ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w98 1/12 rup. 3-4
  • Abenshi Bavuga ko Bizeye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abenshi Bavuga ko Bizeye
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Izina rya Yezu Muri Iki Gihe
  • Rya Zina Rituma Tugira Ukwizera Nyakuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Izina rya Yehova rihambaye ukungana iki kuri Yezu?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Izina rya Yehova rihambaye ukungana iki kuri twebwe?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Nutere iteka izina rya Yehova rihambaye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
w98 1/12 rup. 3-4

Abenshi Bavuga ko Bizeye

“YESU ni mwiza igitangaza! Eka ni agahore!” Ivyo vyavuzwe n’umugore umwe w’umunyedini wo muri Brezili. Vy’ukuri, nta wohakana ububasha bw’izina rya Yezu. Mu nkuru z’ivyabaye vyose, hari abantu bemeye gucumukura, eka n’ugupfa barapfa kubera Yezu.

I Yeruzalemu intumwa Petero na Yohani zigisha ‘zishimikije izina rya Yezu.’ Ivyo barabihowe, barafatwa, n’ugukubitwa barakubitwa. Yamara “ba[vuye] mu maso y’abanyekombe, banezerejwe n’uko bemerewe gutētererezwa iryo zina.”—Ivyakozwe 5:28, 41.

Antipa yari uwundi Mukirisu wo mu kinjana ca mbere yubaha izina rya Yezu. Mu gitabu ca nyuma ca Bibiliya, ari co Ivyahishuriwe Yohana, Yezu yamuvuze ngo “icabona canje, n’umugororotsi wanje, yiciwe i wanyu, aho Satani aba.” (Ivyahishuriwe 2:13) Kumwe n’abandi Bakirisu b’i Perugamo, Antipa yaranse kwihakana ukwizera yari afise muri Kirisitu. Antipa yagumye kw’izina rya Yezu gushika mbere n’aho bimutwara agatwe!

Haciye nk’igice c’ikinjana, mu mwaka w’155 G.C., umuntu w’ukwizera yitwa Polikarupe yarahuye n’ikigeragezo nk’ico igihe yategekwa gutuka Kirisitu. Ngiyi inyishu yatanze: “Jewe maze imyaka mirongo umunani n’itandatu ndamukorera, kandi nta kibi arankorera. None noshobora gute kurogota ku Mwami wanje yankijije?” Kubera ko yanse kwihakana Kirisitu, Polikarupe yatuririwe ku giti.

Za ntumwa, Antipa hamwe n’abandi, baremeye kuzigama intahe yabo yerekeye Kirisitu baricwa! Tuvuge iki ku bantu bo muri iki gihe?

Izina rya Yezu Muri Iki Gihe

Izina rya Yezu rirabandanya kuvyurira abantu igihababu. Muri Amerika y’Epfo, mu myaka mirongo ishize, amasengero avuga ko yizera Yezu aherutse kwongerekana, ku rugero ataribwashikire. N’utugari dutoduto usanga turimwo amashengero y’Abarokore. Ico gihe nyene, akosho k’ivya politike muri ayo masengero kagenda kongerekana. Nk’akarorero, mu bagize Inama Nkenguzamateka ya Brezili no mu Nama Nshingamateka y’ico gihugu, ibibanza 31 birimwo abo muri ayo masengero.

Yezu kandi ni we umuhari mushasha w’ivy’idini wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ushimikirako cane. Abayoboke bawo biyita Intahemuka ku Masezerano. Ikinyamakuru Time mu 1997 cashikirije raporo yuko abaza ku makoraniro yabo bongerekanye kuva ku 4200 mu 1991 gushika ku muriyoni 1,1 mu 1996. Rumwe mu ndirimbo zawo ruvuga ngo: “Ewe ntsinzi muri Yezu, Umukiza wanje ibihe bidashira.”

Ariko rero, inyiyumvo zose zivyuka kubera izina rya Yezu ntizamye ari nziza. Intambara kenshi zamye zirwanwa mw’izina ryiwe. Abayuda baragandaguwe, abapagani barakeragurwa, abiyonkoye barasinzikazwa, barahimbagurwa, banaturirirwa ku biti—ivyo vyose bikagirwa mw’izina rya Yezu. Ejobundi na ho, ivy’ugucisha amahera inkuru nziza vyarandagaye. Ivyo vyose ni ugukoresha nabi izina rya Yezu n’ico risobanura, eka ni ukubikoresha nabi mu buryo bugoramye kandi bwo kwirinda!

Vyongeye, biravyura ibibazo bimwebimwe bisaba ukwiyumvira: None ukwizera izina rya Yezu bisobanura iki? Kandi Ivyabona vya Yehova babona gute ico kibazo? Ikiganiro gikurikira kirishura ivyo bibazo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika