‘Uwusoma Nakoreshe Ugutegera’
“Aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera, gihagaze ahantu hēra, . . . ico gihe abazoba bar’i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire.”—MATAYO 24:15, 16.
1. Imburizi Yezu yatanze dusanga muri Luka 19:43, 44 yashitse ku ki?
UKUBA twaragabishijwe ku vyerekeye agatikizo kegereje birashobora gutuma turusimba. (Imigani 22:3) Nuko rero, niwiyumvire ukuntu ivy’Abakirisu vyari vyifashe i Yeruzalemu inyuma y’aho Abaroma batereye mu 66 G.C. Yezu yari yarabuye yuko ico gisagara cokikujwe hanyuma kigasangangurwa. (Luka 19:43, 44) Abayuda benshi baramwiyobagije. Mugabo abigishwa biwe barumviye imburizi yatanze, bituma barokoka ka gatikizo kaba mu 70 G.C.
2, 3. Ni kuki dukwiye kwitwararika ubuhanuzi Yezu yavuze bwanditse muri Matayo 24:15-21?
2 Mu buhanuzi butwerekeye na twebwe muri iki gihe, Yezu yaradondaguye ibintu bikurubikuru bigize ikimenyetso kigizwe na vyinshi vyarimwo n’intambara, ugukena kw’ibifungurwa, vya nyamugigima, indwara z’ibiza, hamwe n’uguhamwa kw’Abakirisu bobaye bariko baramamaza ivyerekeye Ubwami bw’Imana. (Matayo 24:4-14; Luka 21:10-19) Yezu kandi yaravuze icofashije abigishwa biwe kumenya yuko iherezo ryegereje—na co cari “ikizira c’ubuyobe bg’ubugesera, gihagaze ahantu hēra.” (Matayo 24:15, ni twe duhiritse izo ndome.) Nimuze dusubire gusuzuma ayo majambo ahambaye kugira ngo turabe ukuntu ashobora kugira ico akoze ku buzima bwacu ubu no muri kazoza.
3 Amaze kudondagura ibintu bikurubikuru bigize ca kimenyetso, Yezu yavuze ati: “Aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera, gihagaze ahantu hēra, cavuzwe na Daniyeli yavugishwa n’Imana—ūsoma n[“akoreshe ugutegera,” NW]—ico gihe abazoba bar’i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire, ūzoba ari hejuru ku nzu ntaze yururutswe no gusahura ibiri mu nzu yiwe, ūzoba ari mu mirima ntaz’asubizwe inyuma no gusahura umutamana wiwe. Ariko mur’iyo misi abazoba batwaye inda n’abonsa bazobona ibara. Kandi muze musenge kugira ng’uruhungo rwanyu ntiruze rube mu rushana canke kw isabato. Kuko mur’iyo misi hazoba amarushwa ahambaye atigeze kubaho kuva kw itanguriro ry’isi ugashitsa n’ubu, kandi ntazokwongera kubaho.”—Matayo 24:15-21.
4. Ni igiki cerekana ko Matayo 24:15 harangutse mu kinjana ca mbere?
4 Inkuru zivugwa na Mariko be na Luka zirafise ibindi zongeyeko. Aho Matayo akoresha amajambo “gihagaze ahantu hēra,” muri Mariko 13:14 havuga ngo “gihagaze aho kidakwiye.” Muri Luka 21:20 harongerako ayandi majambo Yezu yavuze hati: “Ni mwabona i Yerusalemu hakikijwe n’ibitero, muze mumenye yuk’ubuyobe bgaho bugira bushike.” Ivyo biradufasha kubona yuko iranguka rya mbere ryarimwo igitero cantanguye mu 66 G.C. Abaroma bateye i Yeruzalemu hamwe no ku rusengero rwaho—ahari ahantu hera ku Bayuda ariko hatari hakiri ahera kuri Yehova. Hasigaye ari amatongo igihe Abaroma basangangura igisagara hamwe n’urusengero mu 70 G.C. None “ca kizira c’ubuyobe” cari igiki muri ico gihe? Kandi ni mu buryo ki “[ca]hagaze ahantu hēra”? Inyishu zitangwa kuri ivyo bibazo ziraza kudufasha gutomora iranguka ryavyo ryo muri iki gihe.
5, 6. (a) Ni kuki abasoma Daniyeli ikigabane c’9 bari bakeneye ugutegera? (b) Bwa buhanuzi Yezu yatanga bwerekeye “ca kizira c’ubuyobe” bwarangutse gute?
5 Yezu yahimirije abasomyi ngo bakoreshe ugutegera. Abo bari abasoma iki? Bisa n’uko bari abasoma igitabu ca Daniyeli ikigabane c’9. Aho tuhasanga ubuhanuzi bwerekana igihe Mesiya yoserukiyeko, kandi haravuga imbere y’igihe yuko ‘yokuweho’ haciye imyaka itatu n’igice. Ubwo buhanuzi buvuga buti: “[Uwutera ubugesera] azoza kw ibaba ry’ibizira; maz’ubuyobe buzosukwa kur’uyo ageseza, gushitsa ku muhero washinzwe.” (Ni twe duhiritse izo ndome.)—Daniyeli 9:26, 27; raba kandi Daniyeli 11:31; 12:11.
6 Abayuda biyumvira yuko ivyo vyashaka kuvuga kwa guhumanya urusengero kwagirwa na Antiochus wa 4 hakaba hari haciye nk’imyaka 200. Ariko rero, Yezu we yerekanye ko ibintu bimeze ukundi, ahimiriza yuko hakoreshwa ugutegera kubera ko “ca kizira c’ubuyobe” cari ikikiraririye guseruka no “[guhagarara] ahantu hēra.” Biribonekeza yuko Yezu yariko avuga ingabo z’Abaroma zoje mu 66 G.C. zitwaje ibintu vyafatwa nk’amabendera abaranga. Mwene ayo mabendera, ayakoreshejwe igihe kirekire, yafatwa nk’ibigirwamana kandi ku Bayuda yari ikizira c’ubuyobe.a None ni ryari ‘bohagaze ha hantu hēra’? Ivyo vyabaye igihe ingabo z’Abaroma zitwaje amabendera yazo zatera Yeruzalemu hamwe n’urusengero rwaho, ahantu Abayuda babona ko ari ahera. Abaroma baratanguye mbere gusenyura uruhome rwari mu karere k’urusengero. Mu vy’ukuri, icari cahoze ari ikizira c’ubuyobe ico gihe cari gihagaze ahantu hera!—Yesaya 52:1; Matayo 4:5; 27:53; Ivyakozwe 6:13.
“Ikizira c’Ubuyobe” co Muri Iki Gihe
7. Ni ubuhanuzi ubuhe Yezu yavuze buriko buraranguka muri iki gihe cacu?
7 Kuva ku Ntambara ya Mbere y’Isi Yose, twariboneye iranguka rinini kuruta rya ca kimenyetso Yezu yavuga canditse muri Matayo ikigabane ca 24. Yamara, gira wibuke ivyo yavuze: “Aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera, gihagaze ahantu hēra, . . . ico gihe abazoba bar’i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire.” (Matayo 24:15, 16) Uwo muce w’ubwo buhanuzi utegerezwa kuranguka no muri iki gihe cacu nyene.
8. Mu myaka n’iyindi, Ivyabona vya Yehova bavuze ko “ca kizira c’ubuyobe” muri ibi bihe turimwo ari igiki?
8 Mu kugaragaza ukwizigira abasavyi ba Yehova bafise yuko ubwo buhanuzi bworangutse, Umunara w’Inderetsi (mu Congereza) wo ku wa 1 Nzero 1921, warashimitse kuri bwo ku vyerekeye ibintu vyari bifitaniye isano n’ibiriko biraba mu Buseruko bwo Hagati. Hanyuma, mu nomero yawo yo ku wa 15 Kigarama 1929, ku rupapuro rwa 374, Umunara w’Inderetsi (mu Congereza) wavuze mu buryo butomoye uti: “Umuhari w’Amahanga nta kindi urondera atari ugukura abantu ku Mana no kuri Kirisitu, kandi ni co gituma ari ikizira c’ubuyobe, cashinzwe na Shetani, ukaba n’igishisha mu nyonga z’Imana.” Nuko rero mu 1919 “ca kizira c’ubuyobe” caraserutse. Haciye igihe, uwo Muhari wasubiriwe n’Ishirahamwe Mpuzamakungu. Ivyabona vya Yehova baramaze igihe berekana ko ayo mashirahamwe y’abantu yo kuzana amahoro ari ikizira c’ubuyobe mu nyonga z’Imana.
9, 10. Uko mbere twatahura ivya ya marushwa ahambaye vyatuma tubona gute igihe “ca kizira c’ubuyobe” cohagaze ahantu hera?
9 Ikiganiro c’imbere y’iki caciye ku mayange iciyumviro gitomoye kiri mu vyinshi mu bintu biri muri Matayo ikigabane ca 24 n’ica 25. Ubwo gutomora ibintu vyerekeye “ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera, gihagaze ahantu hēra” kwoba gukwiriye? Biboneka ko ari ukwo biri. Ubuhanuzi Yezu yatanze bwerekana ko hari isano hagati ya kwa “[guhagarara] ahantu hēra” hamwe n’iyaduka ry’ “amarushwa” yari yarabuwe. Ni co gituma, naho nyene “ca kizira c’ubuyobe” kimaze igihe kirekire kiriho, isano riri hagati y’“[uguhagarara] ahantu hēra” kwaco hamwe n’amarushwa ahambaye bikwiye kugira ico bikoze ku vyiyumviro vyacu. Uti gute?
10 Abasavyi b’Imana barigeze kuba batahura yuko umuce wa mbere ya ya marushwa ahambaye watanguye mu 1914 kandi ko igice ca nyuma coje kuri ya ntambara ya Harumagedoni. (Ivyahishuriwe 16:14, 16; gereranya n’Umunara w’Inderetsi [mu Congereza] wo ku 1 Ndamukiza 1939, urupapuro rw’110.) Ni co gituma dushobora gutegera igituma vyigeze kwiyumvirwa ko ca “kizira c’ubuyobe” co muri iki gihe gitegerezwa kuba cahagaze ahantu hera inyuma gato y’Intambara ya Mbere y’Isi Yose.
11, 12. Mu 1969, ni iciyumviro ikihe kigorowe cerekeye ya marushwa ahambaye cashikirijwe?
11 Ariko rero, muri iyi myaka ya nyuma twahavuye tubona ibintu mu bundi buryo butandukanye. Ku wa Kane, igenekerezo rya 10 Mukakaro 1969, kw’Iteraniro Mpuzamakungu ryataziriwe ngo “Amahoro kw’Isi” ryabereye mu gisagara ca New York, F. W. Franz, uwari ico gihe icegera ca perezida w’ishirahamwe Watch Tower Bible and Tract Society, yarashikirije insiguro ishwangamura koko. Mu gusubiramwo ukuntu twahoze dutahura ubuhanuzi Yezu yatanze, Umuvukanyi Franz yagize ati: “Haratanzwe insobanuro yuko ‘ya marushwa ahambaye’ yatanguye mu 1914 G.C. kandi ko ataretswe ico gihe ngo ashishikare gushika arangiye, ahubwo ko Imana yahagaritse Intambara ya Mbere y’Isi Yose mu kwa Munyonyo kwo mu 1918. Kuva ico gihe Imana yararetse ngo hacemwo ikiringo gituma amasigarira y’abasizwe agizwe n’Abakirisu batoranijwe barangura umurimo wabo imbere yuko ireka ngo igice ca nyuma ca ya “marushwa ahambaye” gisubire kwaduka kuri ya ntambara ya Harumagedoni.”
12 Ni ho rero insobanuro igorowe mu buryo buhambaye yashikirizwa: “Kugira ngo bihure n’ivyabaye mu kinjana ca mbere, . . . ya ‘marushwa ahambaye’ nyayo ntiyatanguye mu 1914 G.C. Ahubwo, icabaye kuri Yeruzalemu y’ikigereranyo yo mu gihe ca none mu 1914 gushika mu 1918 yari gusa ‘intango yo kuramukwa’ . . . Ya ‘marushwa ahambaye’ atazokwigera asubira kuba aracari imbere, kubera ko asobanura isangangurwa rya ya nganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma (harimwo n’Abitwa Abakirisu) rikazokurikirwa na ya ‘ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose’ kuri Harumagedoni.” Ivyo vyasobanura ko amarushwa ahambaye yose uko angana yari akiri imbere.
13. Ni kuki vyumvikana kuvuga ko “ca kizira c’ubuyobe” ‘kizohagarara ahantu hēra’ muri kazoza?
13 Ivyo birajanye neza na neza n’ivy’ugutegera igihe “ca kizira c’ubuyobe” gihagarara ahantu hera. Niwibuke ivyabaye mu kinjana ca mbere. Abaroma barateye Yeruzalemu mu 66 G.C., mugabo bariyonjorora bitari vyitezwe, ivyo bituma Abakirisu barokora igupfa. (Matayo 24:22) Kubera ico, twiteze yuko ya marushwa ahambaye atangura vuba, mugabo azogerurwa ku bw’ineza y’abatoranijwe b’Imana. Raba iki kintu nyamukuru: Mu vyabaye kera, “ca kizira c’ubuyobe . . . gihagaze ahantu hēra” cari gifitaniye isano n’igitero Abaroma bagize barongowe na Jenerali Gallus mu 66 G.C. Ikintu gisa n’ico gitero muri iki gihe—ari kwo kwaduka kwa ya marushwa ahambaye—kiracari imbere. Ni co gituma rero “ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera,” icabayeho kuva mu 1919, biboneka yuko kizohagarara ahantu hera mu gihe kiri imbere.b None ivyo bizoshika gute? Kandi ivyo bishobora kuba bitwerekeye gute?
Igitero co Muri Kazoza
14, 15. Ivyahishuriwe ikigabane ca 17 hadufasha gute gutegera ibizoba bikadushikana kuri Harumagedoni?
14 Igitabu c’Ivyahishuriwe kiradondora igitero simusiga kizoterwa idini y’ikinyoma. Ikigabane ca 17 kiravuga ibintu bikurubikuru vyerekeye urubanza Imana yaciriye “Babuloni Hahambaye, nyina wa ba maraya”—akaba ari ya nganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma. Abitwa Abakirisu ni bo canecane biraba, kandi barirarira ngo barafitaniye n’Imana ubucuti bushingiye kw’isezerano. (Gereranya na Yeremiya 7:4.) Amadini y’ikinyoma, dushizemwo n’Abitwa Abakirisu, amaze igihe kirekire agiranira ubucuti butemewe n’ “abami bo kw isi,” mugabo rero ivyo bizorangirira mw’isangangurwa ry’ayo madini. (Ivyahishuriwe 17:2, 5) Bizogirwa na ba nde?
15 Mu Vyahishuriwe hadondora “igikōko gisa n’agahama” kibaho igihe gito, kikazimangana, hanyuma maze kikagaruka. (Ivyahishuriwe 17:3, 8) Ico gikoko gishigikiwe n’abategetsi bo mw’isi. Ido n’ido dusanga muri ubwo buhanuzi riradufasha kumenya ko ico gikoko c’ikigereranyo ari ishirahamwe rirondera amahoro ryabayeho mu 1919 ico gihe ryitwa Umuhari w’Amahanga (“ikizira c’ubuyobe”) ubu na ho rikaba ari Ishirahamwe Mpuzamakungu. Mu Vyahishuriwe 17:16, 17 harerekana yuko Imana igiye kuzoshira mu mitima y’abategetsi b’abantu bamwebamwe usanga ari rurangiranwa muri ico “gikōko” kugira ngo basangangure ya nganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma. Ico gitero ni co kizoba cerekana ukwaduka kwa ya marushwa ahambaye.
16. Ni ibintu bitangaje ibihe biriko biraba vyerekeye idini?
16 Kubera ya “marushwa ahambaye” azotangura muri kazoza, none kwa ‘guhagarara ahantu hēra’ kwoba kukiri imbere yacu? Biboneka ko ari ukwo biri. Naho “ca kizira c’ubuyobe” caserutse mu ntango z’iki kinjana kandi rero kikabaho imyaka mirongo, muri kazoza katari kure kizohagarara mu buryo budasanzwe “ahantu hēra.” Nk’uko abayoboke ba Kirisitu bo mu kinjana ca mbere bategerezwa kuba bari bakerebukiye kuba maso kugira ngo babone ukuntu ‘uguhagarara ahantu hēra’ kwobaye, ni na ko nyene Abakirisu bo muri iki gihe bameze. Turiyemerera ko tuzorinda kurindira iranguka nyakuri kugira ngo tumenye ibintu vyose ido n’ido. Yamara, ni ikintu gitangaje kubona mu bihugu bimwebimwe hamaze kuboneka urwanko ruguma rwongerekana kw’idini. Abanyapolitike bamwebamwe, bafatanije n’abahoze ari Abakirisu bataye ukwizera nyakuri, bariko bararemesha ivy’ukurwanya amadini muri rusangi hamwe na canecane ukurwanya Abakirisu b’ukuri. (Zaburi 94:20, 21; 1 Timoteyo 6:20, 21) Ico bivamwo ni uko intwaro za gipolitike mbere n’ubu nyene ‘zirwanya wa Mwagazi,’ kandi nk’uko mu Vyahishuriwe 17:14 havyerekana, urwo rugamba ruzokomera. Naho badashobora gushikira n’iminwe wa Mwagazi w’Imana, ari we Yezu Kirisitu mu kibanza yashizwemwo kiri hejuru ari no mu buninahazwa, bazobandanya kurwanya abasavyi b’ukuri b’Imana, na canecane “abera” bayo. (Daniyeli 7:25; gereranya na Abaroma 8:27; Ab’i Kolosayi 1:2; Ivyahishuriwe 12:17.) Imana iradukura amazinda yuko wa Mwagazi hamwe n’abari ku ruhande rwiwe bazotahukana intsinzi.—Ivyahishuriwe 19:11-21.
17. Ata kwemeza ibintu ku nguvu, twoshobora kuvuga iki ku kuntu “ca kizira c’ubuyobe” kizohagarara ahantu hera?
17 Turazi yuko isangangurwa ririndiriye idini y’ikinyoma. Babiloni Hahambaye “[ira]borewe amaraso y’abera” kandi yifashe nk’umwamikazi, ariko ntizobura gusangangurwa. Ibintu bihumanye yoheje abami b’isi bizohinduka bimwe bitangaje ubwo bucuti nibwahinduka urwanko rukaze azokwankwa na ya ‘mahembe cumi na ca gikōko.’ (Ivyahishuriwe 17:6, 16; 18:7, 8) Igihe ca “gikōko gisa n’agahama” kizotera ya maraya yo mu vy’idini, “ca kizira c’ubuyobe” kizoba gihagaze, mu buryo bwo kubahanamira, ha hantu Abitwa Abakirisu bavuga ko ari ahera.c Urumva rero ko isangangurwa rizotangurira ku Bitwa Abakirisu batagira ukwizera, abivuga ko ari aberanda.
‘Twohunga’ Gute?
18, 19. Ni imvo izihe zitangwa zerekana yuko “guhungira mu misozi miremire” bitazosobanura uguhindura idini?
18 Yezu amaze kuvuga ‘uguhagarara kwa ca kizira c’ubuyobe ahantu hēra,’ yaburiye abategera ibintu kugira ico bakoze. Yoba yashaka kuvuga yuko muri ico gihe kiri kure—ni ukuvuga igihe “ca kizira c’ubuyobe . . . [kizoba] gihagaze ahantu hēra”—abantu benshi bazohunga idini y’ikinyoma bahungira mu gusenga kw’ukuri? Habe n’intete. Rimbura iranguka ryabaye ubwa mbere. Yezu yavuze ati: “Abazoba bar’i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire, ūzoba ari hejuru ku nzu ntaze yururutswe no kwinjira gusahura ikintu [ico ari co] cose mu nzu yiwe: ūzoba ari mu mirima ntaz’asubizwe inyuma no gusahura umutamana wiwe. Ariko mur’iyo misi abazoba batwaye inda n’abonsa bazobona ibara: kandi muze musenge kugira ngo ntibize bibe mu rushana.”—Mariko 13:14-18, ni twe duhiritse izo ndome.
19 Yezu ntiyavuze yuko abari i Yeruzalemu gusa ari bo vyari bikwiye ko bavayo, nk’uko umengo yashaka kuvuga ko bakwiye kuva kw’ihuriro ry’ivy’ugusenga kw’Abayuda; eka kandi iyo mburo yatanze ntiyavuga ivy’uguhindura idini ngo umuntu ave mu y’ikinyoma akaja mu y’ukuri. Mu vy’ukuri abigishwa ba Yezu ntibari bakeneye imburo y’ivyerekeye kuva mw’idini imwe bakaja mu yindi; bari bamaze kuba Abakirisu b’ukuri. Vyongeye, ca gitero cabaye mu 66 G.C. nticatumye abari mw’idini ry’Abayuda b’i Yeruzalemu n’abo mu micungararo y’i Yudaya baheba iryo dini ngo bemere Abakirisu. Porofeseri Heinrich Graetz avuga yuko abomye inyuma Abaroma bariko barahunga bagarutse mu gisagara: “Abari muri ka kagwi k’Abayuda k’Abaziloti, bararirimba indirimbo z’indwano z’umunezero, bagarutse i Yeruzalemu (kw’igenekerezo ry’8 Gitugutu), imitima yabo yuzuye icizigiro kirangwa umunezero c’uko baronse umwidegemvyo kandi bikukiye. . . . None Imana ntiyari ibagarukiye n’imbabazi n’akantu nk’uko yagarukira ba sekuruza babo? Abaziloti nta bwoba bari bafise ku vyobaye muri kazoza.”
20. Abigishwa ba mbere bakiriye gute imburizi Yezu yatanze yo guhungira ku misozi?
20 None ca gitigiri gitoyi ugereranije c’abatoranijwe bo muri ico gihe bakurikije gute impanuro Yezu yari yaratanze? Mu kuva i Yudaya bagahungira mu misozi yari hakurya ya Yorodani, barerekanye ko batari bari mu bintu vy’Abayuda, haba muri politike canke mu vy’idini. Barataye amatongo hamwe n’amazu, eka mbere ntibakorakoranya utwo batunze ngo badukure mu mazu. Kubera ko bari bizigiye yuko Yehova abarinda kandi akabafata mu mugongo, barashize ugusenga kwiwe imbere y’ibindi bintu vyose vyoba vyaboneka ko bihambaye.—Mariko 10:29, 30; Luka 9:57-62.
21. Ni ibiki tudakwiye kwitega “ca kizira c’ubuyobe” nicatera?
21 Ubu na ho rimbura iranguka rirushirije kuba rinini. Tumaze imyaka mirongo duhimiriza abantu kuva mw’idini ry’ikinyoma bakaja mu gusenga kw’ukuri. (Ivyahishuriwe 18:4, 5) Abantu amamiliyoni barabigize. Ubuhanuzi Yezu yatanze ntibwerekana yuko amarushwa ahambaye niyamara kwaduka abantu amasinzi bazohindukirira ugusenga kw’ukuri; mu vy’ukuri nta Bayuda bakebanutse ikivunga bakaba Abakirisu mu 66 G.C. Yamara, Abakirisu b’ukuri bazogira ikintu gihambaye gituma bashira mu ngiro imburo ya Yezu maze bahunge.
22. Gushira mu ngiro impanuro Yezu yaduhaye ku vyerekeye uguhungira mu misozi bishobora kuba birimwo iki?
22 Ubu ntidushobora kumenya ido n’ido ry’ibizoshika kuri ya marushwa ahambaye, ariko turashobora mu buryo bwumvikana gushika ku ciyumviro c’uko kuri twebwe uguhunga Yezu yavuze kutazoba ari uguhungira mu karere kanaka. Abasavyi b’Imana baramaze kuba hirya no hino kw’isi, hafi mu mihingo yose. Ariko turashobora gushira amazinda yuko niba guhunga bikenewe, Abakirisu bazotegerezwa kubandanya kuguma bitandukanije bimwe bitomotse n’amashirahamwe y’idini y’ikinyoma. Birahambaye kandi kubona Yezu yarabuye ivyerekeye ivyo kudasubira mu nzu ngo umuntu yakire ivyambarwa canke ibindi bintu. (Matayo 24:17, 18) Ni co gituma rero hashobora kuba ibigeragezo muri kazoza ku vyerekeye ukuntu tubona ibintu vy’umubiri; mbega bizoba ari vyo bihambaye kuruta, canke agakiza kazoshikira abari ku ruhande rw’Imana bose kazoba ari ko gahambaye kuruta? Ego ni ko, uguhunga kwacu gushobora tuzotuma dushikirwa n’amagume amwamwe tugire n’ivyo dutakaza. Dukwiye kuzoba twiteguye kugira ikintu ico ari co cose bisaba, nk’uko bagenzi bacu bo mu kinjana ca mbere bahunze bakava i Yudaya bakaja i Pereya, hakurya ya Yorodani babigize.
23, 24. (a) Ni hehe honyene tuzoronkera uburinzi? (b) Imburizi Yezu yatanze ikwiye kugira iki kuri twebwe ku vyerekeye “ca kizira c’ubuyobe . . . gihagarara ahantu hēra”?
23 Dukwiye kumenya neza yuko ubuhungiro bwacu bubandanya buba Yehova n’ishirahamwe ryiwe rimeze nk’umusozi. (2 Samweli 22:2, 3; Zaburi 18:2; Daniyeli 2:35, 44) Aho ni ho dukura uburinzi! Ntituzokwigana amasinzi y’abantu bazohungira “mu masenga” maze bakinyegeza “mu bitandara vyo ku misozi”—ivyo akaba ari amashirahamwe hamwe n’inzego vy’abantu bishobora kuzogumaho kandi gato inyuma ya rya sangangurwa rya Babiloni Hahambaye. (Ivyahishuriwe 6:15; 18:9-11) Mu vy’ukuri, ibintu birashobora kuzorushiriza kugora—nk’uko mu 66 G.C. vyoba vyaragoye abagore bari bafise imbanyi bahunga bava i Yudaya canke ku uwo ari wese yategerezwa gufata urugendo hakanye hakaba no mu mvura. Ariko turashobora gushira amazinda yuko Imana izotuma bishoboka ko hagira abarokoka. Nimuze mbere ubu dusubire gukomeza ukwizigira Yehova be n’Umwana wiwe, ubu akaba aganza ari Umwami w’Ubwami.
24 Nta mvo n’imwe dufise yotuma tubaho dufise ubwoba bw’ibigira bibe. Yezu ntiyashaka ko abigishwa biwe bo muri ico gihe batekerwa n’ubwoba, kandi ntashaka ko na twebwe nyene tugira ubwoba, haba muri iki gihe canke mu misi igiye kuza. Yadukanguye kugira ngo dushobore gutegura imitima be n’imizirikanyi vyacu. Kanatsinda, Abakirisu b’abagamburutsi ntibazohanwa isangangurwa niryashikira idini y’ikinyoma hamwe no ku mice isigaye y’ivy’isi mbi. Bazotahura kandi bumvire imburizi yerekeye “ca kizira c’ubuyobe . . . gihagaze ahantu hēra.” Vyongeye bazogira ico bakoze ubutacisubirako bishimikije ukwizera kwabo kutanyiganyizwa. Ntitukigere twibagira ico Yezu yasezeranye ati: “Uwihangana, agashitsa kw’iherezo, ni we azokira.”—Mariko 13:13.
[Utujambo tw’epfo]
a “Ivyo Abaroma bakoresha nk’amabendera vyararindwa mu Nsengero i Roma, bikarindanwa icubahiro cinshi nka kirya baha ibintu vy’idini; kandi icubahiro abo Baroma bari bafitiye ayo mabendera carongerekana igihe abasoda babo batsinda ayandi mahanga . . . [Ku basoda] kumbure cari co kintu ceranda gusumba ibindi vyose biri kw’isi. Umusoda w’Umuroma yarahira ico yafata nk’ibendera ryiwe.”—The Encyclopædia Britannica, kigira 11.
b Dukwiye kubona yuko naho iranguka ry’amajambo Yezu yavuze ryabaye mu 66 gushika 70 G.C. rishobora kudufasha gutegera ukuntu azoranguka kuri ya marushwa ahambaye, ayo maranguka uko ari abiri ntashobora gusanishwa neza na neza kubera ko ibiranguka bishika mu bihe bitandukanye.
c Raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Ntwarante 1976, urupapuro rwa 165-168.
Woba Uvyibuka?
◻ “Ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera” cibonekeje gute mu kinjana ca mbere?
◻ Ni kuki ari ibitegereka kwiyumvira ko ca “kizira c’ubuyobe” co muri iki gihe cacu kizohagarara ahantu hera muri kazoza?
◻ Ni igitero ikihe cavuzwe mu Vyahishuwe ca “kizira c’ubuyobe” kizogira?
◻ Dushobora kuzosabwa “guhunga” gute?
[Ifoto ku rup. 24]
Babiloni Hahambaye yitwa “nyina wa ba maraya”
[Ifoto ku rup. 25]
Ca gikoko gisa n’agahama kivugwa mu Vyahishuriwe ikigabane ca 17 ni co “ca kizira c’ubuyobe” Yezu yavuga
[Ifoto ku rup. 26]
Ca gikoko gisa n’agahama kizogira igitero simusiga ku madini