Inzira y’Urukundo Ntaho Ishira
“Nimurondere ingabirano ziruta izindi. Ubu ngira ngo ndabereke inzira iruta izindi zose.”—1 AB’I KORINTO 12:31, UBWUZURE BUSHASHA.
1-3. (a) Ni mu buryo ki ukwiga guserura urukundo bisa cane n’ukwiga ururimi rushasha? (b) Ni ibintu ibihe bishobora gutuma ukwiga guserura urukundo bitoroha?
WOBA uragerageza kwiga ururimi rushasha? Ntitwobura n’imiburiburi kuvuga ko bitoroshe! Birumvikana ko umwana mutoyi ashobora kwiga ururimi mu kuba gusa aba aho baruvuga. Ubwonko bwiwe burakīra neza amajwi n’insobanuro z’amajambo, ku buryo inyuma y’igihe gitoyi uwo mwana aba avuga neza, kumbure adaca. Ariko ku bakuze siko bigenda. Turaraba ubudahengeshanya mu nyizamvugo ya nya rurimi rw’urunyamahanga, kugira gusa dufate nka nkama imvugo nkeyi z’ishimikiro z’urwo rurimi. Mugabo mu nyuma, uko kandi tumara igihe gihagije twumva baruvuga, turatangura kwiyumvira muri urwo rurimi rushasha hanyuma kuruvuga bikatworohera.
2 Kwiga guserura urukundo birasa cane no kwiga ururimi rushasha. Ego niko, hariho urugero rw’iyo kamere iva ku Mana rusanzwe ruri mu muntu. (Itanguriro 1:27; gereranya na 1 Yohana 4:8.) Mugabo kwiga guserura urukundo bisaba akigoro kadasanzwe—na canecane muri iki gihe aho abantu batagikunda n’ababo. (2 Timoteyo 3:1-5) Ivyo rimwe na rimwe ni ko bigenda hagati mu muryango. Egome, abenshi bakurira ahantu baryagumbwa, aho usanga utujambo turanga urukundo dusa n’ututigera tuvugwa. (Abanyefeso 4:29-31; 6:4) None twoshobora gute kwiga guserura urukundo naho twoba twarugaragarijwe gake?
3 Bibiliya irashobora gufasha. Muri 1 Ab’i Korinto 13:4-8, Paulo ntapfa gusa gutanga insobanuro y’ivyerekeye urukundo, ariko aradondora bimwe bishika ku nyota ukuntu mwene urwo rukundo rukomeye gusumba rukora. Turimbuye iyo mirongo biraza kudufasha gutegera ukuntu iyo kamere iva ku Mana imeze, binarushirize kuturonsa ivyo dukeneye kugira tuyiserure. Reka turimbure imice imwimwe y’urukundo nk’uko yadondowe na Paulo. Ahanini tuza kuyitondeka mu migwi dufatiye ku bintu bitatu: inyifato yacu muri rusangi; maze mu buryo butomoye kuruta dufatire ku bucuti dufitaniye n’abandi; amaherezo na ho, ukwihangana kwacu.
Urukundo Ruradufasha Tugatsinda Ubwibone
4. (a) Ni ryari ishari riba ribereye? (b) Ni ishari bwoko ki ryokora ibara, kandi mu buryo ubuhe?
4 Paulo ahejeje gutanga insobanuro ziwe z’intangamarara ku vyerekeye urukundo, yandikiye Abanyakorinto ati: “Urukundo ntirugira ishari.” (1 Ab’i Korinto 13:4) Birumvikana, hariho ibihe usanga ishari ribereye. Nk’akarorero, Paulo arakoresha imvugo “ifuhe ryo kubg’Imana” mu kudondora icipfuzo gikaze yari afise co gufasha Abanyakorinto kugira ngo bakomeze kuyobokera Imana yo nsa. (2 Ab’i Korinto 11:2) Ariko rero, ishari rirashobora kandi kwigaragariza mu kwumvira abandi inzigo kubera ko bifise canke kubera ivyo baranguye mu buzima. Bene iryo shari ryokora ibara—haba ku mubiri, ku mutima no mu buryo bw’impwemu.—Imigani 14:30; Abaroma 13:13; Yakobo 3:14-16.
5. Urukundo rushobora kudufasha gute gutsinda ishari igihe bisa n’uko twirengagijwe ntiduhabwe agateka ko mu vya gitewokarasi?
5 Turavye ivyo, niwibaze uti: ‘Noba ngira inzigo igihe bisa n’uko nirengagijwe simpabwe agateka kanaka ko mu vya gitewokarasi?’ Nimba usanze uhora uyigira, ntiwihebure. Yakobo umwanditsi wa Bibiliya aratwibutsa yuko ‘agatima ko kugira ishari’ kari mu bantu bose b’abanyagasembwa. (Yakobo 4:5) Urukundo ufitiye umuvukanyi wawe rurashobora kugufasha kugarura uburimbane bwawe. Rurashobora gutuma unezeranwa n’abanezerewe, ndetse ntiwumve ubabaye igihe uwundi muntu aronse umuhezagiro canke ashimiwe.—Gereranya na 1 Samweli 18:7-9.
6. Ni ibintu bikomeye ibihe vyabaye mw’ishengero ry’Abakirisu mu kinjana ca mbere?
6 Paulo arongerako yuko urukundo “[rut]ihayagiza, [rut]ihimbaza.” (1 Ab’i Korinto 13:4) Mu gihe hari nk’ubuhinga tuzi canke ikintu dushoboye, ntibikenewe ko tuvyiratako. Umenga iyo ni yo ngorane yari ifiswe n’abagabo bamwebamwe bahahamira ubukuru bari bisobekanze mw’ishengero ry’Abakorinto rya kera. Birashoboka ko hoba hari ubuhanga bari bafise buruta ubw’abandi mu vy’ugushikiriza ivyiyumviro, canke bakagira uburyo bwiza cane kuruta bwo gukora ibintu. Ukwikwegerako ibintu kwabo gushobora kuba kuri mu vyari vyatumye ishengero ryicamwo ibice. (1 Ab’i Korinto 3:3, 4; 2 Ab’i Korinto 12:20) Ivyo bintu vyarakomeye gushika n’aho Paulo mu nyuma yabwirijwe gukangira Abanyakorinto kubera ko bari ‘bihanganiye ibipfu,’ abo Paulo yaneguye mu kubita ‘abigira intumwa z’agakomeye.’—2 Ab’i Korinto 11:5, 19, 20.
7, 8. Niwerekane ukoresheje Bibiliya ingene dushobora gukoresha ubuhanga ubwo ari bwo bwose dusanzwe dufise kugira turemeshe ubumwe.
7 Ibintu nk’ivyo birashobora kuhaba muri iki gihe. Nk’akarorero, hari nk’abogira agatima ko kwiratira ivyo baranguye mu gikorwa dukora canke bakiratira uduteka batewe mw’ishirahamwe ry’Imana. Naho twoba dufise koko ubuhanga bunaka canke tukaba dushoboye ibintu abandi bo mw’ishengero badashoboye, ivyo none vyoduha inzira yo kwishima? Nakare dukwiye gukoresha ubuhanga ubwo ari bwo bwose dufise mu kuremesha ubumwe—si mu kwishira imbere.—Matayo 23:12; 1 Petero 5:6.
8 Paulo yanditse yuko naho ishengero ryoba rigizwe n’abantu benshi, “Imana yafatanije umubiri hamwe.” (1 Ab’i Korinto 12:19-26) Ijambo ry’Ikigiriki ryahinduwemwo ngo “yafatanije” risigura ukunywanisha neza ibintu, nka kumwe bavanganya amarangi. Ni co gituma ata muntu n’umwe mw’ishengero akwiye kwishima ku vyerekeye ivyo ashoboye hanyuma ngo agerageze kuganza abandi. Ubwibone hamwe n’uguhahamira ubukuru nta kibanza bifise mw’ishirahamwe ry’Imana.—Imigani 16:19; 1 Ab’i Korinto 14:12; 1 Petero 5:2, 3.
9. Ni uturorero tutuburira utuhe Bibiliya itanga tw’abantu bǎriko bironderera inyungu zabo bwite?
9 Urukundo “ntirurondera ivyarwo.” (1 Ab’i Korinto 13:5) Umuntu w’umunyarukundo ntahendahenda abandi kugira ngo yironkere ivyo arondera. Bibiliya irimwo uturorero two kutuburira muri ivyo. Dufate akarorero: Twarasomye ivyerekeye Delila, Yezebeli, na Ataliya, bakaba ari abagore bakoresheje urwenge ku bandi bantu kugira ngo bashikire ivyo bironderera biranga ubwikunzi. (Abacamanza 16:16; 1 Abami 21:25; 2 Ngoma 22:10-12) Hariho kandi na Abusalomu umuhungu w’Umwami Dawidi. Yaregera abaje i Yeruzalemu barondera guciribwa imanza, hanyuma akarementanya ku rwenge yuko ikirimba c’umwami kititayeho vy’ukuri ingorane zabo. Maze yaca avuga imbonankubone yuko ico ikirimba gikeneye vy’ukuri umugabo yakirana abantu igishika nka we! (2 Samweli 15:2-4) Ariko ntiwumve, Abusalomu ntiyari yitwararitse abarenganywa, ahubwo yari yibabaye gusa. Kubera ko yigira umwami, yarazimije imitima ya benshi. Mugabo mu nyuma Abusalomu yaraneshejwe bimwe vy’agahebuza. Aho apfiriye nta n’urupfasoni bamuhambanye.—2 Samweli 18:6-17.
10. Dushobora gute kwerekana yuko twitwararika inyungu z’abandi?
10 Iyo ni imburizi ku Bakirisu muri iki gihe. Twaba turi abagabo canke abagore, twoshobora kuba dufise ubushobozi bwo kujijura bw’indemanwa. Kumbure vyotworohera gushika aho dushaka, nko mu kuguma ari twe twizizira ijambo mu kiyago canke mu gucinyiza abafise iciyumviro gitandukanye n’icacu. Mugabo rero nimba vy’ukuri turi abanyarukundo, tuzoguma twitwararika ivyungura abandi. (Ab’i Filipi 2:2-4) Ntituzokwungukira ku bandi canke ngo dukomeze ivyiyumviro birimwo amakenga kubera ibintu n’ibindi tuzi canke ikibanza turimwo mw’ishirahamwe ry’Imana, nka kumwe umengo ivyiyumviro vyacu ni vyo vyonyene bihambaye. Ahubwo, tuzokwibuka wa mugani wa Bibiliya uvuga uti: “Ubgibone bgitangira imbere y’uguhona, kand’umutima wihaya witangira imbere y’ukugwa.”—Imigani 16:18.
Urukundo Ruratuma Haba Ubucuti Burangwa Amahoro
11. (a) Ni mu buryo ubuhe dushobora kwerekana urukundo rugira neza kandi rudakora ibiteye isoni? (b) Dushobora gute kwerekana yuko tutanezererwa ukugabitanya?
11 Paulo yanditse kandi yuko urukundo “rugira neza” be n’uko “[ruda]kora ibiteye isoni.” (1 Ab’i Korinto 13:4, 5) Egome, urukundo ntiruzoreka ngo tugire amanyama, inyifato itaranga urupfasoni canke itaranga ukwubaha. Ahubwo, tuzokwitwararika uko abandi bamererwa. Nk’akarorero, umuntu w’umunyarukundo azokwirinda kugira ibintu vyodurumbanya ijwi ryo mu mutima ry’abandi. (Gereranya na 1 Ab’i Korinto 8:13.) Urukundo “ntirunezererwa ukugabitanya kw’abandi, ariko runezeranwa n’ukuri.” (1 Ab’i Korinto 13:6) Nimba dukunda amategeko ya Yehova, ntituzofata minenerwe ubushegabo canke ivyo kwinezereza dukoresheje ibintu Imana yanka. (Zaburi 119:97) Urukundo ruzodufasha kuronkera umunezero mu bintu biremesha aho kuwuronkera mu bica intege.—Abaroma 15:2; 1 Ab’i Korinto 10:23, 24; 14:26.
12, 13. (a) Dukwiye kuvyifatamwo gute igihe hagize uwutubabaza? (b) Tanga uturorero two muri Bibiliya kugira werekane yuko n’ishavu ritewe n’impamvu yumvikana rishobora gutuma duhuruduka.
12 Paulo yandika yuko urukundo “[ruta]gira ishavu,” (ntiruratswa n’akantu kose,” Philips). (1 Ab’i Korinto 13:5, UB) Ego niko, ni ibisanzwe ko twebwe abantu b’abanyagasembwa twobabara canke tugashavura igihe hari uwutugiriye nabi. Ariko rero vyoba ari bibi tugumye tubabaye canke dushavuye. (Zaburi 4:4; Abanyefeso 4:26) Mu gihe ishavu rirekeranywe, naho ryoba ritewe n’impamvu yumvikana, ryoshobora gutuma duhuruduka kandi Yehova ivyo ni twe yobibaza.—Itanguriro 34:1-31; 49:5-7; Guharūra 12:3; 20:10-12; Zaburi 106:32, 33.
13 Hariho abaretse udusembwa tw’abandi dutuma bagira ico bahinduye ku vy’ukwitaba amakoraniro ya gikirisu canke ukuja mu gikenurwa co mu ndimiro. Imbere yaho, abenshi muri abo bararwanye intambara ikomeye y’ukwizera, kumbure mu kwihanganira ukurwanywa n’abo mu muryango, ugutyekezwa n’abo bikorana, n’ibindi nk’ivyo. Barihanganiye intambamyi mwene izo kubera ko bazibona nk’ibigerageza ukutadohoka kwabo, kandi nkako ni vyo. Ariko bigenda gute igihe Umukirisu avuze canke agize ikintu kibabaza? Mbega ico co si ikigerageza ukutadohoka? Mu vy’ukuri ni co, kuko mu gihe tugumye dushavuye twohava ‘duha icicaro wa Murwanizi.’—Abanyefeso 4:27.
14, 15. (a) ‘Kurimbura ikibi umuntu agiriwe’ bisobanura iki? (b) Dushobora gute kwigana Yehova mu kuba abanyakigongwe?
14 Paulo rero ntiyihenze mu kwongerako yuko urukundo ‘rutaguma rurimbura ikibi rukorewe.’ (1 Ab’i Korinto 13:5, NW) Ngaho akoresha ijambo ryo mu vy’uguharura, akaba kumbure ashaka kwerekana ivy’umuntu yokwandika ahantu ikibi yakorewe kugira ngo ntaze acibagire. Mbega vyoba biranga urukundo tugiye turabika mu bwenge amajambo canke ibintu bibabaje batugiriye ata kuvyibagira, nka kumwe umengo ejobundi tuzokenera kuvyibukirako? Ese ukuntu dushobora kugira urweze kubona Yehova ataduserangura muri ubwo buryo butaranga ikigongwe! (Zaburi 130:3) Egome, igihe twihanye amakosa yacu arayafuta.—Ivyakozwe 3:19.
15 Turashobora kwigana Yehova muri ivyo. Ntidukwiye kuba inkomwahato mu kubabazwa n’akantu kose igihe hagize uwudutsitarako. Nimba twihutira kubabara, twohava dusanga turiko turibabaza kuruta uko nya muntu yokwigera atubabaza. (Umusiguzi 7:9, 22) Ahubwo, turakeneye kwibuka yuko urukundo “rwizera vyose.” (1 Ab’i Korinto 13:7) Birumvikana ko ata n’umwe muri twebwe yoshima kuba ikitazi, ariko kandi ntidukwiye kwama kwicura bimwe birengeje urugero umutima abavukanyi bacu bakorana. Aho bishoboka hose, nimuze twizigire abavukanyi bacu.—Ab’i Kolosayi 3:13.
Urukundo Ruradufasha Kwihangana
16. Ni ryari urukundo rushobora kudufasha kuba abiyumanganya?
16 Maze Paulo atubwira ati “urukundo rurihangana.” (1 Ab’i Korinto 13:4) Ruratuma dushobora kwigumanya igihe turi mu bintu bitugerageza, kumbure bikamara igihe kitari gito. Nk’akarorero, hari Abakirisu benshi bamaze imyaka itari mike bari mu rugo rugizwe n’abadasangiye idini. Abandi usanga ari abasiribateri, atari ukubera yuko bavyihitiyemwo, mugabo bitumwe n’uko batashoboye kuronka uwo bahuje bubakana “mu Mwami.” (1 Ab’i Korinto 7:39; 2 Ab’i Korinto 6:14) Hariho kandi n’abo usanga barwana n’indwara zibanyoha inguvu. (Ab’i Galatiya 4:13, 14; Ab’i Filipi 2:25-30) Vy’ukuri, muri uru runkwekwe rwuzuye agasembwa, nta muntu n’umwe mu buzima ivyiwe bidasaba ko agira ukwihangana na gukeyi.—Matayo 10:22; Yakobo 1:12.
17. Ni ibiki bizodufasha kwihanganira ibintu vyose?
17 Paulo aradukura amazinda yuko urukundo “rurenzako muri vyose, . . . rwizigira vyose, rwihanganira vyose.” (1 Ab’i Korinto 13:7) Ugukunda Yehova kuzotuma twemera kubabazwa n’ikintu ico ari co cose bitewe n’uko turiko duharanira ukugororoka. (Matayo 16:24; 1 Ab’i Korinto 10:13) Ntiturondera gupfa rumaratiri. Ahubwo riho ico turondera ni ukugira ubuzima burangwa amahoro n’itekane. (Abaroma 12:18; 1 Ab’i Tesalonike 4:11, 12) Mugabo rero, igihe ibigerageza ukwizera bivyutse, turavyihanganira n’urweze nk’ibiri mu vyo ukuba umwigishwa w’Umukirisu gusaba. (Luka 14:28-33) Igihe twihangana, turagerageza kugumana ukutihebura twizigiye yuko hazovamwo ikintu ciza kuruta muri kazoza naho twoba turi mu bintu bitugerageza.
18. Ni mu buryo ki ukwihangana gukenerwa no mu gihe ibintu biba bitworoheye?
18 Amarushwa si co kintu conyene gisaba ukwihangana. Rimwe na rimwe usanga kwihangana bisobanura gusa kugumako, kubandanya mu nzira yinaka twaciriwe, ibigeragezo vyaba bihari canke bitahari. Mu kwihangana harimwo n’ukuguma dufise akamenyero keza ko mu vy’impwemu. Nk’akarorero, woba ugira uruhara ruri n’ico ruvuze mu gikenurwa uhuje n’uko ivyawe vyifashe? Woba usoma kandi ukazirikana Ijambo ry’Imana kandi ukaganira na So wo mw’ijuru biciye mw’isengesho? Woba witaba amakoraniro y’ishengero udahorereza kandi ukungukira ku kuremeshanya n’abo musangiye ukwizera? Niba ubigira, waba rero uri mu gihe worohewe canke utorohewe, uzoba uriko urihangana. Ntukihebure, “kukw igihe ni cashika tuzokwimbura, ni tutarambirwa.”—Ab’i Galatiya 6:9.
Urukundo Ni “Inzira Iruta Izindi Zose”
19. Ni mu buryo ki urukundo ari “inzira iruta izindi zose”?
19 Paulo yarashimitse ku kamaro ko guserura urukundo mu kwita iyo kamere iva ku Mana ngo ni “inzira iruta izindi zose.” (1 Ab’i Korinto 12:31, Ubwuzure Bushasha) “Iruta izindi zose” mu buryo ubuhe? Paulo ni ho yari agiheza kudondagura ingabirano z’impwemu, na zo zikaba zari zigwiriye mu Bakirisu bo mu kinjana ca mbere. Bamwe barashobozwa kuvuga ubuhanuzi, abandi bakaba bahawe ububasha bwo gukiza indwara, abenshi bagahabwa ububasha bwo kuvuga mu ndimi. Izo zari ingabirano z’igitangaza koko! Yamara, Paulo yabwiye Abanyakorinto ati: “Naho novuga indimi z’abantu n’iz’abamarayika, ariko ntagira urukundo, noba ncitse umuringa uvuga, cank’icuma kivuzwa kigasāma. Kandi naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkamenya amabanga yose, n’ubgenge bgose, kandi naho nogira ukwizera kwose, ngashobora gukūrah’imisozi, ariko ntagira urukundo, noba nd’ubusa.” (1 Ab’i Korinto 13:1, 2) Egome, n’ibikorwa vyoshoboye kuba ari ivy’agaciro biracika “ibikorwa vy’impfagusa” mu gihe umutima tubikorana atari uw’urukundo dukunda Imana na bagenzi bacu.—Abaheburayo 6:1.
20. Ni kuki akigoro kadahengeshanya gakenewe nimba dushaka gutsimbataza urukundo?
20 Yezu araduha iyindi mpamvu yotuma dutsimbataza iyo kamere iva ku Mana, ari yo rukundo. Yavuze ati: “Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje.” (Yohana 13:35) Ako gace k’ijambo ‘nimwa-’ karekera Umikirisu wese uguhitamwo nimba azokwiga canke atazokwiga kugaragaza urukundo. Ubiravye, ukuguma mu gihugu co mu mahanga vyonyene si vyo vyotugoberera kwiga ururimi rwaho. Eka mbere n’ukwitaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami canke ukuba hamwe n’Abakirisu bagenzi bacu si vyo vyonyene vyoca bitwigisha guserura urukundo. Ukwiga urwo “rurimi” bisaba akigoro kadahengeshanya.
21, 22. (a) Twovyifatamwo gute mu gihe hari umuce munaka w’urukundo tudashitsa wavuzwe na Paulo? (b) Ni mu buryo ki dushobora kuvuga ko “urukundo [a]taho rushira?”
21 Hari ibihe uzosanga hari umuce munaka w’urukundo wavuzwe na Paulo tudashitsa. Ariko ntuvunike umutima. Niwihangane uvyijukire. Nubandanye guhanuza Bibiliya kandi ukurikize ingingo ziri muri yo mu migenderanire yawe n’abandi. Ntukigere wibagira akarorero Yehova ubwiwe aduha. Paulo yakebuye Abanyefeso ati: “Mugiriranire neza, mugiriranire imbabazi, muharirane, nk’ukw Imana na yo yabahaririye muri Kristo.”—Abanyefeso 4:32.
22 Nk’uko nyene ukwiga kuvuga mu rurimi rushasha amaherezo biteba bikoroha, mu nyuma uzosanga guserura urukundo bisa n’ibikworohera. Paulo aradukura amakenga yuko “urukundo [a]taho rushira.” (1 Ab’i Korinto 13:8) Urukundo si nka za ngabirano zava ku mpwemu zikaza mu buryo bw’igitangaro. Rworwo ntiruzokwigera rureka kubaho. Nubandanye rero kwiga guserura iyo kamere iva ku Mana. Nk’uko Paulo arwita, ni “inzira iruta izindi zose.”
Woshobora Kubisigura?
◻ Urukundo rushobora gute kudufasha gutsinda ubwibone?
◻ Ni mu buryo ubuhe urukundo rushobora kudufasha kuremesha amahoro mw’ishengero?
◻ Urukundo rushobora gute kudufasha kwihangana?
◻ Ni mu buryo ki urukundo ari “inzira iruta izindi zose”?
[Ifoto ku rup. 13]
Urukundo ruzodufasha kwirengagiza udukosa tw’abo dusangiye ukwizera
[Amafoto ku rup. 15]
Ukwihangana bisobanura kugumana akamenyero kacu ko mu vya gitewokarasi