Ntiturenze Urugero mu Gusaba Inkwano
MURI iki gihe, nk’uko vyari mu bihe vya Bibiliya, mu mico kama imwimwe basaba ko umugabo arinda gutanga inkwano imbere yuko yabira umugore. Yakobo yabwiye uwomubereye sebukwe ari we Labani, ati: “Nzogukorera imyaka ndwi, uz’umpe umwigeme wawe mutoya Rakeli.” (Itanguriro 29:18) Kubera urwo Yakobo yakunda Rakeli, yatanze ibintu vy’igiciro kinini—ibingana n’ingero y’imyaka indwi! Labani yaremeye iyo nkwano ariko ahenda Yakobo kugira ngo abanze arongore umukobwa wiwe mukuru Leya. Labani na Yakobo mu nyuma babandanije bakorana nabinabi. (Itanguriro 31:41) Uburyo Labani yashimitse ku maronko y’umubiri vyatumye abakobwa biwe baba batakimwubaha. Babajije bati: “Ntaduharūra nk’abanyamahanga? Ko yatuguze, akaba yarahejeje inkwano zacu?”—Itanguriro 31:15.
Ikibabaje ni uko muri iyi si y’abahahamira amaronko abavyeyi benshi bameze nka Labani. Kandi bamwe baranamurusha. Nk’uko ikinyamakuru kimwe co muri Afirika kibivuga, hari aho umugeni akoshwa “kugira gusa ngo abavyeyi b’abanyamwina barondere ukuntu bahatorera akoyoko.” Ikindi kintu kibituma ni ingorane z’ivy’ubutunzi zituma abavyeyi bamwebamwe bageragezwa, bakabona abakobwa babo nkaho ari uburyo bwo kworosha ingorane z’ubutunzi.a
Abavyeyi bamwebamwe baratevya abakobwa babo kwubaka urwabo kubera ko baba barindiriye uwoza kumusaba azanye vyinshi kurusha abandi. Ivyo bishobora gukwega ingorane zikomeye. Hari umwanditsi w’ikinyamakuru akorera muri Afirika yo mu buseruko yanditse ati: “Abakiri bato bahitamwo gucikira kugira ngo bahunge inkwano z’umurengera zisabwa n’abavyeyi b’intagondozwa.” Ubushegabo ni imwe mu ngorane ziterwa n’ugusaba inkwano y’umurengera. Si ivyo gusa, abasore bamwebamwe barashobora kugura umugore, mugabo bagasigara mu madeni menshi. Hari umukozi wo mu vy’imibano wo muri Afirika y’Epfo yahimirije ati: “Abavyeyi ntibari bakwiye kurenza urugero. Ntibakwiye gusaba amahera y’umurengera. Erega ababa bagiye kurushinga barakeneye kubaho . . . Ni kuki uwo musore bosiga bamutembeje?”
Abavyeyi b’Abakirisu bashobora gute gutanga akarorero karanga ukutarenza urugero mu gihe c’ugusaba canke kwakira inkwano? Ico ni ikibazo gikomeye, kubera ko Bibiliya ibwiriza iti: ‘Ukuba abanyarugero kwanyu kumenyekane ku bantu bose.’—Ab’i Filipi 4:5, NW.
Ingingo Ngenderwako za Bibiliya Ziri ku Rugero
Abavyeyi b’Abakirisu ni bo bifatira ingingo niba bazosaba inkwano canke batazoyisaba. Niba bahisemwo kuyisaba, ivyo bikwiye kugirwa mu buryo buhuje n’ingingo ngenderwako za Bibiliya. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Gukunda amahera ntikube mu ngeso zanyu.” (Abaheburayo 13:5) Mu gihe iyi ngingo yoba idakurikijwe mu gihe co gusabwa umugeni, umuvyeyi w’Umukirisu ashobora kuba ariko aragaragaza ko atari intangakarorero. Abagabo bafise amabanga bajejwe mw’ishengero rya gikirisu bakwiye kuba ‘abagira urugero,’ “atari inkunzi z’amahera” canke ngo babe “abifuza inyungu mbi.” (1 Timoteyo 3:3, 8) Umukirisu agira umwina agasaba inkwano y’umurengera ata n’ukwihana, arashobora no gucibwa mw’ishengero.—1 Ab’i Korinto 5:11, 13; 6:9, 10.
Kubera ingorane ziterwa n’umwina, intwaro zimwezimwe zarashizeho amategeko ashingira akarimbi inkwano. Nk’akarorero, itegeko rimwe ryo mu gihugu ca Togo kiri muri Afirika yo mu Burengero rivuga yuko inkwano “ishobora gutangwa mu bintu canke mu mahera abona, cabure muri ubwo buryo bwompi.” Iryo tegeko ryongerako riti: “Nta na rimwe ayo mahera akwiye kurenga nk’10 000 vy’ama CFA (ni kuvuga nk’10 000 vy’amarundi).” Bibiliya ni kenshi ibwiriza Abakirisu kuba abanyagihugu bakurikiza amategeko. (Tito 3:1) Naho intwaro yoba itagobera abantu gukurikiza itegeko mwene iryo, Umukirisu w’ukuri azorondera kugamburuka. Ni ho rero azoshobora kugumana ijwi ryo mu mutima ritamwagiriza ikibi imbere y’Imana kandi ntabe igitsitaza ku bandi.—Abaroma 13:1, 5; 1 Ab’i Korinto 10:32, 33.
Ni Nde Ajejwe Ivy’Ugusaba Inkwano?
Mu mico kama imwimwe, uburyo inkwano isabwa burashobora gutera kubiri n’iyindi ngingo ngenderwako ihambaye. Nk’uko Bibiliya ibivuga, serugo ni we ashinzwe ibibazo vyo mu rugo rwiwe. (1 Ab’i Korinto 11:3; Ab’i Kolosayi 3:18, 20) Ni co gituma abafise amabanga bajejwe mw’ishengero bakwiye kuba abagabo ‘baganza neza abana babo n’abantu bo mu rugo rwabo.’—1 Timoteyo 3:12.
Ariko rero, mu kibano ivy’ugusabwa umugeni bishobora kuba bikunze gushirwa mu maboko y’incuti za serugo. Kandi izo ncuti zirasaba ko zigira ico zihabwa kuri iyo nkwano. Ivyo birateza ikigeragezo ingo z’Abakirisu. Kugira gusa ngo bakurikize umugenzo, ba serugo bamwebamwe baremerera incuti zitizeye gusaba inkwano umurengera. Ivyo rimwe na rimwe vyaratumye umukobwa w’Umukirisu aja kurongorwa n’umuntu atizera. Ivyo birateye kubiri n’inkeburo y’uko Umukirisu akwiye kwubaka “mu Mwami gusa.” (1 Ab’i Korinto 7:39) Serugo yemera yuko incuti zitizeye zifata ingingo zigaragara ko zogirira nabi ukumererwa neza mu vy’impwemu kw’abana biwe ntashobora kubonwa ko “aganza neza abo mu rugo rwiwe.”—1 Timoteyo 3:4.
Nk’uko wa muvyaramiryango Aburahamu yatinya Imana yabigize, tuvuge iki mu gihe serugo w’Umukirisu atari we yigiriye mu vy’ukuvugana inkwano y’umwe mu bana biwe? (Itanguriro 24:2-4) Igihe hari uwundi agenywe ngo abigire, uwo serugo w’Umukirisu akwiye kuraba neza ko uwusaba nya nkwano akurikiza amabwirizwa ajanye n’ingingo ngenderwako ziri ku rugero za Bibiliya. Si ivyo gusa, imbere yuko haba ikigirwa mu vy’ugusaba inkwano, abavyeyi b’Abakirisu bakwiye kurimbura ibintu bitonze kandi ntibareke ngo batwarwe n’imigenzo y’ukurenza urugero canke gusaba ibirenze urugero.—Imigani 22:3.
Kwirinda Ibintu Bitaranga Ubukirisu
Bibiliya irihanikiriza ubwibone hamwe n’ ‘ukurata uburyo umuntu afise bwo kubaho.’ (1 Yohana 2:16; Imigani 21:4) Yamara, hari abantu bamwebamwe bifatanije n’ishengero rya gikirisu bagaragaje utwo tugeso mu birori vyabo vy’ugusaba umugeni. Bamwe usanga bigana isi mu kurata inkwano batanze canke bakiriye. Ku rundi ruhande, hari ibiro vy’ishami vy’Ishirahamwe Watch Tower vyo muri Afirika vyashikirije iyi raporo igira iti: “Abanega bamwebamwe ntibagaragaza icubahiro mu gihe umuryango w’umukobwa wagize urugero mu vyo wasavye, bakabona abagore babo nk’aho bakowe igiciro c’ ‘impene.’ ”
Umwina wo kuronka inkwano y’umurengera waratwaye Abakirisu bamwebamwe maze ivyo bigira ingaruka z’agacamutima. Nk’akarorero, rimbura iyi raporo yavuye ku bindi biro vy’ishami ry’Ishirahamwe Watch Tower: “Mu bisanzwe biragoye ku bavukanyi b’abasiribateri kurongora canke ku bavukanyikazi kuronka abo bubakana. Ingaruka y’ivyo ni uko abacibwa kubera ubushegabo baguma bongerekana. Abavukanyi bamwebamwe bagenda kwimba ubutare barondera inzahabu canke diyama boshobora kugurisha kugira ngo baronke uburyo bukwiye bwo kurongora. Ivyo bishobora kubatwara umwaka umwe canke ibiri cabure inarenga, kandi ubusanzwe barahororokerwa mu vy’impwemu kuko baba bagiye kure y’abavukanyi n’ishengero.”
Kugira birinde izo ngaruka mbi, abavyeyi b’Abakirisu bakwiye gukurikira akarorero k’abahûmuye bari mw’ishengero. Naho intumwa Paulo atari umuvyeyi w’abana, yagira ibitegereka mu vyo yagirana n’abo basangiye ukwizera. Yariyubara kugira yirinde ntihagire umuntu aremeka umutwaro unaniza. (Ivyakozwe 20:33) Nta mazinda y’uko abavyeyi b’Abakirisu bakwiye kurimbura akarorero kiwe k’ukutikunda mu gihe bagiye mu vyo gusaba inkwano. Kukaba nkako, Paulo yarahumekewe n’Imana kwandika ati: “Bene Data, munyigāne, mwitegereze abagenda batwīgāna, nk’uko mudufisekw icitegererezo.”—Ab’i Filipi 3:17.
Uturorero tw’Abakoze Ibintu ku Rugero
Ku vyerekeye ugusabwa umugeni, hari abavyeyi benshi b’Abakirisu batanze akarorero keza k’ukugira urugero. Rimbura ivya Joseph n’umukenyezi wiwe Mae, abakora bwa bamamazanjili b’igihe cose.b Baba muri rimwe mu mazinga ya Solomon, aho usanga ivy’ugusaba inkwano kenshi bikwega ingorane. Kugira birinde izo ntambamyi, Joseph na Mae baringanije ivy’uko umukobwa wabo Helen agirira ubukwe bwiwe mw’izinga ribanyi. Ivyo baranabigiriye uwundi mukobwa wabo Esther. Joseph kandi yaremeye yuko umukwe wiwe Peter atanga inkwano iri musi y’iyo mu bisanzwe bari kwakira. Igihe bamubaza igituma yagize ivyo, Joseph yasiguye ati: “Sinashatse kuremeka umutwaro umukwe wanje yibereye umupayiniya.”
Benshi mu Vyabona vya Yehova bo muri Afirika na bo nyene baratanze akarorero keza ko kugira urugero. Mu mihingo imwimwe, mu bisanzwe incuti za kure ziba ziteze kurihwa amahera menshi imbere y’igihe c’ukwumvikana inkwano nyayo. Kandi kugira ngo umusore akingire umugeni, hari aho asabwa gusezerana yuko mu gihe kiri imbere ari we azoriha inkwano murumuna w’uwo areheje azokwesha umugore.
Rimbura ariko akarorero ka Kossi n’umukenyezi wiwe, Mara. Umukobwa wabo, Beboko, aherutse kwubakana n’umucungezi w’ingenzi w’Ivyabona vya Yehova. Imbere y’ubukwe, incuti zaratunye abavyeyi bimwe bikomeye ngo baze basabe inkwano nini babaheko. Ariko rero, abo bavyeyi barashikamye, ntibemera ivyo babasavye. Ahubwo, bariyumvikaniye n’uwuzobabera umukwe, mu kumuha umukobwa wabo bamusaba inkwano ntoyi ishoboka, maze basubiza igice cayo abo bagiye kurushinga ngo bagikoreshe mu gutegura umusi w’ubukwe bwabo.
Akandi karorero kabereye muri ico gihugu nyene ni ak’inkumi umwe w’Icabona yitwa Itongo. Ubwa mbere umuryango wari wasavye inkwano igereranye. Mugabo incuti zasavye ko ayo mahera yongerezwa. Ibintu vyari bikomeye, kandi vyasa n’uko izo ncuti zoshoboye kuronka inkwano zasaba. Naho nyene ya nkumi Itongo yari asanzwe ari umunyamasoni, yarahagurutse hanyuma n’icubahiro cinshi avuga yuko yiyemeje kwubakana n’Umukirisu munyamwete yitwa Sanze, nk’uko vyari vyaratunganijwe. Maze aca avuga adatinya ati: “Mbi ke” (bisobanura ngo, “Nta bindi”) hanyuma aricara. Nyina wiwe w’Umukirisu, ari we Sambeko, yaramushigikiye. Nta wundi yasubiriye guharira, kandi abo babiri barubatse nk’uko mu ntango vyari vyategekanijwe.
Hari ibintu abavyeyi bakirisu b’abanyarukundo bitwararika cane kuruta inyungu umuntu yironkera ku nkwano. Hari umunega muri Kameruni asigura ati: “Akaryo kose mabukwe aronse ambwira yuko ico noba nari nashatse kumuha cose bwa nkwano, nkwiye kugikoresha mu kubungabunga umukobwa wiwe mu two akenera.” Abavyeyi banyarukundo bararazwa ishinga kandi n’ukumererwa neza mu vy’impwemu kw’abana babo. Nk’akarorero, rimbura ivy’abakenyezi babiri bitwa Farai na Rudo baba muri Zimbabwe kandi bakaba bamara umwanya mwinshi mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Naho nyene atari abakozi bahembwa, bararetse abakobwa babo babiri baja kwubaka izabo basavye igice gito cane c’inkwano isanzwe yakwa. Ivyo babigize kubera iki? Bashaka ko abakobwa babo bungukira ku kwubakana n’abagabo bakunda vy’ukuri Yehova. Basiguye bati: “Ico twabona ko gihambaye kuruta kwari ukumererwa neza mu vy’impwemu kw’abakobwa bacu be n’abakwe bacu.” Ese ingene vyeza umutima! Abavyeyi bagaragaza ko bitwararikana urukundo ukumerezwa neza mu vy’impwemu no mu vy’umubiri kw’abana babo bubatse barakwiye gukezwa cane.
Inyungu Ziva ku Kugira Ibintu ku Rugero
Joseph na Mae bo mu Mazinga ya Salomon barahezagiwe ku bw’inda nziza n’ubwitwararitsi bateguranye ubukwe bw’abakobwa babo. Gutyo, abakwe babo nta mwenda basutswemwo. Ahubwo izo ngo uko ari zibiri barashoboye kumara imyaka myinshi mu gikorwa c’igihe cose co gukwiragiza ubutumwa bw’Ubwami. Joseph atereje amaso inyuma avuga ati: “Ingingo jewe n’umuryango wanje twafashe zavuyemwo imihezagiro myinshi. Ni vyo rimwe na rimwe harabaye umukazo munini uva ku batabitahura, mugabo mfise ijwi ryo mu mutima ritanyagiriza ikibi, hamwe n’akamwemwe igihe mbona abana banje bafise vyinshi bakora kandi bakomeye, mu murimo wa Yehova. Na bo nyene barahimbawe, kandi jewe n’umukenyezi wanje turi mu gahimbare ntangere.”
Iyindi nyungu bwabaye ubucuti bwiza hagati y’umuryango w’umugabo n’uw’umugore. Nk’akarorero, Zondai na Sibusiso kumwe n’abakenyezi babo babiri bavukana, ni abakozi bakora bavyishakiye kw’ishami ry’Ishirahamwe Watch Tower muri Zimbabwe. Sebukwe wabo, Dakarai, ni umwamamazanjili w’igihe cose si umukozi ahembwa. Mu gihe co gusaba inkwano, yavuze yuko yokwemeye ico boshoboye kuronka cose. Zondai na Kibusiso bavuga bati: “Turakunda cane databukwe, kandi tuzokora uko dushoboye kwose kugira twame tumufasha igihe agize ico akena.”
Ego ni vyo, kugira urugero mu gihe co gusaba inkwano biraterera umuganda ku buhirwe bw’umuryango. Nk’akarorero, abaherutse kurushinga ntibazoba baguye mu madeni, gutyo biborohereze kumenyera ubuzima bw’abubatse. Ivyo vyaratumye abenshi bataramara igihe bubatse bashobora gukurikirana imihezagiro yo mu vy’impwemu, nko gukora umurimo w’igihe cose muri ca gikorwa cihutirwa co kwamamaza inkuru nziza no kugira abantu babigishwa. Ivyo bica na vyo bininahaza wa Mutanguji w’umubano, Yehova Imana.—Matayo 24:14; 28:19, 20.
[Uruzitiro ku rup. 21]
Barasubije Inkwano
Mu bibano bimwebimwe, umugeni be n’abavyeyi biwe barasuzugurwa mu gihe yakowe bike. Gutyo, ubwibone n’icipfuzo co kugaragaza uko umuryango wifashe ni vyo rimwe na rimwe bituma hasabwa inkwano y’umurengera. Umuryango umwe w’i Lagos muri Nijeriya wavyifashemwo ukundi bimwe vyeza umutima. Umukwe wabo Dele, asigura ati: “Umuryango w’umugore wanje warankuyeko ibintu vyinshi noguze bijana n’ibirori vy’ugukwa bisanzwe bigirwa, nk’impuzu zizimvye. N’igihe nyene umuryango wabashikiriza inkwano, umuvugizi wabo yabajije ati: ‘Mwoba mushaka gufata uyu mwigeme nk’umugore canke nk’umukobwa wanyu?’ Abo mu muryango wanje bishuriye rimwe bati: ‘Dushaka kumufata nk’umukobwa wacu.’ Inyuma y’ivyo, baradusubije inkwano mu kabahasha nyene twari twayibahereyemwo. “Gushika uno musi, ndakenguruka ukugene umuryango w’umugore wanje wavyifashemwo mu bukwe bwacu. Vyatumye ndabubaha cane. Ukuba bafise ukubona ibintu vy’impwemu mu buryo ntangere bituma ndabafata nk’incuti somambike. Vyaragize kandi ico bikora kinini ku kuntu mbona umukenyezi wanje. Naratsimbataje ukumushima bivuye ku mutima, kubera uburyo nafashwe n’umuryango wiwe. Igihe hari ico tutumvikanyeko, sindeka ngo gicike ingorane. Igihe nkubitije agatima ku muryango aturukamwo, ukwo kutumvikana nca mbona ko ata co kuvuze. “Umuryango wanje n’uwiwe yarunze ubugenzi bukomeye. Eka n’ubu nyene haciye imyaka ibiri tugize ubukwe, dawe aracarungikira umuryango w’umugore wanje ingabirano n’ibifungurwa.”
[Utujambo tw’epfo]
a Mu mico kama imwimwe ibintu ni igihushane. Umuryango w’umuhungu ni wo uba witeze inkwano ivuye ku bavyeyi b’umugeni.
b Muri iki kiganiro hakoreshejwe amazina asubiriye ayandi.