ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w98 1/1 rup. 3-5
  • Ukuri Kurahindura Ubuzima

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukuri Kurahindura Ubuzima
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukugira Intumbero mu Buzima
  • Umuryāngo Mushasha
  • “Nararwanye nk’intambwe”
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015
  • Ndonka ikintu kinduhura ukwihebura nagize nkiri muto
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • «Sinkiri inkozi y’ikibi»
    Bibiliya irahindura ubuzima
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
w98 1/1 rup. 3-5

Ukuri Kurahindura Ubuzima

BIRABABAJE, ariko ni ivy’ukuri, kubona ubuzima bw’abantu benshi cane muri iki gihe bugoye, eka bugeze ahatemba. Ku bantu mwen’abo none vyoba bishoboka kuronka ubuhirwe? Bamwe ni inkozi z’ikibi, bakica abantu nkabo. Boshobora none kwigera baba abantu b’inyankamugayo mu kibano? Inyishu y’ivyo bibazo vyompi ni Ego. Abantu barashobora guhinduka. Ubuzima burashobora guhindurwa ukundi. Intumwa Paulo yarerekanye ingene bishoboka igihe yandika ati: “Muhinduke rwose, mugize imitima misha, kugira ngo mumenye neza ivy’Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose.”—Abaroma 12:2.

Ukuba havuzwemwo “ivy’Imana igomba . . . bitunganye rwose” bishobora kwibukiriza ico Yezu yabwiye abigishwa biwe imyaka irenga 20 imbere y’uko Paulo yandika amajambo ari aho haruguru. Yezu yavuze ati: “Muzomenya ukuri, kand’ukuri kuzobaha kwidegemvya.” (Yohana 8:32) Mu kuvuga ngo “ukuri,” Yezu yashaka kuvuga ivyamenyeshejwe vyahumetswe n’Imana—canecane ivyamenyeshejwe vyerekeye igomba ry’Imana—bikaba vyabīkiwe twebwe muri Bibiliya. (Yohana 17:17) Ukuri kwa Bibiliya kwoba vy’ukuri gutuma abantu bidegemvya? Ukubaho guhuje n’igomba ry’Imana kwoba vy’ukuri guhindura ubuzima? Si ivy’imbeshere, kurabikora. Rimbura uturorero dukeyi.

Ukugira Intumbero mu Buzima

Nta gihe kirekire kihaciye, Moisés wo muri Gibraltar yari umuntu amerewe nabi cane. Avuga ati: “Nari imborerwa kandi nkaryama hanze. Numva natakaye. Nta joro ryahita ntasavye Imana ngo ingirire ikigongwe sinongere kunanizwa uwundi musi. Nararira nongera mbaza Imana ico nari mbereye muri iyi si kandi ndi imburakimazi, ata kazi ngira, ata rugo mfise ntahamwo, kandi ntagira uwomfasha n’umwe. Mbega nobandanirije iki kubaho?” Maze hari ikintu cashitse.

Moisés arabandanya ati: “Naramenye ko Imana yari yumvise isengesho ryanje igihe nahura na Roberto, uwo mu Vyabona vya Yehova. Roberto yampaye Bibiliya n’iboroshire y’ukwifashisha mu kwiga Bibiliya, ari yo Ivyo Imana Isaba Kuri Twebwe Ni Ibiki?a Buri musi twarigana Bibiliya ku ntebe ndende naryamako mw ijoro. Inyuma y’ukwezi, Roberto yaranjanye kw ikoraniro mu Ngoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova yo muri aka karere. Vuba, ukuri kwa Bibiliya kwari kwahinduye buhere uko nabona ibintu. Sinkiryama hanze; eka sinkiri umunywi w’inzoga canke itabi. Ubuzima bwanje bwarahindutse, kandi ndahimbawe. Nizigiye ko nzobatizwa vuba ngakorera Yehova ndi uwo mu Vyabona vyiwe.”

Mbega ihinduka! Iyo abantu ata cizigiro bagira, impamvu kenshi usanga ari ukubura ubumenyi. Ntibazi ivyerekeye Imana canke imigambi ifise y’igitangaza. Ku vyerekeye Moisés, igihe yironkera ubwo bumenyi, bwaramuhaye inkomezi n’ubutinyutsi vyo guhindura ukubaho kwiwe. Iri sengesho umwanditsi wa zaburi yatuye Imana ryarishuwe mu vyerekeye Moisés: “N’urungike se umuco wawe n’ukuri kwawe, bindōngōre: binjane ku murwa wawe wera, no mu mahema yawe.”—Zaburi 43:3.

Muri Belize, Daniel yashikiwe n’ibimeze nk’ivyo. Daniel we ntiyaryama hanze—yari afise akazi kubahitse. Ariko yamaze imyaka 20 anigana n’ukwizizirwa n’ibiyayuramutwe be n’akaborerwe, kandi ubuzima bwiwe bwari ubwa gishegabo. Naho yarerewe muri Gatolika, Daniel ntiyashoboye kubona ico ubuzima buvuze, kandi yarakekeranya ivy’uko Imana ibaho. Yaragiye ku masengero atandukanye arondera gufashwa, ariko yasanze benshi mu bagenzi biwe baja mu misa, eka mbere na bamwebamwe mu bagenzi yari afise b’abakuru b’idini, ari abanywa ibiyayuramutwe canke imborerwa. Muri ico gihe, umukenyezi wiwe hari hasigaye gato ngo bahukane.

Mu mwiheburo, Daniel yinjiye mu nyubakwa igorora abiziziwe n’ibiyayuramutwe. Mugabo, yari azi ko amaze kurekurwa yosubiye ku biyayuramutwe bidatevye mu gihe yoba ataronse ubufasha. Ariko ubufasha bwoko ki? Mu kwa Rusama 1996, amaze imisi ibiri avuye muri iyo nyubakwa, Daniel yaregereye umwe mu Vyabona vya Yehova, aramutangaza mu kumwinginga ngo “Ndagusavye sewawa wigane nanje Bibiliya.” Ico Cabona yaciye aringaniza ibintu kugirango yigane Bibiliya na Daniel kabiri mu ndwi, hanyuma Daniel vuba atangura guhuza ubuzima bwiwe n’igomba ry’Imana, maze ba bagenzi yahorana abasubiriza abagenzi b’Abakirisu batanywa ibiyayuramutwe canke ngo babe imborerwa, vyongeye bagahunga ubushegabo. Gutyo Daniel yasanze ibi Bibiliya ivuga ari ivy’ukuri: “Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge, arik’ūcudika n’ibipfu azokomereka.” (Imigani 13:20) Ntivyatevye, yavuze ati: “Ni ryo rya mbere mu buzima bwanje menya ico ari co kugira ijwi ryo mu mutima ritanduye.” Ubuzima bwa Daniel na bwone bwarahinduwe ukundi.

Muri Puerto Rico, hari uwundi mugabo yagize ihinduka riboneka. Yari mw ibohero, akaba yabonwa nk’uwugeramiye abandi cane, kuko yari yarishe abantu batari bake. Mbega ukuri kwa Bibiliya kwari kumuhindura? Egome. Umwe mu Vyabona vya Yehova yarashoboye kumuha ibinyamakuru bikeyi vy’Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!, kandi ntiyatevye gusaba n’ibindi. Ukwigana na we Bibiliya kwaratangujwe, hanyuma aho ukuri kwa Bibiliya gutanguriye kunyura umutima wiwe, amahinduka yagize yaribonekeje kuri bose. Kimwe mu bimenyamenya vya mbere vy’uguhinduka kwiwe ni igihe yagabanisha umushatsi wiwe muremure akamwa n’ubwanwa bwiwe bwari isabagi.

Bibiliya ivuga ko Imana iharira abanyavyaha bigaye kandi bagahindura vy’ukuri uburyo bwabo bwo kubaho. Paulo yanditse ati: “Ntimuzi yukw abagabitanya batazoragwa ubgami bg’Imana? . . . Kandi bamwe muri mwebge ni ko mwari muri: ariko mwaruhagiwe.” (1 Ab’i Korinto 6:9, 11) Nta gukeka, ayo majambo yarahumurije uwo mugabo, cokimwe n’aya yo mu Vyakozwe 24:15: “Hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya.” Yavuze ati: “Nshaka kuzoba ari ho ndi izuka ry’abapfuye niryaba kugirango nshobore gusaba imbabazi abo natse ubuzima.”

Umuryāngo Mushasha

Umusi umwe, Luis, umwamamazanjili w’igihe cose wo mu Vyabona vya Yehova muri Arijantina, yarashikanywe ku musore yari yagize kahise kababaje. Uno kubera ko yari yahebwe n’abavyeyi biwe akivuka, yarerewe mu nyubakwa z’inzego zitari zimwe. Igihe yari amaze imyaka nka 20 y’amavuka, yaramenye aho nyina wiwe yoba ari hanyuma afata icemezo co kuba hafi yiwe. Yarakoze araruha, araziganya amahera menshi, hanyuma afata urugendo rwo kuja mu gisagara nyina yarimwo. Nyina yaramuretse baragumana gushika aho ya mahera yiwe arangiriye hanyuma amusaba kugenda. Ukwo gutabwa kwatumye agomba kwiyahura.

Ariko rero, Luis yarashoboye gusangira ukuri kwa Bibiliya n’uwo musore. Ukwo kuri kurimwo aya majambo asubiriza umutima mu nda: “N’iyo data na mama bonta, [Yehova] azonyitorera.” (Zaburi 27:10) Uwo musore yasanze afise Se wo mw ijuru atokwigera amuheba. Ubu arahimbawe no kuba ari mu bagize umuryango mushasha, umuryango wa Yehova.

Hari uwundi mugabo muri nya gihugu nyene yabwiye umwe mu Vyabona vya Yehova yuko akunda ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi. Kubera iki? Kubera ko cari casamye umubano wiwe. Bisa n’uko umusi umwe uwo mugabo, igihe yari agodotse, yabonye mu kivumvu c’umwavu ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi kiriko umutwe uvuga ngo “Kwahukana” mu ndome nininini. Kubera ko umubano wiwe wari mu ngorane kandi we n’umugore wiwe bakaba bari batanguye kurondera kuvana biciye mu mategeko, yaratoye ico kinyamakuru hanyuma atangura kugisoma. Yarakijanye i muhira agisoma ari kumwe n’umukenyezi wiwe. Uwo mugabo n’umugore wiwe baragerageje gukurikiza impanuro ishingiye kuri Bibiliya yari muri ico kinyamakuru. (Abanyefeso 5:21–6:4) Vuba, ubucuti bwabo bwarateye imbere. Barahagaritse ivy’ukwo kurondera kuvana, ubu bakaba bariko biga Bibiliya ari abubakanye bunze ubumwe.

Muri Uruguay, hari uwundi mugabo yitwa Luis atari ahiriwe na gato. Ukwizizirwa n’ibiyayuramutwe, ubupfumu, ugusenga ibigirwamana, akaborerwe—ivyo vyari mu bintu vyatuma ubuzima bwiwe buba ubuvurunganye. Amaherezo, kubera ko Luis yari yaherewe buhere, yibereye umuhakanamana. Sinzi umugenzi yamuhaye igitabu La vie: comment est-elle apparue? Évolution ou création?b Ivyo vyatumye aganira gatoyi n’Ivyabona vya Yehova, ariko Luis vuba yarasubiye ku kaborerwe no ku biyayuramutwe. Igihe yari yicaye mu nyabarega yuzuye umwavu ari mu maganya menshi, yarasenze, atura isengesho uwo yise “se wa Yezu Kirisitu,” kubera ko atari azi neza izina ry’Imana.

Yasavye Imana ngo imwereke niba ukuba ari kw isi kwari gufise impamvu. Luis arabara inkuru, ati “Bukeye nyene, hari uwo tuzinanye yampaye igitabu atari agifise ico akimaza. Umutwe waco wari uwuhe? Ufunuo—Upeo Wao Mtukufu U Karibu!”c Ico gitabu caramufashije kuronka inyishu y’ikibazo yari afise. Luis yarongeye gusenga asaba gufashwa ngo atore idini yomwereka uburyo bwo gukorera Imana. Igitangaza! Agakengeri ko ku rugi karavuze, hanze haba hahagaze Ivyabona vya Yehova babiri. Luis buno nyene yatanguye kwigana na bo Bibiliya. Yaragize iterambere ryihuta, ubu akaba yumva yaragize umugisha kuba ari Icabona yabatijwe. Abayeho ubuzima butanduye, kandi arafasha abandi na bone ngo batore intumbero y’ubuzima bwabo. Kuri we, aya majambo yo muri Zaburi 65:2 yararangutse: “Wewe wumva ivyo usabga, abafise umubiri bose bazoza kuri wewe.”

Muri Filipine, Allan yahoze ari uwiga ivy’ukugira iterabwoba. Yari mw ishirahamwe ryari rifise intumbero yo “gusenyura intwaro kugirango abazokwaruka muri kazoza bazoshobore kubonwa nk’abangana.” Ariko umusi umwe yarabonanye n’Ivyabona vya Yehova aramenyera muri Bibiliya umugambi Imana ifitiye abantu. Uwo mugambi urimwo iri sezerano ryahumetswe: “Hasigaye igihe gito, umunyakibi ntabeho; . . . Arikw abagwaneza bazoragwa [isi], bazonezererwa amahoro y’umusēsekara.” (Zaburi 37:10, 11) Allan yavuze ati: “Vuba narubuye ko ico umuhari wacu wariko uraharanira cari carasezeranywe kera muri Bibiliya. Ibintu vyose twipfuza cane rwose bizotangwa ku ngoma y’Ubwami bw’Imana.” Allan ubu arashigikiye Ubwami bw’Imana, kandi arafasha abandi kwizera ukuri kwa Bibiliya.

Ni vyo, ubuzima burahindurwa ukundi igihe abantu bitondeye ukuri kwo mw Ijambo ry’Imana, Bibiliya. Si ivy’imbeshere, igihe kiriko kiraza aho abantu barokotse bazoba bahuje ubuzima bwabo n’igomba ry’Imana. Mbega ukuntu iryo rizoba ari ihinduka! Ni ho ubu buhanuzi buzosohora: “Hose ku murwa wanje wera ntihazoba hakir’ibiryana cank’ivyica; kuko kumenya [Yehova] kuzoba kwuzuye mw isi, nk’ukw amazi abugereye mu kiyaga.”—Yesaya 11:9.

[Utujambo tw’epfo]

a Yasohowe na Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania.

b Casohowe na Watchtower Bible and Tract Society of New York, Inc.

c Casohowe na Watchtower Bible and Tract Society of New York, Inc.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika