Yehova—Imana Ihishura Amabanga
“Mw ijuru har’Imana ihishura amabanga.”—DANIYELI 2:28.
1, 2. (a) Yehova atandukaniye he n’Umwansi wiwe mukuru? (b) Abantu bagaragaza gute iryo tandukaniro?
YEHOVA, ya Mana ruheta kandi y’urukundo kw isi no mw ijuru, we Muremyi umwe kandi we musa, ni Imana y’ubwenge kandi y’ubutungane. Ntakeneye kwirirwa aranyegeza akaranga kiwe, ibikorwa vyiwe, canke imigambi yiwe. Ku gihe ciwe bwite no ku bwenge bwiwe bwite, arihishura. Muri ubwo buryo aratandukanye n’Umwansi wiwe, Shetani ya Diyǎbule, we agerageza guhisha akaranga nyakuri kiwe n’imigabo yiwe.
2 Nk’uko nyene Yehova na Shetani bateye kubiri, ni ko n’ababasenga bateye kubiri. Abakurikira ubuyobozi bwa Shetani barangwa n’ubuhumvyi n’ubuhendanyi. Bagerageza kwiyerekana ko ari abagiraneza, mu gihe bakora ibikorwa vy’umwiza. Abakirisu b’i Korinto babwiwe kudatangazwa n’ico kintu. “Abameze bartyo n’intumwa z’ibinyoma, n’abakozi bagunga, bīgira intumwa za Kristo. Kand’ivyo ntibitangaza, kuko na Satani yīgira umumarayika w’umuco.” (2 Ab’i Korinto 11:13, 14) Abakirisu bo bahanga amaso Kirisitu nka we Ndongozi yabo. Igihe yari kw isi yaragaragaje neza cane kamere-muntu ya Se wiwe, Yehova Mana. (Abaheburayo 1:1-3) Gutyo, Abakirisu bakurikiye Kirisitu baba bariko bigana Yehova, we Mana y’ukuri, ikorera ibintu ku mugaragaro, kandi y’umuco. Na bo nyene ntibakeneye kwirirwa barahisha akaranga kabo, ibikorwa vyabo, canke imigambi yabo.—Abanyefeso 4:17-19; 5:1, 2.
3. Dushobora gute kubeshuza ivyagirizo vy’uko ngo abantu bacika Ivyabona vya Yehova bahātirwa ku kwiyunga ku citwa ngo “akadumbi ko mu mpisho”?
3 Mu bihe bimwebimwe azi ko ari vyiza birushirije, Yehova arahishura ido n’ido ivyerekeye imigambi yiwe hamwe n’ivyerekeye kazoza bitari bizwi n’abantu. Muri ubwo buryo ni Imana ihishura amabanga. Gutyo rero, abantu bashaka kuyikorera baratumirwa—eka bagahimirizwa—kwiga mwene ivyo bintu bihishuwe. Iperereza rimwe ryabaye mu 1994 ryagizwe ku Vyabona 145 000 mu gihugu kimwe c’i Buraya ryahishuye yuko, mu ncahagati, umwe wese muri bo ubwiwe yamaze imyaka itatu abaririkiza inyigisho z’Ivyabona vya Yehova imbere yuko acagura kumuba. Bagize iryo cagura bakurikije ubwihitiremwo bwabo ata gahato. Kandi barabandanije kugira umwidegemvyo w’ukwihitiramwo n’ukugira ikintu. Nk’akarorero, kubera hariho abakeyi bamwebamwe bahavuye batumvikana n’ingingo z’ivy’ukwigenza runtu zigenga Abakirisu, bano mu nyuma bafashe ingingo y’uko badashaka kubandanya kuba Ivyabona. Mugabo birashimisha kubona mu myaka itanu iheze, igitigiri kinini muri abo batari bakiri Ivyabona barateye intambwe kugira basubire kuba Ivyabona bongere barangure umurimo wabo.
4. Ni igiki kidakwiye kwirirwa kiratuma Abakirisu b’abizerwa bavurunganirwa, kandi ni ukubera iki?
4 Mugabo ntiwumve, si abidohoye mu Vyabona bose bahindukira, kandi muri bo usanga harimwo bamwe bigeze kuba bashinzwe amabanga mw ikorane ry’Abakirisu. Ivyo ntibikwiye kudutangaza, kuko mbere n’umwe mu bigishwa somambike ba Yezu, ya ntumwa Yuda, yakebeje. (Matayo 26:14-16, 20-25) Ariko none iyo yoba ari impamvu yotuma tuvurunganirwa ku vyerekeye Ubukirisu ubwabwo? Ivyo vyoba bipfusha ugutunganirwa Ivyabona vya Yehova bashishikarana umurimo wabo w’ivy’ukwigisha? Habe namba, nk’uko nyene kwa guhemuka kwa Yuda Isikaryota kutahagaritse imigambi y’Imana.
Ni Mushoboravyose Yamara Akaba Munyarukundo
5. Tumenya dute yuko Yehova na Yezu bakunda abantu, kandi urwo rukundo bǎrwerekanye gute?
5 Yehova ni Imana y’urukundo. Aritwararitse abantu. (1 Yohana 4:7-11) Naho ari mu kibanza kiri hejuru cane, aranezererwa kugira abantu abakunzi biwe. Kuri umwe mu basuku biwe ba kera, dusoma ibi: “Aburahamu yizeye Imana, ibimuharūrako nk’ukugororoka; kandi yitwa umukunzi w’Imana.” (Yakobo 2:23; 2 Ngoma 20:7; Yesaya 41:8) Nk’uko abantu b’abakunzi basangira ibintu vy’akabanga, ni ko Yehova agirana n’abakunzi biwe. Muri ivyo Yezu yariganye Se wiwe, kuko yakundanye n’abigishwa biwe kandi agasangira na bo amabanga. Yababwiye ati: “Sinkibita abashumba, kuk’umushumba atamenya ico shebuja akora; ariko mweho nabise abakunzi, kukw ivyo numvanye Data vyose nabibamenyesheje.” (Yohana 15:15) Ibimenyeshwa mu mwiherero ari yo “mabanga” bisangiwe na Yehova, Umwana wiwe, hamwe n’abakunzi babo, birabunga mu mugozi w’intavuturwa w’urukundo n’ubwibande.—Ab’i Kolosayi 3:14.
6. Ni kuki Yehova adakeneye namba kwirirwa arahisha imigabo afise?
6 Insobanuro y’izina Yehova, “Atuma Bicika Ukuntu,” irerekana ubushobozi afise bw’ugucika ico cose bikenewe ko acika kugira ashitse umugambi wiwe. Si nk’abantu, Yehova ntakeneye kwirirwa arahisha imigabo afise kubera ko yoba atinya yuko abandi bohava bamutangīra ngo ntayirangure. Ahubwo menya ko adashobora kunanirwa, ari na co gituma mw Ijambo ryiwe Bibiliya ahishura icese vyinshi mu vyo ashingira umugambi ngo abikore. Asezerana ati: “Ijambo ryanje . . . ntirizogaruka ubusa, ariko rizoshitsa ivyo ngomba, rizosozera ico naritumye.”—Yesaya 55:11.
7. (a) Ni ibiki Yehova yamenyeshereje muri Edeni, kandi Shetani yagaragaje gute yuko Imana ari inyakuri? (b) Ingingo iri muri 2 Ab’i Korinto 13:8 yama nantaryo ari iy’ukuri mu buryo ki?
7 Gatoyi mu nyuma y’umugararizo muri Edeni, Yehova yarahishuye, mu cegeranyo, ingaruka y’imperuka ukuja impaka kwari hagati yiwe n’Umwansi wiwe Shetani kwogize. Urubuto rwasezeranywe rw’Imana rwofyonyowe bimwe bibabaza, ariko bitica; Shetani na we amaherezo yoshikiwe n’ugufyonyorwa kutamusigaza. (Itanguriro 3:15) Mu 33 G.C., ya Diyǎbule mu vy’ukuri yarafyonyoye urwo Rubuto, Kirisitu Yezu, mu kumuteza urupfu. Muri ubwo buryo, Shetani yari ashikije Ivyanditswe aba kandi agaragaje ko Yehova ari Imana y’ukuri, naho nyene bino atari vyo migabo Shetani yari afise. Urwanko yanka ukuri n’ubugororotsi, hamwe n’ubwishime bwiwe, agatima afise k’ukutihana, vyamujanye mu kugira ivyo nyene Imana yari yaramenyesheje ko yogize. Egome, ku bateye kubiri n’ukuri bose, no kuri Shetani ubwiwe, iyi ngingo iguma ari iy’ukuri: ‘Nta co dushobora kugira ngo turwanye ukuri, atari ukugushigikira gusa.’—2 Ab’i Korinto 13:8, NW.
8, 9. (a) Ni igiki Shetani azi, ariko ukuba azi ivyo kwoba kugeramiye iranguka ry’imigambi ya Yehova? (b) Ni imburizi yiyaruye iyihe abateye kubiri na Yehova biyobagiza, kandi ni kuki?
8 Kuva aho Ubwami bw’Imana bushingiwe mu buryo butaboneka mu 1914, ivyanditse mu Vyahishuriwe Yohana 12:12 vyararangutse: “Nuko noneho munezerwe mwa majuru, namwe abayabamwo. Ibara rizobonwa n’isi n’ikiyaga, kuk’Umurwanizi yabamanukiye, ari n’inzigo nyinshi, azi kw afise igihe gito.” Yamara none, ukuba Shetani azi yuko igihe ciwe ari gito vyoba bituma ahindura ingendo yiwe? Shetani ahinduye yoba yemeje yuko Yehova ari Imana y’ukuri n’uko uno nyene, we Mutegetsi Ruheta, ari we wenyene abereye gusengwa. Ariko rero, Shetani ntahaye aremera ko yatsinzwe naho nyene ivyo vyose abizi.
9 Yehova arahishura icese ibizoshika Kirisitu niyaza gushitsa urubanza rwaciriwe ivy’isi ya Shetani. (Matayo 24:29-31; 25:31-46) Muri ivyo, ku vyerekeye abatware b’isi, Ijambo ryiwe rimenyesha riti: “Aho bazoba bavuga, bati Har’amahoro, nta nkomanzi; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka, nk’ukw’ibise biza ku mugore.” (1 Ab’i Tesalonike 5:3) Abakurikira akarorero ka Shetani bariyobagiza iyo mburizi itomotse. Bahumwe amaso kubera imitima yabo mibi, kandi ivyo birababuza kwigaya ingendo yabo mbi no guhindura imigambi n’amayeri vyabo bigerageza kuzibira imigambi ya Yehova.
10. (a) Ibiri muri 1 Ab’i Tesalonike 5:3 vyatashe gushika ku rugero ki, ariko igisata ca Yehova bakwiye kubibona gute? (b) Ni kubera iki muri kazoza abantu batagira ukwizera boshobora gukomeza kurwanya igisata c’Imana?
10 Na canecane guhera mu 1986, igihe Umwaka Amakungu Yahariye Amahoro wamenyeshwa n’Ishirahamwe Mpuzamakungu, mw isi haravugavugwa ivy’amahoro n’umutekano. Intambwe zitomoye zaratewe mu kigoro k’ugukingira amahoro y’isi, bigasa n’uko hari ico vyamaze. Iryo none ryoba ari ryo ranguka ryose ry’ico kimenyeshakazoza, canke twoshobora kwitega irindi tangazo ry’agakūra ry’uburyo bunaka? Yehova azotomora ico kibazo igihe ciwe kibereye nicagera. Mu kurindira, nitugume turi maso mu vy’impwemu, “[tureretse] ukuza kw’umusi w’Imana [t]uwuhahamiye.” (2 Petero 3:12) Uko igihe kibandanya kurengana hákivugavugwa ivy’amahoro n’umutekano, abantu bamwebamwe bazi ivy’iyo mburizi ariko bagacagura kuyirengagiza, bashobora kurushirizaho gukomeza bîbwira ko Yehova atazoshitsa canke ko adashobora gushitsa ijambo ryiwe. (Gereranya n’Umusiguzi 8:11-13; 2 Petero 3:3, 4.) Ariko Abakirisu b’ukuri barazi yuko Yehova azoshitsa umugambi wiwe!
Icubahiro Gikwiriye Kugirirwa Inzego Yehova Akoresha
11. Daniyeli na Yozefu bamenye ibiki ku vyerekeye Yehova?
11 Umwami Nebukadinezari, umutegetsi w’Inganji nshasha ya Babiloni, igihe yavurunganirwa n’indoto atashobora kwibuka, yarasavye gufashwa. Ba kamenyi biwe, abanyamarēba n’abapfumu biwe ntibashoboye kumubwira indoto yari yarose, canke ngo bayisobanure. Daniyeli umusuku w’Imana wewe ivyo yarabishoboye, naho atatebaganye kwemera yuko uguhishura iyo ndoto hamwe n’insobanuro yayo bitava ku bwenge bwiwe. Daniyeli yavuze ati: “Mw ijuru har’Imana ihishura amabanga, kandi ni yo yakumenyesheje ibizobaho mu bihe bizoza.” (Daniyeli 2:1-30) Ibinjana bitari bike imbere yaho, Yozefu, uwundi mumenyeshakazoza w’Imana, yari yariboneye nk’ukwo nyene yuko Yehova ari Umuhishuzi w’amabanga.—Itanguriro 40:8-22; Amosi 3:7, 8.
12, 13. (a) Ni nde yabaye umumenyeshakazoza w’Imana mukuru, kandi ni kuki wishuye utyo? (b) Ni bande kino gihe bakora nk’“ababgiriza b’amabanga [matagatifu] y’Imana,” kandi dukwiye kubabona dute?
12 Umumenyeshakazoza mukuru wa Yehova yakoreye kw isi yari Yezu. (Ivyakozwe n’intumwa 3:19-24) Paulo yasiguye ati: “Kera Imana yabaririye ba sogokuruza mu kanwa k’abavugishwa na yo mu bihe vyinshi no mu buryo bginshi, mur’iyi misi y’iherezo yabaririye twebge mu kanwa k’Umwana wayo, uwo yashiriyeho kuba samuragwa wa vyose, ni we yahaye kurema isi.”—Abaheburayo 1:1, 2.
13 Yehova yabarira Abakirisu ba kare akoresheje Umwana wiwe Yezu, uwabamenyesheje amabanga y’Imana. Yezu yababwiye ati: “Mwebge mwahawe kumenya amabanga y’ubgami bg’Imana.” (Luka 8:10) Paulo mu nyuma yaravuze ivy’Abakirisu basīzwe, ngo ni “abasuku ba Kristo, n’ababgiriza b’amabanga [“matagatifu,” NW] y’Imana.” (1 Ab’i Korinto 4:1) Muri iki gihe, Abakirisu basīzwe barabandanya gukora nk’ukwo, bakaba bagize umugwi w’umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge utanga imfungurwa z’ivy’impwemu mu gihe kibereye ubicishije ku Nama Nyobozi yawo. (Matayo 24:45-47) Niba twubaha rwose abamenyeshakazoza bahumekewe bo mu misi yaheze, na canecane Umwana w’Imana, ntidukwiye none kwubaha urwego rwa kimuntu Yehova ariko akoresha muri iki gihe mu guhishura ibintu vyo muri Bibiliya abantu biwe bakeneye cane muri ibi bihe bigoye?—2 Timoteyo 3:1-5, 13.
Twokorera ku Mugaragaro Canke mu Mpisho?
14. Ni ryari Abakirisu bakorera mu mpisho, kandi bakaba bakurikiye akarorero ka nde?
14 Ugukorera ku mugaragaro kwa Yehova mu guhishura ibintu kwoba gusobanura yuko Abakirisu bakwiye nantaryo guhishura ikintu ico ari co cose bazi naho ibintu vyoba bimeze bite? Urabona, Abakirisu bakurikira inama Yezu yagîriye intumwa ziwe ngo ‘biyubare nk’inzoka, bamere nk’inuma ata karohe.’ (Matayo 10:16) Naho Abakirisu bobwirwa ngo ntibakwiye gusenga Imana nk’uko imburanyamutima zabo zibisaba, barabandanya “ukwumvira Imana,” kuko bazi yuko ata rwego rwa kimuntu rufise uburenganzira bw’ugutangīra insengo ya Yehova. (Ivyakozwe n’intumwa 5:29) Yezu ubwiwe yarerekanye ukugene twobigenza. Dusoma ibi: “Hanyuma y’ivyo Yesu agendagenda i Galilaya: ntiyashaka kugendagenda i Yudaya, kukw Abayuda bārondera ingene bomwica. Imisi mikuru y’Abayuda yitwa iy’Insago yarikw irashika. Maze Yezu arabishura [abavukanyi biwe mu vy’umubiri batari bizeye], at[i] . . . Mwebge ni mudūge kumara iyo misi mikuru, ariko jeho sindayidūgako, kukw igihe canje kitaragera. Ababgiye ivyo, aguma i Galilaya. Bene nyina bamaze kudūga i Yerusalemu kumara iyo misi mikuru, na we aradūga, ntiyibonekeza, arikw agenda nk’uwomba.”—Yohana 7:1, 2, 6, 8-10.
Twovuga Ibintu Canke Ntitwobivuga?
15. Yozefu yerekanye ate yuko ukugumya ibanga rimwe na rimwe ari co kintu cogirwa kiranga urukundo?
15 Mu bihe bimwebimwe, kugumya ikintu bwa kabanga usanga bitaranga ubwenge gusa, ariko usanga kandi biranga urukundo. Nk’akarorero, Yozefu se-murezi wa Yezu yagize iki igihe yumva yuko umugeni yareheje, Mariya, afise inda? Raba ivyo dusoma: “Ariko Yosefu, umugabo wiwe, kukw ar’umugororotsi, kandi kukw atagomvye kumutetereza, yiyumvira kumubengera mu mpisho.” (Matayo 1:18, 19, impirikano ni izacu.) Iyumvire ukuntu vyari kuba biranga ukutagira ubuntu iyo amuha amenyo y’abatwenzi!
16. Ni ibanga nyabaki abakurambere hamwe n’abandi bo mw ikorane bafise ku biraba ibintu vy’akabanga?
16 Ibintu vy’akabanga vyohavá bikwega ingorane canke umubabaro ntibikwiye guhishurirwa abantu batabirekuriwe. Abakirisu b’abakurambere ivyo ntibavyibagira igihe bategerezwa guha impanuro canke impumurizo Abakirisu bagenzabo ubwabo canke mbere kubatoza indero kubera ugucumura gukomeye bakoreye Yehova. Ugutunganya ivyo bibazo hakurikijwe Ivyanditswe ni nkenerwa; uguhishura ido n’ido ry’ibintu vy’akabanga ku batabirimwo ni ikintu kidakenewe kandi kiranga ukutagira urukundo. Vy’ukuri, abo mw ikorane ry’Abakirisu ntibogerageza kwimba amakuru y’akabanga mu bakurambere ngo bayabagobotoremwo, ariko bokwubaha ibanga abakurambere bafise ry’ukubika ibintu bikaguma ari akabanga. Mu Migani 25:9 havuga hati: “Wītātūre na mugenzawe ubgiwe, kandi ntumenere ibanga uwundi.”
17. Ni kuki Abakirisu kenshi na kenshi babika ibintu vy’akabanga bikaguma ari ibanga, ariko ni kuki batokwama nantaryo bagenza gutyo?
17 Iyo ngingo kandi iguma ari iy’ukuri mu vyo mu rugo canke mu bagenzi ba cane. Kubika ibintu bimwebimwe bikaguma ari akabanga ni ikintu ca nkenerwa kugira abantu birinde ukutumvikana hamwe n’ubucuti burimwo umukwegurano. “Umuyaga uva i burārūko uzana imvura; ni ko n’ururimi rurementanya ruzana kwiraburanirwa mu maso.” (Imigani 25:23) Mugabo ntiwumve, ukudahemuka kuri Yehova no ku ngingo ziwe zigororotse, hamwe n’urukundo dufitiye abantu bahuba, bishobora rimwe na rimwe gusaba ko n’ibintu vy’akabanga bibwirwa abavyeyi, Abakirisu b’abakurambere, canke abandi bantu babirekuriwe.a Ariko kenshi na kenshi, amabanga Abakirisu bazi y’abandi barayabika mu mwizigirano, bakayarinda nk’uko barinda ayabo.
18. Ni kamere zitatu za gikirisu izihe zishobora kudufasha kumenya ivyo dukwiye kuvuga n’ivyo dukwiye guhora?
18 Mu ncamake, Umukirisu arigana Yehova mu kubika ibintu bimwebimwe bikaguma ari akabanga igihe ari nkenerwa, akabihishura gusa igihe bibereye. Mu gufata ingingo y’ivyo akwiye kuvuga n’ivyo akwiye guhora, ayoborwa n’ukwicisha bugufi, ukwizera n’urukundo. Ukwicisha bugufi kuramubuza kurenza urugero mu vyerekeye ubuhambare bwiwe bwite, ngo agerageze gutangaza abandi mu kubabwira ibintu vyose azi canke mu kubasokwesha amabanga adakwiye kuvuga. Ukwizera Ijambo rya Yehova n’ikorane ry’Abakirisu biratuma akwiririza ivyo Imana yavuze biri muri Bibiliya, yongera yiyubara ngo yirinde kuvuga ibintu vyohava bibabaza abandi bakivyumva. Egome, urukundo ruratuma avugira ku mugaragaro ibintu bininahaza Imana, ivyo kandi abantu bakeneye kumenya kugira baronke ubuzima. Ku rundi ruhande, ibintu vy’akabanga biraba kanaka arabinuma, azi yuko kenshi na kenshi kubihishura kwoba ari ukwerekana ko atagira urukundo.
19. Ni ibikorwa biki vyofasha kugenekereza Abakirisu nyakuri abo ari bo, kandi ivyo bivamwo iki?
19 Uwo mwihwezo w’ibintu uri ku rugero urafasha kugenekereza Abakirisu b’ukuri abo ari bo. Ntibahisha akaranga k’Imana mu kudakoresha izina ryayo canke mu kwemera inyigisho y’Ubutatu y’ikinyegezwa idasigurika. Imana zitazwi ni iziranga idini y’ikinyoma, si iziranga iy’ukuri. (Raba Ivyakozwe n’intumwa 17:22, 23.) Ivyabona basīzwe ba Yehova barakenguruka vy’ukuri agateka k’ukuba “ababgiriza b’amabanga [matagatifu, NW] y’Imana.” Mu guhishurira abandi ayo mabanga, baba bafashije gukwegēra ab’umutima uzira ubugunge ngo barondere kugiranira ubukunzi na Yehova.—1 Ab’i Korinto 4:1; 14:22-25; Zekariya 8:23; Malaki 3:18.
[Akajambo k’epfo]
a Raba “Ntukifatanye n’Abandi mu Vyaha Vyabo,” mu Munara w’Inderetsi (mu Gifaransa), 15 Munyonyo 1985.
Wokwishura Ute?
◻ Ni kuki Yehova adakeneye kwirirwa arahisha imigabo afise?
◻ Ni nde Yehova ahishurira amabanga yiwe?
◻ Ni ibanga nyabaki Abakirisu bafise ku biraba ibintu vy’akabanga?
◻ Ni kamere zitatu izihe zofasha Abakirisu kumenya ivyo bovuga n’ivyo batovuga?
[Amafoto ku rup. 24, 25]
Yehova arahishura amabanga akoresheje Ijambo ryiwe