ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/9 rup. 32
  • Itara ryo Kukuyobora ku Nzira y’Ubuzima

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Itara ryo Kukuyobora ku Nzira y’Ubuzima
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/9 rup. 32

Itara ryo Kukuyobora ku Nzira y’Ubuzima

“UHORAHO, nzi yukw inzira umuntu yogenderamwo atari we ashobora kuyigaba; ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe.” (Yeremiya 10:23) Muri ayo majambo umuhanuzi Yeremiya yarerekanye ko abantu badashobora gutunganya inzira y’ubuzima ngo bererwe badafashijwe. None imfashanyo mwen’iyo ishobora gusangwa hehe? Umwanditsi w’izaburi arishura mw isengesho yatuye Yehova Imana avuga ati: “Ijambo ryawe n’itara rimurikira ibirenge vyanje, n’umuco umurikira mu nzira yanje.”—Zaburi 119:105.

Abajako bakiga Ijambo ry’Imana, Bibiliya Nyeranda, bakagirako bagakurikiza ivyo rivuga, bazomera nk’umuntu atangura urugendo kare mu gitondo. Mu ntango, ntashobora kubona cane kubera ko hari umwijima. Ariko izuba ritanguye guseruka, aja ararushirizaho kubona. Amaherezo, izuba rirarasira ku mutwe wiwe indamvu. Arabona ikintu kimwekimwe cose neza. Ikigereranirizo mwen’ico kiribukiriza umugani wa Bibiliya, ngo “Inzira y’abagororotsi imeze nk’umuco wo mu gatondotondo, ugenda urushiriza gukayangana gushitsa hakeye rwose.”—Imigani 4:18.

Abiyama ubuyobozi bw’Imana bo bite? Bibiliya ivuga iti: “Inzira y’abanyavyaha imeze nk’umwiza, ntibazi ico batsitarako ic’ari co.” (Imigani 4:19) Egome, abanyakibi bameze nk’umuntu atsitara mu mwijima. N’ibisa n’ukwererwa vyabo nyene biba gusa ivy’igihe, kuko ‘ata bwenge canke ukumenya cank’inama mu biteye kubiri na Yehova.’—Imigani 21:30.

None rero, kurikira ubuyobozi bw’Ijambo ry’Imana, Bibiliya. Ubigize, uzosanga amajambo yo mu Migani 3:5, 6 ari ay’ukuri, ngo “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika