Kuvoma “Amazi yo Hasi mw Ibenga”
HARI umugani wa Bibiliya uvuga uti: “Inama yo mu mutima w’umuntu ni nk’amazi yo hasi mw ibenga, arik’umuntu w’umunyabgenge arayivoma.” (Imigani 20:5) Mu bihe vya Bibiliya, vyari bigoye cane kuronka amazi kuruta uko biri mu bihugu vyinshi ubu. Igihe Yezu yavugisha wa Musamariyakazi, uno yariko akwega amazi ayakura mw iriba rya Yakobo, rikaba ari ivomo ryari ku metero nka 23 z’amajepfo!—Yohana 4:5-15.
Nk’uko mu Migani 20:25 havyerekana, ubwenge bukenewe kugira hagobotorwe ivyiyumviro n’inyiyumvo bibitswe mu mutima w’umuntu burasa cane n’akigoro gasabwa kugira umuntu avome amazi ayakura mu cobo. Ivyo ni ko bimeze mu mice myinshi y’ubuzima. Nk’akarorero, hari aho woba uzi abantu bamaze imyaka myinshi barundanya ubumenyi isema hamwe n’ukumenya utuntu n’utundi. Niba abo batagomba kwibwiriza gutanga inama badasabwe, ushobora kubavugisha. Mu kwerekana ukwitaho, mu kubaza ibibazo, kandi ukabaririkiza ku bugenge, bizoba nk’aho woba uriko wururutsa indobo yawe mu cobo c’ubukerebutsi kigeraza epfo.
Impanuro iri mu Migani 20:5 irakora kandi mu rugo. Kenshi abakenyezi baravuga, ngo “Umugabo wanje ntambwira ukuntu yumva amerewe!” Umugabo yovuga, ati “Umukenyezi wanje arihorera gusa!” Mu mimerere nk’iyo, ubushishozi burakenewe kugira umuntu avome ivyiyumviro biri epfo mu mutima w’uwo bubakanye. Utubazo tubajijwe ku bugenge (Uyu musi vyoba vyakugoye? Vyagenze gute? Nofasha gute?) Kenshi birashobora gutanguza ikiyago kirimwo ukudahishanya. Ukwerekana ubwenge mwen’ubwo bizokomeza umugozi w’ukwabirana, vyungure umugabo n’umukenyezi wiwe bompi.