ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/2 rup. 32
  • “Toza Umwana Indero”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Toza Umwana Indero”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/2 rup. 32

“Toza Umwana Indero”

KUGIRA ngo umuntu yererwe mu burimyi, ntapfa kumijagira imbuto ku busize gusa ngo azogaruke inyuma y’amezi makeyi kugira ngo asorome. Harakenerwa igikorwa kirushirije kugora co gutegura ubusize, gutera imbuto, hanyuma akavomera kandi akabungabunga ibiterwa kugira ngo bishobore gukura, gushika vyere.

Ico gikorwa coshobora kwerekana neza ukuri kuri mu Migani 22:6, ahavuga hati: “Toza umwana indero akwiye kwamana, azorinda asāza atarayivamwo.” Mu vy’ukuri, indero abavyeyi batanga ni ikintu nyamukuru gituma ukurera abana kwererwa.

Ariko rero muri iyi si ya kino gihe irekerana ibintu, abavyeyi benshi barananirwa gukurikira iyo mpanuro. Igihe bakurikiye ubwenge bwemewe henshi bw’uko ngo abana bategerezwa kumenya kwitunganiriza ingorane bonyene, usanga kenshi abana babo basigara birwanako. Ingendo mwene iyo ituma abana bashobora guhura n’akosho kabi k’abantu batagira ico bibanga kandi bapfa uko bigenjeje.—Imigani 13:20.

Ese ukuntu birushiriza kuba vyiza mu gihe abavyeyi binjije mu bana babo ingingo za gikirisu biciye mu kubamenyereza ivy’Imana kuva bakiri batoyi! Mbega bobitangura abana bakingana gute? Intumwa Paulo ivuga ngo “Kuva mu buhinja” (NW). Uko ni ko n’umusore Timoteyo yari yarabigiriwe. Nyina wiwe Eunike, na inakuru Lowisi barinjije muri Timoteyo “ivyanditswe vyera” ku buryo ‘yavyize’ kandi ‘akavyumvishwa.’ None vyavuyemwo iki? Inyigisho mwene iyo yararanguye uruhara ruhambaye mu gutuma ‘agira ubwenge bwo kumuzanira agakiza.’—2 Timoteyo 1:5; 3:14, 15.

No muri iki gihe nyene, abavyeyi ‘badaheba gukora ivyiza’ bazokwimbura impera nyinshi ‘nibatarambirwa.’ (Ab’i Galatiya 6:9) Umwami Salomo avuga ati: “Se w’umugororotsi azogira akanyamuneza kenshi.”—Imigani 23:24.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika