uko vyari kuri Adamu na Eva, kugira Abisirayeli bagume bagamburuka bari bakwiye kwizigira Yehova no kutamudohokako. Isirayeli kari agahugu gato gakikijwe n’ibihugu bibanyi vy’abanyamahane. Mu bumanuko bushira uburengero hari Misiri na Etiyopiya. Mu buraruko bushira ubuseruko hari Siriya na Asiriya. Mu micungararo ya hafi hari Filisitiya, Amoni, Mowabu, na Edomu. Mu gihe kimwe canke ikindi, abo bose babaye abansi ba Isirayeli. Vyongeye, abo bose bakurikira idini y’ikinyoma, iyarangwa no gusenga ibigirwamana, kuragurisha inyenyeri no mu bihe bimwebimwe ikarangwa n’ubuhumbu buteye isoni be na bwa bunyamaswa bwo gutangako inkuka abana. Ababanyi ba Isirayeli bahanga amaso imana zabo kugira ngo barondoke, bimbure vyinshi bongere batsinde mu rugamba.

10 Isirayeli yonyene ni yo yasenga Imana imwe rudende, Yehova. Yabemereye ko baramutse bumviye ivyagezwe vyiwe azobahezagira bakarondoka, bakimbura vyinshi kandi bagakingirwa abansi babo. (Gusubira mu Vyagezwe 28:1-14) Ikibabaje ni uko benshi muri Isirayeli bananiwe kugira ivyo. Mu bagendera mu nzira ya Yehova, benshi baracumukura kubera ukutadohoka kwabo. Hari mbere n’abakanagizwa, bagatyekezwa, bagakubitwa ibimoko, bagatabwa mu mvuto, bagaterwa amabuye n’ukwicwa bakicwa n’Abisirayeli bagenzi babo. (Ivyakozwe 7:51, 52; Abaheburayo 11:35-38) Ese ingene ico gitegerezwa kuba cari ikigeragezo ku mwizerwa! Ariko none ni kuki benshi bataye inzira ya Yehova? Uturorero tubiri two mu nkuru y’ivyabaye yerekeye Isirayeli turadufasha kubona ivyiyumviro bari bafise bitari vyo.

Akarorero Kabi ka Ahazi

11, 12. (a) Igihe Ahazi yari ahanamiwe na Siriya yanse kugira iki? (b) Ahazi yahanze amaso ibintu bibiri ibihe kugira ngo abone gutekanirwa?

11 Ahazi yatwaye mu bwami bwa Yuda bwo mu bumanuko mu kinjana c’umunani B.G.C. Ingoma yiwe ntiyaranzwemwo amahoro. Igihe kimwe, Siriya be n’ubwami bwo mu buraruko bwa Isirayeli bwariyunze ngo bubarwanye, maze “umutima [wiwe] urahungabana, bo n’imitima y’abantu biwe.” (Yesaya 7:1, 2) Ariko rero, igihe Yehova yemera gufata mu mugongo Ahazi hanyuma akamutera akamo ngo amugerageze, yaravyanse buhere! (Yesaya 7:10-12) Ico ivyo vyavuyemwo ni uko Yuda yaneshejwe mu rugamba yongera ashikirwa n’ivyago vyinshi.—2 Ngoma 28:1-8.

12 Naho Ahazi yanse kugerageza Yehova, nticabujije ko asaba imfashanyo umwami wa Asiriya. Yamara Yuda yabandanije gucumukurira mu minwe y’ababanyi bayo. Igihe na Asiriya nyene yahindukirira kurwanya Ahazi maze ‘ikamurandura umutima’ uwo mwami “yahaye ibimazi imana z’i Damasiko zamunesheje, akavuga at’Izo mana z’abami b’i Siriya ko zabafashije, hinge nanje ndazihe ibimazi zintabare.”—2 Ngoma 28:20, 23.

13. Ahazi yerekanye iki mu guhindukirira imana z’i Siriya?

13 Hashize igihe, Yehova yarashoboye kubwira Isirayeli ati: “Ni jewe [Yehova] Imana yawe, nkwigisha ibikugirira ikimazi, nkakurōngōra mu nzira ukwiye gucamwo. Iy’uba warumviye ivyagezwe vyanje, uba waragize amahoro ameze nk’uruzi, kand’ukugororoka kwawe kuba kwarabaye nk’imipfunda y’ikiyaga.” (Yesaya 48:17, 18) Mu guhindukirira imana z’i Siriya, Ahazi yerekanye ukuntu ‘kugendera mu nzira akwiye gucamwo’ vyari bimuri kure. Yari yaratakajwe buhere n’ukwiyumvira kw’amahanga, ahanga amaso ibintazi ngo atekanirwe, aho guhanga amaso Yehova.

14. Ni kuki Ahazi atari afise n’ico yireguza igihe yahindukirira imana z’ikinyoma?

14 Imana z’amahanga, tutibagiye n’iza Siriya, zagaragaye igihe kirekire ko ari ‘imana ataco zimaze.’ (Yesaya 2:8) Imbere yaho ku ngoma y’Umwami Dawidi, vyarabonetse neza ko Yehova yaruta imana z’i Siriya igihe Abanyasiriya bacika abasuku ba Dawidi. (1 Ngoma 18:5, 6) Yehova wenyene, we “Mana isumba izindi, n’Umwami asumba abandi, n’Imana ihambaye, y’Inyabushobozi iteye ubgoba,” ni we ashoboye gutanga umutekano nyawo. (Gusubira mu Vyagezwe 10:17) Ariko Ahazi yarateye umugongo Yehova, ahanga amaso imana z’amahanga ngo arabe ko yotekanirwa. Ico vyakweze kabaye agahomerabunwa ku Buyuda.—2 Ngoma 28:24, 25.

Abayuda Bari Kumwe na Yeremiya mu Misiri

15. Ni mu buryo ki Abayuda bari mu Misiri mu gihe ca Yeremiya bacumuye?

15 Kubera yuko abasavyi biwe badohotse bakarenza urugero, mu 607 B.G.C. Yehova yararetse Abanyababiloni barasangangura Yeruzalemu n’urusengero rwaho. Benshi mu bo muri iryo hanga barajanywe mu bunyagano i Babiloni. Ariko hari abasizwe inyuma, umuhanuzi Yeremiya akaba yari muri bo. Igihe Buramatari Gedaliya yagandagurwa, uwo mugwi waciye uhungira mu Misiri kandi ugenda ujanye Yeremiya. (2 Abami 25:22-26; Yeremiya 43:5-7) Ngaho, batanguye gushikanira ibimazi imana z’ikinyoma. Yeremiya yarahimirije abo Bayuda bahemutse ngo bisubireko, mugabo babaye intagondwa. Baranse guhindukirira Yehova, ahubwo riho barakovya ngo bazobandanya kwosereza imibavu “umwamikazi wo mw ijuru.” Kubera iki? Kubera yuko bo na basokuruza babo ari vyo bakora ‘mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu, igihe bagira indya nyinshi, bakibera amahoro kandi ata vyago babona.’ (Yeremiya 44:16, 17) Abo Bayuda kandi barananye bagira bati: “Uhereye igihe twarekeye kwosereza imibavu umwamikazi wo mw ijuru, no kumusukira ibiturire, ni ho twaciye duhīndāna, tukamarwa n’inkota n’inzara.”—Yeremiya 44:18.

16. Ni kuki Abayuda bari mu Misiri bari bihenze buhere mu kwiyumvira kwabo?

16 Emwe, ubwonko burabura ivyo bwibuka! Mu vy’ukuri ibintu vyari vyifashe gute? Abayuda koko bari barashikaniye ibimazi imana z’ikinyoma mu gihugu Yehova yari yarabahaye. Rimwe na rimwe, nk’uko vyari biri mu gihe gihe ca Ahazi, baracumukuye kubera ubwo buhakanyi. Ariko rero, Yehova ‘yarateba kurakira’ abasavyi biwe cagiraniye isezerano. (Kuvayo 34:6; Zaburi 86:15) Yararungitse abahanuzi biwe kugira ngo babahimirize kwihana. Rimwe na rimwe igihe umwami yaba ari umwizerwa, Yehova yaramuhezagira kandi abanyagihugu bagaca bahatorera akoyoko naho nyene benshi muri bo wasanga ari ibihemu. (2 Ngoma 20:29-33; 27:1-6) Ese ukuntu abo Bayuda bari mu Misiri bihenda mu kuvuga ngo ugusagamba kwose bagira igihe bari mu gihugu cabo c’amavukiro kwava ku mana zabo z’ikinyoma!

17. Ni kuki Yuda yatakaje igihugu cayo n’urusengero rwayo?

17 Imbere yo mu 607 B.G.C., Yehova yari yarahimirije abantu b’i Buyuda ati: “Ni mwumvire ijwi ryanje, maze nanje nzoba Imana yanyu, namwe muzoba abantu banje; mugendere mu vyo mbagera vyose, kugira ngo bibagendere neza.” (Yeremiya 7:23) Abayuda batakaje urusengero rwabo be n’igihugu cabo ata kindi bivuyeko atari uko banse kugendera ‘mu nzira yose Yehova yababwirije gucamwo.’ Ntitubure kwirinda iryo kosa ryokora ibara.

Yehova Arahezagira Abagendera mu Nzira Yiwe

18. Abagendera mu nzira ya Yehova bakwiye gukora iki?

18 Muri iki gihe, cokimwe no mu bihe vyaheze, kugendera mu nzira ya Yehova bisaba kuba intadohoka—akaba ari ukwiyemeza kuba ari we musa dusukurira. Bisaba kwizigira—kukaba ari ukwizera tugaherezako yuko ivyo Yehova yasezeranye ari ivy’ukuri kandi ko bizoranguka. Kugendera mu nzira ya Yehova bisaba kugamburuka—ivyo na vyo akaba ari ugukurikiza amategeko yiwe tudakevya be no kwitondera ingingo ngenderwako ziwe ziri hejuru. “Uhoraho [ni] umugororotsi, kand’akunda ivyo kugororoka.”—Zaburi 11:7.

19. Benshi muri iki gihe basenga izihe mana, kandi ivyo bivamwo iki?

19 Ahazi yahanze amaso imana z’i Siriya kugira ngo atekanirwe. Abisirayeli bari mu Misiri bizigiye yuko ikimanakazi casengwa hose mu Buseruko bwo Hagati bwa kera bita “umwamikazi wo mw’ijuru” cobazaniye ugusagamba mu vy’umubiri. Muri iki gihe, nyinshi mu mana zisengwa si ibishushanyo bushushanyo. Yezu yaraburiye abantu kudakorera “Itunga” aho gukorera Yehova (Matayo 6:24) Intumwa Paulo yaravuze ivyerekeye “kwifuza ivy’abandi, [ar]i kwo gusenga ibigirwamana.” (Ab’i Kolosayi 3:5) Yaravuze kandi abantu usanga “imana yabo [ar]i inda.” (Ab’i Filipi 3:19) Ni vyo, amahera be n’ibintu vy’umubiri biri mu mana nkurunkuru zisengwa muri iki gihe. Mu vy’ukuri, benshi—tutibagiye n’abari mu madini—‘bizigira ubutunzi butar’ubwo kwizigira.’ (1 Timoteyo 6:17) Benshi barakora bagatama bakorera izo mana, kandi hari abagira ico babikuramwo—kuba mu nzu nzizanziza, gutunga ibintu bizimvyezimvye be no gufungura ibitayega. Ariko rero si bose binovora ubwo butunzi. Mbere n’abagize ngo barabwinovora barateba bagasanga ivyo bintu ubwavyo bitabamara akanyota. Si ivyo kwishimirwa, ni ivy’akanya gato kandi ntibironsa umuntu ivyo akenera mu vy’impwemu.—Matayo 5:3.

20. Dukwiye kugumana uburimbane ubuhe?

20 Ni vyo, dukwiye kuba abafata ingingo ngirakimazi mu gihe tubayeho muri iyi misi y’iherezo y’ivy’iyi si. Birakenewe ko hagira ivyo dukora biri ku rugero kugira ngo turonse imiryango yacu ivyo ikeneye mu buryo bw’umubiri. Mugabo agaciro kanini kuruta turamutse tugahaye ivyo kubaho mu buryo buhanitse, kwiruka inyuma y’amahera canke ibindi bintu bisa n’ivyo tukabirutisha gukorera Imana, tuzoba twaguye mu bwoko bunaka bw’ugusenga ibigirwamana, kandi tuzoba tutakiriko turagendera mu nzira ya Yehova. (1 Timoteyo 6:9, 10) Ariko none, vyogenda gute turamutse duhuye n’ingorane z’amagara, iz’amahera canke izindi? Ntitukabe nka ba Bayuda bari mu Misiri babona ko ingorane bari bafise zava ku gukorera Imana. Ahubwo, nimuze tugerageze Yehova, kikaba ari ikintu Ahazi yananiwe kugira. Niduhindukirire Yehova Imana tutadohoka kugira ngo atuyobore. Nidukurikire uburongozi bwiwe tubigiranye ukwizigira twongere dusenge dusaba ingoga n’ubukerebutsi kugira dushobore kuvyifatamwo neza mu bihe vyose. Maze, niturindire ata gukekeranya umuhezagiro wa Yehova.

21. Abagendera mu nzira ya Yehova baronka iyihe mihezagiro?

21 Muri kahise ka Isirayeli kose, Yehova yarahezagiye cane abagendera mu nzira yiwe. Umwami Dawidi yaririmvye ati: “[Yehova] we, undōngōre mu kugororoka kwawe, kubg’abandyamiye.” (Zaburi 5:8) Yehova yaramuhaye intsinzi za gisirikare kuri ya mahanga mabanyi, ayahavuye acumukuza Ahazi. Ku ngoma ya Salomo, Imana yarahezagiye Isirayeli mu kuyiha amahoro n’ugusagamba Abayuda bari mu Misiri bahavuye bamiramitirwa mu nyuma. Yehova yaranahaye Hezekiya umuhungu wa Ahazi intsinzi kuri ca gihangange Asiriya. (Yesaya 59:1) Ni vyo, ukuboko kwa Yehova ntikwabaye kugufi ku ntadohoka ziwe batahagaze “mu nzira y’abanyavyaha” mugabo bakaba banezererwa itegeko ry’Imana. (Zaburi 1:1, 2) Ivyo ni ko bikimeze. Ariko none muri iki gihe dushobora kumenya gute ko tugendera mu nzira ya Yehova? Ivyo ni vyo twihweza mu kiganiro gikurikira.

Woba Uvyibuka?

◻ Ni kamere nziza izihe zikenewe niba dushaka kugendera mu nzira ya Yehova?

◻ Ni kuki ivyiyumviro vya Ahazi bitari vyo?

◻ Ni igiki cari kigoramye mu kwiyumvira kw’Abayuda bari mu Misiri?

◻ Dushobora gukomeza gute umwiyemezo wacu wo kugendera mu nzira ya Yehova?

[Ifoto ku rup. 13]

Ahazi yahanze amaso imana z’i Siriya aho guhanga amaso Yehova

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika