ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/11 rup. 31
  • Kurera Abana Bigenza Runtu—Biracashoboka?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kurera Abana Bigenza Runtu—Biracashoboka?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/11 rup. 31

Kurera Abana Bigenza Runtu—Biracashoboka?

“UBU tuba mu kibano c’urusobe, c’uruvange rw’imico, ahatagira icegeranyo gihuriweko kigenga ivy’ukwigenza runtu,” bikavugwa na Robert Glossop wo mu Rwego Rujejwe Ivy’Ingo rw’i Vanier i Ottawa muri Kanada. Bikavamwo iki? Raporo imwe yo mu kinyamakuru The Toronto Star ivuga iti: “Ugutwara inda kw’imiyabaga, ubukazi bw’abakiri bato hamwe n’ukwiyahura kw’imiyabaga biriko vyongerekana vyose.”

Iyo ngorane ntigarukira kuri Amerika y’Uburaruko. Bill Damon, umuyobozi w’Irabiro ry’Ivy’Iterambere ry’Abantu kuri Kaminuza y’i Brown muri Rhode Island, muri Reta Zunze Ubumwe, yaratohoje ivyo bibazo mu Bwongereza no mu yandi mahanga y’Uburaya, hamwe no muri Ostraliya, Isirayeli, n’Ubuyapani. Adoma urutoke kw itituka ry’amakeleziya, amashure, n’izindi nzego mu vy’uguha abakiri bato inyobozo. Umuco wacu, nk’uko avyemera, “ntucitayeho ivyo abana bakeneye kugirango bagire inyifato hamwe n’ugushobora ibintu.” Mu kudonda abahanga mu vy’ukurera bigisha yuko “uguhana gushobora gukwega ibara ku magara y’abana no ku kumererwa neza kwabo,” Damon aguma ku ry’uko ubwo ari “uburyo bw’ukurera abana b’intumva, b’abagambarazi.”

Ni ibiki abakiri bato bakeneye kino gihe? Bama bakeneye ukumenyerezwa kugorora umuzirikanyi n’umutima. Abakiri bato batandukanye bakeneye ugutozwa indero kw’ubwoko butandukanye. Igihe ugutoza indero gutewe n’urukundo, kenshi kurashobora gutangwa mu kubumvisha. Ni co gituma tubwirwa mu Migani 8:33 ‘kwumviriza ugutozwa indero.’ Bamwe ariko ‘ntibagororwa n’amajambo masa.’ Kuri bo, igihano mu bihe bimwebimwe gitangirwa ukutumva, kigatangwa ku rugero rubereye, kirashobora kuba nkenerwa. (Imigani 17:10; 23:13, 14; 29:19) Mu gusaba ivyo, Bibiliya ntiba iriko ikomereza ku kumwashagura kurimwo ishavu canke ugukubita gukaze, ugushobora kunywagaza no gukomeretsa umwana. (Imigani 16:32) Ahubwo, umwana akwiye gutahura igituma ariko atozwa indero kandi akumva ko ari kubera umuvyeyi ari kumwe na we, amwitayeho.—Gereranya n’Abaheburayo 12:6, 11.

Mwen’iyo nama ngirakimazi kandi yumvikana yo muri Bibiliya, irerekanwa mu gitabu Siri ya Kupata Furaha ya Familia.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika